Messages 4

08/10/2017 15:20

RuziraKristu azobwira abantu ko ari Jewe, Yezu.

Ku Musi w’Imana Igenekerezo rya 12 Myandagaro, 2012 @ 18:00
Mwananje Nkunda cane, nkuko ndagutuma gutegura abantu bo kw’isi yose ngo babe maso bashobore kwitegurira ubukiriro bafitiye uburenganzira, niko na Sekibi nawe ategura imitima ngo ayijane mu nyenga. Arategura abahanuzi b’ibinyoma ngo akabigisha amayeri yo guhenda abana b’Imana kugira baze bemere ruziraKristu nka Yezu wabo. Ubu bubisha buragoye ukuntu wewe woshobora kubutegera. Ariko ukoresheje ingabirano ngiye kuguha yo gushobora gusoma imishaha, uzobimenya ubwo nyene uhuye nabo bahanuzi b’ibinyoma.
Bazokwama bakugwanya wewe mwananje mu buryo bw’umwihariko kubera niwe uzoba umwansi wabo numero imwe. Ububeshi bwabo bwihishije mu kizosa nk’uko ari Amajambo y’Imana buzoba bunyegeje ikinyoma gikuru gisumba ibindi vyose.


Bazotangaza hose ko Umuhanuzi w’ibinyoma ari umupapa w’ukuri. Bazotangaza hose ko ruziraKristu azoba ari Kristu Mwami. Nibamara kubesha imitima nyabworo ko ivyo bavuga bivuye ku Mana nyene, iyo mitima izokwemera ivyo izoba itagira ubwitonzi.

Ndabwirizwa kuburira abana b’Imana mwese. Sinzokwigera nza mu mubiri ubwa kabiri.Sinzokwigera mboneka kw’isi nk’umurongozi. Vyongeye muri iki gihe sinzoza nkora ibindi bitangaro ngo ndabemeze uwo ndiwe kiretse igitangaro c’Igabishwa n’igitangaro co mu kirerere(kw’ijuru) kizoboneka haciye kanya igabishwa ry’abaye.

ruziraKristu azokwigira nk’uko yoba ari Jewe, Yezu Kristu. Iri Shano ryaramaze kumenyeshwa kera mu vyanditswe vyeranda. Kumenya uwo wokwemera bane banje ntivyoroshe kumenya uwo wokwemera n’uwo woreka bane banje kuko benshi bazoza mw’izina ryanje.

Sekibi aciye ku bahanuzi w’ibinyoma biwe ntibazokwigera bababwira ngo musabe Mutima Mweranda canke ngo mwakire Isakaramentu ry’Ukaristiya.  Ntazokwigera yemeza ko Jewe, Yezu Kristu, Umwana w’Umuntu naje nk’Umukiza w’isi mu kwiha umubiri mu nda ya Bikira Mariya ngo ndokore umuntu ndamukure mu gicumuro. Ntazokwigera aguhanura canke agusaba ngo uvuge Irozari Nyeranda canke ngo wishikane ku Muvyeyi wanje Bikira Mariya.

Murame mugavye. Nimube maso vyongeye mukurikire ivyo ndabategereza. Sekibi ariko aragerageza kwigisha igisirikare ciwe mu bantu yivye mu bankurikira. Naho ca kindi gisoda ciwe gisanzwe gishinze imizi hano kw’isi ubu Shetani irondera abo banyemera, Jewe Yezu wanyu, kuko ishaka guhisha ibikorwa vyayo bibi inyuma y’abantu beranda. Izokoresha urukundo bamfitiye ngo ihishe ububeshi ifise igamije gukwiza kw’isi.

Nimwizere Amajambo Yanje kandi ntimukirengagize Ukuri nkuko kuriko kurabashikirizwa muri ubu butumwa mpereza isi muri iki gihe.
 

Yezu wanyu.

-----------------------------------

Mugabekazi w’Ubukiriro: Ingabirano y’Urukundo irahimbazwa rwose mugihe ca Noeli.

Ubutumwa bwatanzwe Ku wa gatandatu, Kigarama igenekerezo rya 20, 2014 @ 16:25
Bane banje, nta gihe na kimwe urukundo rw’Umwana wanje rwigera runinahazwa kuruta ku Noeli. Muri ico gihe, igihe Ekleziya ihimbaza ivuka ryiwe, Yezu araheza akuzuza imitima Urukundo rwiwe. Ni muri iki gihe mubwirizwa kubaho mu Rukundo mwahawe igihe mwavuka, nk’abana b’Imana. Nimuhimbarwe n’ingabirano y’urukundo ikomoka ku Mana kandi muyisangire n’abandi bose muzi. Ingabirano y’Urukundo irisukira ku bana b’Imana gusumba ikindi gihe mu mitima y’abana b’Imana kandi muri iki gihe nyene ca Noeli murabwirizwa kwibuka ko Urukundo rutangurira mu muryango w’abubatse. Umwana wanje yavukiye mu Muryango kandi hari ho imvo. Imana yimenyekanishije apana nk’umuntu w’inyakamwe arungitswe mu butumwa, ariko yamurungitse aciye ku Muryango Mweranda.Nimukunde imiryango yanyu kandi mugiriranire Ikigongwe ku vyabaye. Nimukunde bose mudasize inyuma ababanka. Urashobora gutsinda urwanko mu gusangira urukundo. Vyongeye naho ibi bishobora kugorana mu bihe bimwe bimwe uzogira ukomezi kubera urwo urukundo nyene kandi bizokuzanira amahoro mu mutima. Urwanko n’inyifato mbi ituma umutima wuzura ibicafu vy’inzigo y’akazikira bikawubuza kunezerwa. Inzankano ziratabagura urubuto nyene rw’umutima gushika naho amagara y’umutima atosekara mbere ukanapfa. Ntuze wigere ureka urwanko ngo rukujane kure y’Ingabirano y’Urukundo, ari nayo nema ikomeye gusumba izindi, kuko iva ku Mana.

Kuri iyi Noeli, nimukundane nkuko Imana ikunda umwe umwe wese muri mwebwe. Nimusabire abo bose babagiriye nabi vyongeye musabe Umwana wanje ngo abakureko amagorwa muterwa n’urwanko. Urukundo rw’Imana rurigaragaza mu buninahazwa Bwayo bwose mu muryango uharanira urukundo. Bene iyo miryango yahezagiwe bikwiye ku buryo bafitaniye urukundo barabwirizwa gukwiza urwo rukundo mu bandi badafise urukundo mu buzima bwabo. Umuntu arerewe mu muryango wuzuye urukundo nawe gakundana abandi n’umutima woroshe arahindura imitima y’abandi. Uko niko rusagarara hose ruhereye mu karangamutima k’umuryango nyene.  

Hari kubera yari yakuriye mu muryango wuzuye urukundo vyatumye Umwana wanje Yezu Kristu yatanguye Igikorwa ciwe co kw’isi ngo akize zina muntu wese igicumuro.

None rero mu gihe duhimbaza ivuka ryiwe kuri iyi Noeli ndabasavye ngo mukundane kandi musabe Umwana wanje ngo ahezagire imiryango yose abuzuze ingabirano yo gukundana gusumba uko bahora. Urukundo rusanzwe ruri mu muryango kanaka rurashobora gutsinda ibigeragezo vyose Shetani ishobora gushira imbere yabo
 

Umuryango niwo nkomoko y’urukundo rw’Imana- Nirwo Shetani idashaka. Umuryango niwo wa mbere Sekibi arondera kugirira nabi vyongeye ntaco itokora ngo isambure ubumwe bw’umuryango.

Urukundo n’Ubumwe mu muryango ni ingabirano ikomeye iva mw’ijuru ari naco gituma mubwirizwa kwama mwitwararika kugumana ubwo bumwe igihe cose.

Nyoko wanyu Mukunda rwose,

Umugabekazi w’Ubukiriro

 

Umugabekazi w’Ubukiriro: Umwana wanje yarampaye ububasha bwo kumena umutwe ya Nzoka. Ku wa mbere, Igenekerezo rya 8 Kigarama , 2014 @ 17:30


Bane banje, iyo mwumvise urwamo rw’ingwano zishasha zziguma zaduka no mu bibanza mutari muzitezemwo, murabwirizwa kubona ko ivyabuwe mu Gitabo c’Ivyahishuriwe biriko birashika. Igihe indinganizo isanzwe y’isi n’inyifato y’ikiremwa muntu aguma igwa mu bugizi bwa nabi mu mpande zine zokw’isi, ubu muce mumenya ko ari agihe co kwitegura. Ivyo vyose bibwirizwa kubanza gushika mu ngwano ya nyuma ikomoka kure Sekibi. Abantu bazosubiranamwo, basuzugurane kandi banicane, abantu bazofata abandi nabi kandi ntihagire uwumvira impuhwe uwundi, kandi umwe umwe azohemukira uwundi.

Uko niko bizoba bimeze igihe urukundo rw’Imana ruzoba rwatimvye mu mitima y’abantu. Nabo nyene bemera Umwana wanje bazokwihindukiza bahakane inyigisho ziwe. Abari hafi yiwe nabo naho nyene bamukunda bazomwihakana. Abamuserukiera muri Ekleziya yiwe nabo bazomuhemukira bamutange ku bansi biwe nkuko Yuda yabigize.

Ni bake cane bakomeye bikwiye ku buryo bazotangaza Ukuri kujanye n’Ijambo Ryeranda ry’Imana.  Ikiremwa muntu carataye ingoga kubera igicumuro nico gituma adashobora kuba mu mahoro. Gushika igicumuro kimaze kuranduranwa n’imizi, ububabare buzoguma bugwira gushika aho Umwana wanje azogarukira mu buninanahazwa. Gushika ico gihe, igisabisho nico kizobabera ikigwanisho co nyene muzokoresha ngo mugwanye ubushobozi bwa Shetani.

Nimusenge cane cane muvuge Irozari yanje Nyeranda imisi yose kuko ifise ububasha bwo kugira Shetani umusega igasigara ata nguvu ifise nabo bose ikoresha mu ntambara ya nyuma yo kugwanya Yezu Kristu n’Ekleziya yiwe ya hano kw’isi.

Ndababwiye ubu mu bimenye neza ko Jewe Nyoko wanyu mukunda cane, Uwasamwe ata gicumuro, Nyina w’Imana, ndabashikirije ingabirano idasanzwe. Narahawe inema yo kuba umutabazi w’isi yose ngo ndabakingire Umwansi. Mu mutamana wanje niho mubwirizwa guhungira mu bihe vy’amarushwa. Nzokingira uwo wese muri mwebwe azonyambaza ndamugwanire ibitero vya Sekibi
Nimwantabaza muzoronka imfashanyo mukeneye, muzoharonkera ubutabazi bubakingira ibitero Sekibi yobagirira ivyo arivyo vyose.Ivyo bitero Shetani igirira UmuKristu wese azigama ibanga ry’Umwana wanje no mu bihe bigoye, ibihe vy’amageragezwa bibahanze. Umwana wanje yarampaye ububasha bwo kumena umutwe  wa rwa Ruyoka gutyo ngo Yezu abazane hafi yiwe. Nimwemere ubutabazi bwanje bweranda nanje nzokwishura abo bose bazontakambira ngo ndabatabare. Igikorwa nahawe nico gukorera Imana nkaba ndabigira ku cubahiro mfitiye umwana wanje,Yezu Kristu, mukurangura ivyo yantumye kuko abakunda cane. Nta na kimwe ntazokora kubw’Umwana wanje kandi nta na kimwe atazokora ngo abazanire umwidegemvyo mukeneye mwatwawe n’imibabaro n’amagorwa mucamwo.

Murakoze bane banje ku rukundo munyereka kandi ndarwakira ngo ndarushikirize Umwana wanje ngo Imana ininahazwe. Nguma  ndi Incoreke yayo iciye bugufi mu maso yayo!
Nyoko wanyu mukunda cane,

Umugabekazi w’ubukiriro.

 

=====================================================================

Mana Data: Umwanya w’amahindagurika menshi kubw’ineza yanyu mwese, wabashikiriye.
Ku wa kane, Igenekerezo rya 20 Kigarama, 2012 @ 19:15


Mwananje, Ndahamagaye abana banje bose ngo baninahaze izina ry’Umwana wanje w’Ikinege, Yezu Kristu kandi bamwereke icubahiro yahawe mu bantu bose.  Abamalayika banje mu bwami bwanje bweranda baratamba bagatarika kubera imbabazi, zigiye kuzotangwa ziherezwa abantu bose mu Mwana wanje.

Iki gitangaro gihimbaye cane muhawe n’Imana kizokoreshwa mu kuzimanganya umwijima wose ufutse isi. Ni kubw’ubutabazi bw’Imana nzoshobora gukiza abana banje batari bake. Ino Noeli, izobabere umwanya wo kunezerwa mu Mukama mu gihe muhimbaza ivuka ry’Umukiza nahaye isi. Ni igihe gihambaye muri kahise k’abana b’abantu.

Nka So wanyu, ndabahezagiye mwese n’impuhwe nyishi kandi ndabahunze iyi ngabirano ihambaye cane y’Ikigongwe canje. Ndabakoranirije hamwe mwebwe mwese naremye kugira ngo nshobore kubatyorora ndabakize ugukekereza kwose, igicumuro cose n’ibitutsi vyose mwakoze mukurenga amategeko y’Ubwami bwanje.


Iri tyororwa ry’isi rizofata igihe ariko nzonyarutsa iyi misi y’uruhamo. Ububabare bwanyu muterwa n’intwaro z’abakunzi b’inda batemera amategeko yanje buzoba bugoye kurinda ariko ntibuzomara igihe kinini. Nzohereza abansi banje bose umwanya wo kwugurura amaso yabo ngo babone ukuri kw’ubwami bw’Iparadizo ininahaye ndindiriye kwereka abana banje.

Nimunezerwe kandi mushimagize Umwana Wanje kuko ni kubera we ndabahishurira ubwami bw’iparadizo aho ubwami namwemereye buzorangukira. Igihe c’amahindagurika akomeye ku neza ya bose cabashikiriye.  Ububasha bwanje bugiye kuzokwerekanwa mu bushobozozi bwanje bwose no mu buninahazwa bwanje ngo isi irabe kandi itahure.


Ndi Itanguriro. Ndi Iherezo. Ubwami Bwanje Bushasha, Iparadizo Rishasha rizosubirira irya kera. Isi yaguye mu kaga kubera igicumuro ca Adamu na Eva. Irema ritagira agahonzi ry’Umuntu ryarononekaye igihe igicumuro cazana umuhero w’ingabirano y’ubuzima buzira urupfu. Vuba nzocuramura ico cose catosekajwe na Shetani  n’amadayimoni yayo. Ntibazoba bagishobora kuba abarimu b’amageragezwa. 

Ubu ngiye kurungika Umwana wanje ngo yigarurire Ubwami Bwiwe namwemereye.Urugamba rwo gushikira ubwo bwami rurakaze vyongeye ububasha bwanje buruta vyose vyongeye nzokora ibitangaro bikenewe ngo ngarukane Umuryango wanje mu mahoro ugaruke Mu Mushaha Mweranda rwose wa Mana Mwana, Umwana wanje.

Mwaratakaye bane banje kandi muri mu mibabaro. Ubu rero ndiko ndarungika Umwana wanje ngo atangure igikorwa gikeneye ngo abazane imuhira aho mufitiye uburenganzira. Ndabakunda bane banje mfise ku Mutima. Sinigeze ndabibagira. Ndiko ndabahamagara. Nta muntu azokwigera akumirwa muri iri tangazo rivuye Mw’Ijuru.

Nimusabe bane banje, ngo bose baze bitabe imbabazi z’Umwana wanje, bazokwakire Ikigongwe ciwe.
So wanyu mukunda cane

Imana Isumba Vyose.