Messages 11

08/10/2017 15:53

Amasanamu ateye ubwoba Neretswe igihe nari mu murima wa Oliveti: Ubutumwa Umukama wacu Yezu Kristu yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku musi wa mbere igenekerezo rya 25Ntwarante 2013 @ 14:50

Mwananaje Nkunda cane, amasanamu ateye ubwoba Neretswe igihe nari mu murima wa Oliveti yamenyesha ukuntu igicumuro kizokwiha inkumbi mu misi ya nyuma. Muri ukwo kubonekerwa aho nariko nerekwa amasanamu na Shetani, narabonye ukugene ikiremwa muntu kizogwa bihanutse kukwirengagiza no kudasonera amabwirizwa y'Imana. 

Sekibi yanyeretse amasanamu ateye ubwoba cane irondera kungerageza no kunca intege mu kugerageza uburyo bwose ishoboye ngo mpebe Ngambararire Ugushaka Kwa Data.  Yashaka kunjuragiza no kuntuntuza umutima mu kunyereka ububasha izoguma ifise n'inyuma y'Urupfu rwanje rwo ku musalaba. Nareretswe ukuntu mu mpera Ekleziya yanje yo kw'isi izosambuka biciye ku kwihagira ubutegetsi kwa ka kagwi k'abamasonike basenga shetani, ubushirasoni bwa kiremwa muntu, uguta indero kw'abana b'Imana batari bake mu kwisuka mu vyaha vy'ubugarariji no mu buhumbu, ubwicanyi buzokorerwa abantu b'inzira karengane n'ukugwa mu binyoma kwabo bazwi ko banserukira hano kw'isi.

Shetani irafise ububasha bwinshi ku buryo yashoboye guteragira akabuto k'ugukekereza mu vyiyumviro vyanje ku bijanye n'uko ndi Umwana w'Umuntu. Jewe, mu bu Mana Bwanje ntivyashoboka ko nari gutsindwa n'igicumuro ariko Ndabawiye ibi kugira abantu babashe gutegera ukuntu Sekibi ashobora kugutega imitego ngo uhave umpa umugongo. Shetani ntiza kukugerageza ngo ugwe mu gicumuro iciye mu nzira zohita ziyigaragaza ko ari yo iriko irakuvugisha. Ahubwo iranyegeza ububi bw'igicumuro mu kucerekana mu bwenge bwawe canke mu maso yawe nk'ikintu ciza. Ikoresha amayeri yo kukuryosharyosha no kugutega imitego imitego ishobora no guhenda n'aberanda guruta abandi muri mwebwe ku buryo bashobora kugwa mu mutego wo kwitiranya ikibi n'iciza ikinyoma n'ukuri.

Uko abantu bagwa mu mutego wo kwitandukanya n'Inyigisho zanje, niko bagwa mu nda igicumuro n'ibigirankana babigirana ububisha mu mitima yabo. Ata mpanuro nziza n'uburongozi nyabwo baronse bazoguma bibira mu gicumuro kubera kubura inema. Mu gihe Izina Ryanje ririko rirahanagurwa kw'isi ikiremwa muntu ntikizoba kigishoboye kuronka Imana. Idini woba urimwo ryose rero ntiwibaze ngo harico ico rizokumarira kuko Inzira yo nyene ibaho ijana ku Mana ni Jewe musa, Umwana Wayo w'Ikinege. 

Kubera urupfu rwanje rwo ku musalaba, narabacunguye mwese ata numwe avuye mwo: Zina muntu wese, abagabo, abagore n'abana baba kwisi uyu musi ngo mwoye gutabwa mu nyenga y'umuriro udahera. Ukaba utemera ivyo ntuzoshobora kwinjira mu marembo y'Iparadizo. Nta wundi muryango wocamwo ngo ushikire Data udaciye m'Umwana Wayo w'Ikinege. Niwantera akagere Jewe Yezu Kristu uzoba wihakanye ubukiriro bwawe. nyezina. Ese ukuntu mudategera ukuntu igicumuro n'ukugene kibatandukanya n'Imana. Ubugarariji isi igeze mwo uyu musi kubera igicumuro gitera ciyongera congera gikwira hose nta gihe bwari bwigere bugera ku rugero  bugeze uyu musi kuva Imana ikirema iyi si. 

Emwe mwa bacumuzi mwaribiye cane mu mu caha ku buryo butari bwigere buboneka gushika uyu musi gushika naho bintera iseseme. Mwarimonogoje gushika naho n'abana batoyi mwashinzwe n'Imana basigaye bigenza nk'udushetani two mu muriro udahera! Nta rukundo mufise muri mwebwe, nta kubabarana naga toyi ndababona mwo nayo icibagiwe co n'ukwengengana naho nyene benshi muri mwebwe mutangaza ibikorwa vy'ukwemera kwanyu ngo isi ibimenye yongere ibashime.

Nkuko abafarizayo bashimangira amategeko y'Imana ku bandi ariko bo nyene ubwabo batayakurikiza, kandi nkuko ata kwicisha bugufi kwabarangwa mwo na gato, niko n'abatangaza imbere y'abandi ko baje barungitswe nanje barangwa n'igicumuro c'ukwiyemeza n'ukwishira hejuru. Ese ukuntu mu gikeneye kwigishwa vyinshi ku vyerekeye Ijwi Ryanje n'Inyigisho zanje ziguma zigwa mu matwi y'intumva.

Hanyuma haza bamwe bamara umwanya wabo wose biyerekana imbere y'abantu ngo batangarire ubwenge n'ubumenyi bafise mu vy'Imana n'inyigisho z'abahanuzi ziba zigikenye gusigurirwa neza abantu ariko muvy'ukuri ataco bazi. Iyaba atari kubw'imbabazi zanje Ntangere, na mwebwe nyene ntimwokwigeze muhonyoza ikirenge mu Bwami bwanje. Igihe kiramaze kugera aho abo bose bagira ngo bafise ubumenyi bwo kwereka inzira abana banje mu vy'Imana baza imbere yanje bakantakambira Jewe Yezu Kristu ngo Ndabagirire Ikigirire ikigongwe nongere ndabatabaze ingabirano y'ukwicisha bugufi. Harageze ko mwumviriza Ukuri nkuko mwari mwaraguhawe mbere kuko Ndababwije ukuri, nta gihe kinini mugisigaranye co kwigarura n'ukwiyeza imbere yanje.

Yezu Wanyu

 

============================================================

Bamenyeshe Urukundo Ndabafitiye kandi ubabwire ko nshaka ko bamvugisha- Ubutumwa Umukama wacu Yezu Kristu yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku musi wa mbere igenekerezo rya 31 Ntwarante 2011 @ 10:00

 Mwananje Nkunda cane iki gikorwa cabaye rugendo rudasanzwe kuri wewe mu kanya gato. Ndabona ko urushe ubu. ukuntu ubu butumwa wabwakiriye ningoga ugaca wihuta kubukwiragiza mu ndimi zose birakwereka ukuntu ari igikorwa cihutirwa. Ibi kandi birakwereka ukuntu Imana iri kukmwe nawe mu gikorwa twagushinze mu buryo bukomeye cane. Ubu butumwa naho bwuzuye Inyigisho zanje  butangwa ngo bosigure akamaro ko kubabara imitima yanyu. umwanya mu kiri muri ubu buzima bikibashobokera.

Abantu besnhi barasoma ubu buhanuzi, cane cane bamwe bafise ukwemera guke mu Mana Data Mushoboravyose kandi yamaho bugaca bubadurumbanya imitima. Benshi bazohinduka. Abandi bazohagarika imitima kubera kazoza kabo ka hano kw'isi nak'imiryango yabo n'abagenzi babo.  Babwire ko ndabakunda hanyuma bugurure ubwenge bwabo bumve ko Imana ibaho koko gutyo bashobore gutembuka bagana intambwe ya kabiri. Aho ni ca gihe bazotangura kwibaza igituma ubu butumwa buriko buratangwa- kubera iko yezu Kristu, Umwana w'Ikinege w'Imana Data Mushoboravyose kandi Yamaho yoshaka kubaganiriza muri ubu buryo- bazoheza rero bashikire nabo nyene inyishu bakenye. Ni kubera yuko Nkunda umwe umwe wese muri mwebwe nkaba rero ari co gituma nshaka kubakiza umwe umwe wese muri mwebwe, ata numwe nkumiriye. Kubera ko nshaka rero kubakiza mwese, ntako ntagira ngo ndabakure mbasje kubashikana hafi yanje ngo ndabereke ikibanza mufise mu Mutima wanje. Nshaka kubakora ku mishaha ngo urumurui rwanje rubashe kuboneshereze imitima yanyuNta na kimwe ncuti zanje mwabwirizwa gutinya muri ino si niba koko munyizera bikwiye. Ndabafitiye imigambi ishika umwe umwe wese muri mwebwe azoza hafi y'Umushaha wanje mweranda Rwose. Aha hari ingabirano ndoramana nyishi zibarindiriye.

Ntimugatungwe n'umutima bibondo ngo muteshwe umutwe n'ibiba kw'isi kuko nzokingira abo bose banyemera mbere nzobatabara Ndabafashe no mu vy'umubiri nyene ukeneye.  Nimunyizere Jewe Umukama wanyu, Umwami agaba abantu bose narungitswe ngo ndabakize umwijima w'amagorwa y'imyaka yose.Nimuze mungana nk'utwano dutoyi. Ntubwirizwa kumenya ibisabisho vyose niba atavyo uzi. Egome niko birafasha ariko mumenye ko ico ndiko ndabasaba ni uko mumvugisha. Niwaza iwanje, uranganiriza nk'uko usanzwe uganiriza umugenzi wawe, utekanye kandi wuzuye umwizero ntangere.  Nsaba ndagufashe. Imbabazi zanje ntzigira urugero zikaba zama zisuka kuri abo bose banyambaza. Ese iyaba mwari muzi Urwo ndabakunda bane banje. Abantu bose bo kw'isi Ndabakunda. N'abacumuzi nyene. Abana banje baguma ari abana banje no mu gihe nyene igicumuro kiba carononye imitima yabo. Ndashishwa n'igicumuro ariko nkaguma nkunda umucumuzi.

Benshi muri mwebwe baratinya gusaba Ikigongwe igihe cose bacumuye. Ntimugahagarike imitima na rimwe. Niba wigaye koko Uzogirirwa Ikigongwe koko. Igicumuro ncuti zanje kizoguma ari ingorane y'igihe cose. N'aberanda bari muri mwebwe baracumura mbere bagacumura bakongera bagacumura kandi. Ivyo ni ibisanzwe. Mu gihe shetani yabohorwa igicumuro caciye gikwira hose. Hari benshi bagira isoni z'ukuza iwanje. Baracurika imitwe bakigira sindabibazwa iyo bigenjeje ukutariko. Kubera ubwishime n'ukumaramara barabandanya ubuzima ukuri kwamye ataco binona naho nyene baba bazi ko bacumuye nkuko bobaba bibaza ko igicumuro bakoze gishobora kwibagirwa ata kigongwe basavye.  Ico badategera ni uko umwijima wakura umwijima. Umenye ko iyo ucumuye rimwe uzokwongera gucumura kandi.

Niwazibira umuzirikanyi wawe mu kwiyima amasakaramentu umuzingi w'igicumuro n'ukwimenyera mu kabi uzoguma uzunguruka wisubiriza gushika wuguruye umutima wawe ukakira ikigongwe canje. Niho rero umucumuzi aca aguma arondera ivyitwazo vyo kwishigikira mu makosa yiwe. Baca baguma bibira mu kabi igicumuro kikabazingatira gushika naho kibaca inkokora. Ibi bitumwa niko batategera ukugene batakambira imbabazi zanje mu kwirega ibicumuro vyabo. Ibi bitumwa n'ubwishime bafise mu mitima yabo kubera ko badategera na gato akamaro k'ukwicisha bugufi,bagaca basanga bitabashobokera

 Ntibivuna kandi ntibigoye na gato kunsaba Ikigongwe nkuko musanzwe mubizi. Ntimukigere mutinya kuza Iwanje. Ndarindiriye umwe umwe wese muri mwebwe afise ubutwari bukwiye bwo gucira urubanza ibicumuro vyiwe.  Niwinjira muri iyi ngeso nziza yo kwirega ibicumuro vyawe buri gihe, uzohabwa ingabirano zidasanzwe. Umaze kwirega ibicumuro vyawe, uzokwezwa ku mutima kubw'inema Yeza Ugabana muri iryo sakaramentu. Inyuma yaho niwaja Gusangira ku meza yanje Meranda ugahabwa Isakaramentu ry'Ukaristiya uzokwiyumva mwo inguvu z'Imana muri wewe zizogutangaza wewe nyene ubwawe. Niho rero uzotangura kumenya amahoro y'ukuri mu buzima bwawe. Nta nakimwe kizoshobora kuyagutwara. Uzokomezwa mu mutima , ubwenge n'ugushaka nayo umuzirikanyi wawe uzoba ntayegayezwa ku buryo uzoshobora kugenzura wewe nyene inyifato yawe mu bihe bitandukanye. Uzoshobora rero kwishira n'ukwizana mu buzima bwawe nabwo ubuzima bwawe buce burangwa n'umwidegemvyo w'abana b'Imana.  Ninde atokwipfuza ubuzima bwiza nk'ubwo buzira umwana w'igicumuro? Nimugaruke iwanje bane banje muri ibi bihe vy'amaganya isi iriko iracamwo.

Nimuze Ndabereke akanyamuneza mufitiye uburenganzira. Mwibuke ko nabitangiye nkabihebera ataco nisigiye. Urukundo rwanje ntirugira imbibe.  Nimumpamagare nzobitaba. ico mukeneye gukora gusa ni ugusaba.

 Umukiza wanyu Nyagukundwa rwose abakunda cane, Yezu Kristu!

 

==================================================

Ese ukuntu imitima yatimvye y'abantu babi itigera yibuka ivyiza nabagiriye !  Wednesday, Ubutumwa Umukama wacu Yezu Kristu yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2015 @ 15:16 2015.

Mwananje Nkunda cane, benshi baranciriye amate mu maso, baramvumagura bongera baranyihakana mu gihe namara mba hano kw'isi kandi n'abantu b'uno musi barabandanya kugira co kimwe nabo. Ingabirano yose yahawe ubwoko bw'abantu biciye mu mabonekerwa, mu bavugishijwe na Mutima Mweranda n'abahanuzi bavuye ku Mana yagumye ikengerwa n'abantu batari bake. Igihe kigiye gushika aho urubeya rw'urukundo ruzoba ari ikigoye kuronka naho abantu borurondera. Abansi banje bazonezerwa bongere bahimbarwe n'ukubona abamvugira n'abanshingira intahe batsinzwe.

Ese ukuntu imitima yatimvye y'abantu babi itigera yibuka ivyiza nabagiriye n'ukuntu bafise urukundo ruke bafitiye Jewe Umukiza wabo. Igihe c'Uko mpana be n'iyo mitima kiri hafi kuko Nzotandukanya abantu n'abandi maze nshire ku ruhande abo bamfitiye urukundo mu mitima yabo ndabatandukanye nabo abo banyanka ndabashire ku rundi ruhande. Ivyo nzobikorana ubwitonzi kugira ngo ntabare abasavyi banje bose bandindiranye igishika ariko hazoba hagowe umuntu wese amvuma kuko nanje nzomwiyambura amve mu maso ndamute hamwe n'ibikokoko bitakigira aho biba ahubwo biguma biyerera kw'isi yose vyosha nabi abantu ngo bironke abo vyojana mu nyenga yamagorwa y'umuriro udehera kumwe nabo.

Ijambo ry'Umukama Imana Yawe ririko ribashikirizwa muri Iki gihe naco ico rimenyesha nuko iki ari ca gihe c'uko amahindagurika yari yaramenyeshejwe kuva kera atangura. Nzoshungururira Ikigongwe canje kuri mwebwe mwese ata numwe avuye mwo nongere Ndabereke imbabazi Ndabafitiye ariko inyuma yaho ni umwe umwe wese azobwirizwa kwihitira mwo kazoza kiwe. Abo baretse inzigo n'inzankano zikazingamika imishaha yabo bazonta ku w'amazi vyongeye ntibazoshobora kunsanganira mu mitima yabo. Nabo nyene bafise imitima y'akazuyazi ntibazoba bafise inema zikenewe ku buryo boshobra kubandanya bangendanira ubwo rero nabo nyene bazonyankira ko ndabakiza.

Narabashikirije Ijambo Ryanje ari kwo Kuri nyene ariko benshi muri mwebwe mwaramvumye mumpora iryo Jambo nyene. Nta birengeye aho nshoboye ku baronsa imbere ya wa musi uhambaye cane. Nimukenguruke ivyo namaze kubashikiriza mwongere mwibuke Ijambo ryose nababwiye kuko igihe canje kiri hafi vyongeye hari vyinshi ntashobora kubamenyesha ubu gushika wa musi nzotandukanya impene n'amasuguru. Abo bose bamvuma bazovumwa nabo nyene. Abo nabo banyemera bazohabwa kugabana Ubuzima buhoraho. Niwababara ku bwanje uzohezagirwa mu bwami bwimirije.

Umusi w'izuka rya mbere uri hafi nayo abo bazonanirwa n'ukunyemera bazotabwa hanze mu mwijima w'imyaka yose. Ishavu ryanje ni ryinshi muri iki gihe. Vyongeye iyaba na mwebwe nyene mwashobora kubona ingene imitima y'akazuyazi igendera mu mwijima w'urupfu, ntimwohavuye mutarize. Ikibabaje nuko imitima myinshi iri mu mwijima  vyongeye iyaba mwoshoboye kubona ukuntu benshi mu bantu baba kw'isi bari mu mwijima mwociye mwicwa n'ubwoba buvuye ku ko musanze imitima myinshi yo kw'isi iri mu magorwa nkayo.

Yezu wanyu!

 

==========================================================

Ububabare bwanje bukomeza kwiriyongera uno musi gusumba nuko vyari biri igihe napfa urupfu rwo ku musalaba. - Ku wa gatatu Igenekerezo rya 13 Ndamukiza, 2011 @ 23:00

Mwananje Nkunda cane, Ndaturikisha akamo nkarira kuri uno mugoroba kubera akababaro ntegwa n'ibicumuro vy'abantu bikomeza vyiyongera mu buryo buteye ubwoba mu gihe isi iriko iregereza igihe co kwibuka ukubababara kwanje. Ububabare bwanje burarengeye n'ubwo nagize muri ca gihe nababambwa ku musalaba. Ndiko ndasubira kwinjira mw'irungu n'amaganya nagize mu gihe igicumuro ca kiremwa muntu gikomeza kunsogota Umushaha nk'inkota ndende, isongoye rwose ikarishe cane kandi imbabaza kuruta iya mbere. Nimwumve akamo kanje. Ntimwirengagize amarira yanje. Ndabatumiye mwebwe mwese munyumviriza ngo mundemeshe muri aya maganya mbwirizwa kwongera gucamwo uyu musi.

Mbwirizwa kwibonera n'amaso yanje ku musi ku musi amagorwa, ububabare n'uguhohoterwa kiremwa muntu agirira mwenewabo, hari mwo n'abana batoyi. Aba bicanyi nta n'ikinya bagira kuko imitima yabo yakikujwe n'umwijima w'umwangushi Shetani. Nta mbabazi ibafitiye canke yoba ifitiye n'umwe muri mwebwe kuko nta mutima igira. Ariko kiremwa muntu aguma agwa mu nyosha mbi zayo nk'impumyi zitabona. Abantu benshi barirekura nk'abatagira ubwenge bakareka Shetani ngo ibakwegakwegere mu muzimiza ku buryo mbwirizwa gukoresha bamwe muri mwebwe mugifise ukwemera ngo musenge mushimitse musabire bene iyo mitima muyikure muri uwo mwijima.

 Ububabare bwanje burongerekana ku musi ku musi. Icaha ntikikibonwa na Kiremwa muntu nkuko kimeze vy'ukuri. Ico nguma mbona mu bantu benshi n'urukundo rw'ukwirondera n'ukwibabara. Benshi usanga barangwa n'umwina w'ivy'isi gushika naho ataco bibanga canke ngo basonere ivyo bigatuma bagirira nabi abandi babahora amaronko bakanabasinzikariza ubuzima. Ubwo bubisha n'ubumenja bugragararira mu bikorwa bitandukanye vy'ububeshi, igikenye, guhohotera abandi n'ubwicanyi nyene. Ni kubera iki abantu birabira hirya ntibamire canke ngo batabare abo bariko baragirirwa nabi iyo babonye ivyo bikorwa bibi bisagirije benewabo? Mbega ntimuzi yuko abo bagirirwa nabi ari inzirakarengane nka mwebwe nyene kandi ko musangiye ugupfa n'ugukira?

Nimusabire abo bagizi ba nabi yemwe kuko n'ibikoresho vya sekibi kandi bari mu mitego badashoboye kwibohora mwo bo nyene ubwabo. Abo bantu bane banje baragizwe imbohe na Shetani naho benshi batemera ko inabaho. Igihe kiri hafi bagenzi aho Ijambo ryanje ribwirizwa kumvwa koko kuri iyi si. Ndabinginze ngo musigurire bose ko Ikigongwe canje kigiye kwibonekeza Kuri iyi si muri ca gihe c'imurikirwa ry'imishaha aho zina muntu azobonekerwa. Birahambaye ko mubimenyesha abantu benshi bashoboka bihute gutakambira Data Imana Yamaho bayisabe Ikigongwe gutyo ababarire umwe umwe wese muri mwebwe ku bicumuro mwakoze. Bikore ubu nyene kandi munyarutse. Rokora imitima yanyu n'iy'abandi.

Naho uguhinduka kuzoba kwinshi mu kanya gato, imitima imwe imwe ntizoshobora kubandanya ibaho mu mubiri kuko izogwa ivutu ice ipfa. Nimusenge, musenge ngo boye gupfira mu gicumuro kigoye. Ndabibukije ngo ntimuhengeshanye kuzirikana ukubabara kwanje mw'ikarema, mu kwibuka akigoro kadasanzwe nagize aho nabitangira ata gahato kagiye mwo, ngo ndokore umwe umwe wese muri mwebwe. Muzoheza rero mubashe gutegera ko igabishwa rya kiremwa umuntu, imurikirwa ry'imishaha izoba iyindi ngabirano y'imbabazi zanje ntangere nimirije kuronsa zina kiremwa muntu. Nimutangaze uguhinduka aho muciye hose.

Murashobora kumfasha gutsinda umwangushi muciye mu gusenga Ishapule yanje y'Ikigongwe c'Imana ngo mukize imitima. Nimunyizere ubu nyene mwongere mwihute kungarukana mu mitima yanyu. Nimuje hamwe mukoranire hamwe musengere hamwe ngo mubashe gukiza kiremwa muntu mu rukundo.

Umukama Wanyu Imana n'Umukiza wanyu, Yezu Kristu, Umwana w'Imana Data Mushoboravyose, Muremyi w'ibintu vyose.

 

============================================================

Amamiliyaridi y'abantu bazohimbarwa mu kanyamuneza k'imyaka yose- Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe C'Imana ku wa Mungu Igenekerezo rya 24 Munyonyonyo 2013.

Mwananje Nkunda cane, aho Nzozira  gutabara abantu ngo Ndabakize amagorwa babwirijwe kurinda kubera igihe kirekire bamaze bari kure y'Imana, bose bazobwirizwa gukura ubwatsi mu kuyikengurukira n'umutima wabo wose  kuri ico Kigongwe cayo. Kubera ico, amamilliyaridi y'abantu bazohimbarwa mu kanyamuneza k'imyaka yose bibanira n'Imana yo nyene ubwayo.

Kubw'iki Gikorwa c'Ikigongwe c'Imana, Ndabazaniye rero Inkuru y'agatangaza izobashikana ku ndanguro y'isezerano ry'Agakura aho amaza yanje ya Kabiri azoca akurikira ata kanya kanini kahaciye inyuma y'Imurikirwa ry'imishaha. ngo haranguke indinganizo y'Imana ku bana bayo.

Imitima yose izohabwa ingabirano y'Ikigongwe ariko si yose izoyakira. Abo batazokwemera Ikigongwe c'Imana bazohabwa akanya gatoyi gusa ngo Imana irabe ko bokwisubirako bakigira inama bo nyene ngo bahitemwo ubuzima bashaka. Bazoshobora gutora ubuzima bw'akanyamuneza aho bazogira ubuzima bw'umwuzurira ku mubiri no ku mutima nkuko bizoba biri kubazokwinjira mu bwami bwanje bw'Isi Nshasha canke bahitemwo nabi mu gutora ubuzima butagira mwo Imana. Ivyo bibavako.

Kuri abo bategera ico ari co ndiko ndabahamagarira gutorana ntimukigere mwanka kwakira iyo Ngabirano ihambaye cane. Kuko abo bose bazonyanka bazohitamwo kubaho mu marushwa no mu mwijima kubera ko bazoba biyanjanjweko bo nyene ubwabo. Babwirizwa kumenya ko bazobabara bidasanzwe nibagera kubona ko bitandukanije nanje kuko bazokwibona batawe mu manga y'umuzimagiza aho ata na kimwe bazoshobora kubona. Ico bazokwiyumva mwo gusa ni ububabare n'ubushe buterwa n'umuriro uzobatemagura mwo ibipande nk'inkota ikarishe ubwo bubabare nabwo bakazobugorerwa mwo imyaka idahera.

Gutandukana n'Imana vyatanguye igihe Lusiferi yagerageza Adamu na Eva akamubesha gushika naho abakwegakwegera mu caha c'ubwishime. Mumenye ko igicumuro c'ukwishira hejuru ari yo nyanduruko y'igicumuro cose kandi kigatuma umuntu agwa mu migozi ya shetani.  Igihe nicagera ko Nza kwigarurira intebe yanje y'ubwami, icadutandukanije nzoba ndagikemuye burundu.

Abazoba ari abanje kumwe nanje no muri Jewe nyene bazokoranira hamwe nk'umuryango umwe. Vyumve neza, Umusi niwagera ko Nza gucira urubanza Isi, abo bazoba baritandukanije nanje kandi bazobandanya banyankira kubarokora bazosanga batawe mu bugaragwa aho ntazoba nkiri kumwe nabo. Muri ako gahinga ka nyaganande ni hamwe umwana arira nyina ntiyumve none rero urumva ntibazoba bagishobora kuronka ubutabazi bwanje kandi sinzoba ngishoboye kubakurayo ngo ndabagarukane iwanje.

Bazoheza rero bagorwe imyaka idahera aho bazokwama mw'iterabwoba bwa ca kigatanyi n'amadayimoni bagasha kumwe nabo mu muriro udahera. Sinashaka kubatera ubwoba na gato ngo muhave mugwa igihumura canke ngo mugaduke nk'igiti gikubiswe n'inkuba ariko mbabwiye ivyo ngo mwumve neza ingarukambi zo kunyirengagiza no kwinuba Ijambo ryanje. Mbwirizwa kubabwiza Ukuri kwamye. Hari benshi muri mwebwe mutacemera ko umuriro udahera ubaho. Ntimuwemera kuko mwabeshwe kuva kera cane. Nimubimenye rero, Ijuru, Umuriro n'ipurugatori birabaho.

Ku musi w'imperuka hazosigara bibiri gusa muri ivyo, Iparadizo Rishasha rizoseruka mu kanya nyene Ijuru n'isi bizoba ikintu kimwe gusa, ku rundi ruhande naho, imanga nini izoba umuriro udahera. Ukuri kuragoye kwemera, ariko mumenye ko mudashoboye kumenya ukuri ntimuzoshobora gutora kazoza keza mwaraganiwe.

Yari Jewe Yezu Wanyu.

 

================================================================

Abansi b'Imana bazokora amasakirilego ashisha rwose gushika naho bazohumanya amatabernakulo : Ubutumwa Umugabekazi w'ubukiriro Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku musi wa mbere Igenekerezo rya 25 Munyonyo 2013 @ 17:25:

Mwananje, aho Ekleziya y'Umwana Wanje izofatirwa hazoba urukurikirane rw'ibibi bitandukanye ruzoba rususa rwose n'ivyabaye igihe Umwana wanje yababambwa ku musalaba.  Hazokwumvikana urwamo rwinshi mu gihe abansi b'Imana bazofata Umubiri Wiwe bakawuhumanya. Bazohimbarwa bongere bigine bashimagiza abo bangushi amajwi yabo azosamiranira hose ku buryo bazokwifatira mu kwaha abansi ba kera b'Umwana Wanje bose n'abansi b'Ekleziya yiwe.

Umuhanuzi w'ibinyoma azokwadukana insiguro nshasha zitandukanye azogira ngo nizo nsiguro nyakuri z'Ijambo Ryeranda ry'Umwana Wanje.  Umunwa wiwe uzocira ububeshi bwose bushoboka ku mayeri ku rwenge ku buryo bizokwumvikana nkuko ivyo avuga vyoba ari vyo ngo abashe kuyovya abana b'Imana bemere kwinjira muri iryo dini rishasha azoba ariko ararementanya. Igicumuro cose kizokwambikwa izera ngo abo hanze bashobore guhabwa ikaze mu masengero y'Imana gushika naho ata wuba akimenya ukuri n'ukutari ko mu banywanyi b'iryo dini rishasha.

Mu gihe bazoba bariko baratabagura Ekleziya y'Umwana Wanje, bayisambura itafari ku rindi, abayoboke b'Umwana Wanje basigaye bazobwirizwa gutungwa nayo bameze. Ivyiyumviro vyose, inyifato zose, n'imvo zose abayoboke b'Umwana wanje bazotanga zizokengerwa zongere zanke kwakirwa. Ukwo ni kwo Ekleziya y'Umwana Wanje izobambwa mu gacerere atawuyikimbukira nkuko vyagenze ku Mwana wanje igihe yabambwa. Amajwi yabo bazobandanya gutangaza Ukuri ntazotangazwa mu binyamakuru, amaradiyo canke amateleviziyo. Ntawuzobaca n'urwere. Naho bazogerageza gutangaza amajwi yabo ngo asamirane, bazohamwa bafatwe nabi bazira ivyiyumviro vyabo.

Ndahimirije abo bose bakunda Umwana Wanje kandi bategera ko ibi bimenyetso vyari vyarabuwe kera bakomeze gukorera Umwana wanje. Abasaseredoti benshi bazonanirwa no kugwanira Ukwemera kwabo no kugumya ibanga ry'Ugukorera Umwana wanje bace bamuha umugongo. Abandi basaseredoti ntibazokwememera guhemukira Umwana wanje ahubwo bazobandanya bagaburira Imfungurwa y'ubuzima abana b'Imana bazokomeza barondera guhabwa Umwana Wanje mu Karistiya no mu yandi masakaramentu. 

 Abansi b'Imana bazokora amasakirilego ashisha rwose gushika naho bazohumanya amatabernakulo. Ibi nibamara kubishikako, bazoca bategura intebe y'ubwami bwa ruziraKristu. Nimusenge, musenge, musenge kugira ngo abari muri mwebwe bazi Ukuri bazoshobore kuremesha abandi ataco bazi ariko bazotuntuzwa umutima n'ukubona  ubuhakanyi budasanzwe buriko buratandagura Ekleziya y'Umwana Wanje Yezu Kristu bukomeza kwigaragaza imbere yabo.

Ndababaye cane nawo Umutima Wanje Uraremerewe rwose bitumwe n'ububeshi budasanzwe buzotuma hatakara nabo nyene bahora bakunda umwana wanje rwose. Amagorwa bazogira azoba ayatari bwigere aboneka kugeza aha.

Nyoko wanyu Nyagukundwa rwose, Umugabekazi w'Ubukiriro

 

===================================================

Ubutumwa ku Basaseredoti b'Ekleziya Gatolika y'i Roma

Ubutumwa Bikira Mariya, Umugabekazi w'Ubukiriro yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku wa gatanu, igenekerezo rya 21 Munyonyo, 2014 @ 16:15:

Ndi Uwasamwe ata gicumuro, Nyina w'Imana, Umugabekazi w'Ubukiriro! Uyu musi Ndafise ubutumwa ku basaseredoti b'Ekleziya Gatolika y'i Roma Nkaba Nje kw'Izina ry'Umwana Wanje Nkunda Cane Yezu Kristu. Ndahamagaye abasuku b'Umwana Wanje, abasaseredoti n'abihebeye Imana bose bamukorera muri ibi bihe vy'amageragezwa Ekleziya iriko iracamwo. Ni mwebwe mujejwe kugaburira abana b'Imana Amasakaramentu Meranda rwose kuko mwahamagawe n'Umwana Wanje ngo mumukorere mu kumufasha gukiza imitima yose vyongeye kubera uwo muhamagaro mufise, mubwirizwa kwama mumugamburukira igihe cose.

Igikorwa canyu n'Ukwama na ntaryo mukorera Umwana Wanje n'Umubiriri Wiwe ariyo Ekleziya Yiwe Nyeranda mukama mwitwararika igihe cose ko Ijambo Ryiwe Ryeranda Rwose rikurikizwa ibihe vyose. Muzoca mu bihe bigoye rimwe na rimwe vyongeye hari uruhamo ruri imbere yanyu none rero murasabwe kugwitegurira bikwiye kuva ubu nyene. Mu misi igiye kuza ukwemera kwanyu kugiye kuzogeragezwa bidasanzwe kuko muzotegekwa n'ababakurira kwemera kugira indagano nshasha aho muzosabwa kurahira ko mwemeye inyigisho zishasha zitazoba zivuye ku Mwana Wanje.

Abari muri mwebwe bazoshobora guhinyura izo nyigisho z'ibinyoma mu gihe bazoba bazibashikirije ntimuze mwemere guhendwa ngo muje narwo! Mu gihe bazobahimiriza ngo muhindure canke musubiremwo ukuntu amasakaramentu meranda atangwa muzobwirizwa guca mutungwa nayo mwameze. Ekleziya y'Umwana Wanje igiye kuzogeragezwa ku buryo burengeye ukwihangana kwayo. Ico nobwira abo bazofata minenerwe Ukuri bakajana n'izo nyigisho zizoba zahindaguwe ngo zishimishe ab'isi, mumenye ko muzoba muhemukiye Ijambo ry'Imana.

 Kubera Indagano zeranda mwagize mukemerera Umwana Wanje yuko ari we muzokorera, muramenya ko mubwirizwa kubandanya mwubaha Umwana Wanje kandi ari We mugamburukira igihe cose vyongeye mumenye ko igikorwa mujejwe ari ukugaburira abana b'Imana Umubiri n'Amaraso vy'Umwana Wanje Yezu Kristu. Naho ivyo bimeze uko, hazogera igihe bazobahatira guhindura Inkuka Nyeranda ya Misa. Hariho bamwe muri mwebwe  bazoca bamenya ubwo nyene ko ikibi kibishe kiriko kirakorwa, ubwo rero muzoce mwirabira hirya. 

Mubwirizwa kubandanya mugaburira imitima mujejwe mukuyisangiza Ukaristiya Ntagatifu. Nimwaguma mu mabwirizwa y'Umwana Wanje mugakomeza mubera umuco abana b'Imana mushinzwe nkuko yabibategereje, muzomukorera n'icubahiro kimukwiye. Ndabasavye rero ngo muvuge Irozari yanje Nyeranda imisi yose kugira ngo mubashe kwuzuzwa ubukomezi nyabwo muzokenera mwongere mukingirwe ibitero vya Shetani kuko iyo misi iri imbere, isa n'iyamaze kubashikira izoba ari imisi igoye cane. Vyongeye nimwaguma mugendana Igikumu c'Imana Nzima mukacamiza hafi yanyu, muzohabwa ubutabazi bw'umwuzurira buzoshibura umwansi sekibi kure yanyu.

Hari abasaseredoti benshi muri mwebwe batazokwiyumvamwo ubutwari bukwiye bwo guharanira gutangaza Ijambo ry'Imana ariko ndabinginze ntimukigere mutinya kwerekana urukundo n'icubahiro mufitiye Umwana wanje. Nimwahemukira Umwana Wanje muzosanga muriko muratakara mwebwe nyene ariko kandi nuko muzoyobeza imitima myinshi y'inzirakarengane izosanga yajanye nyabahururu mu kwemera igahava igwa mu mwijima uteye ubwoba kubera inyigisho zitarizo muzoba mwayihaye. Haraciye igihe shetani yarinjiranye Ekleziya y'Umwana wanje ariko igihe cose yatera akaduruvayo n'akajagari kadasanzwe, Ukwemera kw'abihebeye Imana bagendera mu Rukundo rw'Umwana wanje nikwo kwamye kuyitsinda igaca inanirwa.

Ariko rero muri iki gihe ukwemera kw'abasaseredoti benshi kwabaye akazuyazi mbere kuri bamwe bamwe kukaba kwaranasambutse, amarembo y'umuriro Udahera yaciye yugururwa ku buryo hari intambamyi zidasanzwe zibarindiriye. Ntimuze mwigere mwijajara ngo mwirengagize ivyo vyose Umwana Wanje yabigishije. Umwana Wanje ntiyigera ahinduka. Ijambo Ryiwe riguma rishinze imizi muri ca Kinja wenyene ubwiwe yitoreye arirwo rwa rutare nyene yubatse ko Ekleziya Yiwe. Amasakaramentu Yiwe azanira imitima yose umuco ikeneye ngo yame ifise ubuzima. Nimwahemukira Umwana Wanje muzoba musambuye ubuzima nyene kuko Umwana Wanje atari kw'isi, isi ntiyoshobora kubandanya ibaho uno musi.  Harahiriwe rero abo bakunda Umwana wanje Urukundo rw'Ukuri kuko nibo bazobera akarorero abandi mukubaja imbere ngo babereke inzira itazimiza kubw'ukwemera kwabo kutayegayezwa.

Umuvyeyi Wanyu Nyagukundwa Rwose,Umugabekazi w'Ubukiriro

 

=====================================================

Wewe ucira urubanza uwundi muntu witwaje Izina Ryanje uramenya ko uba uriko urancira amate mu maso- Ubu butumwa yezu yabuhaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa gatandatu, igenekerezo rya 7 Nzero Umwaka w'i 2012 @ 15:40

 Mwananje Nkunda Cane, mu gihe abangendanira babandanya bagwana hagati yabo ku bijanye n'ubu Butumwa Bweranda Ndagushikiriza ko ari ubw'Ukuri canke atari ubw'Ukuri, imitima myinshi nayo ikomeza gutakara uko bikeye uko bwije. Nashaka menyeshe abo bavuga ngo baranzi: urukundo mumfitiye rubwirizwa kugaragarira mu buzima bwanyu. Ntibikwiye kuvuga ko unkunda mu majambo gusa. Ubwa mbere, Ubwirizwa gukunda mugenzawe. Ukunda mugenzawe gute? Mufate neza nkuko bikwiye mu rukundo no mu kutamurengera canke ngo umukengere naho yoba akubabaza gute.

Haragowe abo bavuga nabi abandi bitwaje Izina Ryanje. Mwaratakaye. Kuko udafise ukwicisha bugufi mu mutima wawe ugaheza ugacira urubanza uwundi gushika naho umuvuma witwaje Izina Ryanje, umenye neza ko uba uriko urancira amate mu maso. Ndabibukije ko mutaba muriko muramvugira iyo muriko murararaza abandi mubavuga nabi mu kwerekana mw'ishengero ry'abantu urwanko mubafitiye.  Ivyo naho biri uko benshi mubaja imbere y'abandi mu masengero bagira ngo n'abatumwa banje beranda ntibahengeshanya kugwa muri uwu mutego ukomoka kuri shetani ngo bawugwemwo. Abo rero ndababwiye nti: "Nimuje hiyo". Genda musabe Ikigongwe. Vyoba vyiza mukoresheje uwo mwanya mwahora mukoresha mu kubavuga nabi mu gisabisho ngo musabire benewanyu na bashiki banyu.

Ese Ukuntu vyonezera mbonye abo bakristu bagira ngo baje imbere yanyu kw'izina Ryanje bigenjeje nkuko nabigishije. Ese ukuntu bababaza iyo mitima nyabworo igerageza ukwo ishoboye kwose ngo igume igendera mu kwicisha bugufi mu maso yanje. Ni ngombwa ko basaba Imana Ingabirano y'inama nziza ngo babashe gutegera neza no kuzirikana neza amajambo ari muri ubu buhanuzi kuko ava ku munwa Wanje jewe Imana Yanyu, kuko izi nizo mpanuro za nyuma zo nyene muzoronka muri ibi bihe vya nyuma zijanye n'ibi bintu.

Ntimuze mwigere mwihagira gutanga ivyiyumviro mwikuriye mu mitwe yanyu ku bijanye n'Uwo Ndi n'Inyigisho Zanje. Imbere ya vyose mumenye ko ndi Imana y'Ikigongwe imbere y'Uko nza nk'Umucarubanza. Ndabakunda mwese ariko Mfise ububabare bumeze nkubwa ca gihe nariko nicwa nirungu n'maganya mu murima wa Oliveti. Sinzokwigera Nduhuka gushika nkijije umwe umwe wese muri mwebwe ndabakure mu menyo y'ingwe. Umuntu wese avuga ngo simbabara ntazi uwo Ndi.

 Uwo wese yigira ngo yarahawe ububasha bwo gucira urubanza abandi mw'izina Ryanje ntakunda vy'Ukuri. Ahubwo arikunda vyongeye arirondera we nyene ubwiwe kuko yuzuye ubwirye gusa. Umuntu uwo ari we wese atuma agatoke canke abandi abagirira nabi kubera yuko batanyemera na we nyene ntarategera neza uwo Ndi we none rero arakeneye gusubira  mu Nyigisho zanje zijanye n'Urukundo, Ukwicisha Bugufi no gutenyeyera benewabo ba bahibe. Hari abakristu benshi babigirana umutima w'ukutamenya bakibaza ko igikorwa cabo coba ari ugusubiramwo n'ukukwandika canke ugushikiriza ukundi gusha Inyigisho zanje.

Ariko vyinshi mu vyo batangaza iyo bariko barasubiramwo izo Nyigisho Zanje nta handi biba bishimikiye atari ku mpari za kiremwa muntu no ku bwenge bwa muntu ataco bumaze na gato mu Bwami Bwanje. Iyo Ndababwiye ngo mwifate ruto muje imbere yanje, mba nshatse ku babwira ngo mumere nka'akana gatoyi kadahaririza umuvyeyi. Aha nshatse kuvuga umwana mutoyi yizera rwose se wiwe ata bwoba mu mutima kandi ata mpari mu mutwe wiwe. Gushika wize kwifata ruto imbere yanje, ntukwiye kumvugira canke ngo uhagarare imbere y'abankurikira wigira ngo uriko uvuyga kw'Izina Ryanje.

Niwashobora gutora uku kwifata ruto n'Ukwicisha bugufi kumpimbara niho ho nyene uzoshobora kumfasha gukiza imitima.

Umwigisha wanyu n'umukiza w'Abantu bose, Yezu Kristu.

 

==========================================================

Uburaya ni bwo buzoronderwa ubwa mbere na ca Gizimwe Gitukura imbere yuko kirondera gutembagaza Leta Zunze Ubumwe z'Amerika Ubutumwa Mana Data Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa kabiri igenekerezo rya 14 Ruhuhuma Umwaka w'i 2012 @ 18:00

Mwananje, ku bijanye n'igihe Ishavu Ryanje rizokwisuka kuri ino si canke n'igihe nyene Iburiwa rizobera ko, sivyo ukwiye kurondera kumenya. Ntibikenewe guhagarikwa imitima no kumenya igihe Jewe Imana Yanyu Nategekanije ibi bintu ko bibera ko mu Bwitonzi Bwanje kuko ivyo bizoranguka igihe kigeze hakurikijwe Ugusahaka kwanje kwo nyene. Ariko Menya ibi bikurikira  yuko Igisizimwe gitukura wabwiwe aho ha mbere camaze kuraramura umutwe ngo gitangure kumiragura abakristu kw'isi yose iyo iva ikagera. Cari cararindiriye umwanya muremure none ubu kigiye gucira umuriro uvuye mu kanwa kaco ngo gisambure ivyo vyose bimpesha icubahiro Jewe Imana Data Rugiravyose be n'Umwana wanje Nkunda Cane Yezu Kristu.

Uburaya nibwo kizorondera gufata kwanza imbere yuko gishobora gushikira Leta zunze ubumwe z'Amerika. Bazotanguza Komunisime n'iterbwoba ridasanzwe ku buryo abo bose bazogwanya ubwami bw'ico Gisizimwe gitukura. Mwananje Ndabona ko ubu butumwa bw'Ijuru bushobora gutera ubwoba bitandukanye ariko rero Ukuri kurabwirizwa guhishurwa.

Ukwemera kuzonagurwa biciye mu nzira imwe rudende iyo nayo ni uko ubuhanuzi buzotangazwa. Nico gituma ubona ubuhanuzi buriko buratangwa ngo abana banje bashobore kuzomenya Ukuri kw'Inyigisho Zanje. Ubuhanuzi bwose bwahawe abahanuzi banje Daniyeri na Yohani bugiye kuzokwugururwa urupapuro ku rundi. Uzomenyeshwa ibintu uko bizogenda intambwe ku yindi mwananje gutyo ushobore kumfasha kwubaka abana banje basigaye muri Ekleziya Yanje ya hano kw'isi. Abana banje bazokenera kuremeshwa n'Amajambo Yanje y'Urukundo vyongeye nzobahumuriza igihe cose bizoba bikenewe. Nimunyiyegekeko Bane banje Jewe So Wanyu Nyagukundwa Rwose nanje Nzobaronsa inema mukeneye ngo mutsinde Umwansi. Abansi banje ntibazoshobora gutsinda vyongeye ububasha bwabo ntibuzokwigera butsinda: igihe cabwo kizoba gito cane ariko kandi Iki gisizimwe gitukura n'abagishigikiye bazotabwa mu nyenga y'umuriro udahera.

Nimusabire imitima yabo kuko birashoboka ko mubafasha ku bw'ibisabisho vyanyu. Imurikirwa ry'Imishaha rizosigura bike cane kuri abo bakurikira shetani, Igisizimwe gitukura n'ingabo zabo. Imitima yabo yaradadaye ku buryo bazobigira na nkana mukwishora bo nyene ubwabo kwa shetani.  Imitima yabo yarazingamiye mu kinyoma c'iparadizo itabaho shetani ibemerera. Nkuko imitima yatoranijwe ihabwa kubonekerwa canke kubona Imana nkuko nawe umbona n'Umwana Wanje, Yezu Kristu, imitima imwe imwe irabonekerwa na Shetani be n'abamalayika birukanywe mw'ijuru bakagwa mu nyenga. Baramaze kuzingamikwa na sekibi ku buryo benshi muri iyo mitima yagize abaja bopfuma bapfa hako banyemera Jewe Imana se wabo Mushoboravyose.

Ngiki ico Ndabasezeraniye bane banje: Nzokingira abana banje bose bafise Igikumu c'Urukundo Rwanje mu mitima yabo. Muzohabwa gukingirwa uruhamo gutyo mubashe kuguma mufise ingoga zo kubandanya musabira abo bagome mukoresheje ububasha bwanyu bwose. Ibi bizotuma mushobora gupfupfahaza iterabwoba ryabo mwongere mubuze ingwano bateguye, inzara be n'uruhamo rw'abemera. Nimwansenga Jewe So Wanyu Nzobatabara vyongeye murabwirizwa gutangura kuntakambira mu bisabisho vyanyu vya misi yose mukoresheje iki Gisabisho c'Ingabo za Kristu (30); Igisabisho co kudukingira Ingwano, inzara n'uruhamo rw'AbaKristu

Bane banje, Ndabasavye ntimugakengere ubu Butabazi Bwanje buvuye mw'Ijuru Nje Ndabazaniye ngo Nkingire ubuzima bwanyu uyu musi bibondo. Abamfitiye Urukundo rudasanzwe Jewe So Wanyu mumenye ko Mbwirizwa kubategura ngo mushobore gukomerera uru rugendo ruhambaye cane. Sinoba Ndiko Ndarangura igikorwa canje nk'Umuremyi Wanyu na So Wanyu Abakunda cane Ntababuriye ibigiye gushika mu buzima bwanyu muri iyi misi ya nyuma y'isi. Abo nabo bashobora kuba batewe ubwoba n'Amajambo Yanje Matagatifu, Nagomba Ndabaremeshe : Muramenya neza ko ibi bidasigura umuhero w'isi. Ibi bisigura umuhero w'ubwami bwa shetani hano kw'si ivyo navyo bibwirizwa kubashimisha nta nkeka. Igihe kiregereje rwose aho Umwana Wanje Azoshikira Ubwami bwiwe Afitiye uburenganzira igihe Azogarukira ubwa kabiri Aje kurongora Iparadizo Nshasha Ihimbaye cane kw'isi.

Umutima Wanje urahimbarwa cane mu gihe Ndiko Ndabaganirira bane banje ibijane n'iyo Si Nshasha Nabateguriye. Abana banje bazobaho imyaka 1000 mu Bwami bw'Iparadizo Rishasha Nari Naremeye Adamu na Eva. Hazoba Amahoro, Urukundo n'Umwumvikano kandi ntaco muzobura. Abantu bazorongora, bavyare abana nayo amashurwe, inzuzi, ibiyaga n'imisozi bizobatera akanyamuneza kenshi. Ibikoko bizobana n'abana banje  ata wandya wangura kandi muzogenzwa n'Urukundo gusa murongowe n'Umwana Wanje, Yezu Kristu. Aho ho nyene niho Ugushaka kwanje kuzoranguka kw'isi nkuko bimeze no mw'Ijuru .

So Wanyu Abakunda cane, Imana Muremyi w'abantu bose, Imana Iruta Vyose.

 

============================================================

Igikoko c'amahembe cumi ni Uburaya bwunze ubumwe z'iburayaKu wa Mungu Ingenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2012 @ 03:00

Mwananje Nkunda Cane, ntugasimbwe n'umutima utewe ubwoba n'ubu buhanuzi. Kuko buriko burashikirizwa isi bivuye ku Rukundo Mfitiye abantu bose.  Ubumenyi bw'ibizoba mu misi iri imbere buzofasha abana banje kwitegura babashe kugwanira Ukuri. Igabishwa ryanje rirashobora gufasha gukwiza hose ukwemera mbere rikazofasha abana banje gusubira kwemera Ukuri kw'amaza yanje ya kabiri gutyo babashe kugaruka kuri Jewe.

 Amaza yanje ya kabiri azoshika mu bihe murimwo bane banje. Ni mwebwe urwaruka rwatowe ngo muzokwimbure ibitangaza vy'Amaza yanje ya kabiri ngaha kw'isi. Kumwe namwe hazogaruka n'abana banje nari naratoye ubwa mbere bakaba bari barampaye umugongo bakanahakana ko Imana Isumba vyose Dawe yamaho Ibaho.

Urukundo rwanje ruzokwugumbira nabo batankunda. Nabo nyene bazohinduka haciye umwanya. Kwemera amajambo y'ubuhanuzi wahawe nk'umutumwa w'ibihe vy'imperuka ajanye n'igikorwa co kwugurura ibikumu ndwi vyo nyene ntibihagije. Igihambaye gusumba ibindi n'urukiza rwa benewanyu na bashikanyu bo kw'isi yose.

Ibihangange bibiri bikorera hamwe ari bwo Burusiya n'ubushinwa bizokwunga inguvu zavyo. Ibi bizoshika igihe ca gikokoko c'amahembe cumi kizosokorora izosi ngo gicure bufuni na buhoro abanyagihugu babo ataco bazira. Igikoko c'amahembe cumi n'uburaya bwunze ubumwe buzwi kandi nka Babiloni mu Gitabu c'Ivyahishuriwe Yohani. Babiloni izosubira hasi hanyuma ice iganzwa na ca gikokoko gitukura Ubushinwa na mugenzi waco w'imfyisi" ari bwo Burusiya. Ivyo nivyaramuka bishitse, komunisime niyo izoca yoganza kw'isi ivyo navyo bikaramuka bishitse hazoba hagowe uwo wese bazosanga ariko arakora ibikorwa vy'Ukwemera mu maso yabo.

Amadini yose azoca abuzwa kw'isi yose ariko Abakristu nibo bazohamwa cane kuruta abandi. Abakatolika bo ntibazoshobora kuba bacemewe na gato gushika naho bazobwirizwa  gusomera imisa mu mpisho.

Igihe cageze caho abana banje bose batangura gutegura neza kazoza kabo. Nzobaba hafi Ndabayobore igihe cose. Nimutangure kwitegura ubu nyene kuko muzohabwa akanya kukubirangura. Ndabisubiye mwo igisabisho kandi ibisabisho vyinshi nivyo bizoshobora kugira ubusa ububasha bw'Igisizimwe, imfyisi na ca gishetani gitukura. Bizokwiganza kw'isi umwanya  muto cane. Ariko inyuma yaho bizomenagurwa.

Umukiza wanyu Nyagukundwa rwose, Umucunguzi w'abantu bose!

 

==========================================================

Nzorwana ingwano ya Armageddon Nkoresheje inteko z'Ijuru/Ubutumwa Mana Data Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ruheshi Umwaka w'i 2012 @ 15:45

Mwananje Nkunda cane, niwizere ukuntu Jewe So Wanyu wo mw'Ijuru Nzokora uko Nshoboye kwose ngo Ntabara abana banje bose bo kw'isi naho Nzobandanya Nsonera ingabirano y'ubwigenge n'Ugushaka kwabo Nabaremanye mu ntumbero yuko zina muntu wese azonkunda ata gahato ariko bivuye kuko avyishakiye we nyene. Nzokora ibitangaza nongere Nkore ibitangaro ngo Nzane abana banje Muhira Iwanje.  Naho Ndi Imana y'ubutungane Sonokwigera na rimwe nemerea canke Nshigikira ikibi ariko Nzogiririra Ikigongwe abo bose bazogaruka ku Mwana wanje bagasaba Ikigongwe nibategera ibiri mu Gitabu c'Ukuri.

Nzogwana intambara ya Armageddon Nkoresheje inteko z'Ijuru kandi Ndabemereye ko Nzotsinda umwansi n'amashetani azoba ashigikiwe n'Ukuboko kwa Lusiferi. Igihe kiregereje caho shetani izotabwa mu mvuto mu gihe c'imyaka 1000 vyongeye haragowe uwo wese atazoyihakana n'ibikorwa vyayo vyose n'inyosha mbi zayo zose. Bose bazokwerekwa Ukuri kw'Urukundo Ndabafitiye Jewe Imana yabo n'Icipfuzo Canje co kubashikana mu Bwami Bwanje aho Jewe Imana yabo Nzobana nabo mw'Iparadizo Yanje aho Nzosangira nabo bose bazoba Igisata Canje. 

Ntako Ntazogira Nciye ku bahanuzi banje ngo Ndabakure gushika baze mu maboko y'Umwana Wanje Ndababumbatire. Ntimumpebe bane banje, Jewe So wanyu Ndabakunda cane. Nimuze mwumve umuhamagaro wanje. Vyongeye ntimukiyankishe mwebwe nyene intoranwa yanyu mufitiye uburenganzira. Muri mu gihe c'amakuba atari bwigere aboneka kuva aho Narema ubwoko bw'abantu nkako igihe cageze aho umwe umwe wese muri mwebwe abwirizwa kwihitiramwo ico ashaka gushikako.

Menya gusa yuko ububeshi bwose, ibigeragezo vyose bigamije kubasuka mu migozi ya Shetani n'inyosha mbi zayo bizokoreshwa mu ntumbero y'ukwiba imitima yanyu. Abo bo nyene bafata umwanya wo gukingira imitima yabo mu gisabisho n'amasakaramentu nibo bazohabwa ubukomezi nyabwo bwo gutsinda ubwo bubasha bwa sekibi. Shetani izogira ibitero kuri bose harimwo n'imitima myeranda nyene yosha kunyihakana Jewe So Wanyu n'Umwana Wanje Nyagukundwa rwose. Ico izokora n'ukubabohera mu nyenga y'umwijima mu kwzuza imitima igipfungu ku buryo iyo mitima  izosanga yazitiriwe mu ntsinga z'ikinyoma cayo zitazoba zoroshe kwibohoramwo. Nimunyumvirize ubu kuko intambara ya nyuma yaratanguye. Ntimukirengagize uwu muhamagaro uvuye mw'Ijuru kuko nimwakora iryo kosa bizosigura ko muzotakara burundu.

Ese iyaba mwoshobora kwibonera n'amaso yanyu amakuba imitima igira iyo imaze gutabwa mu nyenga y'umuriro udahera kubera ko base kwakira Ikalisi y'Ubukiriro. Bazotabwa mu nyenga y'umuriro hamwe na shetani aho bazogorwa imyaka idahera. Mbwirizwa kubamenyesha nk'umuvyeyi wanyu amakuba abahanamiye. Ni kuki mwanka kunyumviriza? Nimba munyemera vy'ukuri mwabwirizwa gutegera ko bikwiye ko Ndungika abahanuzi banje ngo bababurire. None sinahora Ndabigira na kera? None barabumvirije? Oya benshi baranse kwumviriza abahanuzi gushika naho amajambo y'ubuhanuzi arangukira mu maso yabo.

Muri iki gihe Nje kumenyesha ko igihe c'uko Umwana wanje, Umucunguzi w'Ukuri w'abantu ariwe Mesiya kiri hafi. Shetani irabizi. Urwanko imfitiye ni rwinshi ku buryo atakwo itazokora ngo ikwegakwege abana banje gushika ibantwaye. Ndi Imana Yanyu, Itanguriro n'Iherezo. Nararemye isi mu ntango vyongeye ni nkuko mubizi ni kubw'ukuboko kwanje kwo gusa izorangira.  Ku bana banje Nkunda cane bihakana Shetani hari isi Nshasha , Iparadizo nshasha kw'isi irabarindiriye mu buninahazwa bwayo bwose. Ntimukayihe umugongo.

Ntimwemere ko ivyiyumviro bidatunganye vy'abisi bibabuza mwebwe nabo mukunda bose kwinjira muri iyi paradizo y'agatangaza aho ataco muzobura. Tora Iparadizo yanje y'Urukundo, akanyamuneza n'ubwiza ikibanza gitomoye aho muzoba mu mutekano ntangere muroraniwe ku mutima, ku mubiri no mu vyiyumviro muhimbawe cane kuko muzoba mwunze ubumwe n'Ugushaka Kwanje, Jewe Imana Yanyu.

Umuvyeyi Wanyu Abakunda cane, So wanyu Imana yo mw'Ijuru

 

============================================================

Vuga Izina Ryanje uyu musi no muri abo nyene bagira ngo ni abaKristu uzoca ubona agacerere kadasanzwe gaturutse kukutanyiyumva mwo. Vuga utarya umunwa ibijanye ni iciza be n'Ikibi uzobona bagutwenga. Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa gmbere igenekerezo rya 2 Mukakaro Umwaka w'i 2012 @ 18:00

 

Mwananje, birahambaye cane ko abagendanyi banje baguma bari maso kandi barindiranye ukwihangana umusi Nzogarukira ko. Kazoza  ntigashobora guhutagizwa. Indinganizo yateguwe na Dawe Imana Yamaho izoranguka igihe kigeze nkuko yo nyene ubwayo yabitegekanije. Umwanya wahawe ngo umfashe gutegura abantu ngo bitegure kandi bame bashajije ngo babashe kuzonsanganira Ikigongwe canje Ntangere urahambaye cane. Ico ni igihe benshi bazobasha kurokoka kubw'ibisabisho vyanyu. Ukwizera, Ukwemera be n'Urukundo mumfitiye Jewe Yezu Wanyu nikwo kuzobaremesha kukabaha inguvu mu gikorwa canyu. 

Iyo ubonye ubugome bukorerwa imbere yawe, iyo ubonye ivyo vyose bimpesha icubahiro biriko birasamburwa uzoce umenya ahubwo ko ico gihe kiriko kiregereza mbere kiri hafi kuruta. Wewe nk'umusoda mwiza ari mu ngabo zanje, wame ahubwo wibuka ko ivyo bintu bibanza gushika ubwa mbere kandi ko igikorwa cawe ari ukugwanya no kubuza umwansi kwiganza.

Ingabo zanje zizohabwa ingabirano z'Imana ngo babashe kuboneshereza abo bagendera mu mwijima. Imyiteguro irasaba igihe. Igisabisho naco nico kikuzana kikongera kikakugumiza hafi y'Umushaha wanje Mweranda Rwose ngo muronke impemu nziza zikenewe ngo muzibukire intambara iri imbere. Uko ubandanya ukura kubw'inema Ndakuronsa imisi yose, bizokomeza vyoroha kumenya abansi bawe banka ivyo vyose bimpesha icubahiro.  Ivyo bizogutera umubabaro, bikubabaze mbere binagushavuze ariko ubwirizwa kugumana agateka kawe imbere yabo kw'Izona Ryanje. Iyo bishitse bakaguhaririza mbere bakanakugwanya kw'Izina Ryanje, urabworizwa kwishurana Urukundo. Ntukagerageze guharira ku bijanye n'ubutumwa bwanje kuko ntibikenewe. Ijambo Ryanje ni Ijambo Ryanje nyene. Nta muntu ashobora kurishira mu mpari z'abantu kuko ni ntabanduka.

 Umuntu uwo ari we wese yihagira gusambura Ijambo ryanje canke kuricafuza bizomuta ku w'amazi kuko nta bubasha bafise kw'Ijambo Ryanje Ryeranda. Ubu rero ko wamaze kumenya Ijwi Ryanje iryo ari ryo urabwirizwa kumenya ububabare bushobora kugushikira uriko uratangaza Ijambo ryanje muri ibi bihe. Vuga Izina Ryanje uyu musi no muri abo nyene bagira ngo ni abaKristu uzoca ubona agacerere kadasanzwe gaturutse kukutanyiyumva mwo. Vuga utarya umunwa ibijanye ni iciza be n'Ikibi uzobona bagutwenga. Erekana ukuntu igicumuro gishobora kwonona kazoza k'abana banyu uce wiyumvira ukuntu batangura kukubaza ngo igicumuro ni ki?

Uyu musi abantu benshi ntibazi igicumuro ico ari co. Benshi ahubwo babona igicumuro nkuko coba ari ikintu babwirizwa kubana naco mu buzima bwabo kumbure batabona n'impamvu yo kugerageza kukigwanya. Ntaco kibabwira ahubwo baranezerwa no kugishigikira bakakibamwo ngo kuko kibazanira inyungu n' ubwigenge bwo kwirukira ibibanezera harimwo n'ugutamarira ibigirwamana n' ivyipfuzo vy'umubiri. Oya ntibashaka kwumviriza kuko ntibinezereza kamere yabo. Mwebwe mwa ngendanyi zanje Nkunda cane muzobonwa nkuko mwoba mwaragizwe ibihwiji n'urukundo mufitiye ivy'Imana n'igishika mufitiye Imana Yabaremye urwo Rukundo rwayo narwo rukaba rutacakirwa rwose mu maso y'abo bafise muri bo uruhumyi rw'umutima kuko babona umengo nta vyinshi rwoza rubungura mu buzima bwabo.

Ngiki rero igituma ubwirizwa kwitegura. Ngiyi impamvu ubwirizwa kwuzura ubukomezi nyabwo. Iyi mitima imeze gutyo niyo Uzobwirizwa gusabira ngo umfashe kuyikura mu vyara vya Shetani. Kureka imitima bene iyi ngo igutere ishavu, ikubabaze canke igutuntuze umutima ni uguta umwanya gusa. Beshurane urukundo n'agacerere ubigirane iteka. Ntuze wigere utinya kunshingira intahe imbere y'abantu ariko kandi ntugahate imitima kwemera Ijambo ryanje mu buryo yohava inaguhunga. Ahubwo banzanire iwanje mu gisabisho cawe no mu mageragezwa ucamwo.

Ndabahezagiye mwa ngabo zanje mwuzuye ubutwari vyongeye mumenye ko Ngendana namwe intambwe yose mugira ngo munzanire imitima.

Yezu Kristu Wanyu mukunda cane

 

=======================================================

Inyenyeri zibiri zizogwana, umusalaba wanje uzoboneka mu gicu gitukura Ubutumwa yezu yahaye mariya w'Ikigongwe c'Imana, Ku musi w'Imana, Igenekerezo rya 5 Ruheshi umwaka w'i 2011 @ 16:30

Mwananje Nkunda cane igihe kiri hafi. Igabishwa riregereje. Ndi n'umubabaro mwinshi wo kukumenyesha ko imitima myinshi itazokwumviriza ubu butumwa bujanye n'Iburirwa. Ijambo ryanje ririko rigwa ku matwi y'intumva. Ni kuki none bashima kutumviriza! Sindiko Ndabahereza gusa ingabirano yanje idasanzwe y'Imbabazi zanje, aho Nzorekura imvura y'inema zanje kw'isi yose, Ndiko Ndanabategura ngo iki  gitangaro kize gisange bari maso mu kwemera.

Amamiliyoni y'imitima izokwuzura agahimbare niberekwa imbabazi zanje z'agatangaza. Abandi ntibazoronka akaryo k'ukwikiza bo nyene ubwabo mu kanya bazoba bahawe kuko bazogwa igihumura bace bapfa bishwe n'ubwoba. Mwananje, urabwirizwa gukora uko ushoboye kwose ngo ugabishe isi kuko iki kimenyetso gihambaye kizotangaza zina muntu.

Bazobona ibimenyetso bidasanzwe kw'ijuru imbere yuko igabishwa riba. Inyenyeri zizosekana ku buryo abantu bazokwibaza ko ibirori bazoba bariko barabona mu kirere bitabasiga. Ivyo binyenyeri bimaze kugenda, igicu gitukura kizoca kiboneka kw'ijuru gikurikirwe n'urumenyetso rw'Umusalaba Wanje uzoboneka kw'isi yose iyo iva ikagera ku buryo uzobonwa n'umuntu wese. Benshi bazogira ubwoba. Ariko Jeho Ndababwiye nti nimuhimbarwe kuko muzobona ubwa mbere mu buzima bwanyu ikimenyetso nyakuri kivuye ku Mana kizoba ari Inkuru Nziza y'urukiza ku bacumuzi bo kw'isi yose.  Amaso yawe niyabona Umusalaba wanje uzoce umenya ko Ikigongwe Canje Ntangere kiriko kirahabwa umwe umwe wese muri mwebwe bane banje Nkunda cane. Erega ni kubw'Urukundo rw'umwihariko Ndabafatiyiye Nabitangiye gushika naho Ndabapfira ku Musalaba ngo Ndabakize. Nimwabona imisalaba rero kw'ijuru muri ca gihe c'igabishwa muramenya ko iki ari Ikimenyetso c'Urukundo Ndabafitiye.

Nimusenge mwa Ngendanyi zanje Nkunda cane ngo benewanyu na bashiki banyu nabo nyene bazoshobore kunezerwa nabo nyene beretswe icemezo c'uko Ndiho. Nimubasabire maze bazobone kwemera ko aka ari akaryo kadasanzwe baronse ngo biyoze ivyaha vyabo mu maso yanje. Senga ngo bashobore kwakira iki gikorwa giteye ubwoba nk'akaryo ko gusaba imbabazi ngo babashe kurokora imitima yabo gutyo bankundire Ndabarokore. Muzobasha kubona neza uko bigenda iyo umuntu apfiriye mu gicumuro kigoye. Iburirwa rizoba rero akanya k'igitangaza kazotuma abantu beshi batyororwa kandi imitima yanyu mwese ishobora kwezwa koko.

Ku ruhande rumwe nivyo iryo murikirwa ry'imishaha rizobabaza cane cane ku bazoba bafise igicumuro kigoye. Nkako muzobona n'amaso yanyu uko bimeze vy'ukuri iyo umuco w'Imana uzimanganye mu buzima bw'umutima. Imitima yanyu izokwiyumva mwo uko bigenda iyo Imana igutaye nkuko bigendera abo bose bapfira mu gicumuro kigoye, iyo mitima y'abacumuzi nyabworo yagumye ita umwanya ikaguma yiyanjanjwako gushika aho bitaba bikiyishobokera gusaba Imana kwozwa ibicumuro.

Mwibuke ko bihahambaye cane yuko ndeka umwe umwe wese muri mwebwe ngo azirikane ubwo bugaragwa bw'umutima. Erega muri ico gihe ho nyene niho uzoshobora gutegera vy'Ukuri ukuntu ata muco w'Imana uhari mu mitima yanyu uca ugwa mu mwijima ntangere. Imitima yanyu n'imibiri yanyu ica imere nk'ibigunguru bigaragara. erega n'abacumuzi barumva umuco w'Imana  kuko ari mu muntu wese mu bana biwe bakiri ngaha kw'isi.  Ariko iyo upfiriye mu gicumuro kigoye uwu muco ntuba ukiwufise.

Nimwitegure rero kuva ubu ngo iki gitangaro kize gisange muri maso. Nimukize imitima yanyu mu kanya mukibishoboye. Kuko ni igihe gusa uzotakaza umuco w'Imana uzoruhira gutegera umuzimagiza, ubugumbagumba n'ubugaragwa shetani itanga ata kindi bukwuzuza atari iterabwoba, amagorwa n'amaganya. Nimwuzuze imitima yanyu ububasha bw'Imana. Nimunezerwe muhimbarwe kuko igabishwa rizobazanira urukiza kandi kubera ko rizobegereza Umushaha wanje Mweranda Rwose. Nimuhe ikaze iburirwa. Kuko nimwamara guhabwa icemezo c'ubuzima buhoraho mukabasha gutegera ukuntu ari bwo bwo nyene mubwirzwa kurondera.

Yezu Kristu, Umwami w'Abantu bose!