Messages 13

08/10/2017 16:55

Bikira Mariya : Irozari Yanje Irashobora gukiza ibihugu.

Umuvyeyi Bikira Mariya Yaraganiriye Mariya W'Ikigongwe c'Imana amusigurira Ukuntu Irozari ishobora gukiza ibihugu. None rero birumvikana ko n'Uburundi bwacu atahandi buzeye ubukiriro atari kuri uwo Muvyeyi Nyene. Kw'igenekerezo rya 29 Kigarama Umwaka w'2011 @ 14:15 aramubwiye ati:  "Abana banje ntibakwiye kwigera bibagira na rimwe ububasha buri mw'Irozari yanje Nyeranda."  None Ndababaze, aha ni jewe Angelo mvuga, ni kubera iki Abarundi bavuga ngo batuntujwe umutima n'ubwicanyi bwahitiye muri ico gihugu cacu, ariko bakishinga baririra abanyapolitike badashoboye kugira ico babamarira? Mbega ntibazi ko abo banyepolitike nabo bamaze kugirwa imbohe na shetani? Umuvyeyi Bikira Mariya yarongeye aramukurira inkoni gu gashitsi ati: Ububasha bw'Irozari ni bunini cane rwose ku buryo ituma umwangushi ataco aba agishobora kwonona. Mbere ngo Uvuga Irozari shetani nta na kimwe ishobora kkugira yaba wewe yaba n'umuryango wawe nyene ico ukeneye kugira gusa ni ukuyivuga imisi yose.

Uyu murwi rero w'Irozari wo gusabira Uburundi amahoro nta yindi ntumbero ufise atari ukugusaba wewe nyene uriko urasoma ubu butumwa gutangura kuvuga Irozari Nyeranda ya Mawe wacu wo mw'Ijuru kuva uno musi nyene gutyo ubashe gufasha gukingira umuryango wawe udasize inyuma abo mubana bose n'Uburundi bwose nyene. 

Ukaba wibaza ko aya majambo aray'abantu urihenda kuko iwacu i Burundi harabaye amabonekerwa atari make kandi bose baje bashimikira kuri ubu butumwa bw'Irozari nyene ariko igihugu caranse kwumviriza, none raba imivyimba yirirwa irahambwa buri musi batamenyesheje n'ababuze babo ngo baze kuraba ko uwabo yoba ari muri bo. None ga yemwe uyu si umuvumo abarundi nyene bwihamagariye. Ba sokuru nibo bayamaze ngo nyamubura ikimuhanura niwe nyamubura ikimuhamba. Aya majambo y'Umuvyeyi wa Yezu w'Inazareti aratwibutsa ko "Irozari ari co kigwanisho gisumba ibindi bigwanisho vyose woshobora gukoresha ngo utsinde umwansi sekibi - ni co kigwanisho gitsinda imigambi ya shetani yose, niyo Nkota twahawe muri iyi misi ya nyuma ya hano kw'isi."

None ga ncuti zanje ni kubera iki tuguma twicwa n'ingwano kandi umuti tuwuzi? Aha ndabaza mwebwe mutwara abandi namwebwe mutwarwa nyene. Erega nkuko Nyina wa jambo abiduhanura: Ntimukigere mukengera ububeshi Sekibi ateragira mu bwenge bw'abantu ngo ayovye abana b'Imana abajane kure y'Imana. Turabona ko abarundi benshi muri iki gihe bohejwe na Shetani nyene baguma bahgwanya Ukuri kw'Imbabazi z'Umwana w'Imana .

Erega nitubitegere mu kuvuga Irozari Nyeranda y'Umugabekazi w'ubukiriro Umwamikazi w'Uburundi tuzoshobora gukingira iyo mitima yoye kujana nyabahururu. Imitima yabo irashobora kwuguruka neza vyiza vy'abantu ni umwe umwe wese mubasoma ubu butumwa yafata akanya k"isaha imwe ku musi ngo azirikane Irozari Nyeranda asabira Uburundi.

Benshi bishinga kuja mu mashirahamwe ya politike gusa bidoga barira ngo mbega yemwe ninde azotuzanira amahoro i Burundi. Oya reka guta umwanya uronderera ahatari ho. senga kandi usabire abarundi bene wanyu bakongatajwe n'umutima w'ubwicanyi bugurure imitima yabo babashe kumenya Icobazanira Urukiza. Nimuze dukoranire hamwe dusenge gutyo abafashe ibigwanisho basubize inkota mu rwubati ahubwo ngo baze dukoranire hamwe twese twambaze imbabazi z'Imana kandi twakire Ikigongwe cayo. N'ukuri nta yandi mahunngiro dufise!

Izi mpanuro zitanzwe zishimikije Ubutumwa bw'Umugabekazi w'abamalayika

 

=========================================================

Mana Data Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana: Igisabisho co gusaba Urufurunguruzo rwo kwinjira mw'Iparadizo nshasha! ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 10 Ndamukiza  umwaka w'i 2013 @ 16:45

Mwananje Nkunda cane uko urubeya rwa Mutima Mweranda Rukomeza Rususurutsa iyo mitima yicisha bugufi isoma ubu butumwa, niko uguhinduka kw'imitima kuzorushirizaho gukwira kw'isi yose.  Inkuru Nziza y'Ijambo ry'Imana Imeze nk'umuyaga w'igihuhusi ufise ububasha bwo gukangura iyo mitima yose yahora isinziririye mu kabi ukababatuma bama ivyamwa vy'ubutungane n'amahoro y'Imana. Uhereye kuri izo mbuto zatewe ivyamwa vyinshi vyaramye bikaba biri mu bihugu vyose harimwo na birya birongowe n'abakumunista.  

Mwananje, uko Ijambo Ryanje Ryeranda ricakamira ubwenge n'imizirikanyi y'abemera bo mu madini yose rizobakomeretsa nk'inkota ivyo bihugu vyahora bimpa umugongo Jewe So Wanyu Mukunda cane. None rero urwanko isi igufitiye nirwongerekana uzoce umenya ko Ijambo ryanje Ryeranda ryo gukiza imitima ririko riratera intambwe kanatsinda wewe nk'umutumwa ujejwe gushikiriza Ubu buhanuzi wimereye nk'igikoresho gusa. Iki gikorwa si icawe. Nta n'ubwo gishimikiye ku kubonesherezwa k'umutima wawe kuko siyo ntumbero yanje na gato naho kigufasha na wewe nyene kubona Ukuri bigaca bimpimbara nanje.

Wewe rero mwananje nk'umushikiriza butumwa w'ibihe vya nyuma ubwirizwa gushikiriza isi ubuhanuzi uriko urahabwa kubw'ineza ya kiremwa muntu. Ivyiyumviro vyawe n'impanuro uha abandi ntaco bimaze kandi vyongeye nta bubasha ufise bwo gusangira uko ubona ibintu n'abandi. Iyo Ijwi ry'Imana rishikiriye umutima wa muntu, ririkuba mwo kenshi rigakwira mu mitima ya benshi. Ni kubwo ubwiza bwanje ntangere Jewe nk'Umuvyeyi w'abantu bose abakunda cane nashimye kubasukira ko iyi mihezagiro ntangere. Nkuko vyarai vyaramenyeshejwe na mbere, ibitangaro bikomeye bizobonwa nabo bahezagiwe n'Ingabirano ya Mutima Mweranda biciye kuri iki gikorwa.

Ndahezagiye abo bose bakwiza hose bakongera bakamenyesha abandi ubu butumwa bwanje kuko utwigoro twabo tuzomera nk'umwambiro w'Ijambo Ryanje ribwirizwa kumera nk'Inzoga y'isongo ihiye neza kandi Iryoshe cane izohembura isi yose. Kuri abo bose bari barindiriye ingabirano y'ukuva mu kabi no guhinduka, Ndavuga iyo mitima nyabworo mfise ku Mutima nimunyumvirize Ndabayagire: Jewe So Wanyu na nka Serukundo, Ndabemereye ko Nzobagwa mu nda mpeze nugurure imitima yanyu nimwampereza igisabisho gikurikira:  

"Dawe Mwiza, ni Jewe umwana wawe yazimiye Nje iwawe ntabona iyo mva niyo nja kuko meze nk'impumyi itabona iyija. Utamfashije mu rukundo rwawe ntaco nokwishoboza. “Nkiza ku bw'Urukundo rw'Umwana wawe Yezu Kristu Wongere untabaze urupfunguzo rwo kwinjira mw'Iparadizo yawe nshasha ya hano kw'isi. Amen.”

Bane banje, nzobahezagire nongere Ndabakingire. Muri abanje mwebwe mwese. Naho nipfuza kuba kumwe namwe n'umutima wanje wose nkanabaririra nabo muri mwebwe banyanka nzokoresha Ububasha Bwanje bushobora vyose Ndabugurure imitima yanyu yadadaye ngo mbashe kubaronsa intoranwa yanyu nabageneye aho nabaremana Urukundo Igituma Ndabamenyesha ibintu vyimirije n'ukugira bizobafashe gutegera urwo Ndabakunda. Ibi bintu nivyamara gushika mu maso yanyu, muzosanga Ndabarindiriye ngo muze iwanje mufise Urukundo n'ukwizigira mu mitima yanyu

So Wanyu Nyagukundwa rwose Imana Isumba vyose

 

=================================================

Umusalaba niyo Nzira Igushikana ku Buhirwe budahera Ntukigere Wanka Umusalaba Wanje!  Ku wa kabiri igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015

Mwananje Nkunda cane, igihe abagendanyi banje Nkunda cane bariko barahimbaza uwa Gatanu mweranda, barakeneye kwibuka ingene Urukundo Rwanje rwashikiriye ubwoko bw'abantu. Barya bariko barampama bangirira nabi gushika naho banyica bari buzuye inzigo mu mitima yabo yadadaye. Narabapfiriye naho nyene nari nzi ko banyanka kandi narababaye amagorwa menshi ngo Ndabe ko boshobora kurokoka. Ariko naho bimeze uko abantu benshi uyu musi baranyanka bakongera bakankengera ku buryo buteye ubwoba cane gushika naho iyaba nobahishuriye ububegito bafise mu mitima yabo mwoca mugwa ivutu ubwo nyene. 

Iki gikorwa co gutegura isi biciye mu Gitabu c'Ukuri kizogwanywa n'abansi banje aho bari hose. Ibitero vya karuharwe bizova ku migwi ya shetani igoye ku menya kuko benshi muri bo bigira ngo ni abakristu ngo babashe kwerekana ishavu ryabo bitwaje ngo bariko baraharanira Ukwemera kwabo. Uko nikwo shetani ikoresha abaja bayo bayihaye ngo bagwanye igikorwa canje. Ese ukuntu imitima yabo ihumiwe ariko kandi ese ukuntu bantera umubabaro mu gihe babandanya bampemukira, bantyoza bongera banyambika ibara mu gukwiza hose inyigisho z'ibinyoma ku bijanye n'Ijambo Ryanje mu ntumbero yo gusahura imitima ngo bayijane kure y'Umushaha wanje W'Ikigongwe.

Ndaturikisha Nkarira gushika naho mpakwa gupfa muri iyi ndwi nyeranda kuko igihe ni gito cane kandi Ndazi ko naho atako Ntagira ngo Ndabakize, imitima myinshi izoguma yirabira hirya. Ni kubera iki iyo mitima inyanka gutyo kwose? Inyishu ni uko ata rukundo bamfitiye na gato. Benshi muri bo basanga urwanko bamfitiye mu mitima yabo ruteye ubwoba ku buryo bibaza ko ivyaha vyabo bidashobora kwozwa canke bibaza ko badashobora no kubabarirwa. Sekibi yarabagize abaja bidasanzwe ku buryo bamara umusi wose bamvuma. Abantu benshi ntibakinyemera-

Ni abantu bakeyi banyemera mw'ishengero rinini riva ku ruhande rumwe rw'isi gushika no ku rundi. Ariko ndakwemereye yuko Nzokoranya imitima myinshi ishoboka kandi kubera Urukundo Ndabafitiye Nzokwiza Ikigongwe canje no kuri abo nyene batanazikwiye.

Ese ukuntu Nakira abeza, abankunda n'iyo mitima yiteguye iza imbere yanje.  Baranyuzuza akanyamuneza kenshi. Ese ukuntu bampoza ibikomere vyanje. Barampoza rwose mu magorwa ntegwa n'imitima y'abacumuzi nyabworo idaca n'ikanda ukuntu akanyamuneza Nabemereye mu Bwami Bwanje bushasha bwimirije. Imitima myinshi izojugunya imfunguzo Nabahaye ngo binjire mu bwami bw'Ijuru.  None bazozijugunya baheze basigarane iki? Ico bazoca baronka n'ubuzima butagira insiguro, ubuzima bwuzuye gushukirwa imihango igaragara, ubuzima bw'umuruho w'ubusa butabazanira ineza n'imwe ariko buherera mu nkungugu gusa. 

Ndi ubuzima bwanyu. Ndabazaniye Ubuzima. Nimwemera urupfu rwanje rwo ku Musalaba mukongera mukemera n'Izuka ryanje ntimuzokwigera mupfa. Mwebwe muriho muri uru rwaruka rw' iki gihe muri kumwe nanje ntimuzobona urupfu hari mwo n'urupfu rw'umubiri nyene. Abo nabo baguma bampemukira mu kwishinga gukora ibicumuro nihagera ko mumenya Ukuri muzokwikangura musanga ata buzima mufise.

None rero mwa bagendanyi banje mwanyakugira Imana, ntimukigere mutinya Iki gikorwa. Nzobafata Ndaborose n'Ingabirano Data Yipfuza kubaronsa Amaze kubakoraniriza hamwe mwebwe bana biwe bose mu bwami Yabemereye igihe  Yabarungikira Umwana Wiwe w'Ikinege ngo Akize imitima yanyu biciye ku rupfu rwanje rwo ku Musalaba.

Umusalaba rero niwo murongo ubashikana ku buzima buhoraho. Ntimukigere muwirengagiza. Urupfu rwanje nirwo rwababereye ibarabara ribashikana mu buhirwe budahera. Mudafise Umusalaba wanje urupfu ruzoguma rubabangamiye. None rero urupfu ruguma rubangamiye abo bose bakengera umusalaba wanje.

Yezu wanyu.

===========================================================

N'abicanyi ba karuhariwe barashobora kurokorwa kubw'ibisabisho vyanyu

Ku musi w'Imana, igenekerezo rya 14 Gitugutu, 2012 @ 18:10 Yezu Yabwiye Mariya w"ikigongwe c'imana ati: Mwananje Nkunda cane, ntukigere wibaza na rimwe ko ba banyavyaha bakora ibicumuro biteye ubwoba ko badashobora gukizwa. Abicanyi, harimwo na barya nyene bagandagura abanyagihugu benewabo basangiye igihugu canke mbere na bamwe bica abana babo  bakiri mu nda barashobora kurokoka kubw'ibisabisho vyanyu.

Hari imitima myinshi itazorondera kwezwa mu maso yanje kuko itabona ikibi na kimwe mu vyo iriko irakora. Ubukiriro bwayo buri mu bisabisho vyanyu.  Iyo niyo mitima yambabaje cane kurusha iyindi. Iyi mitima yatakaye yaratwawe kure yanje ariko biturutse kuri irya mitima yihebera iyindi n'ibisabisho vy'abigishwa banje izoshobora kurokoka. Tubaye turaretse n'iyo reka Ndababwire ko niyo mitima nyene ikorera shetani ibizi neza naho nyene izi neza ko Ndiho ariko bakabandanya banshinyaguriza nabo barashobora gutabarwa ngo boye kugwa mu magorwa y'imyaka yose. Ndabakebuye mwese rero ngo muntabaze mukoresheje iki gisabisho c'ingabo za kristu (80) ngo musabire abicanyi.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (80)  Dusabire abari mu gicumuro c'ubwicanyi

 

Ewe Yezu Mwiza Ndakuzamvye ngo ugirire ikigongwe abo bose baguye mu gicumuro c'ubwicanyi. Ndagutakambiye ngo Uronse imbabazi abo bose bari mu gicumuro kigoye. Ndaguhereje amagorwa yanje n'ingorane zose ncamwo ngo ndagusabe Wugurure imitima yabo kandi ngo Ubababarire ivyaha vyabo. Ndakwinginze ngo Ufukishe Amaraso Yawe Meranda abo bose bafise ivyiyumviro bigayitse vy'ubwicanyi n'ibindi mu mitima yabo  maze Utuze wongere Ubakize ububisha bwabo. Amen!

Mwibuke ko naho ibicumuro vyabo bibatuntuza umutima bakunzi banje imitima yabo ikeneye ubutabazi bwanyu. baragizwe abaja na sekibi naho benshi muri bo batazi igihushane hagati y'iciza n'ikibi. Iyi ni ya mitima intera amagorwa n'amaganya adasanzwe. Ububabare bwanje buriko burongerekana kugira ngo umwe umwe muri bo ashobore kurkoka. Ni mugende rero bigishwa banje mukundire urukundo rwanje n'ukwicisha bugufi kwanje bishware imitima yanyu gutyo mubashe gufasha gukiza iyi mitima y'abacumuzi kubw'ukwitanga n'ukubabara kwanyu. Yezu wanyu.

 

==============================================================

Ijambo ryanje ni rya rindi nyene kandi ntirishobora guhinduka- vyongeye nta rindi jambo ryoza ririsubirira canke ririkosora. Ku wa mbere, Igenekerezo rya 13 Rusama 2013 @ 16:38

Mwananje, Ingabo zanje zasigaye zizokura n'ingoga kandi rizokwira mu bihugu 58. Hazoba abarongozi bavuye muri mwebwe kandi mubwirizwa kwunga ubumwe aho muri hose mu gutanguza imigwi y'Ingabo za Kristu, Yezu Ayagira abantu bo kw'isi.  Nimuzane abo bose bankurikira mu mugwi wanyu wo gusenga mu nyuma muce muzana n'abo bakurikira izindi nyigisho. Sinokwigera Ndenganya umutima n'umwe Ndondera kugirira neza uwundi. Nipfuza ko mumenyesha abo bose batanyemera kandi Ndabemereye ko bazokwerekwa Ukuri mu gihe c'igabishwa. Bazosanga bitoroshe kunyihakana muri ico gihe kuko Nzokikuza imishaha yabo mu buryo bwose buzobatangaza cane. Mutima Mweranda Wanje Azoshungurukirako ku bihugu vyose bizotanguza iyi migwi yanje y'Ibisabisho vy'Ingabo za Kristu. 

Nzogwiza igitigiri c'ibitangaro nkuko bimaze kugaragara gushika uno musi  aho Nakijije ubwenge, imitima n'imibiri y'abari bagwaye n'abari bararuhijwe muri mwebwe.  Muzomenya uwo Ndi kuko Nzoba Ndi hagati yanyu.  Nzokwigaragaza muri abo bansaba ngo Ndabagirire ubuntu. Murahiriwe cane bane banje mwebwe muriho muri uru rwaruka rw'uno musi kuko mwatowe mu rundi rwaruka rwose ngo muzobe ari mwebwe muzohimbarwa kumwe nanje mu kanyamuneza k'ubuzima budahea mu Bwami bwanje buzokwamaho.

Urupfu ruzotsindwa na mwebwe nyene. Akabi kazoneshwa n'ububasha Nzobaronsa bw'ugukomera kw'ibanga nayo igicumuro ntikizoba kigishobora gucafuza imitima yanyu. Bane banje, hari akazi kenshi kabwirizwa gukorwa.  Nimunkundire Ndabayobore muciye ku bisabisho vyanje vy'Ingabo za Kristu kuko bizokwugurura imitima yanyu ngo ibone Ukuri.  Nimwamara kubona Ukuri muzoca mumenya neza mu mitima yanyu ico mukwiye gukora.

Impanuro nobashikiriza nimwahamwa muhorwa ko mutangaje Ukuri muraca mwicecekera. Muzoce rero musabira iyo mitima ngo nayo nyene izobashe kwemera Igitabu c'Ukuri. Ijambo Ryanje niryo Songa rya vyose. Nta Kindi kiza hejuru Yaryo.  Nta ni rindi jambo ribaho ryoza riryunganira. Uwo wese atangaza ko avuga kw'Izina Ryanje kuva aho iki gikorwa gitanguriye muri Munyonyo 2010, nta bukuru afise kuko ntibava Iwanje.  Abo bahanuzi baje imbere y'iki gikorwa bavuga kw'Izina Ryanje barahiriwe kandi Nzokomeza Ndabakingira. Ijwi Ryanje rirasamiranira kw'isi yose muri ubu butumwa. Mawe Nkunda cane, Uwasamwe ata gicumuro kandi Yamye ari umubikira nawe nyene arahereza ubutumwa aberekwa biwe kandi vyongeye igikorwa ciwe gikomoka kuri Jewe.  

Ingabo za shetani zirimwo abahanuzi b'ibinyoma batari bake bavuga n'akarimi gasosa.  Akarimi kabo kameze nk'agahendahenda, imvugo yabo yitwaje urukundo, ariko bahisha intumbero yabo nyakuri bagaserura igihushane c'ivyo bashaka c'ivyo Ndabashikiriza. Ijwi ryanje ryo risa niryo rizobamenyesha ibizoza. Nta wundi n'umwe ashobora kubahishurira ibizoza kandi nta wundi n'umwe azohabwa ubwo bukuru bwo kumvugira jewe Yezu Kristu canke Dawe Nkunda cane. Nimuremeshwe n'ubu buhanuzi vyongeye mumenye ko ubutatu Butatu Bweranda bubashikiriza mu Bubasha bw'umuriro uzorurumba mu mitima yose izira ubwishime kuko buzuye Urukundo n'ukwicisha bugufi. Yezu Wanyu.

 

=========================================================

N'igitigiri c'abakurikira shetani caguma ciyongera hazogera igihe bavuga  ibisabisho vya Sekibi  mu masengero

Ku wa mbere , Igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2014 @ 21:00 Mwananje nkunda cane uzomenyera abigishwa banje atari ku kwemera kwabo gusa ariko cane cane ku bikorwa vyabo. Nta kamaro kahari ko kuvuga ngo urankunda kiretse niba ugaragaza ukwemera kwawe mu vyiyumviro vyawe, mu majambo no mu bikorwa vyawe. Ni mu vyamwa wama gusa ushobora kuvuga ko uri umwigisha wanje wanyiyeguriye koko. Iyo uvuze ngo urankunda ntushobora kwirengagiza abo baza bakugana bipfuza ko ubafasha, abo bakeneye gutabarwa. Ntiwirabira hirya iyo abandi bari mu ruhamo canke bari mu marushwa abababaye niba vy'ukuri uri uwanje. Ntuheza ngo uvuge nabi uwundi mutima canke ngo uwuburire urupfasoni niba ugenedera koko mu nyigisho zanje.

Ku rundi ruhande, uzoshobora kumenya neza abo bansengana icubahiro koko mu kuraba ivyamwa bama. Ntibazokwigera na rimwe batinya gutangaza Ijambo nyakuri ry'Imana. bazokwama bavuga Ukuri. Ntibazokwigera batyoza abandi mu mvugo kandi bazoba abambere mu kuja kugarukira ku barwaye, ku bakene nabo barondera kumenya Ukuri  Bazokwama igihe cose bashira ineza y'abandi imbere y'iyabo ubwabo, bazorangwa kandi n'ukwerekana ukwihangana mu gutenyenyera abo babakengera kw'Izina Ryanje.  kandi bazoguma bicecekeye iyo bariko barahamwa bahorwa ko bangendanira. bazokwama basabira imitima y'abandi bongera batakambira Imana ngo igirirre impuhwe abantu b'isi yose.

None rero mu gihe Nshimishwa niyo mitima kukbera akanyamuneza intera, ico Ndondera  kwakura iyo mitima yapfutswe n'igitambara c'ububeshi buva ku maheri ya shetani ngo Ndayigarukane iwanje gutyo ibashe kuronka Ikigongwe canje. Mu gihe Ndindiriye wa musi uhambaye ca gihe Nzosubira kwigarurira Intebe y'Ubwami Bwanje Mbwirizwa kugorwa amaganya yo kuguma mbona igisizimwe shetani cicaye ku ntebe yaco kireze amaboko akaguru cashize ku kandi n'umutwe waco w'igisuguru c'impene ciruhukiye n'ubwirye bwinshi kimiragura imitima yahenze gushika naho icishira yo nyene ubwayo. Isuguru y'impene n'ikimenyetso c'igitero aho gitandagura imibiri n'imitima yabo cagize icicaro caco kubw'icaha c'ubushirasoni n'ubuhumbu. Intumbero yaco ya mbero n'uguhumanya umubiri w'umuntu mu guhimiriza imitima kwirekura mu buryo bwose mu mibiri yabo. Ubwo bugizi bwa nabi bwayo buri hose naco ikimenyetso c'Igisuguru y'impene n'amahembe yaco yicana aragaragarira mu mibereho yayo yose.

Ubwishime bwaco buzoboneka vuba cane mu bimenyetso kirondera gukkwiza hose giciye ku bagikurikira ngo bagaragaze icubahiro bagifitiye mu mihora yose y'ubuzima. Uko igitigiri c'abakurikira shetani ciyongera bazogenra ku rugero rw'ugutangaza amasengesho ya Sekibi yo mw'ishengero. Ariko ndahanuye umuntu wese yibaza ko ukugira gutya ari bwo bwitonzi vyomubera vyo abihagaritse ubu nyene.  Babwirizwa kuntakambira Jewe Yezu Kristu ngo Ndabafashe babashe kunesha ububasha bwa sekibi bugiye kuzokwiyamamaza kw'isi yose kubera ububasha ca gisizimwe shetani kizogaragaza muri ibi bihe. 

igikorwa cose c'ubugome kizogirirwa Ekleziya Yanje, Dawe azohana abatera ako kajagari. Igikorwa cose c'uguhumanya ibihezagiye bakora mu bibanza vyanje vy'Amasengero y'Ukuninahaza Imana bazogorwa amagorwa adasanzwe. Nivyaramuka naho bishitse ku musi abansi banje bazohumanya Umubiri Wanje Mweranda, Ukaristiya Ntagatifu, hazoba Igihano gihambaye cane ata kindi mbona nokigereranya naco mu vyabaye ubwa mbere.  Ndabinginze mwebwe mwese munyemera jewe Yezu wanyu mukunda cane ngo mugabe kuko hari ubugome buhambaye cane buriko buratunganywa muri iki gihe ngo busambure abana b'Imana. Imigambi igayitse igamije guhuvya imitima hakoreshejwe amayeri yose ngo ibashe guhakana Imana mu kwigurisha yo nyene ubwayo umubiri n'umutima bayihereza igikoko. Iyo migambi iriko irakoreshwa biciye mu miziki ya Rock, amasinema n'amafilme, intwaro n'amadini. 

Igihe carashitse ko ubwo bugizi bwa nabi bumenyeshwa isi no mu ngoro y'Imana nyene. naho abantu benshi bokwamiriza yompi ubugome nk'ubwo iyaba bobubashikiriza ataco bahishije ukuri n'uko benshi muri bo batazobican'ikanda. Ariko ibimemnyetso biranga shetani nivyamara kumanikwa mu masengero bizogira ububasha ku nzirakarengane none rero mutabasabiye ngo mibatangire utwigoro tw'ububabare bwanyu bazotakara nta kibuza. ico gihe nicamara kugera iyo mitima yanyegewe ntizokwemera ko mwebwe muz Ukuri.

 Hanyuma mu gihe bazotandukira agatimatima k'Imana mu bantu ari yo Ekleziya Yiwe kw'isi ingaruka zivyo zizoba kw'isi nyene.  Niho rero umuco w'Imana uzogabanuka kuko bazoba bazimije ukubaho kw'Imana mu bantu. umwiza wo nyene niwo uzoca ukwira kw'isi yose. None rereo Ndabasavye bakunzi banje mukomeza kunyoboka ko mwokwitwaraika imitima yanyu kandi mwame mugavye ngo mwoye gusamara ngo muhave mwibagira ivyo vyose mwagabishijweko. Abo basaseredoti n'abihebeye Imana bari mugutegera neza ikigeregezo cashizwe imbere yanyu ngo kibasamaze nimuntege amatwi: Nijewe nyene ubwanje nzobirongorera ngo mubashe kurangura neza ubutumwa bweranda nabashinze ngo mubashe gukiza imitima myinshi ishoboka mu kuguma mutangaza Ijambo ryanje mwongera mugaburira ubusho bwanje gushika kuri wa musi w"umukama aho nzokwimenyekanisha kuri bose.  Yezu wanyu!

 

================================================================

Mana Data ati: Iparadizo ihimbaye cane kiremwa muntu yari yaratakaje kubw'igicumuro c'inyanduruko iri fafi kuzogaruka mu buninahazwa yari ifise mbere. - Ku wa gatatu Igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2014.

Bane banje, nimuntege yompi mu gihe Ndiko Ndabahamagara ngo muze muzirikane urukundo rw'umwihariko Ndabafitiye mwese uko mungana. Mu bigeragezo mucamwo, mu magorwa no mu marushwa, mu ruhamo mbere tutibagiye no mu kanyamuneza no mu bihe vy'amahoro nyene, mwame mwibuka ko ari Jewe ubwanje Ndi ku Ngoma kandi Ngenza vyose. Igihe cuko ityororwa ryongerekana kirageze ariko mwizere ko iciza ari co kizova muri ibi bihe bigoye muzocamwo.

Kugira mutegere akamaro k'iri tyororwa, mwogereranya iyo myanya y'amayoberane nk'ibihe umwana agwaye cane biturutse ko yasagirijwe n'ingwara z'ubwoko bwose ku buryo aremba cane, akabura utuguvu, akabura ivyangombwa vy'umubiri akagira n'ubushuhe bwinshi kubera kururumba. Ntazotora mitende ubwo bushuhe butagabanutse naho nyene tuzi yuko ubwo bushuhe nyene aribwo bumufasha gukira iyo ngwara. Ityororwa rya kiremwa muntu naryo ryari ryarabuwe. None rero naryo Ndarirekura ngo ribe kugira ngo Mbashe gukiza ubwoko bw'abantu ingwara yabuteye igatandagura imitima n'imishaha yabo batanzi vy'ukuri. Amacakubiri n'imidugararo kw'isi bizokwiyongera imbere yuko bibona kurangira. Ingwano zimaze kwiyadukiza no gusambura vyose zizohera, Ubuhakanyi buzotandukira imitima myinshi ariko mu nyuma ya vyose benshi mu bana banje bazobona Ukuri bace bihuta  kuza bariruka bangana kubera Urukundo bazokwiyumvamwo rw'Umwana Wanje Nyagukundwa rwoseYezu Kristu!

Ibiremwa vyanje bizoba intore zibushitse aho shetani n'inyosha mbi zayo zose vyahora bitera isi bizoba vyaboshwe. Umuco uzokayangana kuruta nabwo ubwiza bw'iparadizo yatakaye busubire bunagurwe bwuzure ubuninanahzwa bwamanye nabo abantu bose bace baba umwe muri Jewe. Isezerano ryanje ryo kubagarukana mw'Iparadizo Nari Naremeye umwe umwe wese muri mwebwe mutaranahumeka riri hafi kuzotangarirwa. Umwe umwe wese muri mwebwe rero yarahawe uburenganzira bw'ugutorana iparadizo kuko mwese mukomoka kuri Jewe. Nimwitegure neza rero ngo mushobore kuzojanwa mu bwami bw'Iparadizo yanje kubw'urukundo Nzoshira mu mitima yanyu no ku bw'inema nzobaronsa.  Nta mutima numwe muri mwebwe uzoshobora kuvuga ngo sinawuhaye akanya gakwiye, ibimenyetso ukeneye canke n'igabishwa nyene.

Nimusabe ngo muze mugire ubugwaneza bukwiye bwo kwemera ubu buzima buninahaye ngiye n'isi izira iherezo Niteguriye kuzobaronsa.

 

So Wanyu Nyagukundwa rwose, Imana isumba vyose.

====================================================

Kwisonzesha ni ngonbwa rwose kugira ngo imitima yanyu ibashe kwegera Imana - ku wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma  2012 @ 19:00 Ubutumwa bwashikirijwe mariya w'Ikigongwe c'Imana ariko arashengerera Yezu m'Ukaristiya-

Mwananje Nkunda cane bwira abana banje ko iki gihe c'Ikarema ari umwanya w'ukwiherera mu gacarere, kwigora no kwibabaza kakaba ari n'akaryo muronse ko gusenga ngo musabe ko intambara ziri kw'isi zorangira. Nimwigane ukwisonzesha kwanje mu gihe nari mu bugaragwa mu kugira utwigoro duto duto aha na hariya. Kwisonzesha birakenewe rwose ku neza y'imitima yanyu. Kwisonzesha birasukura imitima yanyu bikongera bikantera akanyamuneza.  Urashobora gukiza imitima myinshi mu kwisonzesha n'imiburuburi rimwe mu ndwi gusa. Ibi ushobora kubikora uko ubishatse. Igikuru ni uko uhereza uyo musi washinze w'ukwisonzesha rimwe mu ndwi. Koresha iki gihe ngo mumfashe mu rugamba rwanje rwo kugwanira imitima. 

 

Nimuzirikane na ntaryo ku buzima bwanje bwo kw'isi n'Ingabirano Nabahaye ku bw'urupfu rwanje rwo ku musalaba ngo ndonse abana banje bose ubuzima buhoraho. Izi ndwi zikeyi mufise z'Ikarema zibwirizwa gukoreshwa mu gutegura imitima yanyu n'iya bene wanyu na bashiki banyu. Ndabasavye ngo mutegure imitima yanyu muri iki gihe c'ikarema mweze imitima yanyu maze Indwi nyeranda na Pasika izosange mushajije mu guhereza iki Gisabisho c'Ingabo za Kristu (34)

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (34) : Ishikanwa ryanje kwa Yezu : Kwisonzesha ngo nsabire Uburundi

 

Ewe Yezu Wanje

Mfasha mu nzira zanje zibayabaye

Ngo nigane Ubuzima Bwawe bw’ukwihebera abandi ngo ngufashe gukiza benewacu.

Mfasha ngo ndagushikirize ishikanwa ryanje ry’ukwisonzesha umusi umwe mu ndwi

Muri iki gihe Uburundi buriko burondera inzira nyayo yobushikana ku ntwaro rusangi nyakuri kandi hakaba hari ibiganiro bigamije kwiyamiriziza ubutegetsi bw’igitugu ngo Abarundi bose tugire ingendo ibereye maze dushobore kwinjira mw’Isi Nshasha Watwemereye hano kw’isi.

Ndaguhaye Yezu Mwiza utwigoro twanje n’ukwibabaza kwanje n’urukundo be n’ukwizigira kwinshi mu mutima ngo ndakwereke urwo ndagukunda.

Nkoresheje uku kwibabaza, ndagutakambiye ngo Utabaze ubukiriro imitima yoba yaratakaje inema. Amen

 

Ntimukereke ngo ubwoba bubabuze kwizigira mufitiye ubuhirwe budahera bane banje. children. Ityororwa rizokworoha. Mwebwe mwa bigishwa banje mwemeye kwakira Igikumu c'Imana Yamaho murahezagiwe. Ntimugahagarike imitima. Mubwirizwa gukomera. Mubwirizwa kwuzura ukwizera no kumpanga amaso Jewe musa ibihe vyose. Niho ho nyene muzohaguruka mugatambuka muca mu nzira yuzuye amahwa ata gukekereza. Nzobayobora Nongere Ndabereke inzira intambwe yose y'urugendo.

Yezu wanyu