Messages 3

08/10/2017 15:19

Ekleziya yasigaye, ivyabona bibiri, bivugwa mu Gitabo c’Ivyahishiriwe Umutumwa Yohani

Ku Musi w’Imana, Igenekerezo rya 15 Ndamukiza, umwaka w’2012 @ 19:16
Mwananje, ndazi ko bimwe muvyo ngiye kukubwira bitagusobanukira neza  ariko ubwirizwa kunyizera vyongeye umenye ko mbwirizwa guhishura ibiri mu Gitabo c’Ivyahishuriwe ngo imitima imenye ico ikwiye kwitega muri ibi bihe.


Kuri abo bafise ukwemera guke, ariko bemera Ijambo ryanje, nabashikirije nciye kuri uyu muhanuzi, mumenye ko ukwicisha bugufi kwanyu n’icipfuzo canyu, vyavuye ku rukundo rw’ukuri mumfitiye, rwarushirijeho kubegereza Umushaha Wanje Mweranda Rwose.


Ni mwebwe muri Ekleziya yanje yasigaye. Muri Ekleziya ivugwa mu gitabu c’Ivyahishuriwe. Muri ba bana ba wa Mupfasoni yibaruka umuhungu kandi yabwirijwe kwangazwa mu bugaragwa, aho uzoba nk’inyakamwe ariko aho muzoba mwunze ubumwe ngo mutangaze Ijambo ryanje ryeranda kandi mwigishe Ijambo ry’Imana nyakuri..
 

Uwo mupfasoni aribaruka Ekleziya yanje nyakuri, intama zumva ijwi ryanje batazojuragizwa n’inyigisho z’Umuhanuzi w’ibinyoma. Ewe Ekleziya yanje nkunda, uzoshirwa ku ruhande uhungire mu bugaragwa mu gihe c’imisi 1260 aho uzokwinyegeza. Ariko kubw’ingabirano ya Mutima Mweranda, uzofungurirwa ivyamwa vy’urukundo rwanje.
 

Abayoboke banje bazoba bavuye mu ma Sengero y’abaKristu harimwo n’abihebey’Imana n’abo bandi bakristu bazokwihakana Umuhanuzi w’ibinyoma nibo bazoba bafise igikorwa co kugumya Ekleziya yanje mu bumwe. Muzobwirizwa kumpa icubahiro mw’ibanga kuko imisa izohindurwa birengeye ku buryo itazoba ikimeze nk’imisa kubera amategeko y’Umuhanuzi w’ibinyoma. Ni mwebwe ngendanyi zanje nyazo vyongeye inema zose zo mw’ijuru ziriko zirisuka ku mitima yanyu nkunda cane. Ndabakunda cane bana banje kandi ndaryoherwa cane n’ukuntu mugabanura ububabare bwanje. Ariko kandi mfise ububabare bwinshi kubera bamwe bamwe mu bakristu bazoguma banka kunyumviriza. Bazotwagwa mu bitangurirwa vy’umuhanuzi w’ibinyoma abajane mu mwijia aho ntazoba ngishobora kubarokora. Bakoresheje ukwidegemvya kwabo bazonkubita ikofi mu maso.

Ekleziya yanje yasigaye izobwirizwa gutangaza hose Ijambo ryanje  idasize inyuma n’abo batanzi na gato. Ewe Ekleziya yanje yasigaye, uzobwirizwa gutangaza  Inkuru Nziza yanje muri abo atari abaKristu mbere n’abo bose batazi amabwirizwa cumi y’Imana. Igikorwa canyu kibwirizwa kuba ico guhimiriza abandi gusoma Bibiliya Ntagatifu no kuyitegera. Nimwebwe mujejwe kumenyesha isi yose insiguro yose y’Inzamba ziri mu Vyahishuriwe nkaba nzobahishurira insiguro itomoye nciye kuri Mariya w’Ikigongwe c’Imana.
 

Ivyabona Bibiri Bivugwa mu Gitabo c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani:


Mwebwe bakunzi banje munkurikira ni mwebwe muri umwe muri ivyo vyabona bibiri bivugwa mu gitabo c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani kandi muzokingirwa n’Inteko z’Ijuru. Ijambo ryanje nabahaye mwebwe Ekleziya yasigaye rishobora guhambwa mu kuzimu nk’umupfu atakiriho ariko Ijambo ryanje ntirizokwigera ripfa.

Abayahudi nibo bazoba ari Ivyabona vya kabiri. Amatara abiri asigura amasengero yanje y’abakristu, Ekleziya yanje nkuko yari izwi kera nabo bandi bakristu bazobwirizwa guharirwa ivomo n’umuhanuzi w’ibinyoma.

Ibiti bibiri vya Oliva ni Yeruzalemu ya Kera ari yo Israel na Israeli nshasha. Abayahudi nabo nyene bazohabwa kumenya ko ndi Messiya mu gihe ca nyuma bace batangura gutangaza Ukuri gutyo nabo bace baharirwa ivomo bace batabwa hanze n’umuhanuzi w’ibinyoma hamwe na ruziraKristu bace bamera nk’umupfu atakiri muzima. Ndabisubiyemwo, ubu bwoko bwatoranijwe ntibuzopfa.

Bompi bazokwibona nkuko womengo batsinzwe ariko siko bizoba bimeze  kuko muzogira mufatanije n’ayandi madini, Ekleziya imwe nsa, Yeruzalemu nshasha izozuka iva mu minyota.

Muzozibukira ububisha bw’ubwami bw’abagizi ba nabi buzovunduruka mu ntwaro z’umuhanuzi w’ibinyoma na ruziraKristu bompi bazotabwa mu nyenga y’umuriro udahera.
Uru ruhamo ntiruzomara umwanya muremure vyongeye muzoronka ubukomezi nyabwo n’ubutabazi buvuye mw’ijuru. Nzoguma ndabafasha kandi no muri mwebwe nyene hazovuka intwari nyinshi zizoyobora abandi muri iki kiringo. Benshi muri mwebwe bazoba abatagatifu mw’iparadizo ryanje rishasha kandi kubera ko bazoba baramfashije kwubaka Ekleziya yanje yasigaye kw’isi, muzokwima kumwe nanje mw’ijuru rishasha n’isi nshasha, bizoseruka aho nzogarukira. Abari muri mwebwe batari kumwe nanje bazohabwa umwanya mutoyi wo guhitamwo neza. Uzoba uri uw’umuhanuzi w’ibinyoma bisigura ko wimburira kubiri nanje kuko tutari kumwe canke uzoba uwanje.
Niwatora uyo Muhanuzi w’ibinyoma umutima wawe uzokwibwa n’uwo mwangushi. Nkuko muvyumva ibi n’amagorwa akomeye kandi nivyo. Icemezo c’uko Ndiho kizohabwa abana b’Imana bose mu gihe c’Imurikirwa ry’imishaha. Nimusabe kugira ngo muzohabwe kwemera ukuri muri ako kanya nyene ukwo kuri nako ni Jewe Nyene Umukunzi wanyu Yezu Kristu abahamagara ari mw’ijuru ngo yugurure amaso yanyu kugira ngo mubone ukuri ngo mwumve imbere yuko amazi arenga inkombe.


Umukama Wanyu Nyagukundwa Yezu

 

==================================================

Jewe, Umukama wanyu Yezu sinzokwigera nkengera Ekleziya yanje. Ku wa mbere Igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2012 @ 18:00


Mwananje nkunda cane, ndasemereye mpamagara abana b’Imana mwese ngo ndabakurire inkoni ku gishitsi: Jewe, Umukama wanyu Yezu ntivyokwigera bishika ngo nkengere Ekleziya yanje Jewe nyene ubwa Nje. Ariko sinzoguma aho ngo ngume Ndorera Ekleziya yanje iriko irigarurigwa n’akagwi k’abanyakinyoma ata burenganzira bafise bwo kwihagira ubutegetsi bwo mu Kibanza gitagatifu ngo Ndayireke isambuke.

Kuko ivyo nivyo nyene umuhanuzi w’ibinyoma n’abangushi basenga Shetani bariko baragira. Bashaka gufata Ekleziya Gatolika ngo bayigabanganye mwo ibimanyu. Nguko bane banje uko Shetani izohagarara mu ntumbero yayo ya nyuma yo kugwanya Imana Muremyi w’ibintu vyose. Iyi ntumbero icafuye yo gusambura Ekleziya yanje yaringanijwe haciye imyaka ijana yose ariko kuva 1967 niho yatangura kugira inguvu. Abangushi benshi bakukira iryo shami rihumanye ry’abahakanyi basenga Shetani barinjiye mu maseminari ngo bashobore kuronka ingene bokwinjira I Vatikano.

.
Ububasha bwabo bwararekuwe n’Imana ariko bukaba butari burekuwe kugira ico bwonona gushika ubu. Ariko uko umuhero utera wegereza bizohinduka. Izo nkorabara zizokorana ububasha bwinshi ngo zitorere uwundi mupapa azosubiririra Icariho canje  ceranda, papa Benedicto wa XVI akiriho.

Abo bose bazi neza inyigisho zanje bazobona ibintu vyinshi bizohinduka mu kuntu imisa ivugwa. Amategeko mashasha ya gipagani azotanguzwa nayo akazoba ari igitutsi ku rupfu rwanje rwo ku Musalaba. Abakristu bankunda bazobona ivyo bintu bitanguye bibatuntuze umutima. Ivyiyumviro vyabo bizosuzugurwa nayo amasakaramentu azohagarikwa ngo ntabe agitangwa. Nico gituma mubwirizwa kuba maso kandi mwame mwiteguye.
Kuri abo bakatolika bazotuntuzwa umutima bagatotezwa, muramenya ko ndi ngaha. Muranyambaza Jewe Yezu wanyu mukunda cane vyongeye ntimukabatinye canke ngo mugire ubwoba bwo gutangaza ukuri kw’inyigisho zanje. Ntimugahirahire ngo mutinye guha umugongo ubwo buhakanyi. Nzobereka inzira nongere ndabakingire mu rugendo muri rimwo kandi muzorongorwa n’Ububasha bwa Mutima Mweranda.

Umukiza wanyu Nyagukundwa rwose, Yezu Kristu

 

==================================================

Bikira Mariya- narabuye aya makuba igihe nabonekera bana batoyi Melanie na Maximin mu gisagara ca La Sallette. Ku wa  gatandatu, Igenekerezo rya 2 Ruheshi, 2012 @ 11:00
 

Mwananje birakenewe cane ko abo bose bakunda Umwana Wanje basenga ngo basabe inema y’ubukomezi bw’ugukomera kw’ibanga ry’ukwemera muri iki gihe. Ubumenyi muriko murahishurirwa buzobafasha kwitegura. Ntimuze mwigere mwibaza ko mwebwe nk’Ingabo z’Imana mudashobora kurinda ubutegetsi bubi bwimirije kwigaragaza kw’isi vuba cane. Mwame mwibuka ububasha bw’Irozari Yanje Nyeranda.

Mwame mwibuka ko ububasha bwa Data ari Ububasha busumba vyose. Nta bushobozi na bumwe bwokwigera butsinda ububasha ntangere bw’Imana. Iyo uri Umwana w’Imana vy’ukuri, ukaza ugana Data uciye ku Mwana Wanje, uzokingirwa. Ubwoba butegwa n’ikitaramenyekana ariko burashobora no guterwa n’uko ukuri umuntu ahejeje guhishurirwa. Nimukundire inema muriko murahabwa mu guhereza ibisabisho vy’Ingabo za Kristu ngo zibahe Amahoro y’umutima n’Ingoga z’umushaha ngo mubashe gutambuka mugana kurokora imitima. Uko imitima izohinduka ikuzura urukundo rw’Umwana Wanje, niko urugamba rwanyu ruzotera rugira ingoga. Nimukundane kandi muje hamwe ngo musenge maze mufashe kurokora abana b’Imana boye kwigarurirwa na ruziraKristu.


Ni musenge, nimusenge ni musenge kugira ngo umutima wose uzogire ubwenge bukwiye ngo wanke kwakira ico kimenyetso c’uburozi bwa ruziraKristu. Narabahishuriye aya makuba igihe nabonekera bana batoyi Melaniya na Maximino mu gisagara ca La Sallette  mu gihe cahera. Igihe c’uko ubu buhanuzi bugaragara imbere yanyu kiregereje. Abo bana bamenyeshejwe integuro ya Sekibi baratako baremera ivyo nababwirije. Ubu naho bane banje murabwirizwa kwemera ko ibi bintu bibwirizwa gushika.

Murabwirizwa gusenga rwose ngo mutsinde canke ngo mugabanye ubukari bw’aya makuba azobwirizwa kurindwa n’abantu b’isi yose. Nimuce akenge bane banje. Nimwizere Umwana Wanje kandi mumukundire abarongore mu mwidegemvyo akeneye maze imishaha ishobore kurokoka ive mu menyo y’Ingwe.

Umuvyeyi wanyu Nyagukundwa, Umugabekazi w’ubukiriro

 

Ubuhumbu n’ubushirasoni bizobatuma mutabwa muriro udahera.
Ku wa kabiri, Ndamukiza 19th, 2011 @ 23:50


Mwananje, nkuko isi iguma yica mwo imigwi- ababayeho ubuzima busanzwe kandi butunganye, bamwe mu butunzi no mu mahoro, abo batuntuye ku mutima kubera ubukene n’ingwara canke baduhiwe n’ingwano nabo bari ku butegetsi- bose bazobona mu buzima bwabo ibintu vyimirije gushika bace bajoregwa.


Benshi bazobona ihindagurika ry’ibidukikije be n’ibihe nk’ukuboko kw’Imana. Abandi nabo bazovuga bati n’ibinyetso vy’ibihe vya nyuma mu gihe abandi bazogira bati ivyo vyose bijanye n’ugushuha kw’umubumbe w’isi. Ariko igikomeye gusumba ibindi muri iki gihe nuko mwotegera ibi bikurikira. 

Igicumuro gikomeza ciyongera kw’isi ku buryo butari bwigere buboneka gushika ubu nico kizosambura uburyo musanzwe mubayeho. Rero mu gihe igicumuro ciganje nkuko mwese mubibona ubu murabwirizwa gutegera ko ayo mahano ava ku kuboko kw’Imana.
 

Mana Data yaramaze kwishura no gukora muri ubu buryo.Ubu rero mu gihe umwanya wo gusambura Shetani n’abigishwa bayo wegereza, hazoba ibimenyetso vyinshi ku mubumbe w’isi no mu kirere bizogirwa n’ukuboko kw’Imana kubw’imbabazi zayo. Imana izobigira gutyo ngo ibuze Shetani n’ibikoresho vyayo vya hano kw’isi bayikomera amashi kubera amatungo n’ubuninahazwa ibemerera iciye ku bubasha bwayo bwo kuryosharyosha ubwenge bwabo.

Shetani irazana ivyiyumviro bibi n’ibikorwa bibi mu mitima mibi cane yirekura ikiyanjanjwako bikwiye ku buryo yihebera ububasha bwayo. Bene abo bantu basangiye ibintu bitari bike. Ni basatuntu twanje, baratwawe ubwenge n’ivyiyumviro vy’isi hamwe n’amaronko kandi baratwawe n’ivyipfuzo n’ibikorwa vy’ubusambanyi be n’ukwirukira ivy’intwaro. Bose bazohonera mu muriro udahera nibabandanya gukurikira ibihenda amaso vya ruziraKristu ari hafi kwigaragaza mw’isi.

Abantu benshi b’ibitazi ntibemera Shetani, ruziraKristu canke mbere Imana Data Mushoboravyose. Rero baca bamera nk’impumyi. Ariko bakibaza igituma imibano babamwo itera itituka.Ntibategera ukuntu ubumwe bw’umuryango kama buguma butituka ku bwinshi. Bati isi ya none izana vyinshi.Ico batamenya ni uko Shetani ikomeza irondera gusenyura imiryango y’abubatse.Ni kubera ko izi ko umuryango uramutse usambutse niho n’isi nyene ica isanbuka. Benshi muramaze kubimenya kuko bikomeza kwigaragaza uno musi kw’isi yose.

Ikindi naco nimwitegereze ingene ubuhumbu butera bwiyongera. Uratangara ukuntu uku guta ibanga kwandukiye imibano myinshi. Vyongeye kandi ico mutabona ni uko Shetani ariyo nyanduruko y’ubushirasoni bwose buri kw’isi. Mu gihe bamwe muri mwebwe bafashwe n’akamashu mw’isi y’ubusambanyi, y’ubushirasoni n’ugufata ku nguvu abandi bashobora guharira ngo ibi bikorwa vyabo bigayitse bibazanira ukwiryohera mbere abandi nabo bikabazanira n’amahera mumenye ko bizobabera urupapuro rw’inzira ibashikana mu Mbeya z’umuriro udahera.

Igihe cose mujanye imibiri yanyu mu biterasoni mumenye ko n’umubiri wanyu uzobabara uko nyene naho nyene muzoba muri mu mpwemu, muzosha nkuko mwobaye muri mu mubiri, imyaka yose. Igice cose c’umubiri mukoresheje nabi mukukijana mu gicumuro kigoye kizobabara ububabare bwinshi cane bushoboka mu mucanwa w’umuriro udahera.

Ni kuki wokwipfuza ko ibi bigushikira? Benshi muri mwebwe bacumuzi nyabworo mwuzuye ukutamenya none ntimubona ko mutigeze mubwirwa Ukuri, ukuri kujanye n’uko hari ho Ijuru, Ipurugatori n’umuriro udahera. Benshi mu basaseredoti ntibigeze bashimikira kuri izi nyigisho mu nsiguro zabo canke boba bamaze igihe kininiya batavyigisha. Uzi ko batagira isoni! Ndabaririra cane bo nyene ubwabo kuko benshi muri bo ntibanemera umuriro udahera. None wumva bokwigisha gute amagorwa y’umuriro udahera?  Ntibashobora. Kuko benshi muribo bashima kwigisha ivyoroshe gusa biryohera amatwi yanyu. “Imana ni Munyakigongwe. Ntiyokwigera iguta mu nyenga y’umuriro udahera. wumva ivyo yobikora?


Inyishu ni Oya-Siyo ibikora. Nivyo ko itokwigera iha umugongo abana bayo.  Ariko ukuri ni uko imitima myinshi izibirwa n’igicumuro kigoye iba yarageragejwe gushika naho igikora igaca ihengamira muri ico caha gushika naho igikora rimwe ikongera ikisubiriza yongera isubira gushika mwisho. Bari mu mwijima mwinshi cane bakaguma babona ko ataco bitwaye kuguma muri ukwo guta indero- bagaca babandanya gutora uwo mwijima n’inyuma y’urupfu nyene. Muri ico gihe ntibashobora kurokorwa. Baratoye iyi nzira y’umwijima kubw’umwidegemvyo wabo, ingabirano bahawe n’Imana kandi idashobora kwivangamwo.Ariko Shetani ishobora kwivanga kandi irabigira. Nta buryo bwunvikana gusumvya ubu buhari bwo kubibasigurira bane banje. Ni ukubera urukundo rwanje n’imbabazi zanje mbwirizwa kubigisha ukuri. Ubu butumwa bushobora kubatera ubwoba kuko ntaberetse iyo bagenda bagana, sinoba ndabahishuriye urukundo nyarwo mfitiye umwe umwe muri mwebwe.

Harageze gutegura kazoza kuri mwebwe ubwanyu ariko kandi kuri abo bagenzi, imiryango nabo mukunda nyene mudasiba kuba muri kumwe kandi mucira inzira kanaka mu nyifato zanyu. Ingene mwigenza bituma abandi bigenza ukuntu. Mu gihe wigenjeje neza mu buzima bwawe urashobora gusanga uriko urabereka inzira canke ubabera umuco ariko kandi inyifato yawe mbi irashobora kubakwegera mu nzira mbi y’umwijima udahera utabizi. Nimwitwararike imitima yanyu. N’ingabirano mwahawe n’Imana. Niryo tunga mufise muzojana mu buzima buzokurikira.

Umucunguzi wanyu,

Yezu Kristu.

=============================================
Nimwiyegurire Ikigongwe canje C’Imana

Ku wa Gatandatu, Ndamukiza Igenekerezo rya 23,umwaka wi 2011 @ isaha 4:40 zo ku muhingamo
Kw’I Pasika Kuwa gatandatu Igenekerezo rya 23, 2011 isaha 16.40
Mwananje Nkunda cane, Ndi n’akanyamuneza abana banje bahimbaza Izuka Ryanje.Uno Mwaka birahambaye cane kuko ije mu gihe dutanguye igihe gishasha c’Imurikirwa rigiye gutangura kw’isi vuba. Ingabirano ntangere y’Ikigongwe canje izozanira akaruhuko abemera kandi izanire akanyamuneza abapagani bazoshobora guhinduka. Nibamenya ukuri bazokwumva baremurutse mu mutima kandi bazokwumva buzuye urukundo rwinshi bafitiye Imana Data yamaho na jewe, Imana yanyu yabarokoye. N’abatari abaKristu bo nyene ubwabo bazotahura ukuri ko Ndiho. Mu mpera n’imperuka ibi bizobazanira akanyamuneza n’urukundo kw’isi yose.

 Imurikirwa ry’Imishaha ribwirizwa gukurikirwa n’igisabisho. Biirahambaye cane ariko kwibuka icigwa gikomeye cane ku bijanye n’imurikirwa ry’imishaha. Iki gikorwa gihambaye cane kizotuma mwese uko muri mubona ndetse ivyaha vyanyu, nkuko Jewe ndabibona, ariko muzonategera ukuri kw’ubuzima buzokurikira.


Birababaje ariko benshi bazosubira kugwa mu gicumuro inyuma yaho. Ubu nico gihe co kwitegurira kwirinda ivyo mu kumperereza Ishapule y’Ikigongwe c’Imana imisi yose y’ubuzima bwanyu. Nimwigira inama yo guhereza iki gisabisho gikomeye cane muzogumana uburemere bw’uguhinduka n’ukwemera buzobashoboza gutsinda isi.

Nimunezerwe, musenge kandi munshimire, Jewe Imana Mukiza wanyu kubw’iki Kigongwe ntangere. Pfukama mushikanire Imana Data amashimwe muyikengurukire kubw’ingabirano y’Ukwitanga kwanje. Ugusenga nikwo kuzofasha kugabanya ubushobozi bw’uruhamo ruzotumwa n’Ishirahamwe ry’Isi nshasha yunze ubumwe igiye gutangura. Igitigiri gikwiye c’abari muri mwebwe mugumye mungendanira mukagendera inyigisho zanje, kandi mukabandanya gusenga no kuronka amasakaramentu, murashobora guhindura urukurikirane rw’ivyategekanijwe.

Ese ukuntu Ishapule y’Ikigongwe c’Imana ikomeye. Benshi muri mwebwe n’ubu ntimurategera ico imaze. Ikibabaje nuko Benshi batarigera bayumva.

Kuri mwebwe munyobokera ubu ndashaka kubasaba ikintu gihambaye. Sinshaka kubona numwe mu bana banje bagandagurika. Ni naco gituma muriko muraronka Igabishwa. Iki kizokwereka umwe umwe muri mwebwe ntibagiye nabakekereza bari muri mwebwe, ibizoba vy’ukuri mu kiringo c’urubanza rwa nyuma. Gutyo rero mu kumfasha kurokora umutima wose ndashaka ko munyihebera wese kugira ngo mumfashe kuroba imitima.

Nimutanguze imigwi yo gusenga y’Ikigongwe c’Imana kw’isi yose hanyuma mukoreshe iki gisabisho ngo musabire umuntu wese yoba ariko aracikana kuko nzomugwanira ndamushikirize ubukiriro mubigize gutyo.Korana rero bantu banje. Kurikira Umukiza wanyu. Nimusenge gusumba uko mwahora gutyo imitima myinshi izorokoka.

Mu kiringo ijuru n’isi bizokwiyunga nk’ikintu kimwe niho rero mwese muzoca muba muri ya si nshasha nabemerera. Aka kazoza gahimbaye ni aka mwebwe mwese. Aho kwuzura ubwoba kubera ibi bigeye guhindagurika, nimwugurure ubwenge bwanyu, imitima n’imishaha ngo yitegurire kwakira akanyamuneza ntangere kimirije.

Mugiye hamwe mwese nk’umugwi umwe ukomeye kw’isi yose, mu gihugu cose, mu muryango wose no mu mibano yose, muzohindura ibintu vyinshi.

Ibisabisho vyanyu bizofasha gutangira uruhamo rwimirije. Mwishimikije icubahiro mumfitiye Jewe Umukiza wanyu no kubw’ urukundo rudakama mumfitiye, nimunkurikire kuva ubu. Mba muri umwe umwe muri mwebwe. Ndazi ibintu mufise mu mitima yanyu n’imizirikanyi yanyu. Mukwishikana ku Mushaha wanje wuzuye ikigongwe mubigirira bene wanyu na bashiki banyu, muzohabwa ingabirano zidasanzwe.

Imana n’Umukiza wanyu nkongera nkaba n’Umwami wanyu n’umucamanza w’ubutungane, Yezu Kristu.