Igisabisho C'Ingabo za Kristu (101-170)

04/09/2017 18:10

Igisabisho c’Ingabo za Kristu  (101) Igisabisho c’Igitangaza Kizodufasha Kwumva Yezu mu Mutima wacu

Ewe Mana Data Mushobora Vyose, Wewe Waremye ibiriho vyose n’ibizoba ho hanyuma, Dufashe twebwe twese dushobora kumenya ko Yezu Umwana Wawe ari hagati yacu muri Ekleziya Yawe Nyeranda muri iki gihe ngo tugire inguvu nyishi. Mfasha gutsinda ubwoba bwanje, ukurambirwa kwanje, ubunyakamwe bwanje n’ukwigizwayo n’abo bobwirijwe kumba hafi mu gihe ndiko ndagendanira Umwana Wawe Yezu Kristu, Umukiza Wacu.

Kunda Ukingire abo wampaye boye kugwa mu mitego yo kwemera ibinyoma vyateguwe na shetani ngo bisambure, bice mwo imigwi kandi bitere akajagari mu bana b’Imana bose. Ese Wofasha abo bose bakurikira iryo shano ry’ubuhakanyi n’ubugarariji buriko burigaragaza mw’Ekleziya Yawe ukabakingira kugwa mu magorwa y’inyenga y’umuriro udahera. Amen.

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (102) – Kugira ngo undwaneko sinigere ntakaza ukwemera Ijambo ryawe uyagira isi

Ewe Yezu Wanje iyo narushe, mfata ukuboko umvyure
Ndiko ndakekereza, mboneshereza
Iyo mbabaye hagize ibinshavuza, Nyereka Urukundo Rwawe
Ntanguye kuvuga abandi nabi, Mfasha guceceka ubwo nyene
Ntanguye gucira urubanza uwundi muntu mu bantu Mfuka umunwa
Ntanguye kuvuga amajambo atuka Imana Ncungura Uce ungarukana mu Butabazi Bwawe Bweranda
Iyo ndiko ndagarariza Urukundo Rwawe, ntabara nce ngaruka ubwo nyene kandi nce niyeguririra wese Urukundo Rwawe Ntagere
Iyo nzimiye naho mfasha gusubira ningoga mu nzira y’ukuri
Iyo mfashwe n’ugukekereza kw’Ijambo Ryawe ntabaza inyishu nkeneye ngo nsobanukirwe 
Mfasha ngo menye kurindira, n’umutima mwiza kandi nitonze naho hoba ari imbere yabo bakuvuma
Mfasha kugirir’imbabazi abangirira nabi n’abampama kandi Untabaze Inema nkeneye ngo ndagukurikire gushika ku mpera z’isi. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (103) Gusangira Ikalisi y’Ububabare na Kristu

Ndakubise ibipfukamiro imbere Yawe Yezu Wanje, Nkikubita imbere y’ibirenge Vyawe ngo ndangure Ugushaka Kwawe kuri jewe ku neza ya bose. Nkundira Nsangire nawe Ikalisi y’Ububabare bwawe.

Akira iri shikanwa ndagushikaniye maze Ubonereho kurokora ya mitima nyabworo yatakaye kandi ata mwizero igifise. Nyakira mu mubiri maze mbashe gusangira nawe umubabaro bagutera. Niwigumirize umutima wanje Uwuzigame mu Maboko Yawe Meranda rwose nayo umutima wanje wunge ubumwe nawe. Kubw’ishikanwa ryanje ryo kubabara, nipfuza ko Ubumana Bwawe bwokwibera mu mutima wanje gutyo Ubonereho kwigarurira abacumuzi bose ngo Ubacungure Wongere Ukoranirize mu bumwe bwawe abana b’Imana bose mu myaka n’imyaka, Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (104) Bohora uyu mutima Uwukure mu buja

Ewe Yezu Mwiza, Ndaguhereje umutima w’umuvukanyi wanje naka yahebeye umutima wiwe shetani. Akira uyo mutima uheze uweze mu maso yawe. Bohora uyu mutima uwukure mu buja bwa sekibi uheze Uwuzane Uwushikirize ubuzima budahera. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (105) Dusabire abakeneye Ingabirano yo Guhinduka-

Ewe Yezu Wanje Ku bw’Urukundo Ndagufitiye, niwemere Umutima Wanje Uwungire ubumwe nawe. Akira umutima wanje Uwufukishe Mutima Wawe Mweranda hanyuma Umfashe kubw’iki Gisabisho, Ukize abo bose mpura nabo.

Kikuza Umutima wose duhura Uwusage Imbabazi zawe vyongeye Ubaronse ubukiriro bakeneye ngo binjire mu bwami bwawe. Ibisabisho vyanje nibiduge Iwawe bigushimishe. Tega amatwi amaborogo yanje Uheze kubw’imbabazi zawe Ushime kurokora imitima y’abantu bose. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (106) Dusabire Urwaruka rutazi Imana

Ewe Yezu Mwiza Nshize mu biganza Vyawe imitima y’abo bana b’Imana batakuzi, badaca n’ikanda Urukundo Ubafitiye, mbere batanemera n’ivyo waturaganiye. Sukira ku mitima yabo inema y’uguhinduka ubatabaze Ubuhirwe Bwamaho. Girira Imbabazi abo bose batakwemera mbere batazorondera na gato kwigaya ibicumuro vyabo. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (107) Nkiza imbeya z'umuriro udahera Ku wa gatanu Igenekerezo rya Rusama 2013@ 23:50

Ndi umucumuzi ateye ubwoba, Yezu wanje. Ibikorwa vyanje vyateye amagorwa adasanzwe abandi. Kubera ico narakumiriwe nsigaye meze nk'ikivume. Nta na hamwe bakinshaka kw'isi aho ari ho hose. Ntabara Unkure muri ubu bugaragwa kandi ushime kumbohora Unkure mu migozi ya sekibi. Nkundira mbashe kwisubirako. Ukwigaya kwanje kugushimishe. Nyuzuza ubukomezi bwawe Uheze Umfashe nzuke mve muri uku kuzimu k'umwiheburo vyongeye Unkingire sinsubire kugwa mu mitego ya sekibi. Ndakwishikanyeko Yezu Mwiza ngo ndaguhebere ugushaka kwanje kwose gutyo wishire wizane Ungenze uko ushaka kugira ngo ubashe kundokora Unkure mu mbeya z'umuriro udahera. Amen.

 

Igisabisho z’Ingabo za Kristu (108) – Kuduga umusozi w’Ikaluvariyo

Yezu Nundonse Umutima w’Ubutwari n’Ubwihevyi w’ukurinda n’ukwitanga nkeneye kugira ngo nshobore kwinjira mu Ngabo Za Kristu kandi ngo mbashe kuduga wa musozi w’Ikaluvariyo Wemera kuduga Wikoreye ibicumuro vyanje

Ntabaza ingoga nkeneye ngo mbashe kwikorera Umusalaba Uheze Umpe n’Ububasha Bwawe kugira nshobore kugufasha gukiza imitima. Nkiza intege nke zanje, Unkuremwo ubwoba bwose, Nkuramwo ugukekereza kwose, Wugurure amaso yanje abone Ukuri. Numfashe hamwe nabo bose bitaba akamo Kawe ko kwikorera Umusalaba Wawe, ndagukurikire n’umutima wuzuye ukwicisha bugufi, ngo mbere akarorero abandi bagikeneye ingoga zo kugira gutyo. Amen.

 

Igisabisho z’Ingabo za Kristu (109) Dusabe Ingabirano y'Ukwizera Ku wa mbere Igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013 @ 23:00

Ewe Yezu Nkunda cane Mfasha kukwizera rwose mbashe kwizera isezerano ryawe ko Uzogaruka. Mfasha ngo nemere isezerano rya Mana Data aho yemera ko azoguha Ubwami bwawe. Mfasha nemere inyigisho zawe kandi nizere integuro yawe yo kurokora isi. Mfashisha inema Yawe ngo mbashe kwemera kwakira Ingabirano zawe. Mfasha ndakwizigire rwose mbashe gutakaza ubwoba bwanje bwose nshobore kureka Urukundo rwawe rumvomere umutima ubwenge n'ugushaka. Amen

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (110) Kugira ngo abasaseredoti ntibigere badohoka kw'Ijambo Ryawe:

Ewe Yezu Wanje Ndagusavye ngo umpe kwama mfise ingoga kandi mfise umwete ukwiye wo kugwanira Ukuri mw'Izina Ryawe Ryeranda. Ndagutakambiye: Ntabaza inema nkeneye ngo name nshingira intahe Ijambo Ryawe Ryeranda ibihe vyose. Nshoboza gutsinda abampatira gukwiza hose ububeshi mu gihe nzi neza mu mutima wanje ko bigutosekaza. Mfasha ngo name na ntaryo ngendera mu kuri kw'Inkuru nziza watumenyesheje, gushika umusi wo gupfa kwanje. Amen!

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu  (112) Ingabirano y'ubukiriro

Ewe Yezu Mwiza, Ndagutakambiye ngo Ugarukire imitima yanyegewe na Shetani Uyitabare kandi Uyifukishe inema Yawe y'ubukiriro. Tabara iyo mitima nyabworo Uyikure mu migozi ya sekibi idashoboye kwikuramwo yo nyene ubwayo. Amen.

Iyi mitima nyabworo izoba iya mbere mu guha icubahiro Igisizimwe ngo ni icabo mbere bazogwa bubamye ngo basenge ruziraKristu. Murabwirizwa gusenga mushimitse mwebwe mwese kugira ngo ububasha shetani ifise kuri bo ivunjagurike gutyo imitima yabo yuguruke ngo yambaze Ikigongwe canje ntangere.   Yezu wanyu

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu  (113) Kugira dutsinde akabi kiganje mu gihugu cacu

Mugabekazi w'ubukiriro kunda Uze hagati yacu maze Ufukishe igihugu cacu umutamana wawe mweranda gutyo twame twibera mu butabazi bwawe. Nuze umene umutwe wa ca gisizimwe uheze ucirukane kireke kwihisha muri twebwe wongere uheraheze ubumara bwaco coye kubandanya guhumanya ubutaka bwacu. Fasha abana bawe nyabworo batakaye ngo bashobore guhaguruka batangaze Ukuri mu bihe vyose dusasagirijwe n'ibinyoma. Turagusavye Mawe wacu ukingire igihugu cacu wongere utuzigame mu mutamana wawe gutyo twamamane ubukomezi nyabwo buzodufasha kwama turi intamuheba z'Umwana Wawe mu bihe vy'amagume tuzocamwo!

Amen.

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (114) ku basaseredoti ngo basabe Ingabirano y'Ukuri

Yezu Mukiza wanje, Ugurura amaso yanje. Mfasha ngo mbone umwansi uwo ariwe nongere nugare umutima wanje woya kugwa mu binyoma. Ndaguhebeye vyose Yezu wanje. Nshize umwizero wanje wose mu Kigongwe cawe.  Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (115) Dusabe Ingabirano yo Guhinduka -Ku wa Kane, Igenekerezo rya 18 Mukakaro 2013 @ 19:14

Ewe Mawe Mugabekazi w’Ubukiriro, Sukira ku mutima Wanje Amosozi Yawe ngo utegure umutima wanje kwakira Ubuhirwe Budahera. Nkiza ugukekereza kwose. Zamura umutima wanje gutyo mbashe kwumva ko Umwana Wawe Ari kumwe nanje. Nzanira Amahoro n’Uruhoza umutima wanje wipfuza. Nsabira ku Mwana wawe ngo mpinduke vy’Ukuri. Mfasha rero mbashe kwemera Ukuri nongere nugurure umutima wanje ngo ubashe kwakira Ukuri kw’Umwana Wawe Yezu Kristu. Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (116) Nkiza akabi k'ububeshi

Ewe Yezu Mwiza Ntabara Umfashe.
Ndiko ndatwarwa n'uruzi rw'amosozi y'ububabare.
Umutima wanje wacanganyikiwe.
Simbona n'umuntu n'umwe nokwizera.
Nyakwubahwa nkundira unyuzuze Mutima wawe Mweranda ngo mbashe gutora inzira nyayo inshikana mu bwami bwawe. Mfasha Yezu Wanje ngo mbashe kwama na ntaryo nzigama Ijambo Ryawe ryeranda, Petero Mweranda yashikirije isi gutyo sinze nigere njana nyabahururu mu kwanka kwemera ivyo wewe nyene watwigishije canke ngo mpave mpakana urupfu rwawe rwo ku musalaba. Yezu Uri Inzira. Mfata ukuboko uheze unyijanire mu nzira y'Imbabazi zawe ntangere. Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (117)Kuri abo bagurishije imitima yabo kwa sekibi

Ewe Yezu wanje Ndagushikaniye imitima ikurikira(Vuga amazina yabo ngahaa) hamwe nabo bose bagurishije imitima yabo barondera ivy'isi n'ukumenyekana. Bakize wongere ubatabare kuko baranyegewe. bakure mu migozi ya wa mwangushi abamiragura.
Batabaze ubwira n'ubutwari bwotuma bashobora kumuha umugongo bamuhebe ata bwoba. bazane mu maboko yawe y'Ikigongwe uheze ubagaburire inema zawe zibafashe kwitegura neza gutyo babashe guhagarara imbere yawe. Kubw'ubumana Bwawe bafashe ukoresheje iki gisabisho duherereje abo bose shetani yamaze kwigarurira ikabajana mu ba franmaso ubakure muri ubwo buja.

Free them from the shackles which bind them and which result in a terrible torture in the chambers of Hell.
Help them, through the suffering of chosen souls, through my prayers and through Your Mercy, to be in the front line, ready to enter the Gates of the New Era of Peace — the New Paradise. I beg You to release them from captivity. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (121)

Kurahira Imbere ya Yezu Kristu ngo tumwemerere atuyobore mu Nzira y'intsinzi y'Ukwemera

Turahagaze bwuma ngo tukugwanire Yezu Mwiza twifatanije n’Umushaha Wawe Mweranda Rwose
Turatangaza n’ubukuru ntangere Ukuri kw’Ijambo ry’Imana
Tuzogenda hose gushika ku mpera z’isi ngo tumenyeshe bose Ijambo Ryawe
Ntituzokwigera twemera inyigisho z’ivyaduka zitandukanye n’Ukwemera watwigishije mw’Ijambo Ryawe. Tuzoguma tukuyobokera, tukugamburukira kandi tutayegayega mu Kwemera kwacu
Tuzofata abo bose baguhama mu rukundo n’imbabazi, twizeye ko bazogaruka bakagukorera.
Tuzoba ntayegayezwa mw’Ijambo ry’Imana kandi tubigirane ubwitonzi imbere yabo baduhama baduhora Izina Ryawe.
Tuzotambuka tugororotse mu nzira yawe itujana mw’Isi Nshasha y’Imana
Turakwemereye gukoresha ububabare bwacu n’amagorwa yacu ngo tukuzanire imitima yatakaye itagira Urukundo Rwawe
Kunda wakire igisabisho cacu twebwe dusabira abacumuzi b’isi yose maze ugire ko twohinduka isi imwe, yunze ubumwe mu Rukundo Rwawe mu gihe c’Amahoro twimirije. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu 122 Ngo twishikane ku Maraso Meranda ya Yezu

Yezu Mwiza, ndakwishikanyeko rwose hamwe n’umuryango wanje, abagenzi banje n’Uburundi nyene igihugu c’amavukiro yanje ngo Uduhezagire, Udukingire kandi Utuzigame Ukoresheje Amaraso Yawe y’Igiciro Ntangere.

Warapfuye ku Musalaba ngo Uncungure vyongeye Inguma Zawe Zabaye inguma zanje ari naco gituma nemeranye Urukundo imibabaro yose uzoshima kunsangiza mu nzira izonshikana ku musi Uzogarukira mu Buninahazwa.

Ndemeye gusangira nawe imibabaro Yezu Mwiza Uzoshima kundungikira ngo ndagufashe gukiza imitima mu gihe Uriko Urakora uko Ushoboye ngo Ukoranirize mu bumwe Bwawe abana b’Imana bose kugira ngo Utwakire mu Mushaha Wawe Mweranda rwose kandi ngo Ubashe kuturonsa Ubuhirwe Budahera.

Kunda Umfukishe Amaraso Yawe Meranda kandi Udutabare Udukize hamwe nabo bose bakeneye Ubutabazi Bwawe Bweranda. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (123): Guhereza Umwidegemvyo wanje Imana

Ewe Yezu Mwiza, kunda wumve igisabisho canje ndaguhereje, jewe umucumuzi nyabworo, Uheze wihute kumfasha naho ntabikwiye, ngo nshobore kugukunda kurusha uko nahora. Bivuye ku gushaka kwanje ata numwe abimpatiyeko, ndagusubije ingabirano yanje y’Umwidegemvyo w'abana b'Imana, kugira ngo Yezu Mwiza nshobore kuba umusavyi Wawe ndagukorere nicishije bugufi rwose kandi name ndakugamburukira mu kudahengeshanya kurangura ishaka ry’Imana imisi yose na hose! Kuva ubu Mukama gira ko ugushaka kwanje kwoba Ugushaka kwawe gusa. Ndi uwawe bwite pfa kuvuga ijambo na rimwe kuv'ubu, inyishu yanje izokwama ari :”EGO, Ego, ego. Niyemeje kukugamburukira no kukuyobokera kuco uzontuma cose, ico uzonshakako cose! Umwidegemvyo wanje wose ndawugusubije kuko niwe wawumpaye, nkaba ndawugusubije kugira ngo nkore ico cose unshakako ngo abantu bose bo kw’isi yose batandukanijwe nawe n'igicumuro bagaruke mu nyonga zawe barokoke. Ndagushikaniye Mukama wanje iyi Ngabirano wari warampaye aho navuka, ngo mbashe kuyoborwa nawe mu Butumwa Bwawe Bweranda. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (124) Wumve amaborogo yanje untabaze umwidegemvyo:  Ku wa kane, Gitugutu 24, 2013 @ 07:45 zo ku mugoroba

Mana Yanje, Dawe Munyakigongwe, Muremyi w’ibintu vyose, Umviriza amaborogo yanje untabaze umwidegemvyo. Nkura mu migozi y’ubuja kandi Unkingire akabi kose Unkize abampama. Mfasha kuzirikana Ukuri Wongere Untabare kuko ntabona iyo mva n’iyo nja kandi nuzuye ugukekereza kuntuma nkekereza n’Ijambo Ryawe. Ngirira Ikigongwe niba ndakubabaza Wongere Untware mu buhungiro bw’Iparadizo Yawe nshasha ya hano kw’isi. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (125) Duhagararire Ijambo Ryeranda ry’Imana : Ku wa kabiri, Gitugutu Igenekerezo rya 29, 2013 @ 07.30 pm


Ewe Mawe Mugabekazi w’Ubukiriro, Mfasha Jewe Umukozi w’Imana asanzwe ngo mpagararire Ijambo Ryeranda ry’Imana mu bihe vy’amakuba. Ntagatifuza Mawe Mwiza Unshikirize Umwana Wawe maze Amfukishe Amaraso Yiwe Meranda Rwose. Ntabara Unsabire ku Mwana Wawe Yezu Kristu, Inema, Inguvu n’Ugushaka nkeneye kugira ngo ngume mu Kuri kw’Inyigisho Nyakuri za Kristu mu bihe vy’uruhamo vyimirije kuzotabagura Ekleziya yiwe Nyeranda ikiri ku rugendo ngaha kw’isi. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (126) Ngo nzobashe kuzotsinda Uruhamo rw’abemera- Ku wa Kane, Munyonyo Igenekerezo rya 14, umwaka wa 2013 @ 12:00

Ewe Yezu mwiza Mfasha kudaterwa ubwoba n’uruhamo urwo ari rwo rwose rwoza ruduhora ko twubaha Izina Ryawe. Fasha abo bose bagwa mu makosa biyumvira ngo bariko bashingira intahe Ijambo Ryawe!Ugurura amaso yabo bazokwibaza ko bariko bagira neza mu guhama abandi, babagira nabi mu mvugo no mu ngiro. Nkingira abansi b’Imana bazohaguruka bafise umugambi wo kunumya Ijambo Ryawe ngo babuze nuko Izina Ryawe Ryoba rigicishwa no mu kanwa. Mfasha kubabarira abo bose bakwihakana wongere umpe Inema yo kwama ndi Intahemuka mu Rukundo Ndagufitiye. Mfasha ngo ngendere mu kuri Watwigishije kandi ngo name ndi munsi y’Ukuboko kwawe maze Wame unkingira mu bihe vyose na hose. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (127) Kurokora Umutima Wanje n’uw’Incuti zanje: Ku wa mbere, Munyonyo Igenekerezo rya 8, Umwaka wa 2013 @ 20:30 pm

Ewe Yezu Ntegura ngo mberwe no kuzorenguka iwawe ata bumaramare. Mfasha jewe nabo wampaye bose(Bavuge amazina…) ngo twigire inama yo kwirega ibicumuro twakoze, turonke Isakaramentu ry’Ikigongwe. Dufashe twemere ko twacumuye. Dufashe tuze dusabe Ikigongwe c’ibicumuro vyacu vyose. Dufashe twereke Urukundo abo bose twagiriye nabi. Duhe kugutakambira ngo Uturonse ubukiriro. Ngo twifate ruto mu maso yawe maze ku musi w’ibonesherezwa ry’Imishaha, umuzirikanyi wanje n’imizirikanyi y’aba bantu bakurikira(bavuge amazina ngaha,…. tuzobe dukeye  kandi uze usage umutima wanje imbabazi z’Ubumana Bwawe. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo Za Kristu (128) Gukoraniriza hamwe n’ukungira ubumwe imitima yose: Ku wa gatatu, Munyonyo Igenekerezo rya 20, Umwaka wa 2013 @ 02:15 pm

Ewe Yezu Mwiza, dufashe twebwe abigishwa bawe ngo dukoranirize isi yose mu maboko yawe kandi tugushikanire iyo mitima ikeneye Ikigongwe Cawe gusumvya iyindi. Dukomeze mu kuduha ububabasha bwa Mutima Mweranda kugira ngo urubeya rw’Ukuri rushobore gutwikira abo bose bitandukanije nawe.  Zana abacumuzi bose Ubakoranirize hamwe mu Mushaha Wawe umwe umwe wese umuhe akaryo ko gusubiza hamwe n’Imana.Duhe twese Ubukomezi nyabwo kugira ngo tugume na ntaryo tugendera mu muco w’Ijambo Ryawe nibaduhatira kwihakana Ukuri, kwamye kwigishwa isi yose biciye mu Njiri ntagatifu. Tuzoguma muri wewe, kumwe na we kandi tuzokwama tugushigikiye intambwe imwe ku yindi muri uru rugendo tugira ruzodushikana ku bukiriro bwamaho. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (129) Dusabe ingabirano y'Urukundo:

Mana yanje, ni Ukunde kunyuzuza urukundo Rwawe. Numfashe gusangira n'abandi Ingabirano y'Urukundo Rwawe n’abo bose bakeneye Ikigongwe Cawe. Mfasha ndagukunde rwose. Mfasha gukunda abo bose bakeneye Urukundo Rwawe. Mfasha gukunda n'abansi bawe nyene. Nkundira ngo Urukundo Umpezagiza ndarukoreshe mu kubumbatira imitima yabo bose duhura. Kubw'urukundo Rwawe Usaga umutima wanje, Mfasha se Mana gutsinda inabi yose, mpindure imitima yatakaye igaruke kuri Wewe kandi ntsinde shetani n'abayikorera bama bagerageza gusambura Ukuri kw'Ijambo Ryawe". Amen

 

Itegereze neza:  Urukundo ni ingabirano dukwiye gucakamira igihe cose twumvise ruriko ruragendagenda mu mitima yacu.

Nitwemera Urukundo Data yadukunze, kandi nitutagwigungana ariko tukarusangira nabo batabashije gutegwa iteka ringana n'iryo twatewe, Imana izokomeza kutwuzuza n'izindi ngabirano.

Urukundo rwa Data ruzotsinda inabi yose rwongere runeshe inzigo.

Urukundo rurahanagura inzankano zose kuko nkuko tubizi Sekibi ntashoboye no kurugera umutwe.

Iyo uvuze ngo urakunda Imana, birakwiye kugaragarira mu buryo Urondera gutsinda inzigo aho ituruka hose maze urwanko rwoye gucafuza umutima wawe.

Niba ukunda Imana koko uzogirira imbabazi n'abansi bawe nyene kuko uzobabona nkuko Imana ibababona.

Ivyo bisaba ukwama wigira inama yo kubandanya ineza no kwigumya ari vyo bizokubuza kubabaza uwundi muntu haba mu majambo canke kumubabaza ku mubiri

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (130) Igisabisho c'Imisi indwi co gusaba ubukiriro.

Mugabekazi w'ubukiriro Mawe Nkunda rwose, kunda Uronkere imitima yose Ingabirano y'Ubukiriro Bwamaho kubw'imbabazi z'Umwana Wawe, Ukunda cane Umukama wacu Yezu Kristu! Kubw'ubutabazi Bwawe Bweranda, ndasavye ko Wodufasha gutakambira Imana ngo Ikize imitima yose Iyikure mu buja bwa Shetani! Kunda Usabe Umwana Wawe maze Yerekane Ikigongwe n'Imbabazi Ziwe Aheze Arekurire ivyaha iyo mitima imwinuba canke imwirengagiza niyo yose imubabaza mu kuba akazuyazi, atibagiye n’imishaha y'abambaza ibitari Imana igahurumbira n'inyigisho zitari zo!

Turakwinginze Mawe Mwiza, ngo Utakambire Imana Idutabaze Inema yo kwugurura imishaha y'iyo mitima ikeneye imfashanyo Yawe gusumba iyindi. Amen!.


Mwananje, Umwana Wanje yampimirije kuzanira isi ubu butumwa bukomeye cane.  Yipfuza ko abo bose bafise incuti n’abagenzi bihakana Imana kandi bahakana Umwana Wanje Nkunda cane, Yezu Kristu, bomenya ko azorekura imvura y’inema zidasanzwe igihe cose uzobavugira iki gisabisho c’Ingabo za Kristu 131.  Igihe uzovuga iki Gisabisho azokwereka umwe umwe wese muri bo imbabazi ntangere kandi azobakiza yongere abagarukane abakure ku nkombe y’amarushwa abahanamiye! 


Igisabisho c'Ingabo za Kristu (131: Igisabisho co Gusabira Imbabazi Benewacu

Ewe Mawe Mugabekazi w’Ubukiriro, Kunda Usabe Umwana Wawe, Yezu Kristu, ngo Atabaze Imbabazi Ziwe abasavyi b’Imana bakurikira(….....) mu gihe c’Imurikirwa ry’Imishaha no ku musi wa nyuma, imbere yuko barenguka imbere y’Umwana wawe Ndakwinginze ngo Ubasabire maze umwe umwe wese muri bo azorokoke kandi ashobore gutorana ivyamwa vy’Ubuzima Buhoraho.

Bakingire imisi yose kandi Ubashikane ku Mwana Wawe, gutyo Yamane nabo kandi Abiyereke bamumenye maze bashobore gusagwa n’amahoro y’umutima kandi baronswe inema zihambaye cane. Amen!

Kubera iki gikorwa kidasanzwe, Umwana Wanje agiye kuzorekura imvura y’inema zidasanzwe ku mishaha ikenye Ikigongwe Ciwe gusumvya iyindi! Azokwama Atanga Atitangiriye Itama igihe cose imitima izokwemera kumuyoboka ikazigama Ijambo Ryiwe kandi ikamuha ikaze mu mitima yabo. Nimushengurukane urweze mugende muhimbawe kuko iyi n’imwe mu Ngabirano zidasanzwe yahaye abo bose bitavye aka kamo kavuye mw’Ijuru!

Nyoko wanyu

Umugabekazi w’Ubukiriro

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (135) – Kugira ngo Tugwanire Ukuri

Mugabekazi w'ubukiriro Mawe wacu, Ndagusavye uzondwaneko igihe cose nzoba nkeneye imfashanyo yawe.

Nkandira ku Mwana Wawe ngo anyuzuze Ingabirano nkeneye, Azisuke ku Mutima wanje nyabworo, kubw'Ububasha Bwa Mutima Mweranda ngo name mparanira Ukuri igihe cose. Urantabara igihe cose bazompatira guhakana Ukuri, Ijambo ry'Imana, Amasakaramentu Meranda n'Isakaramentu ry'Ukaristiya.

Mfasha ngo menye gukoresha inema nzoronka ngo nanke gukurikira amayeri ya Shetani na ba bangushi ikoresha ngo igwanye Umwana Wawe, Yezu Kristu. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(137) – Igisabisho co Kugaruka ku Mukama

Mana Imwe nsa kandi Mushobora vyose Wewe Uvyagiye mw’Ijuru, Ndaba ryiza jewe umusavyi Wawe n’urukundo n’imbabazi mu Mutima Wawe. Nsubiza mu Muco wawe. Nsubiza mu muhango Wawe, Wongere Undabe ryiza. Nyuzuza inema zawe maze nshobore kukwihereza kandi ndagukorere mu kwicisha bugufi nkuko bikwiye mu Maso Yawe. Nkiza igicumuro c’ukwishira hejuru be n’ivyo vyose bigutuka, Mfasha kugukunda n’umutima wanje wose name ndagukorera ubudahengeshanya imisi yose y'Ubuzima Bwanje gushika gupfa kwanje. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (138) Dukingire inzankano zose: Ku wa Kane Igenekerezo rya   27 Ruhuhuma, 2014 @ 14:48

Ewe Mawe Mugabekazi w’ubukiriro, nkiza urwanko rwose. Mfasha ngo ngume ninumiye  iyo abanyanka bansagirije n’ibitutsi. Mfasha unkomeze mu kuba ingendanyi ya Kristu mu gihe ingoga zosa n’izimperanye. Nyugara umunwa.

Mfasha guha umugongo abo bose barondera kunjana mu majambo ahakana inyigisho z’Umwana Wawe canke abo bose bampama bampora ukwemera kwanje.  Sabira iyi mishaha, Mawe Mwiza maze ize yihakane Shetani kandi yumve amahoro y’Urukundo Rwawe n’ubwami bwa Mutima Mweranda mu mitima yabo.

 

Igisabisho c'Ingabo (139) Dusabe Ubukomezi bwo Gutsinda akabi kose: Ku wa Gatandatu, Ntwarante 8, 2014 @ 13:37

Ewe Yezu Mwiza, ndakwinginze ngo Unkize akabi kose ka Shetani. Mfuka jewe nabo bose ba ntamagara kandi tukaba  tuzi neza ko tudashoboye kwivuna Sekibi kubw’inguvu zacu zo nyene. Ntabaza Ubutwari nkeneye ngo ndayite ku w’amazi nongere ndayihakane. Ntabaza Inguvu zo kuyishitura kandi Umfashe kwirinda ibigeragezo vyayo vyose vyoza kunyosha nabi mu buryo ubwo ari bwo bwose, igihe cose. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo (140) – Dusabe Imana Ingabirano yo Gukingirwa n’Inteko z’Abamalayika Bo mw’Ijuru

Dawe Mwiza, Mana Muremyi wa vyose, Mana Uvyagiye mw’Ijuru, ndonsa Inema Yawe kandi Wongere Unkingire Ukoresheje inteko z’Abamalayika Bawe Beranda. 


Mfasha ngo nshobore kuzirikana Urukundo Rwawe ku bana bawe bose uko boba bakubabaza kwose. Mfasha gukwiza hose Inkuru Nziza y’Izezerano rya nyuma ryo gutegura isi kwakira Umwana Wawe Yezu Kristu aho Azogarukira mu Buninahazwa ata bwoba mu mutima.

Ntabaza Inema n’Imihezagiro nkeneye ngo ndengere abampama bivuye kuri Shetani, abamalayika bagararije n’ababakorera hano kw’isi. Ntuze Wigere Undeka ngo ntegwe ubwoba n’abansi bawe. Mfashisha Inguvu zo gukunda abansi banje n’abampama bampora Izina ry’Imana. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo (141) Dukingire Uruhamo: Ku wa Kabiri, Igenekerezo rya 18 Ntwarante, 2014 @ 16:20

Ewe Yezu Wanje, Ngwanira mu ntambara ndimwo ngo name na ntaryo ndi mu muco w’Ijambo Ryawe naho vyonsaba gusesa amaraso yanje Kubwawe. Nkingira abansi bawe. Nkingira abo bampama bampora Wewe. Mfasha mu bubabare ndimwo. Nyorohereza mu bubababare bwanje. Mvyura Unshikane mu muco w’Amaso Yawe gushika umusi Uzogarukira mu Buninahazwa Bwawe Uzaniye Ubuhirwe Budahera isi.

Girira Ikigongwe abo bose bampama. Koresha ububabare bwanje ngo Uhanagure ibicumuro vyabo gutyo bashobore kuronka Amahoro mu mitima yabo bongere baguhe ikaze mu mitima yabo n’ukwigaya gushitse ku musi wa nyuma. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo (142) Kwitegurira Urupfu- Ku wa Gatandatu, Igenekerezo rya 22 Ntwarante, 2014 @ 14:00

Yezu yabwiye Mariya ‘Ikigongwe c’Imana ati: “Niba ubona uri hafi kwitaba Imana canke ukaba ufise uwawe ari hafi yo kwitaba Umuremyi, urazontabaza igihe cose, Jewe Umukama wawe Yezu Kristu Nzogutabara. Niwampamagara ukantabaza nzokurerura muri Mutima, Ndaguhanagure amarira, Ndakumare ubwoba ufise mu mutima, igihe cose uzompereza iki gisabisho:

Ewe Yezu Mwiza ngirira Ikigongwe ku vyaha vyanje vyose. Tyorora umutima wanje wongere untegure kwinjira mu Bwami Bwawe.Mfashisha Inema zo kumfasha kwitegurira kubana nawe.Mfasha gutsinda ubwoba bwose. Ntabaza ubutwari nkeneye ngo ntegure ubwenge bwanje gutyo nshobore kuba maso kurenguka imbere yawe. Ndagukunda. Ndakwizigiye rwose. Ndakwihereje wese mu mubiri, ubwenge n’umutima nyene mu myaka yose.Gira ko ugushaka kwawe kwoba ukwanje. Nkiza ububabare bwose, ugukekereza kwose n’umwijima wose. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo (144) Gusaba Imana ngo Ikingire Ukwemera kw'Ekleziya

Mugabekazi w’ubukiriro, Ni Ukunde Utakambire Imana kw’izina ry’imitima y’abaKristu bose bo kw’isi. Muvyeyi Mwiza bafashe ngo bazigame Ukwemera kwabo vyongeye bagume bagendera mu nyigisho za Yezu Kristu.

Ni Ubasabire  ngo bagire inguvu z’umutima n’umushaha ngo bagumane ingoga bakeneye kugira ngo bakomere mu kwemera kwabo ubudahengeshanya. Ndakwambaje Mawe Mwiza kw’izina ry’abakristu bose ngo bugurure amaso babone Ukuri  kandi Ubaronkere inema bakeneye ngo bazirikane neza maze babashe guhinyura inyigisho z’ibinyoma, zitangwa kw’Izina ry’Umwana Wawe.

Bafashe ngo bagume ari abasuku nyabo b’Imana, bitandukanye n’akabi hamwe n’ikinyoma cose naho bobwirizwa kubabara canke bagatotezwa bazira Ijambo ry’Imana. Mawe Mugabekazi w’ubukiriro, Kingira abana bawe bose kandi Usabe Imana ngo umukristu wese ashobore gukurikira amakanda y’Umukama Wacu Yezu Kristu gushika igihe Yasandaba. Amen!
 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (145) – Nyuzuza Ingabirano  y’urukundo Rwawe

Yezu Wanje, nyuzuza ingabirano y’Urukundo rwawe Jewe meze nk’ikirahuri kigaragara. Ingo mu mutima wanje ukunyotewe. Mfasha gukunda abantu bose nkuko nawe unkunda.

Nuntabaze umutima wuzuye amahoro yawe, ubugwaneza bwawe n’ikigongwe cawe. Ugurura umutima wanje ubone amagorwa ya benewacu kandi umpe inema yo kwumvira imbabazi abo bose bakwigizayo nabo bose bancumurako.

Mfasha gutangaza urukundo rwawe mu kubera akarorero keza abandi nkuko wobikoze iyo uba uri mu kibanza canje.
Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (146) – Nkingira ubuhemu bwose

Muvyeyi Mweranda Nyina W'Imana Ngwanira Ukoresheje Inema y'ukunkingira ubuhemu bwose buva kuri Shetani iguma irondera gusambura ukwemera kw'Abakristu. Dukingire twese abawe twoye kugwa mu minwe y'abansi b'Imana. Nushime kutubungabunga mu kutunyegeza mu mutamana wawe utuzigame twoye guhendwa n'umwansi kandi twoye kujana nyabahururu mu kwemera.  Turinde Mawe mwiza inyigisho z'ibinyoma zikoreshwa n'abarondera gusinzikaza Urukundo dufitiye Umwana wawe. Ugurura amaso yacu ahubwo ngo abone amayeri, amahinyu n'ubuhemu bukoreshwa n'abo ata kindi barondera atari kuduhuvya ngo duhave dusanga twihakanye Ukuri.   Amen.

 

Igisabisho kidasanzwe c'Ingabo za Kristu ca 147: Mana Data turakuzamvye ngo wereke imbabazi zawe abo bahakana Umwana wawe

Ewe Mana Yanje Dawe Wamaho Ndakuzamvye ngo wereke Imababazi zawe abo bahakana Umwana waweNdagutakambiye kubw'imitima yabo bagerageza gusambura abahanuzi bawe. Ndasavye ngo ugire ko iyo mitima yatakaye yohinduka kandi ushime gufasha abana bawe bose gutegura imitima yabo bongere bahinduke vy'ukuri gutyo ubuzima bwabo bumere nkuko ugushaka kwa kubvyipfuza mu kurindira amaza ya kabiri y'Umwana wawe Nyagukundwa rwose Umukama wacu yezu Kristu.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (148) Mukama Ntabara Undwaneko:

Ewe Yezu Wanje, Ntabara Undwaneko mu bihe vy'amayoberane. Nyugumbira Ungumye mu maboko yawe Uheze Unjane mu buhungiro bw'Umushaha Wawe Unyegezeyo. Mpanagura amosozi yanje Uheze Unyiremeshereze. Kunda Unyengenge Uheze Umpe Ingoga n'ubutwari Unyuzuze amahoro yawe. Ntabaza rero inema ndiko Ndagusaba ku bijanye n'icipfuzo gikurikira (Vuga icipfuzo cawe ngaha…). Ni Ushime rero kwishura iki cipfuzo ndagushikirije gutyo ubuzima bwanje bushobore kwuzura amahoron'akanyamuneza kuko ndi kumwe nawe Mukama. Nimba naho iki cipfuzo canje kidashobora kwakirwa muri iki gihe nuheze rero Unyuzuze Inema yo kwemera ko Ugushaka Kwawe kuzanira ineza umutima wanje gutyo sinihebure ngo mpave ndohoka kw'Ijambo ryawe na gatoyi ahubwo ngumane umutima ukwizera kandi udahengeshanya kugukengurukira. Amen.

 

 Igisabisho c'Ingabo za Kristu (151) Kugwanira Ukwemera:

Ewe Mawe Mugabekazi Nyina w'Imana, Mushaha Utatyoye wa Mariya, Mugabekazi w'Ubukiriro, Saba ngo tugume tuyobokera Ijambo ry'Imana Nyakuri. Dutegure ngo tubashe kugwanira Ukwemera, duhagararire Ukuri kandi twiyamirize inyigisho z'ivyaduka. Kingira abana bawe bose mu bihe bigoye kamdi Uronse umwe umwe wese muri twebwe inema y'ubutwari ntangere igihe tuzoba dushizwe imbere y'ikigeragezo co kwanka Ukuri no kwihakana Umwana Wawe. Saba Muvyeyi mweranda w'Imana  ngo tubashe gutabarwa n'Imana ngo tugume turi AbaKristu nyabo batarota badohoka kw'Ijambo ry'Imana. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (154) Igenekerezo rya 4 Ruheshi ni Umusi Mukuru wagenewe Umugabekazi w'ubukiriro, Igisabisho co kwambaza Umugabekazi w'ubukiriro

Mugabekazi w'ubukiriro, nshize imbere yawe kuri uyu musi wa 4 Ruheshi, Umusi mukuru wahariwe Umugabekazi w'ubukiriro, imitima y'abantu bakurikira(Vuga amazina yabo...).

Kunda untabaze hamwe nabo bose bakwubaha Mawe Mwiza hamwe nabo bose bakwiza hose umudari w'ubukiriro, imihezagiro yose bakeneye ngo batsinde umwansi Sekibi. Ni ukunde gutabara nabo bose birengagiza ikigongwe c'Umwana wawe nyagusengwa, Umukama wacu Yezu Kristu bagakengera ingabirano zose ashaka gutabaza abantu bose.

Saba Muvyeyi Mwiza, ngo imitima yose ironke ingabirano y'ubuhirwe Bwamaho. Amen!

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu  (156) Nkingira Urwanko rwose

Ku wa mbere, Igenekerezo rya 9 Ruheshi 2014 @ 21:42

Ewe Yezu Wanje ntabaza Urukundo Rwawe Wongere Wugurure umutima wanje wemere Urukundo Rwawe mu kanyamuneza. Kubw’ububasha bwa Mutima Mweranda, gira ko Urukundo Rwawe rwosayangana muri jewe kugira ngo nce mpinduka icirore c’Ikigongwe Cawe. 

Nkikuza n’Urukundo Rwawe hanyuma Ugire ko Urukundo ndagufitiye rutsinda inzankano zose nohura nazo ndiko ndakwiza hose Inkuru nziza y’Ijambo Ryawe. Sukira Ikigongwe Cawe kuri twebwe abasavyi bawe kandi Ubabarire abo banka kukwakira, bakagutuka mbere n’Ubumana Bwawe ata na kimwe bubabwira Ubahunde Ingabirano y’Urukundo Rwawe.

Ni Ugire ko Urukundo Rwawe rwodutamanzurira ko mu bihe vy’amayoberane, vy’ukwemera guke, mu bihe vy’amageragezwa n’ububabare kubw’Ububasha bwa Mutima Mweranda Umfashe gushira Ukuri  abakeneye ubutabazi Bwawe kuruta abandi. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (157) Dusabire imitima yagizwe abaja

Ewe Yezu Mwiza, rekurira iyo mitima isigaye yarabaye abaja b’ibigirwamana na shetani nyene. Dufashe kubw’ibisabisho vyacu ubakure mu mibabaro y’ubuja barimwo. Ugurura imiryango y’amagereza barimwo Uheze Ubereke inzira ibashikana mu bwami bw’Imana, bataratwagwa na shetani mu nyenga y’umuriro udahera. TuragusavyeYezu ngo Upfuke iyi mitima Ukoresheje Ububasha bwa Mutima Mweranda ngo barondere Ukuri wongere Ubaronse ubutwari bakeneye kugira ngo bashobore kuzibukira imitego n’imigozi ya shetani. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (158): Dusabe ko Imana yo dukingira kwinjira mw'Idini Rishaha ry'isi yunze ubumwe

Ewe Yezu, Nyagukundwa rwose ntabara Unkingire kugwa mu vyara vya ya dini y'isi yunze ubumwe idakomoka kuri Wewe. Mfata ukuboko unyobore mu rugendo rwanje rugana umwidegemvyo nyawo mu nzira injana mu bwami bwawe bweranda. Mfasha ngume muri wewe untabare igihe cose ndiko ndatotezwa no mu gihe bazompatira kwumviriza ububeshi bukwizwa hose n'abansi bawe ngo basambure imitima y'abana bawe. Uramfasha gutsinda uruhamo, Unyobore ngume mu kuri kw' Ijambo ryawe kandi Undinde inyigisho zitari zo n'amasakirilego bashobora kumpatira kwemera.

Nishimikije ingabirano yawe y'umwidegemvyo mu guhitamwo ineza jewe nyene ata gahato karimwo, ndagutakambiye ngo Unshikane muri wa muhango w'ubwami bwawe, Umfashe mpagararire Ijambo ryawe kandi ntangaze Ukuri kwawe, igihe bazoba bariko baratubesha ngo  n'ububeshi.

Ntuze Wigere undeka ngo ngwe, nkekereze canke ngo mpunge ntekerwe n'ubwoba imbere y'abampama. Mfasha ngo ngume mfise inguvu n'ubutwari nkeneye kugira ngo ngendere mu kuri gushika gupfa kwanje. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (159) Ngo Imana idufashe kwereka abandi Imbabazi zayo.

Mugabekazi w’Ubukiriro, ndagusavye ngo umbere mu Ngoro Jewe nsaba Urukundo rw’Imana. Uzuza umutima wanje, umeze nk’ikirahuri kigaragara, umusesekara w’Urukundo rw’Imana gutyo nirwamara kuba rwuzuye umutima wanje, ruze rusesekere kuri iyo mitima bingora kwereka ikigongwe ndabafitiye.

Kubw’ububasha bw’Imana ndagusavye ngo Unkize impengamiro zose n’ibisigarira vy’ishari n’inzigo noba mfitiye abo bahemukiye Umwana Wawe. Ncisha bugufi mu mutima wanje Uheze Unyuzuze ubugwaneza n’umutima mwiza ngo mbashe gukurikira inyigisho za Kristu kandi nkwiragize Urukundo Rwiwe mu bice vyose vy’ubuzima bwanje. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (160) Mfasha kurushirizaho kugukunda

Ewe Yezu Wanje, Mukiza Wanje, Mfasha kugukunda kurusha. Mfasha mbashe gukura mu rukundo ndagufitiye. Uzuza Umutima wanje Urukundo rwawe n'Imbabazi Zawe ngo mbonereho kuronka ingabirano y'ukugukunda nkuko nawe Unkunda. Gira ko urukundo Ndagufitiye Wewe n'ibikuranga vyose rwokuzura umutima wanje w'intashima ruheze rugume rururumba muri jewe nk'umuriro waka.

Kubw'ububasha bw'inema zawe Mfasha gukunda mugenzanje nkuko nawe Ukunda Umwana w'Imana wese. Mfasha kandi kwereka imbabazi abo bose bakeneye Urukundo Rwawe harimwo mbere n'abatagira Ukwemera.  Nyungira ubumwe nawe ngo mbashe kugira Ubuzima rukristu Watwigishije Wewe nyene Ukabuduha mwo n'akarorero nyako mu gihe Wari Ukigendagenda ngaha kw'isi. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (162) Gukingira Abatishoboye n'Inzirakarengane

Mana Data Mushoboravyose, Kunda Ukingire ba ntahonikora n'abantu batobato badashoboye kwivuna abansi babageramira kubera inzigo bafise mu mitima yabo. Ni Ukunde kuzimanganya amarushwa y'abana bawe batagira ikibakingira ngaha kw'isi. Batabaze inema zose bakeneye gutyo Ubonereho kubakingira ububisha bw'abansi bawe.

Buzuze ubutwari, ukwizera, n'urukundo rwawe maze bashobore kwumvira ikigongwe abo babatoteza babagirire ikigongwe mu mitima yabo. Ndagusavye Mukama Mana Dawe Wamaho ngo Ubabarire abo bose bama barondera gusinzikaza ubuzima bwa benewabo Ubatabaze inema Yawe babashe gutegera ukuntu ibikorwa vyabo bibi bikubabaza bemere bahinduke bave mu nzira mbi bihute kurorondera ubuhungiro mu Maboko Yawe Meranda. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (163) Mana Yanje Ntabara Unkingire Uruhamo rwose

Ewe Yezu Ntabara Unkingire imibabaro ivuye ku bampama bampora Izina Ryawe. Nungire incuti ishika rwose mu Mushaha Wawe. Kiza umutima wanje ukwishira hejuru kwose Urandurane n’imizi muri jewe ubwishime bwose, ugutamarira amaronko, amayeri yose, ukwigungirako n’inzigo y’akazikira.

Mfasha ngo ndakwihebere rwose mu kwiyegurira wese impuhwe Zawe. Twara ubwoba bwanje bwose Ubunkize. Mfasha Ugabanure ububabare bwanje kandi Wirukane uruhamo rwose n’abampama nyene kure yanje maze nshobore kugukurikira nk’akana gatoyi ataco ninona kuko nzi neza ko ibintu vyose bigenzurwa n’Ukuboko Kwawe kutananirwa.

 

Nkiza urwanko rw’abo bavuga ngo ni abawe ariko muvy’ukuri bakwihakana. Ntureke ngo ururimi rwabo rukarishe nk’inkota runkatagure mwo ibipande canke ngo ibikorwa vyabo bibi binsamaze ngo bihave binkura mu nzira y’ukuri kwawe.

 

Mfasha ngo ngume mpanze amaso Ubwami Bwawe Bwimirije kandi ngo nkomere kw’ibanga ry’ukwemera ndabigirane ubushingantahe n'ubutwari nyabwo naho vyoshika nkabwirizwa gutyozwa nkanatotezwa ku bwawe.

Nzanira amahoro y’ubwenge n'umuzirikanyi, Unyuzuze umutekano mu mutima kandi Usage amahoro yawe umushaha wanje. Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (167): Mana Yanje Zigama umuryango wanje

Mana yanje, Dawe Wamaho, kubw'inema y'Umwana Wawe Ukunda cane, Yezu Kristu, ni Ukunde Ukingire umuryango wanje Uwukize kandi Uwukingire shetani igihe cose. Duhe inguvu ngo turengere akabi kose koza kadutandukanya ahubwo Uduhe tugume twunze ubumwe mu rukundo tugufitiye n'urwo dufitaniye hagati yacu.

Dukomeze ngo dutsinde ibigeragezo, amakuba azodushikira vyongeye Ukomeze urukundo dufitaniye kugira ngo tugume bu bunywanyi bwa Kristu. Hezagira umuryango wacu kandi Udutabaze Ingabirano y'Urukundo no mu bihe vy'ukutumvikana canke vy'imitongano ishobora gushika mu mubano wacu. Dukomereze Urukundo Rwawe kugira ngo dushobore gusangira akanyamuneza k'umuryango wacu n'abandi mbere urukundo Waduhaye dushobore no kurukwiza kw'isi yose. Amen.

Twame twibuka ko Imana yaturemye twese mu gashusho kayo igira ngo ireme Umuryango uzira akanenge. Nimwame mukengurukira Imana ku ngabirano y'imiryango yanyu nk'impano idasanzwe Imana yahaye ubwoko bw'abantu. Aho amagorwa y'aha kw'isi azorangirira inzigo n'inzankano navyo bigahanagurwa, Imana izokoranya abantu bose bahinduke babe umwe muri we. Tuzosubira kuba bamwe nawo umuryango wayo uzoheza uronke ubuzima budahera

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu ((168) Dusabe Ingabirano y'Urukundo

Dawe Mweranda Mana Yamaho kandi Mushoboravyose, Ngira intore ibereye Urukundo Rwawe. Ndagusavye ngo Umbabarire kuri aho nababaje abandi no kuri aho hose nagiriye nabi uwo ari we wese mu bana bawe. Nyugururira umutima wanje maze mbashe kuguha ikaze mu mutima Wanje vyongeye Untyorore mu kunkiza urwanko urwo ari rwo rwose noba mfitiye uwundi muntu.

Mfasha kugirira Ikigongwe abansi banje nongere ntere imbuto y'urukundo rwawe aho ngiye hose no muri abo bose duhura buri musi. Ntabaza Dawe Mwiza Ingabirano y'Ukuzigama ibanga ry'ukwemera be n'iy'ukukwizigira gutyo nshobore gutangaza Ijambo Ryawe Ryeranda. Mfasha rero ngo urubeya rw'urukundo rwawe n'Imbabazi zawe rugume ruboneshereza imitima muri ino si yuzuye umwijima.  Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(169): Dusabire abahakanyi n'abandi batemera Yezu kristu.

Yezu Mwiza kubw'Imbabazi n'Ikigongwe Cawe, ndagutakambiye ngo Uronse ubukiriro abahakanyi n'abandi batemera Izina Ryawe; abahakana ko Uriho, abagwanya Ijambo Ryawe n'ibigirankana, abafise umutima mubi wuzuye ububisha bubabuza kwakira umuco Wawe n'ukwiyegurira Ubumana Bwawe.

Girira Imbabazi abacumuzi bose. Kunda Ugiririre Ikigongwe abo bose batyoza Ubutatu Bweranda; kandi Umfashe mu buryo bwanje bubayabaye, Ukoresheje ukwitanga n'ukwigora kwanje ngo twugumbire mu Maboko Yawe Yuzuye Urukundo abacumuzi nyabworo boba bakeneye Ikigongwe cawe kurusha abandi.

Ndakwemereye ko mu vyiyumviro vyanje, mu bikorwa no mu majambo ko ntazohengeshanya kugukorera uko nshoboye kwose ngo ndagufashe mu Gikorwa co gukiza isi. Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (170) : Ngo Dutangaze Tudatinya Ijambo Ryeranda Ry'Imana.(Ku basaseredoti barondera ubutabazi bwa Kristu)

Mukama Mana yanje, Yezu kristu nkunda. Mfata Ukuboko. Ngwanira umwansi. Ngumiza mu muco w'amaso Yawe uko abampama bakomeza kumpagurukira, mu gihe igicumuro co nyene banyagiriza ari ugutangaza Ukuri kw'Inkuru Nziza Yawe, Ijambo Ryeranda ry'Imana.  Mfasha ndonke inkomezi ngo name ndagukorera ntabangikanije. Nyuzuza ubutwari n'inguvu Zawe uko mbandanya ngwanira Inyigisho zawe abansi bawe bariko baragwanya. Ntuze Wigere Umvirira mu mwanya nzoba ndagukeneye ahubwo Ntabaza ivyo vyose nkeneye ngo mbandanye ndagukorera mu kugaburira abana bawe amasakaramentu yawe meranda n'umubiri wawe n'amaraso yawe y'igiciro ntangere mu Nkuka Nyerenda ya Misa. Mpezagira Yezu Wanje. Gendana nanje igihe cose, niwiruhukire muri jewe, gumana nanje. Amen!