Intangamarara

04/09/2017 17:56

 

Igitabu C'Ingabo za Kristu kirimwo ubutumwa Imana yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ngo abushikirize isi yose. Kubera ko bwatanzwe ubwa mbere mu rurimi rw'Icongereza, Yezu yarashatse ko bwandinkwa mu ndimi zose ngo abantu bose bashobore kubwisomera. None rero ni Jewe nashinzwe Igikorwa co kubushira mu Kirundi. Muri Iki gitabu uzosangamwo Akamo k'Umukama wacu Yezu Kristu aduhamagara ngo twegere Umushaha wiwe tugume hafi yiwe mu gusenga tudahengeshanya. Hari mwo rero ubutumwa bukomeye budusigurira igituma igisabisho, ukwisonzesha, ukwigora no kuba intumwa ari ngombwa muri ibi bihe tugeze mwo gusumba ukwo vyahora  n'igituma guhabwa amasakaramentu no kumufasha gutangaza Ijambo ry'Imana vyihutirwa muri iki gihe. Yezu na Bikira Mariya mbere na Mana Data Nyene  baradukebura ngo twitegure mu gusenga no mu kwirega, gusangira kenshi kuko Imana yiteguriye kurungika umwana wayo kurangiza ino si yanduye ngo atuvyagize mwo ubuzima bw'isi nshasha. Ivyo rero bikazoba habanje kuba urukurikirane vy'ibimenyetso nvyanditswe mu Gitabu ca Danieli Mweranda Ikigabane ca 12 be n'Igitabo c'Ivyahishuriwe umutumwa Yohani!

Ubutumwa buri muri iki gitabo buratugabisha ko Ekleziya yamaze kwinjira mu ruhamo kuva aho papa Benedicto wa XVI atangiye imihoho bakatugabisha ko inyuma yiwe hazoba inyigisho nyinshi z'ibinyoma zitanzwe n'abazogira ngo nibo baserukira Yezu Kristu muri Ekleziya yiwe hano kw'isi! Na cane cane turagabishwa kubijanye n'abihagira guhindagura Ijambo ry'Imana ngo rishimishe imigambi yabo yo kugenzura isi n'abari kuri yo. Muri iki gitabo Imana iratwibutsa ibintu bine vya nyuma hari mwo urupfu, Ijuru, n'Umuriro Udahera.

Kugira ngo tubashe kuba maso ntaze asange dusinziriye umusi azogaruka, Yezu yaduhaye Ibisabisho vy'Ingabo za Kristu navyo bikaba biri muri iki gitabu. Ico twomenya coco ni uko umwansi yamaze kudushikamwo hanyuma kugira ngo agere ku migambi yiwe abanza kurondera kuduteranya, ngo aduce mwo imigwi. Pahulo Mweranda niwe yandikiye abaromani ati Ndabinginze bavukanyi ngo mugabe kuko muri mwebwe hari abantu ata kindi barondera atari ukubateranya mu kubashira mwo impari zitandukanye kugira ngo babayovye babajane kure y'Inyigisho Ngenderwako mwari mwarigishijwe, murabaca kure. Kuko bene abo bantu ntibakorera Umukama wacu Yezu Kristu ahubwo baronderera inda zabo maze bagakoresha amajambo bitondeye neza ata kindi agamije atari ukubaryosharyosha ku buryo batakaza imitima y'abantu batobato.(Rm 16:17-18).

Nitubimenye kandi tubitegere Shetani yarahagurukiye Ekleziya Gatolika. Egome bamwe boshobora kwibaza bati ni ibisanzwe kuko niko vyamye no hambere, mugabo niwugurura amaso neza uzosanga hari ikintu gitandukanye  mu bihe turi mwo. Nkuko Karidinali Burke yabivuze atarya umunwa atwibutsa Ubuhanuzi bw'Umugabekazi wi Akita. Muri Iki Gitabu, Yezu Aratwereka ingene Shetani ikora ibitero ku miryango y'abubatse Rukristu. Nitwibuke ko no muri rya Tongo rya Edeni ariko yabigize. Ivyo birumvikana ko Shetani ibanza gusambura Umuryango kuko n'Ekleziya y'Imana yo nyene ubwayo ari Umuryango, Umubiri wa Kristu.

Mu gitabu c'Ibikorwa vy'abatumwa, turasoma ukuntu Pahulo Mweranda akebura umwepiskopi wi Efezi amubwira ati : Mwame mugavye igihe cose mwebwe ubwanyu n'igihugu c'Imana mwashinzwe aho Mutima Mwernada yabasiga amavuta ngo muyobore  Ubusho bwa Yezu Kristu We nyene ubwiwe yacunguje Amaraso Yiwe y'Igiciro Ntangere(Act 20:28-30). Nta shirahamwe ry'abantu iryo ari ryo ryose  canke umupapa kanaka canke idini ryoshobora kwihagira ububasha bwo guhindura amabwirizwa y'Imana naho hoba ari rimwe muri yo canke n'akarongo na kamwe ko muri Bibiliya. Ariko ivyo nivyo tubona kandi twumva mu nyigisho zisigaye zitangwa na bamwe bamwe mu barongoye Ekleziya nkuko boba bagomba kuvuga ko Ivyiyumviro vy'ab'isi ari vyo dukwiye kugendera ko.

 

Mu makuru yavuye muri CAN Catholic Agency  y’I Vatikano , Ruhuhuma 9, 2015 / 05:27 pm (CNA/EWTN News).- Umukardinali Raymond Burke ariko arishura  ku kibazo  yari abajijwe yavuze ko yokwitandukanya na Papa Francisko igihe yotanga inyigisho zitandukanye n’ukwemera kwa Ekleziya Gatolika”

Ati ico nemeje ni uko ari umuhamagaro wanje kwama ngwanira ukuri kw’inyigisho n’inyifato kubijanye n’Isakaramentu ry’Ukwubaka Rukristu muri Ekleziya.(Uwo mu Kardinali Raymondi Burke yaganirira CNA kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2015).

“ Nta Bubasha, nta n’intwaro nta n’ubutegetsi bwoza bumbuza kurangura ico Imana yanshinze, nico gituma ububasha bwose, naho bwoba ubuyobozi bukuru gute, igihe bwohirahira ngo buhakane ukuri kw’Imana canke ngo bukoreshe inyifato itandukanye n’ico Imana itwigisha, nosanga mbwirizwa kubuta ku w’amazi kubera mbwirizwa kwubaha Imana imbere y’abantu.


Uwo mu Kardinali Raymonde Burke ati “Turakwiye kwama tugavye ngo ubuyobozi n’ububasha bwa Papa twame tubwihweza neza ko bubandanya butuyobora neza mu bijanye n’inyigisho Ekleziya yamye yigisha ari naco gituma ata mu papa numwe afise uruhusha rwo guhindagura uko yishakiye Inyigisho Ngenderwako z’Ekleziya.”

Uwariko aramubaza yahavuye amuzanira ikibazo co kumugeza ati none twovuga yuko ari wewe ujejwe kugwanira Ukuri kw’Ekleziya atari Papa Francisko? Kardinali Raymonde Burke ati Turabwirizwa, ati washaka reka tubanze twiyobagize ivya papa, mu kwemera kwacu, igikuru nuko ari inyigisho Ngenderwako z’Ekleziya zituyobora twese.

 

Uwariko aramubaza ati none papa Francisko akomeje muri iyo nzira itandukanye n’inyigisho kama z’Ekleziya, uzobandanya ukora akazi?  Kardinali Raymonde ati nzogambararira Papa igihe yotanga inyigisho ziyovya Ekleziya, nta kindi nokora atari kugendera mu nyigisho zijana mu kuri. Mu nyuma Kardinali Burke Raymond yabandanije abwira TV France 2 ko Ekleziya Gatolika iriko iraca mu bihe bigoye cane, bibabaje kandi bituma abakristu benshi bibaza ibibazo. Ariko bamubajije ko Ekleziya nk’inzego yoba ibangamiwe n’umwansi yarerekanye ukwizera kudasanzwe. Ati : Umukama yaraturemesheje aho yemerera Petero Mweranda mu Nkuru Nziza, ko n'inguvu za Sekibi zitazoshobora gusenyura Ekleziya Yiwe. Bamubajije ko Papa Francisko yoba ari umwansi wiwe, yavuze ati: Nta nkeka ko ntokwipfuza ko Papa aba umwansi wanje.

 

Ni kubera iki kw'igenekerezo rya 14 Munyonyo, 2016 hari abakaridinali bane bo muri Ekleziya Gatolika, Nyen'Iteka yohakimu  Meisner, umuKardinali yahoze ari Umwepiskopi Mukuru arongoye Diyoseze Nkuru y'Ikolonye mu Budagi, Nyen'Iteka Kardinali Carlo Caffarra, Umwepiskopi emeritus w'i Bologna (mu Butaliyano), Nyen'Iteka Kardinali  Raymond Leo Burke, arongoye Igisata ca Gisirikare kijejewe ukwemera kw'abasirikare, abakungu n'abatware, Hamwe rero na Nyen'Iteka Kardinali Walter Brandmüller, yahoze ari umukuru w'igisata ca papa kiraba ivy'ubumenyi bwa kahise barasohoye urwandiko, rufise ibibazo bitanu citwa Dubia n'ukuvuga ivyo tudatahura canke ibiduteye amakengeka? Yoba Papa yarabishuye? Ni kuki atabishuye? Bobaba babitumwe n"iki gutangariza isi yose iryo kete bandikiye uwitwa ko ari we ajejwe gutanga umuco ku bijanye n'Ukwemera kw'isi yose ariko akaba yashimye kwicecekera no kubabogoza mu mabanga bari bajejwe?

 Umukama wacu Yezu Kristu aratduhanura ngo dusabe imisi yose dusenge kugira ngo Ekleziya yiwe ikomeze ifise ingabo zigwanira ukwemera kwabo mu kugendera mu nyigisho z'Ijambo ryiwe, guhabwa amasakaramentu uko bikwiye, no kwirukira ikigongwe ciwe. Benshi bazosanga iki gitabu kibazanira inyisho bari bakeneye kuronka ku biba kw'isi uno musi n'igituma bidutegurira gusanganira Kristu agarutse ku bicu! Ariko imbere yaho Ruzira Kristu abanza kwigaragaza abifashijwemwo n'umupapa atari uwo ukuri  uwo nawe akaba ari uwukurikira Benedicto wa XVI! Vyongeye Mariya w'Ikigongwe c'Imana naho ubutumwa bw'Igabishwa, Imurikirwa ry'imitima ari we yahawe ubu butumwa, izina ryiwe ntirizwi kubera imvo yo gukingirwa ibitero vya RuziraKristu nyene n'umuhanuzi w'ibinyoma batomutevya mu kanya isase wosanga bamufyese canke nkuko bivugwa mu Burundi wosanga bamumeshe.

Ukaba rero ushaka kumenya ukuntu wokwitegura ku mutima wewe n'abawe hamwe n'abandi bagenzi bawe, ntutangwe kudutera akamo ngo tukurungikire iki Gitabo maze ubashe kugisoma, ukoreshe ibisabisho vy'Ingabo za Kristu birimwo buri musi ngo witegurire Imurikirwa ry'imishaha maze ntuze wote umuriro udahera canke ipurugatori ya gatatu muri ico kiringo c'iminota cumi ni tanu imurikirwa rizomara. Vyongeye uzoshobora gutegera ukugene inyuma y'imurikirwa ry'imishaha hazoca akanya gato gusa indwi zikeyi gusa uruhamo rw'abakristu rugaca rutangura ku buryo butari bwigere buboneka gushika uyu musi. None uzoca ugira gute? Muri iki gitabo mana data yararungitse Umuvyeyi Bikira Mariya ngo aduhe umuco adufate ukuboko attwereke aho tuzohungira mu bugaragwa ngo tugaburirwe amasakaramentu n'Ukaristiya mu guhe cose uruhamo ruzomara. Iyo myaka izoba ari imyaka ya Ruzira Kristu, nabo abazomwemera zobashira ko igitigiri c'amajana atandatu na mirongo itandatatu na gatandatu ico naco kika ari igkimenyetso ca shetani! Muri Gitabu Uzosanga mwo Igisabisho c'Igikumu ca Mana Data kizogufasha kurinda ico uruhamo no kuzibukira ikimenyetso c'igisimwe mu kwanka kucakira.

Iki Gitatabo C'Ukuri, Amatazirano y'Imana n'Ibisabisho vy'Ingabo za Kristu kijejwe gutangaza umuhero w'ubwami bwa shetani hano kw'isi, gukwiza hose ubutumwa bw'Ijuru, kugaragaza no kumaramaza ibikorwa vy'umwijima bikorwa n'akarwi ka shetani gasibije isi mu kuyiteragira mwo urwamfu rw'kabi n'igicumuro harimwo Inzigo, ubushirasoni, ubugarariji, ukwirengagiza Imana n'Ijambo ryayo, umudugararo. Abo bamasonikike bafise umugambi w'ukugenzura isi n'ibiri kuri yo vyose harimwo n'umutima wawe nyene bitwaje indinganizo nshasha y'isi yose ishimikiye ku bintu vyose bishimisha kiremwa muntu kiretse Imana n'amabwirizwa yayo, inyigisho zayo, mbere kakaba karondera gusambura Ekleziya kabanje kuyica mwo imigwi ibiri, umwe w'abayobokera shetani n'uwundi w'abayobokera Imana abo nabo bakaba babwirizwa guhamwa, kuborezwa igufa, kwicwa nk'abamalatiri, etc. 

 

Umukama wacu Yezu Kristu we nyene ubwiwe niwe adusigurira Umugwi w'Ingabo za Kristu ico ari co.

Nipfuza gutanguza Igisirikare c'imigwi yo Gusenga  Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'ikigongwe c'Imana ku musi w'Imana igenekerezo rya 23 Gitugutu umwaka w'i 2011 @ 19:15.

 Mwananje Nkunda cane, birakwiye ko abantu bose bamenya ko Nipfuza gutanguza Igisirikare c'imigwi y'Igisabisho kw'isi yose. Nzobirogorera Jewe nyene ubwanje nk'Ingabo zanje mu kubashikiriza ibisabisho Nipfuza ko muhereza mu ntumbero yo kumfasha gukiza imitima. Iyi migwi y'igisabisho izokwira hose kandi muri iyo migwi y'igisabisho hazovuka ingabo zikomeye cane z'abagendanyi banje bazonyiyegurira bikwiye ku buryo bazokwiza hose Ukuri kujanye n'isezerano ry'Ubumana Bwanje rijanye n'Ubukiriro bwa bose.

 Iyi migwi y'igisabisho izogira Igisirikare canje Nkuko vyemewe na Mana Data  maze bazobe aribo bazokura umwiza uterwa n'ikibi gituruka kuri Shetani ubwayo be n'abayemera hamwe nabo bayikurikira. Egome mwananje, naho bimeze nk'ibigoye gutegera, hariho abantu benshi bemera Shetani mugabo mbere bakanayiha icubahiro.  Hari ho imitima myinshi iri mu mwijima isenga shetani ikagira Ikigirwamana uwo mwami w'umwijima. Hari amadini menshi ataboneka ahabona ngo amenywe n'abana banje b'umuco yubatswe mu ntumbero y'ugutera iteka shetani. Barayunamira, bakayihereza inkuka z'umwijima bakongera bakantuka bakoresheje uburyo bwose bashoboye.

Igitigiri cabo kiriko kirongerekana vyongeye benshi muri abo bakorera shetani kandi bayihebeye bafise ibibanza bikomakomeye mu mashirahamwe y'ubudandaji, amabanki n'amaleta nyene. Barakoranira hamwe nk'umuntu umwe ngo bagwanye Dawe, Imana Mushobora vyose kandi Yamaho kandi babikora bazi neza ico bariko barakora. Nkuko Shetani yanka abantu, kuko yari yaremwe n'Imana Data Muremyi wa vyose aba baja ba shetani baranka abantu nabo nyene.  Urwanko bafise ni rwinshi ku buryo bazogerageza gutanguza igisirikare c'abasirimu ata kindi bazoba bagamije atari kugandagura amamiliyoni y'abantu kw'isi yose. Inambu y'ubutegetsi n'umwina w'ivy'isi bafise bibatuma barondera kugenzura no kwaka uburenganzira abantu bose.

Abo rero bakaba bari mu bacumuzi bazivye Ndiko Ndabasaba ngo mumfashe kurokora. Ndakeneye ibisabisho vyanyu ngo babashe kwugurura imitima yabo gutyo bave mu bubeshi batawemwo n'umwangushi. Baratakaye kuko baranyikuyeko kiretse nibatakambira Ikigongwe canje. Ari ni naco gituma igisabisho  ari yo nema yo nyene yoshobora kubakiza. Iki gisirikare cabo gikomeye kiyobowe n'umwangushi kizokora uko gishoboye ngo kizane ubugizi bwa nabi butari buke. Baza baratanguye kuroga abana banje bakoresheje amayeri adasanzwe mu gushira ubumara mu mazi munywa, imiti mufata be n'indya murya. Nimwame mugavye bane banje igihe cose.

Ukuboko kwa Dawe kuzobagwako vuba inyuma y'iburirwa niyo abo bagome bakomeza kwirengagiza Ikigongwe canje. Mu kurindira ico gihe rero bane banje murabwirizwa guhagarara bwuma mwanke ko ibihugu vyanyu biterwa ubwoba nabo bamenja.  Nimusabe ngo mubashe kuronka ubutabazi bwanje mwongere mwame murondera kuguma mubaho ubuzima busanzwe. Nimusenge kandi muhabwe amasakaramentu. Nimunsabe ngo Ndabafashe muri vyose nanje Nzobishura Nkurikije Ugushaka Kwanje Kweranda. Nimusabe mushimitse ngo mubashe kugabanya ubwayi bw'iyo migambi mibi yo kwigarurira isi yose ngo bayijane mu kabi.

Bariko barigarurira akarere ko mu kigobe c'abarabu none ubu naho batanguye kugerageza gutandukira uburaya nabwo imbere yuko batandukira ibindi birere vyo kw'isi. Abansi mwumva bababwira mu binyamakuru n'amateleviziyo sibo bansi b'ukuri. Ico bakora n'ukurondera abansi kugira ngo bashobore kubatera ibitero vya gisirikare mu ntumbero imwe yo kugenzura, kugaba no kugwiza amatungo yabo. Basabire ngo babashe guhinduka kuko ata guhinduka kuhabaye, ibikorwa vyabo bibi bizotuma haba amagorwa n'amaganya adasanzwe.

Dawe Imana Yamaho naho Azoruhira kubahana ariko barashobora gutuma haba ubwononyi bwinshi ivyo navyo bigatuma hazoba imibabaro myinshi mu bana banje.

Yezu Kristu, Umukunzi wanyu n'Umukiza wanyu