Messages 6

08/10/2017 15:26

Nimuhinduke: Ubutumwa buvuye mu Muhari w’Abasaseredoti ba Bikira Mariya, bwahiskirijwe Patiri Stepfano Gobbi, 17 Fevrier 1988, ku wa gatatu w’Iminyota

Ibi bihe ni ivyanje. Kuri uno musi muriko muribuka aho Naboneka ubwa mbere, I Fatima mu 1917 mwebwe muriko muraca mu bihe nari Narabuye ico gihe. Muri mu gihe Ingwano hagati Yanje, Umugore Yikwije izuba, n’Umukeba wanje, Igisizimwe gitukura, yashitse kw’isonga. Nico gituma mboneka kandi mu buryo bushasha, mu buryo butangaje kugira ngo Ndabereke vy’ukuri ko ndi kumwe namwe nk’uko bisanzwe.

Ndamenyesha abantu bose ugushaka kwanje kw’Umuvyeyi Nyoko wanyu muri ubu butumwa uno musi bwihutirwa  kandi bubabaje:

  1. Nimuhinduke mwigaye ibicumuro vyanyu
  2. Nimwigarure mugaruke ku Mana ibakize
  3. Nimuhinduke mugaruke mu mutima w’ineza, urukundo n’ubuntu
  4. Kuri mwebwe aka kanya ni akanya kabereye ko kwigarura. Nimwakire ubutumire bwanje nshaka gusubira guhereza abana bane bageramiwe cane.
  5. Nimusabe mushimitse. Nimusenge mu kuvuga Irozari Nyeranda. Nimukoranire hamwe musenge mu migwi. Ni musengere cane cane mu miryango yanyu.
  6. Nshaka ko imiryango y’abaKristu isubira gusenga kumwe nanje kandi mu kuncako ngo ikire ububisha bwose buyihanamiye.
  7. Nimwibabaze mukoresheje ukwihana n’ukwisonzesha. Ukwisonzesha nshima gusumba ukundi ni ukwo kuva mu kabi no mu gicumuro, guheba kunywa itabi n’ibiboreza, kwisonzesha amasinema no kuraba television. Nimwirinde kuraba ibirori bica ku ma televiziyo bicafuza ubwerentegerwa bw’imitima yanyu mu kuzana mu mitima yanyu ivyiyumviro vy’ubuhumbu biteragira mu mishaha yanyu imbuto z’ikibi.
  8. Ndabasavye kandi ukwisonzesha kw’imfungurwa n’imiburiburi rimwe na rimwe nkuko Umwana Wanje Yezu Yabibasavye mu Nkuru Nziza igihe Yavuga ati: “Hari ubwoko bw’amadiyimoni adashobora kwirukanwa bidaciye mu gisabisho no mu kwisonzesha.
  9. Nimwishikane kenshi ku Mushaha Wanje utatyoye kandi mubeho buri musi mu buzima bw’ubunywanyi bwanje namwe.
  10. Ndi Nyina w’Ubuzima kandi ni Jewe Mwigeme w’Isugi itigeze ihemuka vyongeye uno musi ni Jewe mubwirizwa gusaba kugira mugume mu kwemera nyakwo.
  11. Nico gituma ndabasavye ngo mwumvirize papa we yahawe na Yezu indagano yo kutihenda kandi mwame muhereza kenshi Igisabisho ca Credo nk’uburyo bwo gukomeza mugaragaza ukwemera kwanyu.(Mu gihe ubu butumwa bwatwangwa yari Papa Yohani Paulo wa II)
  12. Nimwakora ico Ndabasavye imisi yose muzoba muriko muratambuka mu nzira igana uguhinduka kwanyu
  13. Nimubeho neza aka kanya gatoyi gasigaye muhawe n’urukundo rw’imbazi za Yezu.
  14. Mubeho mu kwizigira no mu kanyamuneza igihe twimirije c’intsinzi y’Umushaha wanje utatyoye.

Ingwano ya gatatu y’isi yose

irashobora kwaduka igihe ico ari co cose  ihereye mu Kigobe c’abarabu mu gihe abasirikare bo muri Irani na Syria bashigikiwe n’Uburusiya ku rundi ruhande  naho hakaba hari abo muri Tukiya, Arabiya Yepho bafise n’abandi benshi babashigikiye bakaba bakaba bafise Leta Zunze ubumwe z’Amerika zibari inyuma bakaba bariko barahiganwa mu kwitegurira ingwano ikomeye cane.  Umumenyeshamakuru Michael T. Snyder yandikira Ikimenyeshamakuru  Charisma News, yaragabishije ko ata kintu yari bwabone gisa nico jana isi ku ngwano ya II y’Isi Yose kuruta imyiteguro abona ivyo bihugu biriko biragira mu Kigobe c’abarabu. Synder yanditse avuga ko Ingabo za Turkiya zikomeza kwiyongera ku mipaka ibugabura na Syriya mu gihe Arabiya yepho ikomeza yakira kandi igirisha imyimenyerezo ya gisirikare itari bwigere iboneka muri kahise k’Ikigobe c’abarabu.  Iyo myimenyerezo ya gisirikare ikomeza kuba myinshi irongowe n’igisirikare ca Saudi yitwa Inkuba yo mu Buraruko ikaba irimwo inteko za gisirikara zituruka mu bihugu 20 nkuko bivugwa n’ibimenyeshamakuru vyo muri Arabiya yepho bikanasobanura ko abo basoda barimwo abagwanira mu kirere, mu mazi no ku butaka.

Uretse muri  Arabia y’amajepho, Ibihugu buri muri iyo myimenyerezo  bigizwe na Jordani, Bahrain, Senegal, Oman, Qatar, United Arab Emirates, Sudan, Kuwait, the Maldives, Morocco, Pakistan, Chad, Tunisia, Comoro Islands, Djibouti, Malaysia, Egypt, Mauritania, and Mauritius

Ibiharuro birerekana ko iyo myimenyerezo irimwo abasirikare 350,000, ibicontaineri 20,000 , Indege z’Ingwano 2,450  n’amahelickobuteri ya gisirikare  460.

Synder arongera ati vyoba bitangaje mu gihe izi nteko zidasanzwe za gisirikare zoba zikoranijwe mu buraruko bwa Arabiya y’amajepfo no kwimenyereza kubw’ukwimenyereza gusa.  Ikindi naco nuko Arabia yepfo yarungitse inteko n’indege za gisirikare muri Turkiya ahantu hari Umugwi mukuru wa gisirikare mu kwitegurira igitero co ku butaka bwa Siriya.

Ariko n’igituma umuntu yovyiyumvira gutyo kubijanye n’imigambi n’imigabo ya gisirikare ya Saudi Arabia, Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu  Adel al-Jubeir yabwiye CNN ko Umukuru w’Igihugu ca Siriya  Bashar al-Assad "azova ku butegetsi– kandi ko ata nkeka abifitiye. Azobuvako ata gisivya biciye mu biganiro vya politike  canke biciye mu migere.

Ariko murumva ko abaSaudis n’ababashigikiye baramutse barungitse inteko zabo I Damascus ngo bagerageze gukura Assad ku nguvu, murumva ko abanyasiriya n’ababashigikiye bazokwivuna. Synder aronegera ako Ivyo navyo bigasigura ko abo muri Saudi Arabiya n’ababafasha bazoba bariko baragwana n’aba Hezbollah, abanya-Irani n’aba-Rusiya.

"Vyongeye ingwano iramutse yadutse, ni gute Leta zunze ubumwe z’Amerika  zizoguma aho ataco zikoze? UKo nikwo Umwanditsi Synder, yanditse igitabo ciswe Economic Collapse Blog n’ikindi bita “The Beginning of the End."

"Ikizwi co nuko Saudi Arabia na Turkiya bitokwigera bigira ibitero kuri Siriya bidafise uruhusha rw’ubutegetsi bwa Obama", nkuko Synder akomeza abivuga.

Nk’umuKristu yabatijwe muri Ekleziya Gatolika, nkurikije uburenganzira mfise nk’Umwana w’Imana bwo kumenyesha mu bwitonzi abungere b’imitima yacu abihebeye Imana n’abasaseredoti bandongoye, ngo ndabereke ibintu mbona nka ngombwa bikwiye gukorwa ku neza y’ubumwe bw’Ekleziya n’urukiza rw’imitima,nashimye rero gushikiriza akamo ko gukebura Inama y’abakardinali, nkabo Imana Yashinze gutunganya ibijanye n’uburongozi bw’Ekleziya Katolika y’I Roma, bakaba ari nabo bashinzwe igikorwa co gutora Umwungere w’Ekleziya Gatolika w’I Roma hakurikijwe amatageko ngenderwako y’Ekleziya mbere bakaba ari nabo bahawe n’amategeko yanshinzwe muri kahise k’Ekleziya Nyeranda yo gukosora, guhubura mbere no gucira urubanza uwo muntu afise igikorwa co kuba umurongozi W’Ekleziya iyo ahuvye canke akajana nyabahururu mu bijanye n’Ukwemera bagashobora no kumubogoza, nkuko Patiri Matthias a Corona yigishije mu Gitabo ciwe, Tractatus Postumus (Liege, 1677), Tract I, Ikigabane XXI, n. II, "None abakardinali boba bafise ububasha kanaka kuri papa? "Umu Papa, yogwa mu buhakanyi canke mu masakirilego arashobora kubogozwa-. Igituma ni uko sinibaza ko Kristu yoba Ashaka kumugumizaho nk’Icariho ciwe muri Ekleziya Yiwe, kuko mu nyigisho ziwe no mu majambo n’ibikorwa vyiwe agaragagaza ukwitandukanya rwose n’Inyigisho Ngenderwako z’Ekleziya, twihweje ko Kristu yategetse Ekleziya yiwe  ko yokwama yumviriza Ijambo ryiwe kandi AbaKristu bakaguma bagendera mu mabwirizwa y’Imana nk’uko intama zibwirizwa kwama zumviriza Ijwi ry’Umwungere wazo(Yohani 10: 3-4).

 

Ariko ikibujijwe nuko Ekleziya yokwumva umupapa yaguye mu buhakanyi, muri ico gihe wosanga ibwirizwa kuzibira amatwi ntisubire kwumviriza amajambo yiwe yuzuye ibinyoma,ahandi ho yohava akomorwa n’ubumara buva mu nyigisho ziwe z’ibinyoma. Mugihe hero ibintu bimeze gutyo,birakwiye ko hatunganywa ayandi matora ateguwe n’inama nkuru y’abakaridinali. Kubera ko Papa ari we shingiro ry’Ekleziya, akaba Ikibuye ryubakiye ko, akaba Umwigisha n’umwungere mukuru wayo, iyo yigishije ibinyoma arivyo bita mu gifaransa heresies ivyo bituma aca atakaza ikibanza ciwe kubera ko ahindutse uwubomora n’uwusambura ukwemera mbere agatuma Ekleziya yica mwo imigwi none kubw’ivyo ntaba akiri Nyenubweranda. Vyongeye ahirahiriye akagumaho mu nyuma ko yoba yaramaze guterwa ivyatsi kubera inyigisho z’ibinyoma atanga, abwirizwa gukurwa ko iteka ry’ukuba umupapa ubwo nyene, mu gihe ibinyoma vyiwe yigisha bigaragariye ku bintu biboneka canke biciye mu nama y’abakaridinali.Igituma nuko we nyene ubwiwe ababa atakiri umukatolika, canke ngo abe umurongozi wayo ariko akaba yitandukanije nayo mu gutakaza ukwemera n’ukugaragaza ukwemera kw’Ekeziya,gutyo akaba yikuyewe nyene mw’Ekleziya mu buryo bwose.

 

Umupapa yaguye mu nyigisho z’ibinyoma abwirizwa guciribwa ibihano bimukwiye Turrecremata, bk. 4, of Summa Ecclesia, Ikigabane ca 1, igice R1, abivuga; Cajetan, II, II, q. 37, a. 1.

 

Uwo mwigisha Duvallius aravuga  muri q. 9, yuko umupapa ashobora kugwa mu binyoma kandi aba umuschismatique. Ubwa mbere iyo atakirangura ubutumwa bw’umupapa canke adashaka kwisunga amategeko canke akaba adashaka kureka abakardinali ngo batore uwundi mu kibanza ciwe kandi akamwubaha mugabo agashima kwiyunga n’abandi bari mu yandi madini.

 

Ubwa kabiri, mu gihe yoba yipfuza guhindagura imigirwa n’imigabo y’Ekleziya ijanye n’ugusenga nkuko vyari vyaragezwe n’abatumwa canke akihagira ububasha bwo gukumira canke kwirukana mu bumwe bw’Ekleziya abo barondera kuguma muri iyo migirwa myeranda.

 

Ubwa gatatu, igihe yoshima kwitandukanya n’isangira ry’aberanda mbere agacanishamwo inama y’abepiskopi mu gushaka gusa kunywana n’abamushigikiye muri izo nyigisho zitari zo. Ivyo turabisanga mu Gitabo c’inyigisho za Sipriano Mweranda  dusanga muri“The divine Cyprian, Igitabo ca 4, Ibaruwa rya  2, uwitwa Novatia, yiswe na Spriano mweranda ko ari umuhakanyi mbere ko atakiri mu bumwe bw’umuryango w’Ekleziya Gatolika. Ariko naho ibi bibabaje uwo mutegetsi w’Ekleziya akaba yararetse abansi b’Ekleziya bakabandanya bayihohotera. Sipriyano mweranda arandika ko uwo mupapa yahavuye apfira mu bubegito bwiwe aho uko yohavuye  agabana urugori rw’ubumaratiri akaruhira gutorana igihano c’ubugambarazi.

 

Twihweje Decre ya Papa Paul IV, Cum ex apostolatus officio (Dec. 21, 1566),Inama y’Abakardinali mubisanzwe Ekleziya yose  ibwirizwa gutora gusa kandi ikemeza gusa Umushingantahe afise Ukwemera kw’ Ekleziya Gatolika. Ariko birazwi neza ko Jorge Mario Bergoglio  yagaragaje ibimenyetso vy’ubuhakanyi imbere n’inyuma yuko atorwa kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2013 mu gutangaza amajambo n’ibikorwa vyamaze guterwa ivyatsi kuva kera n’Icicaro Gitagatifu ca Papa, nk’umwe rero mu baKristu benshi, ndabasavye n’ukwicisha bugufi kwinshi ko mworangura ibikenewe ngo mukingire Ekleziya yose n’Icicaro gitagatifu ngo ntigitosekare mu gukoranira mu kibanza mwebwe ubwanyu muzokwitorera ngo muhane Ijambo ku bibazo bikurikira:

 

1) Kubaza ikibazo no kwihweza neza niba Jorge Mario Bergoglio yoba yatowe hakurikijwe amategeko, nkuko vyari vyaranditswe n’itegeko rya Papa Paul IV, ,* kuko turabona ko n’imbere yuko atorwa Jorge Mario Berglorio yarashigikiye yongera arananirwa kubuza abahukanye n’abacikije hamwe n’ababana batahanye isakaramentu ry’ukwubaka rukristu gusangira ku meza meranda. Turabe mu gitabo ciwe yanditse citwa “ Curas Villeros (cf. Sandro Magister, "Francis' Patient Revolution", Expresso Online Oct. 24, 2014),ico gitabo ciwe kikaba cigisha ibintu bihushanye n’inyigisho z’Inama Nkuru y’Ekleziya Concile de Trente, Session 13, canon XI.

 

CANON XI.: Uwo wese yohirahira akigisha ko ukwemera kwo nyene gukwiye nk’uburyo bwo kwitegurira kwakira Yezu mu Karistiya Nyeranda, aragacibwa. Kugira twoye guta mu rudubi abayoboke ngo bahave bahabwa Yezu mu buryo butamuhesha icubahiro ivyo navyo bihave bibatuma kuhandura urupfu n’urubanza. Ino Nama Nkuru Y’Ekleziya irategetse ko kwirega mu ntebe ya Penetensiya imbere y’umusaseredoti ari ngombwa ko bikorwa imbere yo kuja gusangira mu gihe umutima wabo woba ubagiriza ko bari mu gicumuro kigoye naho boba bavyigaye gute. Niba rero hari umuntu uwo ari wo wese yokwigisha, canke akemeza abayoboke canke ngo yihagire gutanga inyigisho, canke mbere naho yoba ari mw’ishengero akinamura agatanga inyigisho zitandukanye n’ibi azoba yikuye mu bumwe bw’Ekleziya.

Kubera ko yarenze iryo tegeko ryatanzwe mu gihe ca PAUL IV, bisigura ko Berglorio yahawe ubu cardinali bidaciye mu mategeko, vyongeye yatowe kuba Umwungere w’Ekleziya bidaciye mu mategeko.

 

2) Ariko nivyashika mugaca urubanza ko yatowe biciye mu mategeko, muraraba neza ko ashobora kuba yaratakaje ibiro vy’Umwungere w’Ekleziya Gatolika biturutse k’ubujambojambo aza aratangaza bugaragaza ukwihakana no guhemukira ukwemera kw’Ekleziya n’ububi bugaragara iwe bwo guhama abemera Kristu bagendera mu nyigisho z’Ekleziya n’imigirwa ngenderwako yamye iranga ukwemera kw’Ekleziya kuva kera kuko ukwo guhama no gutoteza abagendera muri iyo migirwa n’akaranga ka ranze Ekleziya Gatika kera ni ubuhwiji n’ubugarariji bwamaze gucibwa urubanza na n’Inama Nkuru Y’Ekleziya ya II yabereye I Nise mu mwaka w’I 787 Inyuma ya Yezu Kristu..: "Uwuzohirahira agata ku w'amazi ivyanditswe canke bitanditswe mu mateka y’Ekleziya uyo azoba aciwe mu muryango w’abemera. (4eme Anathema ku masanamu meranda ), mu mateka y’Ekleziya yamye igenderako hari ukugene hasomwa Imisa hagatangwa n’amasakaramentu mu buryo bwa kera n’imigirwa y’Ekleziya iva ku gihe c’a, na cane cane ku bijanye no kwankira gusangira ku meza meranda abasambanyi n’abakoze ibicumuro vy’icese. Kubera ko mu bisanzwe nimwasanga yaguye muri uyu mutego twamaze kugabishwa ko na’Inama Nkuru y’Ekleziya y’I Nisea, ubwo rero naho nyene itorwa rya Berglorio nk’umu papa rizoba ryarakosheje kandi rica rihanagurwa n’iryo tegeko nyene rya Papa Paul IV.

 

.3) Ubwa nyuma naho mwosanga amategeko yo mu ma anateme n’ama canon Paul IV yasohoye nk’ayatazokwigera ahindurwa na rimwe n’inyuma yiwe bitobaha impamvu zikwiye zo kwemeza ko Berglorio atari umupapa w’ukuri, biguma biri ngombwa ko uwo ari we wese yoba arondera kugirira nabi Ekleziya mu kintu ico arico cose c’akarangamutima kayo nko kubijanye no guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana, be n’uyo muntu ntashobora kuba mu bumwe bw’Ekleziya , gutyo rero aba yigize umuporoti kubera ico rero ntashobora kuba ari mu bumwe bw’Ekleziya ari naco gituma abwirizwa kubogozwa mu mabanga yo kurongora Ekleziya.

 

Nihweje ko ivyo ndiko ndabatuma bikomeye cane, Jewe mubona nashize igikumu kuri uru rwandiko kubw’Urukundo mfitiye Kristu Yezu, nsavye ko hoba itohoza ryigenga kandi ridasanzwe vyongeye ndabatumye mwebwe muri abasuku b’Imana mukoraniye mu mugwi w’abakardinali ngo muzirikane, mwihweze neza kandi ngo mutange umuco uvuye kuco muzoba mwashitse ko mumaze gutumako iyi nama idasanzwe izobera mu kibanza mwebwe nyene muzoba mwitoreye.

----------------

SOURCES:

 

Cum ex apostolatus officio (English & Latin)

https://www.dailycatholic.org/cumexapo.htm

 

Second Council of Nicea

https://www.papalencyclicals.net/Councils/ecum07.htm

 

Council of Trent (English):

https://history.hanover.edu/texts/trent/ct13.html

 

Matthias a CoronaTractatus Postumus (PDF Latin)

https://books.google.com/books?id=mclFAAAAcAAJ&dq=Tractatus+Postumus&source=gbs_navlinks_s

 

Sandro Magister"Francis' Patient Revolution", Expresso Online Oct. 24, 2014

https://chiesa.espresso.repubblica.it/articolo/1350910?eng=y

 

--------------

Other Reading:

 

Robert J. Siscoe, "Can the Church Depose an Heretical Pope?" (Remnant Newspaper, online edition of Nov. 18, 2014)

https://remnantnewspaper.com/web/index.php/articles/item/1284-can-the-church-depose-an-heretical-pope

 

Igicumuro kirashobora kurekurirwa ukiri hano kw’isi. Apana inyuma y’urupfu.

Nyakanga Igenekerezo rya 26, umwaka w’i 2012

Mwananje Nkunda cane, Ndakurekurira ngo wumve ubu bubababare bw’umubiri budasanzwe kugira ngo ukize imitima yinshi kuri uno musi. Hereza ubu bubabare ubuhererereze iyo mitima yatowe mu yindi ngo umfashe kuyirokora. Ubu bubabare ntibuzomara umwanya muremure ariko niwabuvamwo uramenya ko imitima myinshi izoba yararokotse gutyo ntigwe mu magorwa y’umuriro udahera ikaba ubu iri mw’ipurugatoro irindiriye gusukurwa no gutyororwa.

Nk’umutima watowe urakeneye kwemera ko ndaguha imyanya yo kubabarana nanje ngo umfashe gukiza imitima y’abana b’Imana.  Umusi umwe uzohura n’iyi mitima vyongeye uzoboneraho gutegera akanyamuneza n’umunezero ivyo bizanira Mana Data. We menya gusa yuko iyo uriko urababara mba ndi kumwe nawe ngo ndakugabanirize ubwo bubabare. Nturi we nyene. Iyo wumvise udashobora no guhema nyene uko niko imitima y’abapfuye imererwa iyo iriko irahura n’umwotsi wo mu muriro udahera.

Ese iyo abantu boba bashobora kumenya ukuri kujanye n’ubuzima umuntu agira amaze gupfa. Iyo umutimas uvuye mu mubiri, uba ufise inema yeza canke atayo ufise, Shetani iragerageza kuyitera ikoresheje ububasha bwo kuyituma itamarira ibintu. No muri ako kanya nyene iragerageza gukwegakwegera imitima kuri yo. Igisabisho co gusabira iyo mitima kiba ari nkenerwa rwose muri ico gihe.

Ndakura imitima ndayiroresha ku Muco wanje. Ariko abo bo nyene bari mu muco w’inema yeza nibo basa bashoboye guhimbarwa ububasha bw’Imishwarara y’Imbabazi Zanje. Iyo batafise umurtima witeguye neza barabwirizwa guca baroreshwa mw’ipurugatori ngo batyororerweyo.

Ico womenya nuko mwananje hari ibice vyinshi aho mw'ipurugatori wumva. Bivanye n’igicumuro cakozwe n’umutima, bazokwuzuzwa umucanwa wo kubatyorora no ku basukura uvuye kuri Mutima Mweranda. Ipurugatori rirababaza cane ku mutima uriyo nayo abo babwirizwa kumara umwanya hariya bumva ubwo bubabarare nkuko woba ubwumva mu mubiri nkuko nyene wobababara ukiri muzima.
Ntihagire uwukengera utwigoro dukenewe ngo umutima wawe ugume mu muco w’inema yeza kugira ngo ugume ukwiye kwinjira mu Bwami bwa Data. Data arakunda abana biwe bose ariko imitima yose irabwirizwa gukora uko ishoboye ngo ironke uburenganzira bwo kwinjira mu Bwami bwa Data. Kugira ngo baberwe no ku bwinjira mwo, barabwirizwa kunyirukira ngo ndabacungure mu gihe bakiri bazima. Babwirizwa gutanga iciru c’ibicumuro vyabo n’umutima wigaye vy’ukuri.

 

No mu gihe c’ugupfa nyene, umucumuzi arashobora kwirukira Ikigongwe canje mu kuntakambira ngo ndamugirirere ikigongwe ku bicumuro vyiwe. Nzomukwega ningoga ndamwugumbire mu Maboko Yanje. Nzoheza rero ndamusage Ikigongwe canje mpeze ndamusage imbabazi zanje ndamufate ukuboko ndamwinjize mu marembo y’iparadizo. Igicumuro kirashobora kugirirwa Ikigonwe mu gihe ukiriho. Apana inyuma yo gupfa.
Yezu wanyu!

 

Amamiliyaridi y’imitima yamaze gutabwa mu muriro udahera ni iyabo banyirengagije bakanyiyamiriza n’ubushirasoni ntangere bakiri hano kw’isi.

Gitugutu 20, 2012 

"Mwananje, ibonekerwa naguhaye uruhusha rwo kwerekwa mw’ijoro ryakeye ryari iryo kugukomeza mu kwemera mu kukwereka Ukuri kujanye n’ubuzima bukurikira urupfu.  Mu gihe c’isaha ya mbere inyuma y’urupfu, shetani irabandanya irungika amadayimoni yayo ngo agerageze imitima, no muri ico kiringo nyene!


Irababeshagiza ngo ibabuze kwinjira mw’ipurugatori ikabashuka ngo bayanke. Irakora uko nyene mu gushuka abo baba bapfanye inema yeza baba bagenewe kuja mw’Ijuru. Narakweretse umuvuduko imitima igenda yisuka mu muriro udahera n’uruhamo ruteye ubwoba iyo mitima icamwo kugira ngo nawe uzoshobore kugabisha abo bose batemera ko umuriro udahera ubaho.

Amamiliyaridi y’imitima yaramaze gushikayo kandi hari benshi baguma binjira yo ku musegonda ku musegonda ku buryo kuri wewe vyari bimeze nk’ikiyaga c’umuriro cuzuye inyeyeri zakorotse ziva kw’ijuru. Narakweretse ukuntu iyo mitima igwa mu gahundwe n’akanyamuneza igira iyo imaze kwakirwa ku munota wa nyuma imaze kurokoka. Ibi bishoboka gusa kubera imibabaro imitima yitanga yemera kwakira ngo ifashe gukiza bene iyo mitima y’abacumuzi iyikingire guhonera mu nyenga y’umuriro udahera.

Warabonye ubwa mbere igihumura n’ubwoba mu maso yabo babonye ukuri kw’iherezo ry’ubuzima bwabo. Niho rero waca werekwa akanyamuneza gaseseka ku maso yabo babonye ko bagiriwe Ubuntu bakarokoka ayo makuba.

Amamiliyaridi y’imitima yahoneye mu nyenga y’umuriro udahera niy’abo banyihakanye n’ubushirasoni ntangere mu buzima bwabo bwa hano kw’isi. Benshi bari incabwenge, bafise ivyicaro vy’icubahiro mu mibano yabo no mu bihugu vyabo bakaba bakoze uko bashobora ngo Ijambo ry’Imana ntirimenyekane. Benshi muri bo baragirijwe ko bategetse canke bagakokeza ubwicanyi n’igandagurwa ry’abantu b’inzirakarengane.

Baragandaguye abana b’Imana ata kinya mu mitima yabo. Barakoze ibikorwa bishisha Imana harimwo n’ubushurashuzi be n’ubusambanyi  harimwo n’ugufata abakenyezi n’abana ku nguvu, ubumalaya be n’ibindi bikorwa bishegesha Imana kandi abantu bose bazi ko bibabaza Imana. Benshi baratumye haba uruhamo rw’abana b’Imana kubw’ibikorwa vyabo vy’isi mbere mu bihe bimwe bimwe bakaba barifatanije n’umwansi mu nkuka za misa zagenewe Shetani aho basenze igisizimwe.


Iyi niyo mitima uriko urarokora mwananje, abo bafise imitima yazivye kandi yiraburaniwe yakomantaye nk’amabuye. Mu muriro udahera hari imitima ikuba incuro cumi iyiri mw’ipurugatori. Amamiliyaridi y’imitima iri mu muriro udahera iri mu bice n’ingazi zitandukaye irengeye kure niyo iyiri mw’ijuru ku ncuro mirongo itatu na gatatu.

Ntivyoroshe kwinjira mw’Ijuru vyongeye bisaba ukwitanga kwinshi kugira ngo utegure umutima wawe kwinjira mu marembo y’Ijuru. Uwu ni umwanya w’Ukuri. Nakwo Ukuri ntikwama kuryoshe kwumva ariko birakenewe ko abana b’Imana bose bakuzirikana. Ikigongwe canje ariko kirahambaye cane. Nimwansaba Ikigongwe kubwanyu, igisabisho canyu kizokwumvirwa. Niwasabira uwundi mutima ngo urokoke, cane cane mu kanya nyene baba bariko barasandaba, akamo kawe nzokumviriza. Udatakambiye ikigongwe canje, ntigishobora gutangwa.
 

Muri ca gihe c’Igabishwa n’iburirwa ry’imitima, Ikigongwe canje kizokwisuka kw’isi yose. Nico gituma mubwirizwa kuntakambira ngo muronke Ikigongwe canje gihambaye cane ngo kibakingire. Kuri abo birengagiza Ikigongwe canje, bazotakara bivuye ku gushaka kwabo.

Ikigongwe canje n’umusesesekara ariko ni bake cane biyumvira kugisaba.

Yezu wanyu.

 

Nimwihangane muri ibi bihe vy’uruhamo kubera ko ivyo bibwirizwa kubanza gushika kubera ko vyari vyarabuwe mu Gitabu ca Data.

Munyonyo 11, 2012 

 

Mwananje, uzokwame wibuka ko iyo uri mu mibabaro si ukubabara kwawe kwo nyene wiyumva mwo. Ni imibabaro yanje uba uriko uriyumva mwo. Ni ububabare bwanje uba uriko uranyakira.Ububabare ndiko ndakubwira si bumwe nababara ku musalaba aho nabambwa ariko iyo mbona uyu musi mu gihe ndiko ndaraba amagorwa nkongera nkababazwa n’amarushwa y’abantu bo kw’isi. Abantu bariko barababara cane kuri iyi si kubera umwijima w’imitima yabo. Nabo nyene babayeho ubuzima busanzwe ariko bakagerageza gukurikira inyigisho zanje barababara. Hari igihe bumva bafise integenke mu gihe bagerageza gukunda benewabo. Barababara kandi biturutse ku gukekereza bahura nakwo mu kwemera kwabo. Benshi ntibategera insiguro y’Ubuzima buhoraho canke ukuntu ubuzima butaba burangiye iyo umuntu apfuye hano kw’isi. Iyi niyo mpamvu benshi batigera bitegurira ubuzima bukurikira.

Abantu benshi muri kahise ntibiteguye bikwiye none bari mwipurugatori canke mu muriro udahera. Uru rwaruka ruriko rurahabwa ingabirano idasanzwe izindi zitashoboye kuronka. Benshi bazoshobora kuva muri ubu buzima bwo kw’isi y’ubu binjira mu buzima bukurikira batiriwe baranapfa, nkuko umaze kubimenyeshwa. Amaza yanje ya kabiri azozanana n’iyi ngabirano idasanzwe. Rero ntimugire ubwoba. Nimunezerwe kuko Nje ndabagana ndabazaniye kazoza gahimbaye cane kandi kuzuye umunezero. Nimubifate gutya: Naho mubwirizwa kurinda ububabare mugaca no mu ngorane zitandukanye mbere mukanabwirizwa kwibonera n’amaso yanyu ingene isi izonyihakana ikanahakano ko mbaho, naho ivyo bitazomara igihe kirekire.

Ndabona ko abatari bake muri mwebwe muhagaritse imitima ariko nashaka kubaremesha ko ico gihe kitazoba kirekire cane. Niho rero nimwibonera n’amaso yanyu Yeruzaremu nshasha imanuka kw’isi Nshasha, isi Nshasha iva mw’Ijuru muzokwuzura umunezero udasanzwe. Nta majambo ahari yokukugenekereza neza uku kuremwa gushasha. Umutima wanje urahimbarwa cane n’urukundo rwinshi iyo niyumviriye ukuntu mwebwe nabo mukunda muzosagwa n’umunezero uvanze n’ugutangara kudasanzwe. Muri ico gihe niho igitangaza c’Isezerano Rishasha kizogaragara mu maso yanyu. Niho rero muzoca mutegera neza ata gipfungu isezerano ryanje ry’amaza yanje ya kabiri. Isi izohinduka umuryango umwe mweranda kandi izohimbarwa n’ukubaho kujanye kandi kwunze ubumwe n’Ugushaka Kwa Mana Data.

Iki kizoba igihe c’ugusubirana no kunywana kuko nico gihe Izuka rya mbere ry’abapfuye rizoba. Abazoba baratyorowe hano kw’isi mugihe c’ityororwa bazosanga abo bazoba baratyororewe mw’ipurugatori ngo banezererwe hamwe mw’i Paradizo rishasha.  Vyinshi bizohinduka kandi abo bose bankurikira mu bwami bushasha bw’Amahoro nzoba ndongoye mu bwami bwanje bw’imitima bazoronka amahoro y’imitima. Muri ico gihe amagorwa yose abana b’abantu babwirijwe kurinda kubera ubwami bwa shetani ntazoba akiriho. Ububababare bwose, ibikomere, amarushwa yose , igisabisho cose, akigoro kose uzoba waragize ngo unzanire umutima wose woba ugisigaye inyuma ukaba ukijuragirika aha canke hariya niho impembo yawe uzoyironkera.


Iparadizo rishasha rirateguye neza. Nta kindi ukeneye kugira atari ugutegura umutima wawe ugaca utambuka ugana amarembo yaryo. Abo muri mwebwe bicungura mu maso yanje bazohabwa imfunguruzo zo kwugurura amarembo y’Iparadizo. Nimwihangane muri ibi bihe vy’uruhamo kubera ko ivyo bibwirizwa kubanza gushika kubera ko vyari vyarabuwe mu Gitabu ca Data. Ibisabisho vyanyu bizogabanya vyinshi mu marushwa ajanye n’uruhamo vyongeye Mana Data azokomeza kubatabara mu ntambwe zose ngo abuze ibikorwa vya Sekibi kugirira nabi abana Biwe.
Yezu wanyu

 

Ekleziya Gatolika iri hafi kwinjira mu ruhamo rutari bwigere ruboneka muri kahise kayo
Ndamukiza 13, 2013 

Mwananje nkunda cane, Ndipfuza kuremesha mwebwe mwese munyemera n’ubuhanuzi buri muri ki Gitabo
Iyo umuntu ankurikira akongera akanyishikanako abwirizwa kwigana Ingeso Nziza Zanje zose. Bisigura rero ko abwirizwa gukunda abantu bose mw’Izina Ryanje kandi agafata umuntu wese nkuko yokwitega ko nawe nyene bamufata.  Ariko niwanyihebera rwose bimwe vy’ukuri uzoronka imibabaro kubera ico. Bazogufata nabi mbere hazoba n’ukugerageza kudasanzwe kugukengera.


Ibi ndabibwiye abana b’Imana mwese cane cane abaKristu kubera ububabare bwanyu buremera cane. Ndasemereye mbwira abo bose mw’isi banyemera niyo boba batemera ko ari Jewe ndiko ndabaganirira muri ubu buhanuzi.  Abakristu bazokwama baronderwa, bahamwa, babonerwa nabo barondera guhindura amategeko y’Imana ngo biyorohereze mu ntumbero yabo n’imigambi y’igicumuro ngo bakomeze birondera mu gukurikira ibihenda amaso, n’amahirwe y’ubu buzima bushira umwanya. Ekleziya Gatolika igiye kwinjira mu ruhamo rudasanzwe rutari bwigere ruboneka muri kahise kabwo ku buryo izototezwa igahamwa hasi no hejuru, imbere n’inyuma. Urwo ruhamo rwarateguwe neza haciye imyaka mirongo ingahe kandi abo bagizi banabi bariteguye bikwiye ku ruhande rwabo. Ese ukuntu aberanda bo mw’Ijuru barira bitegereje ububisha bugiye kurekurirwa kuri iyi si ku rugero ruzotangaza naboba batemera ubu buhanuzi.

Akajagari kazova ku kuntu benshi mu bihebeye Imana bazosigara ata Jambo bagifise kuko ivyo vyose bari barigishijwe mu mateka y’Ekleziya bizohindagurwa batangure kubwirwa igihushane c’inyigisho ngenderwako z’Ijambo ry’Imana. Bazobajuragiza babajane hirya no hino bivuye ku babarongoye mw’Ekleziya. Kuri abo muri mwebwe mugendera mu bugamburutsi bw’Ekleziya yanje ikiri ku rugendo ngaha kw’isi ndabasavye ngo mwame mugavye kandi mwame murikanuye mugume mutangaza Inyigisho zanje nimwaba mwipfuza kugumana nanje. Ntimugahirahire ngo mwemere ico cose gitandukanye n’Ukuri mwari mwarigishijwe. Vuba cane mugiye kuzoba nk’inyakamwe mwicwe n’irungu kubera icubahiro mumfitiye n’ubugamburutsi mufitiye Ekleziya yanje nkuko mwayishikirijwe na Petero. Kuri abo bakristu bose bakigendera mu nyigisho za kera murabwirizwa kuzigama ibanga kandi mube ba ntayegayezwa mu kwemera naho hoza inyigisho zibahimiriza guheba ukwemera kwanyu. Muzojuragizwa kandi mutegerezwe kwemera kurera abana banyu mu nyigisho zitari zo, zitavuye ku Mana.


Ibi bintu bigiye gutangura kandi ndabagabishije kuri vyo kugira ngo ndabamurikire. Uwo wese anyagiriza muri ubu butumwa ntanga ko noba ndiko ndashaka ko imitima iva muri Ekleziya yanje ya hano kw’isi ntaco ategera mu nyigisho zanje. Ndiko ndabasaba kuguma mu mabwirizwa yanje igihe muzobona batanguye kubahatira kwemera ubundi bwoko bw’Ekleziya ifise inyigisho zitandukanye nizo mwahora muzi. Iyi  dini nshasha iriko irubakwa mw’Ekleziya yanje ntizokwigera yemerwa mu Maso y’Imana.

Yezu Wanyu!

 

Bane banje, umusi uregereje aho Isaha izohagarara vyose muri iyi si bice bihagarara vyongeye ibiri mw’isi vyose bihagare gukora!

21 Ruhuhuma 2016- 12H35 P.M

Akamo kihutirwa ka Yezu mu Karistiya kagenewe Abantu bose!
Bane banje, ni muhorane Amahoro.
Imisi y’IKigongwe c’Imana iriko irarangira. Isi yimirije kwinjira mu misi y’ubutungane bw’Imana, aho benshi kubera ukutamenya, uruhumyi rw’imitima n’igicumuro bazotikira. Imisi y’intwaro ya nyuma y’umuganwa w’iyi si igiye gutangura. Izoba ari imisi 1290 aho igihugu c’Imana kigiye kuzogeragezwa mu guca mu misi y’uruhamo. Iyo misi yashitse. Hasigaye gusa ko Mana Data arungika Igabishwa, kugira ngo harangire imisi y’Ikigongwe maze ivyo vyose vyanditswe biranguke burundu.

Iyi si izomenya ubutungane bw’Imana nabo abantu batari bake bazokwiyuha iryosozi kubera ko batashimye kuntega amatwi. Izoba ari imisi y’amagorwa kw’isi yose. Izoba ari imisi y’ukwiganyira, y’akajagari, y’umwijima n’ugutyororwa, imisi mutiteguye neza ku mutima muzoba muriko muraruhama mugwironderera. Ukwemera kw’igihugu c’Imana kuzogeragezwa, muzogeragezwa nkuko bagerageza inzahabu n’umuriro, bamwe mu ba mbere bazoba abanyuma kandi bamwe mu banyuma bazoba aba mbere.

Iyi si bane banje izohera ubu bwa vuba nabwo ubugizi bwa nabi n’igicumuro cose bizojana, nta kintu na kimwe kidatunganye canke gihumanye kizokwinjira mw’isi nshasha. Ni musenge, mwisonzeshe, mwibabaze, muhabwe isakaramentu ry’ipenetensiya kugira ngo muzoshobore kujabuka mugana ubuhirwe budahera mwateguriwe ata kibatangira. Nimube abatumwa bikoreye ukuri, kuko nikwo kuzobabera inguvu zizobagumiza mu kwemera kutayegayezwa, ngo mushobore kurinda intambwe yanyuma y’ityororwa. Bane banje, umusi uregereje aho Isaha izohagarara kandi vyose muri iyi si bice bihagarara vyongeye ibiri mw’isi vyose bizohagara gukora! Niho rero umutima wanyu uzojanwa ahantu uzomara hagati y’iminota 15 na 20 mujanwe mu buzima budahera ngo mucibwe urubanza ku rukundo nkuko igihe ca nyuma canyu coba cageze. Muzomenya ko Ubutatu Bweranda Imana imwe Nsa ariyo Iriho kandi Itanga kandi Ikaganza ubuzima. Niyo iriho. Abamalayika banje inyuma y’urwo rubanza rwanje rutoya bazobajana mu kibanza c’ubuzima budahera muzoba mushoboye kuronka bivanye n’amakosa yanyu.

Harahumiwe imitima y’akazuyazi n’iyiri mu gicumuro kigoye kuko nitafata ingingo yihutirwa y’ukwigarura no kwirega ivyaha vyayo bashitse muri ico gihe kidahera benshi bazomenya umwijima n’umuriro ubatyorora w’ipurugatori ya gatatu; abandi bakoraniye hamwe n’iyi si idashima kandi yuzuye igicumuro nibatahinduka bazomenya umuriro udahera aho bazoturirwa n’umuriro uturira kandi utigera uzima wagenewe gutoteza imitima yaciriwe urwo guherayo. Ivyo vyose bizoba mu mwanya wategekanijwe; benshi kubera ububisha bwabo ntibazoshobora kurinda ubwo bubabare ariko bazopfa urupfu rw’akagirire.

Igice kininiya c’abantu baba kw’isi kubera ukutumva no gukengera Imana bazotabwa mu ngazi zitandukanye zo mu muriro udahera kugira ngo abazogaruka ku bw’Ikigongwe ca Mana Data baze bategere ata gukekereza ko igicumuro ata handi kitujana atari mu rupfu rw’imyaka yose, bahinduke, bagaruke ku Mana gutyo batambuke bagana inzira ishikana ku buhirwe bwamaho.

Nimwitegure rero bane banje kuko Imana yanyu iri mu nzira iza ibagana. Nimutegure Imeza n’amatara yanyu agume yaka. Nimube maso kugira ngo n’igihe cagera Umukama niyadodora ku rugi rwanyu mushobore kumwugururira mu mwakire neza muteko mumwakire mumuzimane musangire ku meza imwe. Ndabasigaranye Amahoro, ndabahaye Amahoro yanje. Nimuve mu gicumuro muhiduke kuko ubwami bw’Imana buri hafi.

Umwigisha n’Umukama wanyu, Yezu Mu Karistiya.

Nimumenyeshe ubu buhanuzi bwanje abantu bose.

 

Iyo kiremwa muntu yiyumvisemwo Urukundo rw’Imana asanga ari ikintu adashobora kubaho adafise! 

Gitugutu 1, 2012 

 

Mwananje Nkunda cane, urabwirizwa kwemera ko mu gihe abaKristu bazokwumva ubu buhanuzi bizotuma imitima yabo ihungabana rimwe na rimwe!Benshi bazohimbarwa nibasoma Ijambo Ryanje Ryeranda bace baryemera nk’igitangaro. Abandi nabo bazokwemera ubutumwa bwanje ariko imisi imwe imwe bazohungabanywa n’ugukekereza kuzobazamwo. Bene uku gukekereza ni ibisanzwe rwose.

 

Bamwe bamwe bazokwibaza bongere bibaze ko ubu buhanuzi bwoba koko buvuye mw’Ijuru. Hanyuma bazoca buzura umudugararo kubera ko bumvise ko ubuzima bwabo bugiye guhinduka kandi ko bumvise ko bo nyene ubwabo bagiye kuzokwibonera amaza yanje ya kabiri. Ibi bisigura ko ubuzima bamye babaho gushika uno musi buzohinduka birengeye uko ubwenge bwabo bwoshobora kubitegera. Ibi rero biratera ubwoba benshi kubera ko baguma bashaka kwihambirira ku vya kera no ku buzima bahora bafise naho boba batari babwishimiye rwose.


Ubwoba bwa kazoza, gutinya Ukuboko kw’Imana n’ubwoba bw’inyosha mbi za shetani. Ariko naho ubuhanuzi bwanje bushobora gutuma bagira ubwoba rimwe na rimwe burabazanira akanyamuneza kandi bukabaremesha. Kuko hari ikintu kimwe kizwi neza. Bazokwumva Mutima Mweranda Wanje mu mitima yabo kandi ibi biramutse bishitse bazoshobora kumenyera Urukundo rw’Imana. Iyo rero Umuntu yiyumvisemwo Urukundo rw’Imana aca yumva ko adashobora kubaho atarufise. Ruzana amahoro. None rero uko woba utinya kwose bakunzi banje murabwirizwa gutegera ko Jewe Yezu wanyu ntazokwigera ndabaheba. Muri abanje.

Ndi ubuzima bw’imitima yanyu. Muciye kuri Jewe muzorokoka. Nuzuye imbabazi nyinshi mfitiye imitima inyirukira ngo ndayirwaneko mu ngorane. Sinzobareka ngo mukomeze mutotezwa n’ukuboko kw’abakurikira Shetani. Nzobafukisha Amaraso Yanje y’igiciro ntangere.  Nta na kimwe mukwiye gutinya.  Ahubwo nimunezerwe kuko muriko murahabwa inema zo kwitegura. Ubu rero nimutegere ko mubwirizwa kuba intwari, ntimwigere mukundira ugukekereza ngo guhave gushira igipfungu mu Rukundo mumfitiye canke ngo mube impumyi kubijanye n’Ukuri kw’ubu buhanuzi. Mumenye ko ari Ingabirano ndiko ndabaronsa. Mutegere ko ndabashikiriza ubu buhanuzi ngo bubakingire mwoye kugwa mu mitego y’umwansi. Murazontabaza rero igihe cose nzobakure mwo ubwoba kuko ni urwamfu umwansi abateramwo ngo abadurumbanye imitima maze agume abasamaza.

 

Ndabahezagiye vyongeye ndabahaye Amahoro. Ndabahaye kandi Ubutabazi Bwanje ngo ndabazigame mu Mushaha Wanje. Ntimuhengashanye kunyizera.
Yezu wanyu!

 

Imilliyaridi zibiri z’imitima izokwanka kwakira Ukuboko kw’Ikigongwe kw’Imana.

Nyakanga 27, 2012 

 

"Mwananje igikorwa co gutabara izo miliaridi zibiri z’abantu bazokwanka kwakira Ukuboko kwanje kw’Ikigongwe. Kirabwirizwa kwinjira mu mugwi w’ibisabisho muhereza buri musi kuri abo bose bumvise umuhamagaro wo kuba Ingabo za Kristu! Ibitangaro vyinshi bizotuma benshi mu bantu baba kw’isi bahabwa ingabirano y’Ubukiriro no kwinjira mw’Iparadizo Rishasha..
 

Ububabare mfise mu Mushaha wanje Mweranda rwose burambabaza cane kubera iyi mitima. Nico gituma abigishwa banje babwirizwa gusenga bashimitse maze bose bashobore kwunga ubumwe nk’umuryango umwe mu gihe Gishasha cimirije kuko umuryango wanje utandukanye bizontera amaganya menshi. Ndabinginze mwese ngo mumfashe gukiza iyi mitima izohava iguma yanka kwakira Imana mu buzima bwayo, ni mubasabire rero mukoresheje iki Gisabisho:

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (79) Dusabire Imilliyaridi zibiri z’imitima yatakaye.

Ewe Yezu Mwiza ndakwinginze ngo usukire Ikigongwe cawe ku mitima yatakaye. Bagirire ikigongwe kukwanka kukwakira mu mitima yabo wongere ukoreshe Igisabisho canje n’ububabare bwanje ngo ushobore gusukira kuri bo inema bakeneye ku bw’imbabazi zawe ngo imitima yabo ishobore kwezwa mu Maso yawe. Ndagusavye Ingabirano y’Imbabazi zawe uyisukire ku mitima yabo. Kunda wugurure imitima yabo  ngo bashobore kukwirukira bagutabaze nawe ubonereho kubahunda Mutima Wawe Mweranda ngo babashe kwemera Ukuri kw’Urukundo Rwawe, babane nawe n’umuryango w’Imana wose Imyaka yose.
Amen.

Biragora abantu benshi kwemera Ikigongwe c’Imana . Ibi bishika kubera ububasha Shetani ibafiseko , naho bo ubwabo ata vyo baba bazi. Rimwe na rimwe ariko si uko baba bakekereza ko Imana ibaho ariko bagatora Shetani naho baba babizi neza ko Imana iriho kandi ariyo yabaremye. Baraheza bagaha umugongo ubwami bw’Imana. Ubwami batora ni bumwe Shetani yemerera isi. Bibaza ko ubwo bwami mu mpera n’imperuka buzobaha amatungo menshi, n’ibitangaza vyinshi kandi ko izoba isi ikayangana uretse ko bihenda rwose ko siko biri. Ico bazosangayo ni n’ikiyaga kinini c’umuriro aho bazobabara ku bw’ukuboko kwa sekibi. Izobatuntuza umutima imyaka idahera. Vyongeye bazobabara umusegonda ku wundi kuko ubu bubabare ntibuzohera.
Ubu rero kibondo urabona igituma mfise amaganya menshi kubera amagorwa mbona iyo mitima igiye kuzogwamwo bintera umubabaro utagira urugero. Ibisabisho vyanyu vyo bisa bakunzi banje be n’Ikigongwe canje nivyo bishobora kubaha umwizero.
Ndabasavye munyunganire kubafasha.
Yezu Wanyu!

 

=====================================================================

Ubuhakanyi buguma bwongerekana ku musi ku musi, ukwemera kuguma gupfa mu mitima y’abantu benshi!
20 Nzero 2016   4H30 P.M

Agasengero k’Umugabekazi wa Carmel. NECOCLI – ANTIOQUIA

Ubutumwa bwihutirwa bwa Yezu mu Karistiya ku bantu bo kw’isi yose..

Ni muhorane Amahoro yanje bane banje!


Raba mwananje ubugaragwa ndimwo, abaza kuntembera n’umutima mwiza nibake cane! Numva ndi Jenyene , abana banje barampevye; Imiryango y’Inzu yanje yama yuguruye  ikaba ari ubutumire mba ndabahaye ngo mwinjire kandi mwisange muje kunshengerera no kumpoza.  Ariko raba ukuntu baguma bicira kure y’Ingoro yanje birenganira bagira urumenyetso rw’umusalaba gusa bihitira nkuko womengo ndi igitutu. Ese ukuntu bibabaza umutima wanje mu kubona ivyo vyose. Abantu benshi kuri iyi si bamfata nabi bakanyirengagiza.

Ndi Imana gusa mu bihe bigoye vy’ubuzima bwabo. Ndi Imana gusa kugira ngo ndabafashe gutorera inyishu ingorane bafise. Ndi Imana gusa mu gihe bagwaye, mu magorwa yabo no mu bukene gusa! Muri ico gihe ntibaba baje kunganiriza mugabo baba baje kunsaba ngo ndabakize, ndabafashe canke mpindure kazoza kabo.  Abandi bararenza urugero bakaza bihebuye ngo ndabatabaze amahera canke ivy’isi bishira umwanya ntibategere yuko igikenewe gusumba ibindi iwanje ari ubukiriro bw’imitima yabo. Ororowe! Ese ukuntu babaho batwawe umutima nivyo vyiza vyo kuri iyi si gusumba uko bitaho ubukiriro bwabo n’ubuzima bwabo bwamaho.  !

Ubuhakanyi buguma bwongerekana ku musi ku musi, ukwemera kuguma gupfa mu mitima y’abantu benshi!Ndababaze.Bizobagendera gute mwa bana b’ibijuju nihashika imisi y’uruhamo aho mutazoba mugishobora kuntora mu gacerere k’amasengero yanje?  Muragowe mwebwe ubu mumpa umugongo  mukanka kunyereka amaso yanyu kuko ntimuzi ububabare bw’imitima bubarindiriye. Uno musi muranka kuntemberera no kumpoza none ejo nimwe muzompamagara mukoma induru, munsaba ngo ndabahoze ariko ntaco bizoba bikimaze , kuko ntimuzoba mukindonka!

Rya Shano nababwiye rizokwigaragaza vuba cane amasengero yanje ace yugagwa , Inkuka yanje ya Misa ya buri musi ihagarikwe, amatabernakulo yanje nayo bayahumanye. Niho rero abo bose uno musi bamfata nabi mu kunyirengagiza bazokwiyuha iryosozi mbere benshi kubera ukwihebura kwabo bazovuma Izina ryanje, bazonja kure bace batakaza ubuzima budahera. Raba mwananje ingene bamfata nabi, baranza mu masengero yanje batazanywe n’ukunsenga canke kuninahaza, ariko baje kwifatira amafoto, nkuko womenga amazu yanje n’amamize canke ibiabanza vyihayanishwa aho abantu bashobora kueranja uko bishakiye, bakiganirira, bakaharira bakanakora ivyo vyose kiretse gusenga. Ni ukuri ndabibabwiye : uko nyene mumfata nabi niko namwe muzofatwa nabi. Igihe cose mungendey n’umutima w’ubugenzi, nzobafata uko nanje nimwinjira mu bwami bwanje. Uko munkengera kwose nzovyibuka umusi mwashitse mu bwami bwanje. Igihe cose munyihakanye imbere y’abantu mumenye ko naje nzobihakana nimwashika mu bwami bwanje; Kuko ni ukuri ndabibabwiye: uwo wese azonyihakana imbere y’abantu , nzomwihakana imbere ya Data. Ariko uwo azomvugira imbere y’abantu nanje nzomuvugira imbere ya Data..

Bane banje, ukujabuka kwanyu murora mu buzima budahera kurimirije, numva mbabaye mu kubona ko benshi batazogaruka kuri iyi si.Ndabarindiriye mwa bantu b’isi yanduye kandi idashima; Nimuze muce bugufi imbere yanje mupfukame munsabe Ikigongwe kandi ndabemereye ko nzokibagirira. Amaboko yanje aruguruye mu gacerere k’Isengero yanje yose. Igabishwa ryanje rizogwa ku bantu benshi bo kuri iyi batiteguye. Imitima yanyu kubera ko itakiriye Imana ntizoshobora kurinda ico gihe c’iburirwa mbere benshi bazopfa ubutakigaruka.

Ndabateye akamo kanyuma: abasambanyi, abashurashuzi, abamalaya, abarongorana basangiye ibitsina, imborerwa, abanywa ibiyayura umutwe, abasuma, abicanyi, abasenga izikuzimu, abapfumu, abarozi, abataco bikura, abanyashari n’abandi bacumuzi b’iyi si badahengeshanya gucumura bakaguma bayerera hose ata Mana ata mabwirizwa bubaha nk’ibitutu bitazi iyo birora. Ndababwije ukuri benshi muri mwebwe ntimuzogaruka; mu gihe c’ukujabuka mugana ikibanza canyu muzomara mwo imyaka yose, nzotandukanya ubusho n’amasuguru hanyuma niba mwebwe mwa bana b’umwijima mudashimye kwisubirako ngo Munsabe ikigongwe ndabemereye ko urubanza rwanje ruzobarwako: mva mu maso mwa bivume mwe, sindabazi ; nimugende mu muriro udahera aho shobuja wanyu abarindiriye! Nimwibuke ico Inkuru Nziza yanje ivuga: Si urya mbwira ngo Mukama Mukama azokwinjira mu bwami bwa Data. Ariko uwurangura Ugushaka kwiwe we nyene niwe azokwinjirayo.

Nimwikangure rero mwa bana b’ibijuju mureke kugendera mu vyaha, kuko ndabibabwiye umusi w’Igabishwa ryanje washitse. Iburirwa ryanje si umugani  cake ibitito canke inkuru itwenza ariko ni ukuri kw’umutima kuzogwa kuri benshi batiteguye.

Nimunezerwe bane banje kuko umusi w’urukiza gwanyu uri hafi! Ndabasigaranye Amahoro yanje, ndabahaye amahoro yanje. Nimuwigaye ibicumuro vyanyu muvyirege, muvavanure navyo mwigarure muhinduke kuko ubwami bw;Ijuru buri hafi!

Shobuja wanyu, Yezu Mu Karistiya Nyeranda.

Menyesha ubutumwa bwanje isi yose.

 

Umutwe w’Ekleziya yanje uzosubirirwa n’Umutwe w’Inzoka.

Papa Benedicto wa XVI azobabara rwose kubera ko azohamwa azira kuvuga Ukuri. Bazomuhama kubera ariwe ari umutwe w’Ekleziya Yanje ku buryo ata mpuhwe bazomugirira na gato. Abamugwanya bazogira inguvu ningoga na ningoga kubera ko bazovuga ngo ivyiyumviro vyiwe vyarataye igihe. Abo bazokwitwaza ko aribo ivyiyumviro vyabo ari ivya none mu bijanye n’Ukwemera bazomutera ivyatsi bamumaramaze gushika naho bamushinyaguriza n’amenyo y’abatwenzi. Niho rero umutwe w’Ekleziya yanje uzosubirizwa n’Umutwe way ya nzoka. Mu nyuma yahoo niho bazozimiragura zigategerezwa guha icubahiro umuhanuzi w’ibinyoma nk’ukuboko kw’iburyo kw’igisizimwe.


Aho banyambika urugori rw’amahwa mu gihe c’ukubambwa kwanje vyamenyesha ibi bintu biriko biraba ubu. Mwananje nkunda cane, ukwambika urugori rw’amahwa kwanje mu gihe bari bagiye kumbamba ku musalaba vyabura ibizoshikira Ekleziya yanje mu bihe vya nyuma.

Nkuko Ekleziya ari umubiri Wanje hano kw’isi niko kandi Ekleziya yanje nayo nyene izokwambikwa urugori rw’amahwa nkuko vyari mu gihe nikorera umusalaba ngana ikaluvariyo! Urugori rwanje rw’amahwa rusigura umutwe w’Ekleziya Yanje Nyeranda  ikiri ku rugendo ngaha kw’isi. Papa Benedicto azobabara menshi kuko azohamwa azira ko yigisha Ukuri. .

Bazomuhama kubera ariwe ari umutwe w’Ekleziya Yanje ku buryo ata mpuhwe bazomugirira na gato. Abamugwanya bazogira inguvu ningoga na ningoga kubera ko bazovuga ngo ivyiyumviro vyiwe vyarataye igihe.

Abo bazokwitwaza ko aribo ivyiyumviro vyabo ari ivya none mu bijanye n’Ukwemera bazomutera ivyatsi bamumaramaze gushika naho bamushinyaguriza n’amenyo y’abatwenzi. Niho rero umutwe w’Ekleziya yanje uzosubirizwa n’Umutwe way ya nzoka. Mu nyuma yahoo niho bazozimiragura zigategerezwa guha icubahiro umuhanuzi w’ibinyoma nk’ukuboko kw’iburyo kw’igisizimwe.

Uguhohoterwa no gukubitwa narinze mu gihe co kubambwa kwanje kugiye gusubirwa mwo muri Ekleziya Gatolika Yanje. Inzoka ije iriruka cane ubu ngo igerageza gutandagura umubiri wanje-Ekleziya yanje Ikiri ku rugendo ngaha kw’isi. Niho rero amashengero yose y’abakristu azomirwa bakayategeka guha icubahiro umuhanuzi w’ibinyoma we ari ukuboko kw’I buryo kw’igisizimwe. 

Mu gihe benshi muri mwebwe mwoba mutewe ubwoba n’ibi ndababwiye, ntimwibagire ko ibisabisho vyanyu biriko birasubiza inyuma ibi bintu mbere mu buryo bwinshi bikaba biriko biragabanya ububasha ibi vyago. Ibisabisho kandi ibisabisho bikwiye bizogabanya ubwaku bwa sekibi n’ububasha bwiwe afise ku mitima hano kw’isi. Uwu niwo muti w’uruhamo rwateguwe n’imigwi y’ikibi irongowe na shetani . Habaye uguhinduka kwinshi kw’imitima be no gusenga , bigishwa banje vyinshi mu bibageramiye. Igisabisho kirashobora gutsinda ububisha bwose. Igisabisabisho kirashobora guhindura abantu. Ubwo rero imitima myinshi yirukiye igisabisho vyose bizokworoha. Niho n’ukujabuka mwinjira mw’Iparadizo yanje nshasha kuzokworoha.

 

Ubutumwa Bwatanzwe n’Umugabekazi w’Ubukiriro Abuhereza Maria w’Ikigongwe c’Imana, Igenekerezo rya 22 Myandagaro, umwaka 2012 @ 20:15

 

Mwananje ubugaragwa abana Banje usanga barimwo uno musi kw’isi buva ku kuntu batazi ukugene boronswa Ingabirano ya Mutima Mweranda. Nkuko nabikubariye birasaba akanya katari gato imbere yuko umuntu ahabwa iyo Ngabirano ya Mutima Mweranda. Erega bisaba urugendo rutoroshe imbere yuko Umuntu yezwa ngo ashobore guhabwa iyi Ngabirano idasanzwe. Aho narindira ndi kumwe n’abatumwa mu mwiherero turindiriye ko Mutima Mweranda atwururukira ko vyatwaye imisi cumi y’Ukwitegura.

Naho aba beranda, izi nyegu n’intahemuka z’abakozi b’Umwana Wanje Nyaguundwa Rwose bari baremerewe Mutima Mweranda ntibari biteguye neza ku mutima ngo bashobore kwakira iyo Ngabirano.Jewe Nyina Wabo Nyagukundwa rwose nabwirizwa kubafasha gutegura imitima yabo. Vyabaye ngombwa ko Ndabigisha akamaro ko kwiyegurira rwose Umukama mu kumuhebera ugushaka kwabo kwose. Kugira ngo babe intore zibushitse, babwirizwa gutegera uburebure bw’ukwicusha bugufi babwirizwa gushika ko kugira bamwitegurire vy’ukuri.
Bamwe muri bo bibaza ngo bararonse ubumenyi bwose bakenewe babuhawe n’Umwana wanje. Ariko iki cari ikimenyetso c’Ukwishira hejuru nayo iyo ufise ubwishime muri wewe ntishobora kwakira Ingabirano Nyeranda ya Mutima Mweranda.


Kugira ngo wakire Ingabirano ya Mutima Mweranda ubwirizwa kwigira muto imbere y’Umwana wanje ukaba nk’akana gatoyi.  Nta kibanza kihari c’ubwishime n’ukwishirahejuru. Ariko turabona abantu benshi uno musi bavuga ngo bafise ubukuru bwo kuvugira Umwana wanje bagwa muri uwo mutego.  Iyo bariko baremeza abantu ko bafise ubumenyi mu vy’umutima bavugana agasuzuguro katamenyesha na gatoyi inema zihabwa abo vy’Ukuri bafise iyi Ngabirano yo Mw’Ijuru.  Abo vy’ukuri bahawe Ingabirano ya Mutima Mweranda baraca bugufi imbere y’Umwana Wanje bakarangura ico yipfuza cose.
Bazira na n’ukwishira hejuru.
Ntibagira amanyama.
Ntibatyekeza uwundi muntu bakoresheje Izina ry’Umwana Wanje

Ntibakengera canke ngo bavuge nabi abandi iyo bariko baratangaza Ijambo ry’Imana.

Ntibigisha urwanko.
Igihe nategura Abigishwa b’Umwana Wanje harabaye ukunana n’uguharira kwinshi. Vyarabafashe akanya katari gato kugira ngo batahure ico Umwana Wanje yari abitezeko..
Ni igihe co nyene bari bamaze gutegera ko ukwicisha bugufi kuvuye ku mutima ari kwo kwo nyene gushobora gukundira Mutima Mweranda kwinjira ivyo bamaze kubitegera niho ho nyene bari maso ku muha ikaze iwabo. 

 

Ndakebuye abana b’Imana mwese  cane cane abo bemera Umwana wanje ngo bansabe Jewe Nyina wabo bankundire ndabafashe kwitegurira kwakira Iyi Ngabirano. Mwananje, vyantwaye umwaka wose kugira ngo ndagutegure  kandi urazi ko bitari vyoroshe na gato. Uribuka ukuntu bitakworoheye gutangura kuvuga Irozari yanje Nyeranda?  Ukuntu vyakugora kumpebera ugushaka kwawe kwose no kugaragaza ukwicisha bugufi?


Ubu rero ko wamaze kuronka iyo Ngabirano ariko ntibisigura yuko ari igihe c’ukwiyanjanjwako. Ubwirizwa gukomeza gusenga, ubandanye wicisha bugufi bivuye ku mutima kandi ubandanye urondera agakiza imisi yose. Kuko nkuko wayihawe niko ushobora  no gusubira kuyakwa. Ndasavye abo bose bakurikira ubu butumwa ngo basabe Ingabirano ya Mutima Mweranda.
Ntibikwiye gusenga rimwe ku musi hanyuma ngo uce wibaza ko waronse Ingabirano yo gutegera ivyiza  wasavye hanyuma ngo uce utangura kwidogera ubu buhanuzi.Niwagira gutyo uzocoa umenya ko iyi Ngabirano atayo wahawe.  Nimumpamagare Jewe Nyoko wanyu mukunda cane ndabategure mukoresheje iki Gisabisho C’Ingabo za Kristu 74 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (74) Ingabirano y’Umuzirikanyi Mwiza ngo Tubashe Gutegera Ivyiza

Ewe Mariya Mugabekazi nyina w'Imana mfasha gutegura umutima wanje uberwe no kwakira Ingabirano ya Mutima Mweranda!

Mfata ukuboko nk'umwana muto Unyobore mu nzira izonshikana ku Ngabirano yo gutegera ivyiza no kubirangura kubw'ububasha bwa Mutima Mweranda!

Ugurura umutima wanje uheze Umfashe kwitanga wese umubiri umutima n'umushaha. Nkiza igicumuro c'ubwishime kandi Unsabire ngo nzobabarirwe ivyaha nakoze kera gutyo umutima wanje utyororwe akabi kose ngo mbashe kuba intore ibereye kwakira Ingabirano ya Mutima Mweranda.

Ndagushimiye Mawe Mugabekazi w'ubukiriro ku gisabisho cawe kandi ndarindiriye mu rukundo rwinshi mu mutima iyo Ngabirano nipfuza rwose kugabirwa n’ akanyamuneza kenshi. Amen


Nimwibuke bane banje muze iwanje Jewe Nyoko wanyu nzobafasha kwugurura imitima yanyu ngo muberwe kwakira iyi Ngabirano y’Igitangaza. Niwaronka iyi Ngabirano, nzokurerura ndakujane imbere y’Umwana wanje. Kuko muri ico gihe co nyene niho uzoba uri maso ngo utambuka ugana intambwe ikurikira ku ngazi y’urugendo rushikana umutima wawe ku bweranda
Umugabekazi w’Ubukiriro.

Hazoba ingazi zitandukanye mw’Iparadizo Rishasha ry’ibihugu 12. Hasi hazoba hari imiji n’imitumba yose ikora mu mahoro, mu rukundo no mu kanyamuneza no mu mahirwe. Nta numwe azoba akenye ikintu ico ari co cose.  Nzoba ndi Umwami wabo , Shebuja wabo kandi nzobarongora bunze ubumwe nanje. 

Hazoba kandi ibindi bibanza vyo hejuru. Abari ngaho nibo bazotunganiriza ibihugu vyose mu bumwe hakurikijwe Inyigisho zanje, kandi abantu bose bazonywana mu bugenzi no mu mubano mwiza hagati yabo ; mbere n’ibikoko vyo kw’isi bikuru na bitoyi. Bose bazobaho mu gufungura ku giti c’Ubuzima. Nta numwe azobura ico afungura.

Hazoba kandi Intwaro y’ivyo bihugu. Ababirongoye bazokwitwararika ko vyose bikorwa hakurikijwe inyigisho zanje. Uburongozi bw’ibihugu vyanje buzotunganywa n’aberanda banje n’Abatumwa banje. Ibi bizokomeza gutyo gushika ku mpera ca gihe hazoba ukuzuka kwa kabiri kw’abapfuye ngo habe urugamba rwa nyuma.

Shetani izosubira kurekurwa hamwe n’ibidayimoni vyayo, akanya gatoyi. Niho rero ububisha bwose buzoca busenyagurwa. Ikigongwe canje kizoca rero gisaga Isi mw”ijuru Rishasha n’Isi Nshasha bikoranye. Niho rero vyose bizoca bimenyekana kuko muri ico gihe Igitangaza c’Imana kizogaragara kuri bose mu buninahazwa no mu bwiza bwayo bwose.

 Yezu wanyu

 

Ekleziya Izogeragezwa bidasanzwe! (Ikatekisimu y’Ekleziya Gatolika Urupapuro 675 & 677) 


Imbere yuko Kristu agaruka Ekleziya izobwirizwa guca mu mageragezwa ya nyuma azogugumiza Ukwemera kw’abaKristu benshi.  Uruhamo ruzoherekeza Urugendo Rweranda rwayo hano kw’Isi ruzomenyekanisha igitsitazi c’Ubuhakanyi mu buryo bw’Ububeshi mu bijanye n’ukwemera mu guhereza abantu inyishu y’ingorane zabo ishimikiye ku biboneka ku buryo buzotakaza abantu benshi. Ubuhakanyi bwo hejuru buzoca muri Ekleziya nyene ni ubwa ruziraKristu. Urukiza rw’ububeshi ruzokwigisha ko umuntu aninahaza uwundi aho uko yoninahaje Imana. 

Ekleziya izoshobora kwinjira mu buninahazwa bw’Isi nshasha biciye muri uku kujabuka kuzoba mu misi y’iherezo aho Izokurikira Umukama mu rupfu rwiwe n’Izuka ryiwe ngo yinjire mu bwami bwiwe, ntibizoca mu guhindagura inyigisho z’Imana biciye mu gushurashura n’ab’isi n’ayandi madini ariko kubw’Intsinzi y’Imana Nzima ku bugizi bwa nabi buzoba bwigize ndanse muri ico gihe niho rero Umugeni w’Umwagazi Uzomanuka ava mw’Ijuru. Intsinzi y’Umukama izogaragarira ku rubanza rwa nyuma inyuma yuko isi ya kera izoba itakiriho.

 

Umwepiskopi Mukuru FULTON SHEEN (1948)
Shetani izoremantanya ekleziya y’umukeba izoba umwansi W’Ekleziya Katolika....Iryo dini rishasha rizoba rimeze muri vyose nk’Ekleziya y’Ukuri ariko izoba ikoresha n’imigirwa y’igihushane igihushane c’Ijambo ry’Imana mu vyo izokora vyose no mu nyigisho zayo. Umuhanuzi w’ibinyoma azoba afise idini ritagira umusalaba. Idini ritagira Ubuzima buzokurikira. Azoba afise Idini ryo gusenyura ayandi madini yose. Hazoba Idini ry’umukeba(ry’EKleziya katolika. Ekleziya y’Ukuri ya Kristu izoba ari imwe. Iyo Ekleziya y’ikinyoma izoba ishimikiye ku majambo gusa,ishimikiye kugushira hamwe amadini kandi ikwiye kw’isi yose. Izoba ikoraniro ry’amashengero nka yose. Izoba igaragara kuko ata kintu na kimwe gihuye n’Ijambo ry’imana izogira ikazoba ari umubiri uhumanye wa ruzirakristu. Umubiri Mweranda wa Kristu hano kw’isi uzogira Yuda Eskarioti wawo uwo nawe akazoba umuhanuzi w’ibinyoma. Shetani izomutora mu bepiskopi bacu.

Ruzirakristu ntazokwitwa ruzirakristu ahandi ho ntiyoronka abagendanyi. Ntazokwyiyambika ibihuzu bitukura, kandi ntazoyorwa umwotsi n’umucanwa canke ngo agire umurizo nk’amashetani. Ukwo kwihisha inyuma y’umuntu nk’abandi nivyo bifasha shetani gutuma abantu biyumvira ko itanabaho. Igihe ata muntu azomuca n’urwere, niho azoshobora kwifatira abantu benshi mu gahanga.Imana yaravuze iti :Jewe ndi Uwo Ndi nayo shetani irivuga ngo: jewe ndi uwo ntari.

 

Mugiye kuzobaho Ukubambwa kwanje mu ntabwe zose mwebwe mwese mukunda Imana gushika ku musi wa nyuma

                     (Ubutumwa bwatanzwe na Maria w’Ikigongwe c’Imana, Igenekerezo rya 4 Munyonyo, Umwaka w’i 2012)

Mwananje Nkunda cane, ntihagire umuntu n’umwe yiyumvira ko ashobora kuguma ari maso mu kwemera kwiwe mu gihe atigera aca mu bigeragezo. Hari ibifashi vyinshi biri aho ngo bibere intambamyi ukwemera Imana kwawe ku buryo abo bo nyene badahengeshanya kugira umwete mu gisabisho ari bo basa bashobora kugumya urubeya rw’Urukundo rw’Imana mu mitima yabo.

 Ibarabara rishikana mu Bwami Bwanje Bwamaho ryuzuye amabuye akarishe n’iyindi mitego ntarinze kuvuga. Ni nkuko woba uriko uragenda ibirenge bisa ata birato wambaye ibirometero n’ibirometero uziburwa n’amabuye, ubabara mu birenge aho uzogerageza kuguma ushira mwo inguvu ku ntambwe yose ugeze ko. Ngiki igituma imitima myinshi usanga yaguye ku mpande z’ibarabara kubera ko urugendo rugoye cane. 

Niwankurikira urugendo rwawe ruzokwama rukuruhisha. Ntibizokwigera vyoroha gushika uvuze uti: Yezu niwakire ububabare bwanje, Nkiza kandi Unyakire umusalaba wanje. Aho ho nyene niho uzosanga bikworohera gukurikira Inzira Yanje ishikana mu Bwami Bwanje Buhimbaye. Mugiye kuzobaho Ukubambwa kwanje mu ntabwe zose mwebwe mwese mukunda Imana gushika ku musi wa nyuma.

Mu nzira ijana ku maza yanje ya kabiri, AbaKristu nabo bose bakunda Data Imana Isumba vyose bazobwirizwa kubababara menshi mu magorwa naciye mwo aho nabitangira.Vyose bizotangurira ku vyagirizi bivuga ko Imana Itabaho. Baranyagirije ngo sindi Umwana w’Imana, ubu naho Mana DataYamaho niwe ubwiwe bazokwihakana. Abo bose bemera Imana bazokubitwa kandi bahamwe, kuko hazoshigwaho amategeko ya gipagani. Ariko abantu benshi batazi Inzira z’Imana ntibazohinyura ubwo bugome kuko bizobasanga bariko bariruka inyuma y’ivy’isi n’ibiryohera imibiri yabo. Ivyo bizokurikirwa n’ibihano bizohabwa abo bose bazohirahira bakagaragaza Ukwemera bafitiye Imana Imwe nsa y’Ukuri. Ntibazobihanganira na gato ahubwo bazobwirizwa kwihisha kugira ngo bahe icubahiro Data.  Inkuka ya Misa ya buri musi, izohagarikwa nkuko vyari vyaramenyeshejwe mu vyahishuriwe(Raba Daniel 12) kuko umuhanuzi w’ibinyoma azotangaza yuko uburyo bushasha bw’imisa bubwirizwa gutangura ngo uburyo bwa kera bwo kugira imisa ntibuzoba bukirekuwe

Ko ndimwo wese muri Ukaristiya Ntagatifu bizohakanwa gushika naho Imfungurwa y’Ubuzima Itazoba ikigaburirwa abana b’Imana. Niho rero Ukuboko kw’Imana kuzogwa kuri abo banyabwishime bazoba bagira ngo bariko baravuga kw’Izina ry’Imana. Ukwiyegurira Igikoko kwabo bagira ngo bavugira Imana naho shwi kuzotakaza benshi nabo abo bose bazokurikira iyo nzira ikaba ata handi izobajana atari mu gasho k’umwijima.

Amacakubiri azokomeza gushika naho abana b’Imana bose bazobwirizwa gutora kwitandukanya n’abo bangushi. Bazotegera ko babwirizwa gutora hagati y’amanyanga y’umuhanuzi w’ibinyoma azovuga ko atangaza ivyo vyose kw’Izina ry”Imana n’ugukurikira Ukuri. Ntuze wigere wibaza ko ukomeye bikwiye ku buryo uzoshobora kurinda inguvu z’abo bapadiri ba Sekibi bazoba bavugira Igisizimwe. Bazohuvya imitima myinshi.

Utantakambiye ngo ndakugwaneko uzosanga na wewe nyene waguye uce utangura guha umugongo Inyigisho Zanje.Nimwikangure imbere yuko ibi bihe bishika. Mpamagara imisi yose unsabe kukuba hafi.

Yezu Wanyu.


"Mwananje, urubanza rw’Ekleziya y’Umwana Wanje ikiri ku rugendo ngaha kw’isi rwaramaze gutangura. Ubutumwa Bwatanzwe na Mana Data: Nkuko Umwana Wanje yabambwe ku Musalaba niko n”ekleziya Yiwe ikiri ku rugendo ngaha kw’isi izobambwa ku musalaba. Igenekerezo rya 2 Myandagaro, 2012


Ugukubitwa n’ugutotezwa kugiye gutangura. Nkuko Umwana Wanje Yabambwe ku Musalaba niko N’Ekleziya Yiwe ikiri ku rugendo ngaha kw’isi izobwirizwa guca ku musalaba. Urubanza rwayo ruriko ruracibwa ubu nyene. Umwana Wanje Yarungitswe gukiza abantu. Urupfu rwiwe rwo ku musalaba naho bwari ubwicanyi buteye ubwoba cane Naraburekuye ngo buranguke nk’uburyo bwo kuronsa abana banje kazoza. Umubiri w’Umwana Wanje Wahindutse Ekleziya Yiwe yo kw’isi. Abasaseredoti biwe n’abandi bakozi biwe bihebeye Imana bafashe ikibanza c’abatumwa biwe.

Ubu naho mu gihe ariko aragaruka kurokora ubwoko bw’abantu Yongere akize abana banje bose Nkunda cane gutyo baberwe no kwinjira mw’Iparadizo yanje, kahise kazokwisubiramwo. Umwana Wanje Yatangaje Ukuri araheza akoranya abantu benshi bakurikiye Inyigisho Ziwe ata gukekereza mu mitima yabo. Hanyuma murazi yuko yagurishijwe nabo bari bamwegereye kandi bamwishimiye banagendana nawe.

 

Ekleziya Yiwe, Ekleziya Gatolika nayo nyene yagurishirijwe mu marembo n’amugamo yayo ubwayo. Ivyo vyazanywe n’ukugeragezwa na Shetani bituma ikibi giteye ubwoba ciyamamaza mu batumye Igandagurwa bunyamaswa ry’Umwana Wanje. Uno musi mw’Ekleziya Yiwe haraciye igihe iri gandagurwa ritanguye. Nkuko vyari bimeze ku Mwana Wanje abigishwa biwe bari basanzwe bamukurikira baramuhevye. Niho rero hatangura urubanza aho Umwana wanje bamwagiriza ko yigisha abantu inyigisho zitari zo.  Uko niko rero n’Ekleziya y’Umwana Wanje ikiri ku rugendo ngaha kw’Isi yazize ivyo nyene.


Kubw’abagendanyi b’Ingeso mbi bari mu bakuru b’Ekleziya bakoze ibicumuro vy’icese vyababaje abantu, abaKristu batari bake bari abana beza baravuye mw’Ekleziya. Kubera ivyo barahemukiye n’Umwana wanje nyene baranebagura n’Inyigisho ziwe. Urubanza rw’Ekleziya y’Umwana Wanje ikiri kur urugendo ngaha kw’isi rwatumye abapadiri biwe baceceka iyo hageze kuvugira Inyigisho Z’Umwana Wanje. Ngo batinya ko abo batemera Umwana Wanje bari muri bo bohava bababona nabi.

Ekleziya y’Umwana Wanje ubu iri mu rubanza rutari rwigere ruboneka gushika uno musi kuva aho Umwana wanje Nyagukundwa abambiwe ku Musalaba. Ekleziya Yiwe iriko irashinyagurizwa ata mpuhwe bitavuye gusa ku bansi bayo bo hanze ariko mbere bivuye ku bansi bayo bari imbere muri yo. Urugori rw’amahwa rugiye gushirwa ku mutwe w’Ekleziya y’Umwana Wanje kandi bake mu bigishwa biwe bo nyene nibo bazomuguma hafi. Nkuko abatumwa b’Umwana Wanje havuyemwo Yohani bamutaye mu gihe c’urubanza rwiwe n’ukugandagurwa kwiwe niko n’abo bansi biwe bari mu bibanza bikomeye Ivatikano bazokwigira bagasiga Icariho canje we nyene. Umupapa arongoye Ekleziya Gatolika azobwirizwa kumaramazwa mu gukurwa mu kibanza ciwe naho ata kosa na rimwe azoba yakoze.


Naho azokubitwa, agashinyagurizwa ku buryo bazomugira ikimaramare ntazoba ariwe vy’ukuri iri shavu ryabo rizoba rirondera. Ni Ukuri Kw’Ekleziya, Ukuri kw’Ekleziya y’Abakristu Yatanguye kubera ukwitanga kw’Umwana Wanje ari nawe urwanko rwose rugenda rugana. Ubukristu buzokubitwa gushika naho bucika mwo kubiri mu bihugu vyose mu kibanza cose co gusengera mwo gushika naho businzikara mu kuruhishwa. Nkuko Ekleziya izoremekwa umusalaba ngo iwikorere igana mu nzira y’Ikaruvariyo nkuko Umwana wanje ubwiwe yahacishijwe bazoyiboha n’imigozi ngo ntishobore n’ugukacira ngo yivane muri ayo makuba. Kuva ubwo rero mu gihe izoduga uwo musozi izoterwa amabuye, bikokomora bayicira ko bongere bayishinyagurize muri urwo rugendo rwose uko itera iduga umusozi gushika hejuru. Niho rero izoca ibambwa ku musalaba.

Nta mbabazi izogirirwa nabo bagiriza Ekleziya kubera ibicumuro abantu bayo bakoreye inzirakarengane aho bazokwambika ibara umutwe w’Ekleziya Yanje, Umwana Wanje.
Bazomwagiriza we nyene ubwiwe kubera ibicumuro vyakozwe n’abandi bitumwe n’ibigeragezo vya Shetani. Bamaze kubamba Ekleziya y’Umwana Wanje ku musalaba bazorungika amajana y’abarinzi, kurya barungitse abarinzi amajana atandatu bahagaze ku kaluvariyo ngo ntihagire n’igihimba na kimwe c’umubiri wiwe gisigara kidasinzikaye. Nta musuku wiwe n’umwe wo mw’Ekleziya yiwe atangaza Ijambo ryiwe n’ubukuru bwiwe azosigara bazokundira ko abaca mu myanya y’intoke. Ekleziya rero imaze kubambwa bazokora uko bashoboye ngo bayime Infungurwa y’ubuzima n’amazi nyene bayicishe n’inzara n’inyota.


Abigishwa bayo bose nkuko vyari bimeze ku batumwa b’Umwana Wanje ntibazoboneka hafi.  Bazoja bose kwinyegeza batinya kugirirwa nabi.
Mu kizoba gisusa n’uko yoba igiye gusandaba bose bazoceceka gushika naho hatangura kwumvikana amashi n’impundu yabo bazoba babamvye Ekleziya bisamirana kw’isi yose n’Inyigisho z’ibinyoma. Ijwi ry’umurongozi mushasha w’Ekleziya, umwangushi, umuhanuzi w’ibinyoma rizosamirana. Bose bazokwikubita hasi banshimira jewe Imana y’Icubahiro bavuga bati ashi. Kuko ibi bizomera nkuko kwoba ari akaryo ko gusubiza vyose itoto. Ni muri ico gihe Umwana wanje atazoba akirangwa ku ma alatri y’ISengero kuko ivyo ntivyoshoboka. Niho rero Ukuboko kwanje kuzorekura amahano akisuka kuri iyi si. Aha niho Urugamba rw’Armageddoni ruzotangurira. Iki nico ca gihe nzoza mu Mwana Wanje ngo Nkize imitima. Ntimukanjanjwe kuri ubu buhanuzi. Ntimukinyegeze inyuma y’ivyo mwemererwa n’umuhanuzi w’ibinyoma kuko Ndabibabwiye uyu musi ubwirizwa gushika.

Ukubambwa kw’Ekleziya y’Umwana Wanje kubwirizwa gushika kubera Isezerano Rya Nyuma. Niho rero hazokurikira izuka ry’Ekleziya mu buninahazwa, Yeruzalemu Nshasha, amosozi yose azohanagurwa, amagorwa yose azohozwa gutyo Igihe gishasha kibone gutangura. Nimwizere Umwana wanje ibihe vyose. Ntimukigere mutinya na gato kuko ndi So Wanyu vyongeye Nzoza kunagura isi Ndayigire nshasha Nkoranirize hamwe abana banje bose muri iki gitangaro ca nyuma cari caramenyeshejwe mu gitabo ca Danieli

Igitabu c’Ukuri kiriko kirabahishurirwa nkuko vyari vyaramenyeshejwe. Ntimukanyankire ko ndabakiza Jewe Imana yanyu kuko Mvuga Ukuri.

 

==================================================

Igitigiri 666 kizoshirwa mu kidodo kizotegekwa guhabwa abantu ba hano kw’isi kandi bakazohimirizwa kugihabwa nkuko yoba ari urucandago.(Ubutumwa bwatanzwe na Maria w’Ikigongwe c’Imana, ku wa Gatanu Ruheshi Igenekerezo rya 1, umwaka 2012 @ 20:15

Mwananje Nkunda cane, ruziraKristu ariko arategura ashimitse indinganizo y’amahoro azobazanira vuba cane inyuma yaho ingwano zizoba zakwiragiye hose mu Kigobe c’abarabu no mu gihe imibabaro n’amagorwa bizosigura ko ata kimenyetso c’umwizero basigaranye. Niho rero azokwiyadukiza bukwi na bukwi akimenyesha isi yose nk’Umugabo w’amahoro, incabwenge idasanzwe izoba ije kubakura mu mwijima barimwo.

Amaze kwiyerekana azokomeza kubonwa nk’umunyapolitike akomeye asumvya ubuhinga abandi bose.

Azoba ari umugabo asa neza kandi yihishije inyuma y’umwitwarariko w’abababaye ivyo navyo bikaba bizotuma abantu batari bake baja narwo bakibaza ko ari umuntu mwiza. Azokwitwaza urukundo n’imbabazi vyongeye azobonwa nk’umukristu.Uko umwanya uhaca niko azokwakura abigishwa benshi bazomukurikira kandi bakazoguma bongerekana mu gitigiri ku buryo azoba nka Nje, Umukiza. Azobonwa nk’uwuje kwungira ubumwe amakungu kandi azokundwa hafi mu bihugu vyose vyo kw’isi. Vyongeye azoboneka nk’uwufise inguvu nsumbabwenge. Benshi bazokwibaza ko yoba yarungitswe na Mana Data, mbere ngo ko yoba ari Jewe nyene ubwanje, Yezu Kristu, Umukiza w’abantu.

Bazomusenga rero, bamukunde, batange ubuzima bamwihebere ariko we azokwitwengera, abasuzugura mu gihe batazoba bamubona. Iki kizoba igitsitazo kitari bwigere kiboneka kuva isi iremwe kandi integuro ikaba ariyo kwiba imitima yanyu, kubatwara kure yanje afatanije n’umuhanuzi w’ibinyoma azokwicara nk’umwami mu Ntebe ya Petero agakora mu mpisho ngo atanguze idini rimwe ry’isi yunze ubumwe. Iyi dini ikaba izoboneka nk’uko yoba ari idini ya gikiristu irondera guteza imbere urukundo mu bantu. Ico mwomenya ariko ni uko itazoteza imbere urukundo mufitaniye nkuko Imana ibishaka. Iryo dini rizoteza imbere urukundo n’ubuyoboke bwo kuri ruziraKristu n’urukundo rw’ukwirondera.

Ubu bugarariji ntibuzohagarara ngaha gusa kuko mu gihe bazoba bamaze kuresharesha abana b’Imana bayikurako, bazoca batangura kubagwanya. Bukwi na bukwi, bose bazoca basabwa kwemera ikimenyetso c’ubuyoboke n’ubugamburutsi c’isi imwe. Iyo izoba ari isi yunze ubumwe abantu bose bazobwirizwa kujamwo. Kizogenzura amahera yawe, kizotanga uburenganzira bwo gushikira ivyo mufungura n’ukugenzura ingene mubayeho.

Amategeko menshi azotangwa bisigura ko muzocika abaja. Ico kimenyetso rero ucemeye uzoba wemeye urufunguruzo rukujana mu gasho, ngo uze ugume mu buja bwabo, ico naco kikaba ari ikimenyetso c’Igisizimwe.Igitigiri 666 kizoshirwa mw’ikashe izotegekwa guhabwa abantu ba hano kw’isi kandi bakazohimirizwa kuyihabwa nkuko yoba ari incandago.

Umaze kwemera ico kidodo cabo kizokuroga umutima, ubwenge n’ugushaka be n’umubiri wawe nyene. Ico gikashe kizoba kirimwo n’ubumara buzoba bufise umugera uzotuma haba ingwara y’icaduka izokukumba igice kitari gito c’abantu baba kw’isi. 

Ntuzohirahire ngo wemere ico kimenyetso. Ahubwo nzokwigisha ico ukwiye gukora. Benshi bazokwemera ico kimenyetso kuko bazohahamuka bakiyumvamwo nk’inyakamwe zitagira ikizitabara.

Ikimenyetso c’Igikumu c’Imana Nzima, Igisabisho c’Ingabo za Kristu(33) niwo murongo ugushikana ku buzima. Niwaronka Igikumu canje co kugukingira umwansi, Dawe Wamaho we nyene Ubwiwe Akwiherereje, ntuzokwigera ukenera kwakira ikimenyetso ca Shetani. Nta na kimwe kizogukorako. Inzu yawe ntizokwigera iboneka, ntibazoyirondera kandi ntibazoyigana na gato kuko izoba itaboneka mu maso y’ingabo za Shetani. Uzokenera kuziganya ibifungurwa binyegejwe bizokumaza imyaka mikeyi. Uzokenera kurima imirima yawe uyirime mwo ibizogutunga kandi ubike amazi uzonywa, vyongeye ugumane ibihezagiye kumwe nawe.

Ekleziya yanje yasigaye izokomera kandi izogwira kandi ikwire hose vyongeye muzohabwa uburaro nivyaba ngombwa ko biba uko. Birakenewe ko haba imyiteguro myinshi muri iki gihe.

Abaguma bitwengera ivyo uriko urakora canke bakavuga ngo emwe ngo Yezu jewe ndazi ko atogira ikintu kimeze nk’iki! Yezu yoba adashoboye kuronsa ibifungurwa abagendanyi biwe mu bihe vy’ubukene? N’ikimanyu kimwe c’umukate canke ifi imwe vyoshobora kugwizwa. None rero ntibibwirizwa kuguhagarika umutima ngo nuko ufise ibifungurwa bikeyi kuko nzogukingira kandi ntaco uzokwinonana.


Nimusabire cane iyo mitima itazoshobora kwanka ico kimenyetso ca Shetani. Imitima yama yiyejeje ikagumana inema yeza izokingirwa mu gihe bazoyihatira kwakira ikimenyetso ca Shetani. Abasigaye muri mwebwe murabwirizwa gutegura gukingira imiryango yanyu no kubandanya Musangirana icubahiro Ukaristiya Nyeranda mu kwumva Misa.

Igihe ruziraKristu azoba yagotomeye amadini yose, ikirwanisho kizomukomesha kandi atazoshobora gutsinda izoguma ari Inkuka Nyeranda ya Misa na Transubstantiation ari nakwo guhinduka kw’umukate n’umuvinyu bihinduka Umubiri n’Amaraso Yanje muri UkaristiyaNtagatifu. Inkuka za Misa zirabwirizwa kubandanya. Ababizi muri mwebwe murasabwe gukoranira hamwe ngo mutangure kwitegura. Nimwatangura vuba bizobafasha kuronka inema mukeneye  ngo mugwire kw’isi yose kandi mutangure imyiteguro.

 

Ibuye rizoshingwa vuba cane ry’inyubakwa bazovuga ngo n’ingoro yanje nshasha ariko ntibizoba arivyo.

Ariko uruhamo rumaze kurangira Ekleziya yanje yasigaye n’abatowe bose bazosubira kunyubakira Ingoro yanje y’Iyeruzaremu hanyuma Yeruzaremu Yanje Nshasha ice imanuka iva mw’ijuru. Izomanuka mu buninahazwa. Inzamba zizokwumvikana mw’Ijuru no kw’Isi zivugira rimwe. Niho rero nzoca nza.

Wewe Mwananje uzonsanganira ndiko ndaza kandi benshi bazokwikubita hasi bakorora amosozi y’akanyamuneza n’urukundo bariko barabonekerwa nanje. Kuko umwanya barindiriye kuva kera ugiye washika. Ikirerere kizosagwa n’umuco, inkuba izoravya nayo inteko z’abaririmvyi b’abamalayika bazoshira mu gahogo bashemeze Imana ngo bifatanye n’abana b’Imana bose bazoba baramutse baha ikaze Umukiza wabo.

Jewe, Yezu Kristu, nzoza gucira urubanza isi. Ijuru n’isi navyo bizohinduka ikintu kimwe. Umwakaka mushasha w’ubuninahazwa, isi nshasha izoseruka nayo Iparadizo Rishasha rizoba intoranwa yabo bose amazina yabo yanditswe mu Gitabo c’Ubuzima bakazoca bakorana babe umwe.

None rero mu gihe isi ya kera yatosekajwe n’igicumuro izoba yarangiye, igihe gishasha kizoba gitanguye. Ngibi ivyo mubwirizwa guharanira. Ngiyi intoranwa yanyu mwagenewe ngibi ivyo mufitiye uburenganzira nk’intoranwa mwari mwararemewe kuva mu ntango.
Nimurondere gukiza imitima yanyu gusa. Nico gituma mubwirizwa kwiyobagiza intambamyi zose ziri imbere yanyu; uruhamo, imibabaro n’ ubumara bw’akabi mu korerwa n’abandi. Igikuru muri vyose mumenye ko ari ugukiza imitima.