Messages 7

08/10/2017 15:31

Akamaro k’igisabisho n’uruhara gifise mu gucuresha amagorwa yo kuri iyi si

 

Mwananje Nkunda cane, niwirabire ukuntu ukwemera kw’abana banje gutangura gukura no gushurika. Naho hari umwijima mwinshi kw’isi umuco ukwizwa hose n’abankurikira uguma usayangana kuruta uko bukeye uko bwije kubera urubeya rwa Mutima Mweranda yamanukiye kw’isi nzima.

Uno musi mwananje, ndipfuza kwibutsa abagendanyi banje bose akamaro k’igisabisho n’uruhara gifise mu gucuresha amagorwa yo kuri iyi si. Ibisabisho vyanyu birafasha kugwanya ibitero vyinshi vyari vyarabuwe ko vyobaye kw’isi yose. Igisabisho nibwo buryo bukomeye cane bwo gutsinda inabi yose vyongeye iyo ugiherereje uwundi muntu ndakwemereye ko kizokwishurwa. Naho rero wumva ndyoherwa mu kubona abo bafise ukwemera nyakwo, ndacafitiye ubwoba abo baguma binuba umuco w’Ubumana Bwanje, Ukuri.

Abantu beshi ubu barayerera kw’isi yose nk’abadafise ico bakora. Nta na kimwe kibazanira amahoro babona.Nta na kimwe kibazanira akanyamuneza. Nta butunzi na bumwe uko bwoba bungana kwose bubazanira akoyokwe. Imitima yabo iragaragara kandi yaratakaye. Ndabasavye ngo mubasabire. Mwananje, ndakwinginze ngo usabire Icariho canje, Papa Benidicto kuko hari inguvu z’aba maso ziguma zikora uko zishoboye kwose ngo zimukure ku ntebe ya Petero, izo nguvu za Sekibi zatanguye kwinjira muri Ekleziya yanje kuva igihe ca rya Koraniro ya nama ya Vatikano ya kabiri bakaba baramaze gutoba Inyigisho zanje.

Amategeko menshi yaratowe aramezwa kandi ababaza Umutima Wanje cane cane uburyo basangiza iyo bariko baratanga Ukaristiya yanje Ntagatifu bakarekurira abalayike gusangiza. Indero nke banyereka Jewe na Dawe Yamaho muri ayo mategeko bemeje ngo borohereze isi ya none vyatumye mbabara cane gushika naho nkorora amasozi y’akababaro.


Ukaristiya Nyeranda rwose ibwirizwa kwakirwa ku rurimi apana mu minwe yuzuye ibicumuro.

Ariko nkuko ubizi ibi nivyo nyene abasaseredoti banje bakoze. Aya mategeko ntiyatanzwe hakurikijwe Ugushaka kwanje. Abihebibey’Imana barahenzwe bajana inzira itigeze ihabwa Abatumwa banje.Uno musi amasakaramentu yanje ntafatwa nka nkama cane cane abo barondera guhabwa Isakaramentu ry’Ukwubaka Rukristu n’Ikomuniyo ya mbere.

Indahiro y’Amasezerano y’Ukwubaka Rukristu irahambaye cane. Mumenye ko ari Isakaramentu rigirigwa imbere ya Mana Data, ariko kuri benshi ni akaryo ko kuryoherwa mu vy’umubiri n’ibindi vyo hanze bijanye n’ibisharizo vy’urwo rubanza. Benshi mu bahabwa iryo Sakaramentu ry’Abubatse RuKristu ntibigera bamenya ico bisigura n’ico bimaze. Benshi baca bahemuka ku vyo biyemeje ata n’akanya kahaciye. Benshi barampemukira.None ivyo babigirira iki? Ni kubera iki bemera ku munwa aya majambo y’iri sakaramentu Ryeranda rwose ry’ubumwe bw’abubatse bagaca bihuta kubivamwo ?

Aka ni agasuzuguro k’Isakaramentu ry'icubahiro c’agatangaza Riba Ryahezagiwe n’Ukuboko kwa Mana Data, Imana Yamaho. Benshi ntibanashaka no kumenya ico Data Abashakako ko ata muntu numwe ashobora gutandukanya ico Data Yifatanirije. Benshi rero barahukana ariko nkuko musanzwe mubizi, iyo migirwa yo kwahukana ntizwi na Mana Data, Imana Yamaho. Kwahukana ni uburyo bworoshe bwo kwirengagiza ivyo ujejwe kandi ubwirizwa kurangura. Ubugeni bwose bugirirwa mw’Ijuru. Nta muntu n’umwe ashobora gusambura urugo rw’abubatse Rukristu ngo agende atababaje Imana Data.

(Ubutumwa bwatanzwe n’Umukama Yezu Mukakaro 6, 2011 buhabwa Mariya w’Ikigongwe c’Imana)

 

==================================
Umusalaba mushasha ugiye kuzotegekwa ukazoba uriko umutwe w’igisizimwe

 

Vuba nta gihe kininiya gisigaye, impuzu zambarwa n’Abasaredoti banje zidahinduwe kandi bagiye kuzobazanira umusalaba umeze ukundi. Ubwo bubisha ntibuzoba buhagaze ku musalaba usanzwe ariko uwo musalaba uzoba ufise ikimenyetso cihishijemwo , umutwe wa ya Nzoka.

Ndabasavye ngo mubike imisalaba yanje myeranda muyibike muhira iwanyu kumwe n’amazi ahezagiye. Ndabibukije mwese ngo mugume mwibuka ukuri kw’ivyo nabigishije.

Mwananje, Ubukuru Bwanje ntibuzokwigera bufudika kandi nk’umuco uca mu gipfungu uzokwama uboneka naho uzomenga babugabanije ku buryo kazosigara kameze nk’agasase gatoyi.

Isi niyasubira guhinduka, nkuko umwuka w’ububisha ukomeza uzana amacakubiri, umuco w’Imana wo musa niwo uzobamurikira. Ububasha bwanje buzotabara abo bose bazoza bangana kuko sinzokwigera ndabaheba cane cane mu bihe vy’amayoberane. Nta kindi kizobaremesha atari Ukuri mu gihe urukundo rwa benshi ruzotimba nkuko bigaragara uno musi muri si aho imitima y’abantu beshi iguma ikomantara nk’amabuye.

Ukuri kuri muri Bibiliya Ntagatifu. Niyo Mfungurwa ishobora kubeshaho zina kiremwa muntu ubu no muri kazoza nyene. Vuba cane bizoba bitagishoboka kugura Bibiliya kuko ibihugu vyinshi bizosohora amategeko abuza gusohora ibitabo bishasha bivuga Ijambo ry’Imana cane cane Iburaya.

Ikete ririko rirandikwa ubu ngo babimenyeshe abo bose bari mu butumwa bw’Ekleziya Gatolika Vuba cane abasaseredoti banje bazomenyeshwa ibijanye nayo mahindagurika bakazonababwira ko ngo bigizwe ku neza y’Ekleziya.

Ayo mategeko mashasha azohindagura ibisabisho bivugwa mu Nkuka Nyeranda y’Imisa  mu buryo buzosa nuko bwoba ata ngorane buteye. Benshi ntibazobona ingaruka ivyo bintu bigira ku Nkuka y’Imisa ariko bizoba bijanye n’Ukaristiya Nyeranda n’Uko mba Ndimwo Wese. Ijambo “icibutso”rizokoreshwa  kandi amasengero yose azonyagwa ibikoresho vy’Inzahabu n’ubundi butunzi bw’agaciro bakoresha mw’Isengero.Bazobatwara ivyo bikoresho vy’agaciro harimwo n’amatabernakulo y’inzahabu. Ivyo nimwabona bishitse muze mumenye ko bariko babitwara ngo babikoreshe muri rya Dini rishasha ry’Isi yunze ubumwe. 

Amasengero bazoyasanura ibibambazi kandi ibi bizojana n’uguhumanya ama Altari Yanje. The Igikoresho gifata Ukaristiya Nyeranda kizotangura kuba kitakiboneka  nayo imisi y’ukubona Hostiya y”ubukiriro aho abaKristu baza kunshengerera ntizoba ikivugwa. Niwigire sindabibazwa imbere y’Iri Jambo ryanje ndabashikiriza ubu hanyuma uzorira amosozi y’umubabaro niwabona ibi bintu bishitse. Ivyo nivyashika ntibazoteba guhindura ivyambarwa abasaserdoti bambara kandi Vuba nta gihe kininiya gisigaye, impuzu zambarwa n’Abasaredoti banje zidahinduwe kandi bagiye kuzobazanira umusalaba umeze ukundi. Ubwo bubisha ntibuzoba buhagaze ku musalba usanzwe ariko uwo musalaba uzoba ufise ikimenyetso cihishijemwo, umutwe wa ya Nzoka. Ndabasavye ngo mubike imisalaba yanje myeranda muyibike muhira iwanyu kumwe n’amazi ahezagiye. Ndabibukije mwese ngo mugume mwibuka ukuri kw’ivyo nabigishije.

Hanyuma nshaka ko mushira Umwizero wanyu wose muri Jewe. Ntimuze mwigere mwibaza ko norota ndabaheba ngo muhave mutwagwa na sekibi. Ahubwe Nzokwama nd kumwe namwe igihe cose.  Vyongeye Nzosukira inema zidasanzwe ku mitwe y’abasaseredoti banje Nkunda cane ngo bagume bunze ubumwe n’Umushasha wanje Mweranda Rwose igihe cose. Nimugume hafi yanje kandi mmuje hamwe mwunge ubumwe hagati yanyu. Ni muremeshanye kuko mu bihe vyimirije mubwirizwa kwama mukundana gusumba uko vyari imbere. Ndi umuryango wanyu. Muri abanje. Tuzoguma twunze ubumwe gushika igihe amatrompete azovuga ijwi rigasemerera ko ngiye kwihishura ngaragare mu Maza yanje ya Kabiri. Niho rero muzokwiyumva mwo akanyamuneza n’Amahoro nabemereye. Gutyo amagorwa yose azohera.

Yezu Wanyu

 

Mugabekazi w’Ubukiriro: Igihe canje co gusavya Umutwe Inzoka kiriko kiregereza


Ku wa kabiri, Ndamukiza Igenekerezo ry’10, 2012 @ 20:45
Ni Jewe Mama wanyu mukunda cane, Umugabekazi w’isi yose.Ni Jewe uwasamwe ata gicumuro, Bikira Mariya, Nyina wa Yezu yaje mu mubiri. Mwananje, umwanya w’intsintsi y’Umushaha wanje utatyoye uregereje.

Igihe cuko nsavya umutwe w’inzoka kiriko kiragera, gushika

 shetani n’inyosha mbi zayo bizotabwa mu nyenga, hagiye kuzoba ibinyoma vyinshi kuri iyi si.  Ku bemera Umwana Wanje kizoba igihe c’amakuba. Bazobakwegera mu mayira abiri atandukanye bigizwe n’abakuru b’Ekleziya.
Igice kimwe kizokwemera ko ari ngombwa gukurikira umuhanuzi w’ibinyoma, umupapa azokurikira Benedicto wa XVI.
Kuko nubwo we ari Igisizimwe yambaye nk’intama naho atava kwa Data Imana yo mw’ijuru , azokwegera imitima y’abacumuzi nyabworo, harimwo nabasaserdoti nyene, abepiskopi n’abakardinali .

Benshi bazomukurikira kandi bamwemere ngo yatumwe n’Imana ngo ategeke Ekleziya yiwe ya hano kw’isi. Birababaje ariko benshi bazokurikira inyigisho ziwe zizoba ari ibitutsi kuri Mana Data.

Abandi nabo bazoba buzuye Mutima Mweranda kandi bazoba barahawe inema y’inama nziza no kuzirikana bivuye ku mitima yabo yicisha bugufi bazohabwa ubwitonzi bwo kumenya ubwo nyene ko hari Umwangushi yicaye ku ntebe ya Petero I Roma.

 

Uwo mu papa Atari uw’ukuri .


Uwo mupapa atari uw’ukuri yaramaze gutangura gukwiza ibinyoma n’imbere yuko ashikira intebe ya Petero ngo agwanye inyigisho z’Umwana Wanje. Mu nyuma azontyoza nanje Nyina Mweranda w’Imana yongere atyoze n’agateka ko kuba Umugabekazi w’inema zose abakandira ku Mana nk’uwafashije Jambo mu gikorwa co gukiza isi.

Mwananje igikorwa washinzwe kizokomeza kigora kuruta kuko benshi mu bana banje barajuragirika. Ibitutsi utukwa buri musi, amagorwa ubwirizwa kurinda kubera Umwana Wanje bizokomeza vyiyongera.Ntuze wigere utinya kubwira isi ukuri mwananje.Uzoguma uronswa ubukomezi bwa Mutima Mweranda kubera ububabare bw’umubiri n’umutima wemera kubera Umwana Wanje, ngo umufashe gukiza imitima. Ntaco batazokora can cane akagwi kamwe ko mu barongozi b’Ekleziya Katolika ngo bagwanye ubutumwa bwanje ndagushikiriza.

Ubugamburutsi n’ubwira umfitiye n’urukundo ufitiye Umwana Wanje bigeye kuzopimwa ku munzane gusumvya uko vyari ubwa mbere. Ibi bishobora kuzogutuma wiyumvira gusokora ariko ndakumenyesheje ko nivyaramuka bishitse bitazomara umwanya muremure. Senga mwananje usabire abana b’Imana bose bariko barahendwa bajuragizwa n’abarongozi bagatakara bitabavuyeko muri iyi ngwano ya nyuma yo gukiza imitima. 

Ibi vyose bibwirizwa kuba kuko vyanditswe mu Gitabo ca Data. Abamalayika bose bo mw’Ijuru baragukingira muri ubu butumwa buca butuma  abagenzi bamwe bamwe wahorana bakwinuba. Ntuze wigere wibagira akamaro ko gukomeza usenga.Senga, Senga, Senga kuko ata gisabisho, cane cane Irozari Nyeranda, Shetani irashobora kugukwegakwega ikagukura kw’Ijambo Ryeranda ry’Umwana Wanje. Wongere kandi wibuke akamaro ko kwisonzesha kuko kwisonzesha bishiburira Umwangushi kure yawe rwose bigatuma atakaza imitima myinshi. AbaKristu badakomeje igisabisho co ku musi ku musi bana banje bazosanga bitazoborohera na gatoyi kuguma hafi y’Umwana wanje.

Ntimuze mwigere mutinya kazoza bana banje kuko nimwaguma mu bunywanyi bw’Umwana Wanje muzokingirwa mwongere muhabwe inema mukeneye  ngo mutegure imitima yanyu n’imitima y’imiryango yanyu ngo bashobore kwinjira mu bihe bishasha vy’amahoro vyamenyeshejwe kuva kera .

Umuvyeyi wanyu abakunda cane, umugabekazi w’isi, Nyina w’ubukiriro.

 

Ikomuniyo ya mbere


Ukuntu badategura neza abaza Kwakira umubiri wanje mu Karistiya Nyeranda ubwa mbere ni kimwe mu vyerekana ukugene Nkengerwa. Abavyeyi benshi ntibategera nka neza akamaro bimaze mu buzima iyo abana babo bageze kuri iyo ntambwe yo gusangira ku Mukate w’Ubuzima. Usanga bariko barirukanga mu biboneka uhereye ku vyambarwa baza kuba bambaye n’ukuntu baza kuba baberewe aho uko bokwitwararitse Ingabirano ntangere bagiye kuronka.

 

Iyi ngabirano niyo izobashikana ku buhirwe budahera. Ariko ivy’inyuma bikikuza ico gikorwa mumenye ko ata na kimwe vyongera ku bwiza bw’imitima yabo. Kuri Jewe ikibabaje muri ivyo vyose nuko ivyo bintu atawigera abibabwira. Urukundo mfitiye utwana dutoyi n’igitangaza. Iyo bahawe Ukaristiya Ntagatifu bafise inyigisho ubumenyi bukwiye bwo gutegera Uwo bariko barahabwa koko, imitima yabo iraheza ikezwa, igatagatifuzwa igaca yera de. Uko babandanya banyakira mu Karistiya muri ubwo buryo, ukwemera  kwabo kuzotera gukomera. Mwibuke ko ata masakaramentu, ukwemera kwanyu guca kuba ntamagara. Haheze igihe mutayahurumbira ukwemera guca kumera nk’ugusinziriye. Ukwemera kwose uwo muntu yari afise muri Jewe no mu Mana Data  Yamaho  guca kunyika uko umwanya uhaciye ugasanga hasigaye akavunguvungu gatoyi isase kavyuka rimwe rimwe gusa. Garuka kuri Jewe mu masakaramentu. Niwerekane icubahiro umfitiye mu masakaramentu nkuko utegerezwa niho uzosubira kwumva uri kumwe nanje. Wibuke ko hari imvo ayo masakaramentu ahari iyo nayo ikaba ari uko ari yo mfunguro ukeneye ngo ugire Ingoga yo kwinjira mu buzima budahera bw’Umutima wawe. Wirengagije amasakaramentu, umutima wawe uzopfa.

Ndabakunda mwese. Ndabasavye ngo mungwe munda uko bikwiye mu gusonera amasakaramentu mwahawe nk’ingabirano ivuye ku Mana Data Mushoboravyose.

Umukiza wanyu abakunda cane,

Umwami w’abantu bose, Yezu Kristu

 

Umugabekazi w’Ubukiriro: Amasozi y’umubabaro aracuncubuka ava mu maso yanje kubera abasaseredoti banje bo muri Ekleziya Gatolika bababaye cane muri iki gihe

Rusama 10, 2012

Mwananje, Umwana Wanje Yezu Kristu ariko Arategura muri iki gihe kurokora abana b’Imana benshi bashoboka imbere yuko Iburirwa rigera. Kuko Inyuma y’iryo burirwa nta kanya kanini kazoba kagisigaye imbere yuko Umwana Wanje agaruka mu buninahazwa. Amasozi y’umubabaro aracuncubuka ava mu maso yanje kubera abasaseredoti banje bo muri Ekleziya Gatolika bababaye cane muri iki gihe.

Aba basuku b’inzirakarengane, bajuragirizwa, batabona iyo bava n’iyo baja bariko barategwa batiteguye  bakagwa mu kamashu badashobora kwikuramwo bo nyene ubwabo. Kubera ibicumuro vy’abandi barategwa intuntu ivuye kukubona ukuntu ubugamburutsi n’icubahiro cabwirizwa guherezwa Umwana Wanje bikomeza binebagurwa. Ayo macakubiri yatewe n’imigwi y’abasenga shetani bita abamasonike kandi bakaba babigira n’ibigirankana. Ibicumuro vyabo bagirizwa ivyaha vyakorewe inzirakarengane biriko birakoreshwa nk’inyendamuvano  yo guhindagura Amategeko Ngenderwako y’Ekleziya. Benshi bariko barahendwa bakajana nyabahuru kubera kugamburuka nk’intama ngo nuko babitegetswemwo n’ababakurira.

Ese ukuntu bimbabaza cane iyo mbonye ibibambazi vy’Ekleziya Gatolika bisenyagurwa, itafari kw’itafari mu nzira y’ukwubaka Idini rishasha. Iri Dini Rishasha rigiye kuzokwibonekeza vuba ntirizoba ryemewe n’Umwana Wanje.  Ahubwo rizokura Inkuka Nyeranda ya Misa nawe Umwana Wanje azosubira kubabara amagorwa y’Ugusubira kubambwa ubundi busha. Inkuka y’Ubuzima bwiwe yitanze ko we nyene ubwiwe ngo aronse abantu iyi Ngabirano bazoyirengagiza bongere bamusunurire hirya.

Ikindi naco mwomenya nuko iryo Dini Rishasha ritazokwigera ryigisha abana b’Imana yuko mu Karistiya Umwana Wanje Yezu ari mwo wese Muzima . Bazoremantanya izindi nsiguro zijanye n’Ukaristiya Ntagatifu kandi kubera ico ntibazoba bagishobora guhamagara Umwana Wanje ngo amanuke aze hagati yabo. Imfungurwa y’ubuzima izobura. Abana b’Imana ntibazosangira Umubiri n’Amaraso y’Ukuri y’Umwana wanje. Imitima yabo izoca ihinduka intavyara, izogaragara rero kubera Umwana wanje atazoba ayirimwo we nyene ubwiwe hamwe n’inema atabaza abo bose bamwakira.

NI ngombwa rero ko abasaseredoti bose bokwitegura kugwanira Yezu mu Karistiya. Niyo mpamvu babwirizwa kuba intatsindwa no gusaba ubukomezi nyabwo ngo ntibaze bigere bananirwa gushikiriza abana b’Imana iyi Ngabirano Nyeranda kandi y’Icubahiro. Umwana Wanje Arakunda Ekleziya Gatolika vyongeye arazi ingene iriko irababara muri iki gihe. Arasangiye namwe umubabaro. Umushaha wanje Utatyoye uhimbaguwe mwo ibihimba bibiri, kubera ububabare ngira kuko mbwirizwa kubona iyi Ngoro y’Ubuninanahwa bw’Imana iriko irasenyagurwa n’ibigirankana. Nimusenge. Ni musenge musabe Mana Data kw’izina ry’Umwana Wiwe Akunda cane ngo yereke imbababazi ziwe abo bari mu cicaro ceranda  bagamije gusambura Ekleziya ngo bashwiragize abana b’Imana babasuke mu magorwa.

Nimuvuge iki Gisabisho c’Ingabo za Kristu (53) ngo musabire Ekleziya Gatolika

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (53) Dusabire Abasaseredoti

Mana Dawe Wacu, kw’Izina ry’Umwana Wawe Ukunda Cane, ndakwinginze ngo Ushungururire inkomezi n’Inema zikenewe ku basaseredoti bose ngo Ubafashe kuzibukira uruhamo bariko baracamwo.

Bafashe bagume bagendera mu Kuri bavoma mu Nyigisho Z’Umwana Wawe Yezu Kristu ngo ntibigere bamuhemukira na rimwe. Bafashe ntibigere badebukirwa ngo bahave bajana nyabahururu mu kwemera, ubarinde kwemera ibintazi mu bijanye n’Ikinyegezwa c’Ukaristiya Ntagatifu. 
Amen.

 

Umupapa Azokurikira Icariho Canje Benedicto wa XVI ashobora Kuba yatowe n’Indongozi zimwe ziri muri Ekleziya Gatolika ariko azoba Umuhanuzi w’Ibinyoma.

Ubutumwa mu Gitabu C’Ukuri Bwahawe Mariya w’Ikigongwe c’Imana Ku wa kane Igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2012 @ 11:27

Mwananje Mfise ku Mutima abantu benshi baracanyihakana hano kw’isi kubera ivyiyumviro vy’ibinyoma biguma bikwizwa n’abansi banje. Umwijima mwinshi cane warururukiye ku bana b’Imana ku buryo ari bake bafise ingoga zo gutangaza mw’Ishengero Ijambo Ryanje. Abemera baratinya kuvugwa nabi no gusuzugurwa igihe bohirahira bakugurura umunwa ngo bamvugire.Mbere n’abo bankunda nyene barabuze umwete wo guhaguruka ngo bagwanye amategeko mabi yasohowe mu bihugu vyabo afise umugambi wo gutyoza Ijambo Data. N’abasaseredoti nyene baraterwa isoni no guhaguruka ngo bagwanire Ukuri kw’Inyigisho Zanje batinya ko bohava bacibwa mu bandi.

Ubu rero none bigeye kuba urudubi kuko bazobwirizwa kumaramazwa kubera ibicumuro vy’akamaramaza vyakozwe na bamwe mubo basangiye imiryango y’abihebey “imana, bigatuma bitera bigora kubona ko amajwi yabo yoba acumvirizwa.

Iyo Umusaseredoti w’Indyamunyu agize ati reka mpaguruke ntangaze Ukuri kw’Inyigisho z’Ijambo ry’Imana arahabonera amakuba. Baca babagiriza ngo babuze tolerance, ngo nta mbabazi bafise, ngo babuze urukundo mbere ngo ntibubaha agateka ka zina muntu.  Murabona bane banje Ukuri kw’Inyigisho Zanje, abasaseredoti banje batangaza isi igufata nk’ububeshi. Ariko irya mirongo yahindaguwe muri Bibiliya niyo babona nk”ukuri.

Shetani yaramaze gutsinda imitima itari mike harimwo n’abarongozi bo muri Ekleziya Yanje ubwayo ku buryo abantu nbenshi ataco bazira basanga bigoye kwamamaza Igishika bafitiye Ugushaka Kwanje.

Ese ukuntu mpungwa nkongera ngasunurirwa hirya no hino ngo bashobore gutangaza ububeshi bwatewe mu mizirikanyi y’abasaseredoti banje ngo bwemerwe ata kibuza. Na benshi. Ubu bubeshi bubi cane burakwira hose birengenze. Ukuri kw’Ivyanditswe mu Gitabu c’Ivyahishuriwe kwarahawe insiguro zitandukanye n’amasengero menshi zivuye ku bwenge bw’abantu.

Umupapa wanje Benedicto wa XVI niwe mupapa wa nyuma w’ukuri kuri iyi si. Petero umunyeRoma, ni Petero wanje, umutumwa wa mbere azorongora Ekleziya Yanje ari mw’Ijuru ku bubasha bwa Imana Data. Hanyuma ninaza gutwara mu maza yanje ya kabiri, azorongora abana b’Imana bose aho amadini yose azoba Ekleziya Imwe Katolika Ntagatifu kandi y’abatumwa. Ndakubwiza ukuri mwananje.

Ndabwirizwa kubagabisha ko hagiye kuzoboneka abahanuzi b’ibinyoma benshi bazokwiyadukiza bagatangura guhaririza Ijambo ryanje naguhaye wewe, muhanuzi w’ibihe vya nyuma..

Ubwa mbere ho bazokwemeza abemera ko ngo ivyo bavuga bikomoka kuri Jewe.

Bazokwitonda mu gucagura amajambo bazovuga ariko insiguro yayo majambo izoba ari igipfungu gusa. Ariko bensho bazokwirengagiza ubu buhanuzi batamarire inyigisho zabo ngo kuko zisa n’izitumbereye ivyanditswe bitagatifu. Nibamara kuryosharyosha imitima myinshi niho Ingwano izotangura

Abo mwananje bariko bararungikwa gutegura abana b’Imana ngo baze bemere kwakira umupapa azokurikira, azoza inyuma y’Icariho Canje Papa Benedicto. Uyu mupapa naho ashobora kuzotorwa n’abarongozi bari muri Ekleziya Gatolika ariko azoba Umuhanuzi w’ibinyoma. Abazomutora n’Imfyisi zambaye nk’intama kandi bari muri wa Mugwi wa Sekibi ukorera mu mwijima aribo bamasonike barongowe na Shetani. Uko niko Shetani izogerageza gusambura Ekleziya Yanje.

Birababaje ariko uwo Muhanuzi w’Ibinyoma azokwakura abamugendanira benshi . Abazohirahira ngo bamuharirize bazohamwa. Nimukorane umwete bane banje bigishoboka. Nimubeshuze ivyo binyoma bizikwizwa hose nabo bagerageza kubasigurira ngo uwo muhanuzi w’Ibinyoma n’umuntu w’Imana.  Sadly, he will, this False Prophet, attract a large following. Those who oppose him will be persecuted.

Nimugire inguvu. Mugumane ukwemera muri Jewe, Yezu Wanyu. Ntimukigere mukekereza Ijambo ryanje. Igitabo c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani ni Ijambo ry’Ukuri ry’Imana. Ico Gitabu ntikibesha. Egome si vyose birimwo bimaze kubasobanukira neza gushika aha niko ibinyegejemwo vyose ntimubizi

Nzomenyesha ibirimwo vyose nciye kuri Mariya w’Ikigongwe c’Imana ariko nkuko mubizi ukuri kuzogwanywa n’ububisha bwinshi mbere banakwite inyigisho zitarizo. Mwibuke ikintu kimwe na cane cane ko aho naza kw’isi ubwa mbere Ijambo ryanje barifashe nk’Ijambo ryo kugumura abantu. Nubu nyene mu gihe ngiye kugaruka ubwa kabiri abanyobokera bazobafata nabi harimwo n’abapadiri banje baserukira Ekleziya yanje ngaha kw’isi. Shetani izotanga ko inkuka imitima myinshi mu ntumbero yayo yo guhitana abantu benshi. Nimumenye ko izoba ari Ekleziya Gatolika Jewe Nyene ubwanje nitangurije nkayishira ku burongozi bw’Umutumwa Wanje nyagukundwa Petero, izokwinjira mu marushwa adasanzwe mu bihe vya nyuma. Nimwame mugavye. Ndabatumiriye guhereza Igisabisho c’Ingabo za Kristu (44) ngo mugwanire Ukwemera kwanyukwoye gutwarwa n’Umuhanuzi w’ibinyoma.(Raba urupapuro rwa 24)

 

============================================================

Akabanga ka mbere k’Igitabu c’Ukuri nako guhishura umugambi ugayitse wo gusenyura Ekleziya kateguwe na wa mugwi w’Abamosonike usenga Shetani! Ku wa Mungu, Igenekerezo rya 29 Ndamukiza  2012 @ 15:33

Mwananje Nkunda Cane, warahawe ingabirano benshi bokwanka kwakira kubera ubwoba.Kubera inema wahawe, inguvu waronse n’umucanwa wa Mutima Mweranda urikwije bikwiye ngo utangaze ubu buhanuzi bwemerewe isi kuva kera. Ubuhanuzi bwahawe Danieli, aho yabwirwa kwugara Igitabu c’Ubuzima gushika mu bihe vya nyuma aho ibirimwo bizohishurwa, ico gihe camaze gushika.

Ubuhanuzi kandi bwahawe Yohani Umwanditsi w’Injili yaronse gusa igice kimwe ariko hari amabanga yeretswe mu Gitabu ajanye n’ibikumu indwi.  Ntiyahawe uruhusha rwo kwandika ivyarimwo. Ahubwo yasabwe gushira ico Gitabu hasi hanyuma ace agitamira akimire gushika iki gihe turimwo. Mu kumira ico Gitabu hari ico abantu babwirizwa kubibona mwo kuko vyari bifise insiguro nuko Iryo Jambo rirura iyo uririye, Ukuri kuratera ubwoba canke amakenga.

 Birashobora mbere no gutera amakenga abo bagira ngo bize vyinshi ku buryo bibaza ko bazi imigambi y’Imana yose ku bantu. Ariko Ukuri, Urukundo ntangere Imana ifitiye umuntu wese aba kw’isi ruraryohera abo bose bicisha bugufi bagatangarira Ukuri.

Ukuri nakwo ni uko Ari Jewe musa Yezu Kristu Nshobora guhishura ayo mabanga yahawe Umwanditsi Yohani. Ukuri kuryoshe kuzosanganirwa nabo basa bagendera mu nyigisho z’Imana. Ibi bishobora gutera amakenga ariko Ububasha bw’Imana buzotsinda akabi kose n’uruhamo rwose kuko ntakiyinanira. Akabanga ka mbere nuko Imana n’ibikorwa vyayo vyose vyakomeje kugwanywa n’akagwi k’inkorabara k’Abamasonike katangujwe mu bihe vya Moyen Age.

Abamasonike bambaza izikuzimu. Shetani niyo mana yabo bakaba bishimira kuyiha icubahiro bakoresheje imisa z’umwijima. Hanyuma hari icicaro gitagatifu ico naco kikaba ari co abamasonike bihagiye kugwanya mu bitero bidasanzwe kuva mu mwaka w’I 1960. Bukebuke rero abamasonike bahavuye binjira mu kinyegero muri Ekleziya Yanje, atari I Vatikano gusa ahubwo barondeye kwinjira mu vyicaro bikuru vy’Ekleziya biri mu bihugu vyose. ububisha bwabo bakoresheje mu kwanduza Ekleziya Yanje bwavuyemwo ivyaha vyakorewe abana b’Imana batazi ico bazira. Umwina wabo w’ivyisi n’ubutegetsi urambabaza cane ariko ububabare bintera ntaho wobugereranya n’ishavu ntegwa iyo ndavye ukuntu basenga umwami w’ububeshi, shetani we nyene ubwiwe. Baramuhurumbira mu makoraniro yabo agirwa habona canke bakamusengera mu mpisho. Ikibabaje gusumba ibindi n’ukubona hari mwo n’abapadiri hamwe n’abandi bihebeye Imana harimwo n’abasenyeri bo mu bice bimwe bimwe bafashe iyo nzira yo kwa Sekibi bakinjira mu bamasonike.Ububisha bahuriramwo burakomeye cane ku buryo butoborohera gutegera ndabubahishuriye bwose ariko ico mwomenya co nuko batanga ibimazi vy’abantu babishikanira Sekibi mu Masengero Matagatifu yubatswe ngo ahererezwe mwo Inkuka Nyeranda ya Misa.

 

Aba babisha ntibigera bareka abantu ngo bahinyure ivyo bakorera mu kinyegero ku buryo nabo bapatiri n’abepiskopi n’abakaridinali babinjiramwo bibaza ngo bakora ibikorwa vyiza naho shwi. Baranka Imana n’inzigo idasanzwe ku buryo wogwa mu gahundwe ubihweje. Shetani yabahaye ububasha bw’inabi idasanzwe ku buryo ububi bwabo, ishari, ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ubushirasoni bwarahawe ikaze mu bihugu vyose barimwo. Baramukanya n’ibimenyetso bihanitse ngo berekane ubumwe buri hagati yabo nk’abasenga shetani. Ico mukwiye kumenya ariko ni uko ubwo bugome bwabo buzoruhira kurangira vyongeye nibatigarura mu gihe c’Igabishwa bazoba basigaje akanya gatoyi cane bace batabwa mu nyenga y’umuriro udahera aho bazobabara bimwe biteye ubwoba mu myaka n’imyaka. Baragiye hamwe barementanya ubuhakanyi bwahavuye bukwira kw’isi yose. Ivyo babishitse ko mu kwihisha muri Ekleziya Yanje.

Yezu Wanyu Mukunda cane

Umwagazi w’Imana

==========================================================================

Ku bijanya n'ivyo abapatiri mukurui bamwe bamwe batanguye kwigisha vyo kwemerera abahukanye barongoranye ko begera ameza meranda!

Igenekerezo rya 28 Ndamukiza, Ikiganiro gikomeye catanzwe n’umunyabwenge akomeye cane mbere azwi cane muri vya vyigwa mbagarabwonko bita Filozofiya casohowe mu rurimi rw’Ikidagi.  Ivyo uyo munyabwenge rutura yashikirije Professor Robert Spaemann birashobora no gusigura ko hari abantu benshi  bariko baraca akenge ku buryo babona ibinyoma vyigishwa na Kardinali Berglorio azwi nka papa Faranswa.

Spaemann – umugenzi akomeye wa Nyen’Ubweranda Papa Benedicto wa XVI – avuga ku bijanye na Amoris Laetitia ko hari ukuntu ari intambamyi ije igeramira Inyigisho Ngenderwako z’Ekleziya Katolika. Arakomeza rero avuga ati :

Raba namwe article ya 305 – hamwe n’insiguro yayo iri muri footnote ya 351 ivuga neza ko abaKristu bari mu gicumuro c’icese bivuye ku vyabibatumye bashobora kwemererwa guhabwa Amasakaramentu-ukuntu ivuguruza ikigabane ca  84 c’Inyigisho ya Encyclique Familiaris Consortio y’umuvyeyi wacu PapaYohani Paul wa II.

Spaemann arabandanya asigura ati: Papa Yohani Pahulo wa II aravuga atarya umunwa mu kigabane ca 84 ko abahukanye bakaja kurongora canke kurongorwa ahandi babwirizwa kwirinda kurangura amabanga y’abubatse nibaba bashaka kwakirwa ku Meza Meranda. Uwo mu nyabwenge w’umukatolika Robert Spaemann arabandanya atera ivyatsi iciyumviro c’ubugeni nkuko gishikirizwa na za nyigisho z’ivyaduka kerdinali Berglorio azwi nka papa Faranswa ashikiriza muri ya Encyclique yiwe Amoris Laetitia yuzuye inyigisho zitandukanye n'Ukwemera kw'Ekleziya Gatolika. Ati erega ubugeni s’imyimenyerezo yo kumenyerana no kwiga kubana ituma umugabo n’umugore bahinduka abubakanye rukristu inyuma y’ugucikiza canke co kugira imibonanao mpuzabitsina batarahana Isakaramentu ry’ukwubaka Rukristu kuko ivyo nyene ari vyo Amoris Laetitia ivuga mu bice vyinshi. Iyo ncabwenge yigisha ivyigwa Mabagarabwonko na Ndoramana irerekana neza ko guhirahira tukirengagiza amabwirizwa y’Imana ari ukugoka ku Mana Imwe Nyeranda agasaba ahubwo ko abantu twokemera tugahinduka tukagaruka ku Mana. Duhirahiriye tugaha ikaze abo bacumuzi b’icese ku meza meranda, twoba dufashe minenegwe Ikigongwe c’Imana.”

Robert Spaemann arongera akerekana neza ko vyumvikana ko hari ukutumvikana kwinshi kuri izi nyigisho z’Ivyaduka ziri muri izi encycliques uwo azwi nka papa Faranswa aguma ashikiriza. “Ati:
Ntawokwitega ko iyo umuntu yuguruye igitabo zanditswemwo inyigisho z’umupapa yoraba gusa amabara meza y’igifukisho caco n’ugukomera kw’igitabo canke n’ibisharizo coba gifise akirengagiza kuzirikana amajambo y’inkoramutima yuzuyemwo ata kindi agamije atari guhindagura Inyigisho ngenerwako z’Ekleziya. Kubwiwe hari imvugo imwe gusa igaragara iyo nayo ni Ego canke Oya. Nta buryo bwa gatatu bushoboka hagati yo kwakira ku meza meranda abo bari mu busambanyi bw’icese bujanye no kwahukana no kwihagira kurongora umugore canke kurongorwa n’umugabo wa kabiri uwa mbere akiri ho.”

Speamann arongera akabaza uwo bita papa Faranswa yanditse avuga ngo ntawoshobora gucira urubanza abantu bari muri ivyo vyaha. Kubacira urubanza ni ngombwa kandi si irya mbere bizoba bishitse ngo Ekleziya icire urubanza abantu ku bijanye n’imigenzo mibi yabo. Ati rero kubijanye n’urupfasoni rubwirizwa kuranga ingo z’abubatse nashaka kubaza papa kuva ryari ubushirasoni n’ugucikiza, ugushurashura n’uguta indero mu bijanye n’ukwubaka urugo vyoba vyahindutse ikintu kinezera Imana?

Abamenyeshamakuru babajije uwo munyabwenge Spaemann ko hoba hari ikintu kigaragara cerekana uguhuvya abaKristu kuri muri iyo nyigisho ya papa Faransisiko naho itaniye n’inyigisho zamye ari Ngenderwako z’Ekleziya, Spaemann arishura ati ni ibintu bigaragara neza ku muntu wese azi gusoma kandi asanzwe azi inyigisho Ngenderwako z’Ekleziya ko Amoris Latitia yuzuye amakosa menshi. Ati situation ethique ivugwa muri Amoris Laetitia ituma haba umudugararo mu mitima n’ukujuragiza abemera. Arazi abapatiri bavuga bati nta muntu twobuza guhabwa amasakaramentu naho yoba yaracikije akaba ata n’intambwe nimwe aragira ngo ave muri ico gicumuro.”Spaemann abandanya avuga ko uwu mupapa ariko yigisha inyigisho zituma haba shisme : ni ukuvuga imigwi ibiri itandukanye muri Ekleziya:  n’ukuvuga ko haba imigwi ibiri itandukanye imwe yemera inyigisho zitandukanye nivyo Yezu n’Ekleziya bigishije n’abandi baryumako bakaba Ingabo za Kristu.

Uwo mupapa yabwirizwa kumenya ko azoba ariko araca mwo Ekleziya imigwi ibiri.  papa yabwirizwa kumenya ko azoca Ekleziya mwo kubiri kandi ko ariko arayicamwo imigwi. .

Yarangije iki kiganiro avuga ati: Umu kardinali wese ku gatwe kiwe ,umwepiskopi wese ku bukuru yahawe n’umusaseredoti wese ku bw’Ububasha yahawe n’Imana mw’Ekleziya Arafise umuhamagaro udasanzwe wo kuguma atangaza Ukwemera Kw’Ekleziya Gatolika no kwubahiriza amasakaramentu mu nyigisho za misi yose. Ati nimba papa Faranswa adashaka gutangaza Inyigisho ngenderwako z’Ekleziya Gatolika canke ngo yisubireko mu makosa yiwe, bizoba ngombwa ko uwundi mupapa azokosora amakosa ya papa Faranswa aboneka.

Biragaragara ko dushitse muri ca gihe Yezu Yavuga ati mbega aho Umwana w’umuntu azogarukira azosanga hari ukwemera gusigaye kw’isi? Ese abantu benshi bokurikira akarorero kuwo mwigisha mu kuba Ingabo za Kristu zidatinya gutangaza Ukuri kw’Ijambo ry’Imana.

 

              Latin text

           Literal Translation

             Verse Rendering

  1. O salutaris Hostia,

Hostiya y’Ubukiriro

 

2.   Quæ cæli pandis ostium:

Ugurura Amarembo y’Ijuru

 

Bella premunt hostilia,

Abansi baraduhama

 

Da robur, fer auxilium.

Abasavyi Bawe Binjire

 

Uni trinoque Domino

Butatu Bwera(nda) Mana Imwe

 

Sit sempiterna gloria,

Muragahorana ikuzo

 

Qui vitam sine termino

Ubu n’imyaka yose

Nobis donet in patria.

Kw’isi na(h)o haze amahoro

Amen.

          O, salutary Victim,

Hostiya y’Ubukiriro

 

Who expandest the door of heaven,

 

Hostile wars press,

Give strength; bear aid.

To the Triune Lord,

May there be everlasting glory;

that life without end He

to us give in our homeland.

Amen.

Hostiya y’Ubukiriro

(Ewe Yezu Mucunguzi )

Ugurura Amarembo y’Ijuru

Abasavyi Bawe Binjire

Abansi bawe baraduhama

Dutabare utugwaneko

udukize  Our foes press hard on every side;

Thine aid supply; thy strength bestow.

To thy great name be endless praise,

Immortal Godhead, One in Three.

O grant us endless length of days,

In our true native land with thee.

Amen.

 

Ikimenyetso c’Igisizimwe
************************
Ikimenyetso c’Igisizimwe kizozanana n’urupfu – urupfu rw’umutima n’urupfu ruzotumwa n’inngwara iteye ubwoba 
(Mukakaro 29, 2013)
Mwananje nkunda cane Izina ryanje ni gake rivugwa nabo banserukira kw’isi ahubwo benshi batangaza ibitutsi bityoza Imana. Urupfu Rwanje rwo ku Musalaba bazogwirengagiza ku buryo rutazonaca no mu kanwa kabo, ariko amasanamu y’amashetani niyo bazosubiriza Umubiri Wanje ku musalaba. None niba atari Jewe bishe ku Musalaba none ninde bishe? Bo none ni bande? Ni bande batangaza Ijambo ryanje kw’isi mugabo aho uko bokoze ivyo nyene babwirizwa gukora bagahitamwo kuvuga ibitutsi bityoza Imana akanwa kabo kaguma gacira?

Ndabagabishije ku bitangaro muzokwumva abantu bambaye ikanzu zera bazotangaza ngo bakoze nkuko boba bambaye Umubiri Wanje canke ko boba buzuye Mutima Wanje. Nimwabona ibimenyetso n’ibindi bintu bimeze nk’ibitangaro bitanguye kwigaragaza, muramenya ko bitazoba ari ibitangaro vy’ukuri. Muzobwirwa ko ibitangaro vyakozwe n’ukuboko kw’umuhanuzi w’ibinyoma. Bazobigira gutyo ngo babategeke kwerekana icubahiro kidasanzwe mbere muzobwirwa kwanza ko ngo ari umweranda yigendera. Azosengwa, akundwe kandi atangarirwe kandi bose bazokwiza hose urukurukuru ruvuga ko Imana yamwubitse ko ibiganza. Bazokwemera haciye igihe ko ivyo bitangaro yahawe ku bikora ngo bitegure amaze yanje ya kabiri. 


Niho rero ca Gisizimwe kizoca cibonekeza. Naco kikazotera iteka igisizimwe ca mbere. Nayo isi izoterwa ititeguye ice igwa mu gahundwe ibure ico ifata nico ireka. Bazogwa mu mutego. Umuhanuzi w’ibinyoma azogenzura amadini yose yo kw’isi ace agwanya mu ruhamo rudasanzwe abo bose bazi ukuri. Abo bazoba bazi Ukuri ntibazonyihakana kuko Ubwami bw’Ijuru ari Ubwabo. RuziraKristu azokwerekana icubahiro cinshi afitiye umuhanuzi w’ibinyoma. Ariko kubera igikorwa ciwe kizoba kiri muvya politike ubunywanyi bwabo babiri buzokoranya abantu benshi bazokwishimira ugushira hamwe kwabo.

Ibi ndiko ndabamenyesha bizotangura kugaragara mu maso yanyu vuba. Abazogerageza kubahuvya ngo mujane nyabahururu mu kwemera bazoba bafise akanwa gasosa. Ntibazokwigera babamenyesha ico bagamije gushikako gushika bamaze kwiyumva mwo ko batsinze iyi ngwano. Ukwo niko bazokwica benshi bazokwanka kwakira ikimenyetso c’Ikigatanyi. Bazovuga ko iki kizoba ikimenyetso c’isi yuzuye amahoro y’ukuri, urukundo n’ubumwe naho nyene kizoba cinyegejemwo igitigiri 666, ikimenyetso c’Igisizimwe.

Nkuko imidari myeranda itanga ubukingizi buvuye mw’ijuru kuri abo bose bayambara, ikimenyetso c’Igikoko kizozanana n’urupfu – urupfu rw’umutima n’urupfu ruvuye ku ngwara iteye ubwoba izoba yinyegejemwo. Abazokwanka kwakira ico kimenyetso ca Sekibi bazokenera kwinyegeza no guhunga ngo bitegure. Ndazi ko ibi bibatera ubwoba ariko ni ukuri. Nzoza kubatababara Jewe ubwanje ndangize urwo ruhamo mfashijwe n’ibisabisho vyanyu.


Mweho bakunzi banje munkurikira kuko mwamenyeshejwe Ukuri muriko murategurwa ngo muzofashe abo bazokwega amaguru mu gutegera ubu bumenyi. Mu gihe ibi bizoshika, Ingabo za Kristu zizoba ari Inguvu zo kwishimikiza. Inguvu zabo zizova ku bushobozi bazogira bwo gukiza abo bose bazobabazwa n’iki gikorwa ca Shetani ata kindi kigamije atari ukwihora Imana mu gusuka ishavu ryabo ku bana b’Imana.
Yezu wanyu.

================================================================

Mwananje, bwira abantu ko igikorwa kidasanzwe c’Ikigongwe canje cabaye uyu musi, aho Mutima Mweranda Umwe mu Ngabirano Nkuru y’Imana yasutwe kw’isi yose. Iyi Ngabirano ni Ntangere mu gufasha ubwoko bw’abantu ngo yitegurire Imurikirwa ry’Imishaha.

.

Kubw’Ububasha Bwa Mutima Mweranda, abasaseredoti n’abihebe y’Imana n’abo bajejwe bazokomezwa mu gikorwa nabashinze co kumenyesha Jewe na Data. Iyi Ngabirano ya Mutima Mweranda izobuzuza ubukomezi bushasha yongere isubize inguvu abarushe n’imitima y’akazuyazi iriko iratabaza Imana ngo ironke umuco ibashe gususuruka. Ibi vyarabuwe vyongeye imitima yadadaye nayo nyene azoyikonya.

 

Ikigongwe canje nkuko nabivuze nta mbibe kigira. Imitima yanyu imaze kwuzura umuco n’ubweranda mwebwe mwese mwankurikiye aho muri hose muratumiwe gushira ubwoba muhaguruke mutangaze Ijambo Ryanje Ryeranda muri abo bose muhura. Mumaze kwuzura Umuco wa Mutima Mweranda ntimukareke agekengerwe muzogirirwa ngo kabahagarike imitima. Ngiki igisabisho muzompereza ngo munsabe inema mukeneye.

 

 Yezu wanje, Uzuza Umutima wanje Ingabirano ya Mutima Mweranda ngo mbashe gutwara Ijambo Ryawe Ryeranda Rwose gutyo nshobore kurishikiriza abacumuzi mbwirizwa gufasha kurokora kw’Izina Ryawe. Mfasha ndabafukishe Amaraso Yawe y’igiciro ntangere mu bisabisho vyanje ngo babashe kwiyumva mwo igishika c’ukwegera Umushaha Wawe Mweranda Rwose. Nyuzuza Ingabirano ya Mutima Mweranda kugira ngo iyo mitima y’abacumuzi nyabworo nayo izoshobore kwinjira mu Munezero w’Isi nshasha watwemereye. Amen

 

Murahereza iki gisabisho imisi yose inyuma yo kuvuga Ishapule y’Ikigongwe c’Imana, gutyo kubera ukwitanga kwanyu n’icubahiro mumfitiye, muzomfasha gukiza abana banje. Ni mumfashe mu kundemurura amagorwa nterwa n’ukuntu Izina Ryanje Ritagatifu riguma rikengerwa mw’isi y’uno musi. Nkuko womengo kumpakana gusa ntivyoba bikwiye, imitima myinshi irababazwa gusa no kubona mwebwe bane banje munatangaje Izina Ryanje nivyo ndabategereza.Ikibatuma bashavura n’uko Umwangushi aguma abesha ubwenge bwabo ngo bahave baha umugongo ukuri. Ndabasavye mwese mumfashe gukiza  iyi mitima. Nimusenge munsabe ubu nyene ndabahe inguvu muzokenera muri iki gikorwa.

Inema zidasanzwe zemerewe abo bose bakwiza hose ubu butumwa bwo guhinduka

 

Kuri mwebwe mwese mukwiza hose ubu butumwa bwo guhinduka inema muzohabwa inema zidasanzwe vyongeye ikibanza c’iteka kirategekanijwe mu Bwami Bwa Data. Nimugende kandi murushirize ho gukundira Mutima Mweranda abavyagire mu Mitima mubashe kumfasha gukiza imitima y’abantu bose. Ndabakunda mwese. Umwe umwe wese muri mwebwe afise ikibanza yisangije mu Mushaha Wanje Mweranda Rwose. Nta numwe muri mwebwe, hari mwo n’abacumuzi nyene ntazokingira mu ntambara yanje yo gukiza imitima.

 

Umukiza wanyu mukunda cane, Yezu Kristu Umwami w’Ikigongwe.

=========================================================================

 

Ni Kubera iki Imana Data Yamaho iriko irarungika abahanuzi bashasha kw’isi

Ku wa gatanu, Igenekerezo rya 13 Rusama, umwaka 2011 @ 22:45, Yezu yabariye Mariya w’Ikigongwe c’Imana ati:

rtr5565666

“Mwananje nkunda cane, abo bagikekereza, cane cane abihebey’Imana bohava bakengera Ijambo ryanje riri muri ubu butumwa nashaka kubamenyesha ibi bikurikira. Ongereza Ukwemera kwanyu mu kwibuka yuko Ijambo ryanje ryahawe Isi mu gihe nari nkiri kw’isi ariko vyongeye ryakomeje ritangwa n’inyuma yaho ku bw’ububasha bwa Mutima Mweranda. Kuva ubwa mbere hose Data Imana Yamaho yamye aganira n’igihugu ciwe aciye ku bahanuzi ; muri ubwo buryo inyigisho y’ukuri kwaramenyeshwa abantu kugira ngo bibafashe kubandanya bagendera mu Kwemera nyakwo kandi ukwemera kwabo kugume gukomeye. Ibindi binyegezwa vyarahishuriwe Abatumwa n’abandi bigishwa b’intahemuka hanyuma kandi ibindi binyegezwa birahishurirwa Yohani Umwanditsi w’Inkuru Nziza. Inyuma yaho Ijambo ryanje, Inyigisho zanje n’ibindi vyangombwa umuntu yari akeneye ngo bimuzanire ubukiriro akeneye vyaratanzwe.

 

Ubu rero mu gihe isi iriko iraca mu mahindagu menshi mu kahise kayo, Data Imana Yamaho yararungitse abandi bahanuzi  kw’isi. Aba bahanuzi ntimuhave mwihenda ngo mwibaze ko babazanira Inyigisho nshasha, kuko ivyo ntibikenewe. Ahubwo Imana ibarungika kubera imvo zitatu:

 

  • Ubwa mbere ni ukwibutsa Kiremwa muntu Ukuri kuri mu Gitabu c’Ivyahishuwe
  • Ubwa kabiri ni ugukangura kiremwa muntu ngo ategere ibihe ariko aracamwo gutyo abashe kwatsa itara ry’ Ukwemera kwiwe
  • Ubwa gatatu ni ukugira ngo Dufashe gukwiza hose uguhinduka ngo abankurikira bose bashobore kugira Igisirikare c’Ingabo za Kristu kininiya kibaho kandi gikomeye cane ngo gifashe gukiza imitima.

 

Ndiko ndabavugisha nciye kuri uyu muhanuzi n’abandi ngo Ijambo ryanje ribashe kwumvirwa kw’isi yose.

 

Murame mwibuka Urukundo ntangere n’imbabazi ndabafitiye . Nimwumvirize ubu butumwa kuko buratangaza Ijambo ryanje nkuko mubizi vyongeye bubereka Urukundo ntangere n’imbabazi mfitiye umwe uwe wese muri mwebwe. Nimwibuke kandi imbabazi zanje zishobora vyose. Abacumuzi bose bazosaba ikigongwe bazorekurirwa

 

Akamaro k’Igisabisho c’Irozari n’Ishapule y’Ikigongwe c’Imana.

 

Mu gihe ibibakikije n’ibirere bizokomeza kwerekana ishavu ry’Imana, ntimukigere mwibagira ko Igisabisho hari mwo kuvuga Irozari Nyeranda no guhereza Ishapule y’Ikigongwe c’Imana ari vyo bizofasha kugabanya ingarukambi z’ivyo bintu. Muribuka bane banje nkunda cane ko mwebwe munyemera mukemera na Data Imana yamaho mu kanagendera mu nyigisho zanje ata na kimwe mufise co gutinya muri ibi.   Vyongeye nkundira ndabibutse ko kubera ibimenyetso bibiri ntangere vy’Imbabazi zanje muriko murahabwa

– Ingabirano ya Mutima Mweranda yururukiye kw’Isi yose muri iyi misi iheze n’Igabishwa rikomeye ryimirije amamiliyoni y’abantu bagiye kuzohinduka bemere Ukuri. Ibi bizoba Igitangaro ntangere kizozanira akanyamuneza ntangere benshi.

 

Uruhamo rw’Igisizimwe gitukura nabo bose batari ab’Imana

 

Naho Shetani izokwibonekeza mu bayikorera kubera ko babuze ikibahanura bagahava batwarwa nayo bakampa umugongo Jewe Yezu Kristu, kandi ari Je Mizero masa bafise yo gushikira ubuhirwe budahera– igihe cayo kizoba ari igihe gito cane.

Iki gihe kizoba igihe giteye ubwoba cane kubera uruhamo ruzokorwa n’Igisizimwe gitukura(Mu buundi butumwa Yezu yatanze yasiguye ko Igisizimwe gitukura ari Ubushinwa) hamwe nayo yandi mashaka ya politike atari ay’Imana. Mukoresheje igisabisho mukongera mukabandanya guhurumbira amasakaramentu, muzohabwa ubukomezi buzobatuma mukomera kw’ibanga muri iyo misi y’amageragezwa adasanzwe. Ibi bintu vyose vyari vyarabuwe n’abahanuzi none bibwirizwa kuba kugira ngo akabi kabonereho gutsindwa muri iyi si.

 

Birakenewe rero ko iri tyororwa be n’urukurikirane rw’amahano biba kuko nibwo buryo bwo nyene isi izoshobora gutegurwa ngo yezwe bikwiye gutyo iberwe n’unkwinjira mw’Iparadizo nshasha yo kw’isi. Ntimukabandanye mwirengagiza akamo ndiko ndabatera. Aho muzobonera ibi ndababuriye nciye ku bahanuzi nitoreye bitanguye kuranguka niho muzotegera vy’ukuri ko ari Jewe ndiko ndabayagira muri ubu butumwa.

Imana yanyu n’Umukiza Wanyu,

Yezu Kristu”

================================================================

Abahanuzi banje bari kumwe namwe ngo babafashe gutegura imitima – Ubuhanuzi Yezu yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana Ku wa kane Igenekerezo rya 3 Munyonyo 2011 @ 21:00

 

Mwananje, ubutumwa bwari bwaramenyeshejwe bugiye gutangura kumenyeshwa no kuvugwa kw’isi ku buryo ata wuzoshobora kuvuga ngo ntiyabwumvise. Abana banje batari bake ntibazi ibiri mu Gitabo ca Data, Bibiliya Ntagatifu Rwose. Ni gake abantu bitaho gusoma ibiri mu Gitabo c’Ivyahishuriwe canditswe n’Umutumwa Yohani aho usanga havugwa ido nido rijanye n’ibizoshika mu bihe vya nyuma nkuko vyashikirijwe isi.

 

Ivyo bihe vyashitse muri iki gihe. Nimwitegure. Ukuri kuri mu Gitabo c’Ivyahishuwe ni ukwo nyene-Ukuri. Urashobora kubona ibimenyetso vy’ibihe? Umudugararo kw’isi nzima uzobandanya kwiyongera ku buryo buteye ubwoba. Ubutunzi bw’amahera yanyu buriko burabangamirwa n’umugwi umwe ukwiye kw’isi yose ata kindi urondera atari amahera yanyu n’ukwiba imitima yanyu.

Ububisha bwa kiremwa muntu nta wogira ngo ntabubona naho bwinshi muri bwo bukorerwa mu kinyegero. Abahanuzi banje bari kumwe namwe bane banje babafashe gutegura imitima yanyu. Ubemera canke utabemera nkuko bari bafashijwe na Mutima Mweranda arongoye imitima yabo bazokwiza hose uguhinduka.

 

Abo nabo baguma bahakana uburyo bwose ncamwo ngo ndabashikire bagiye nabo nyene kuzotegera ukuri vuba cane. Niho rero abana banje bazokwiyunga bakaja hamwe ngo bagwanye uwo mugwi wa Sekibi urongowe na Shetani. Abari muri uwo mugwi wa sekibi ntibazoshobora gutsinda. Ukuboko kwa Data kuriko kurashira intambamyi imbere yabo ngo bahashwe bimwe bikwiye. Ikigongwe ciwe kirahambaye ku buryo azokoresha ububasha bwiwe ngo agwanire abana biwe kandi azosenyagura abo bose bakomeza gukurikira inzira y’umwangushi. Mwemera mutemera ko ari Jewe ndiko ndabaganiriza muri iki gihe ico si co gikuru. Igikuru gisumba ibindi vyose n’ukwitwararika ukwemera Jewe na Data, Imana Isumba vyose ivyo nivyo bizobagirira akamaro mu mpera n’imperuka.

 

Igisabisho kirihutirwa cane, bane banje, aho muri hose idini muri mwo ryose ntaravye ico mwiyumvira. Nimukoranire hamwe mwambaze Mutima Mweranda ngo ababoneshereze muri iki gihe. Shetani iguma irondera kubatwara kure yanje ngo mumpe umugongo, Jewe Umukiza wanyu. Ntimukabandanye mwumviriza ugukekereza n’ubwoba ishira mu mitima yanyu. Izokoresha ububeshi ngo izibire imitima yanyu yoye kwakira Umuco w’Ubumana bwanje ndabarungikira. Urukundo ndabafitiye rurahambaye bane banje naho mwoba munyirengagiza gute canke mukampa imigongo, nzokomeza ndabahamagara. Nzokora ibi kubw’ububasha bwa Mutima Mweranda. Nimunsabe ndabaronse iyo Ngabirano ya Mutima Mweranda mukuvuga muti:

 

Ewe Yezu, Mfukisha Amaraso yawe Meranda Unyuzuze Mutima Mweranda ngo mbashe kumenya niba aya majambo avuye kuri Wewe. Mfasha kugira Umutima wicisha bugufi. Kunda wakire amaborogo yanje n’imbabazi nyinshi wongere wugurure umutima wanje umenye ukuri.  Amen

 

Nzokwishura n’imitima yadadaye kuruta iyindi niyavuga iki gisabisho. Nimumpe akaryo ko kubazana kuri Jewe ngo mbonereho gukoranya abana banje benshi bashoboka imbere y’uko Igabishwa rishika. Mwibuke ko Urukundo ndabafitiye rutazokwigera rukama naho uzoguma ugerageza kwigira intumva gute iyo ndiko ndabararika vyihutirwa ngo mukoranire hamwe nanje.

Umukiza wanyu, Yezu Kristu

 

================================================================================

Mwibuke ko iyi Ngwano izotsindwa n’Ekleziya yanje yasigaye kw’isi. Ubutumwa Yezu yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana- Ku wa Mbere Igenekerezo rya 11 Ruheshi 2012 @ 16:30

Mwananje Nkunda cane, vuba cane iyo mitima irurumba mwo imbeya n’ububasha bwa Mutima Mweranda izokoranira hamwe mu bihugu vyose. Izokoranira hamwe ngo itangaze Ijambo ryanje. Maze umutima wose watakaye uzoshobore gutabarwa uve mu vyara vy’ingwe. Ekleziya yanje yasigaye izokoranira hamwe ningoga yongere ikure kandi ikwire kw’isi yose naco igisabisho kizobungira ubumwe nk’Ekleziya Imwe Ntagatifu.

 

Nzorungika imfashanyo yanje imwe imwe muri ya Mashengero yanje abiri, vya vyabona vyanje bibiri kw’isi. Niho rero bazohaguruka n’ingoga nyinshi bagatangaza ukuri mu mpera zose z’isi. Ijwi ryanje rizosamirana nk’Inkuba nayo abo bose banzi ntibazoba bakinanirwa no kumenya uwo ndi. Inema za Mutima Mweranda zizodomeka imitima y’Ingabo zanje nabo bazotambuka bagororotse bamfashe gukiza ubwoko bw’abantu. Nimunezerwe Ngabo zanje nkunda cane kuko murahiriwe cane kuko mwatowe ngo murangure iki gikorwa gihimbaye cane. Mukoresheje urukundo mumfitiye Jewe Imana yanyu n’Umukiza wanyu muzofasha gukiza imitima nyabworo ya benewanyu boye gutakara burundu ngo begukire sekibi.

 

Nimuze rero bakunzi banje kandi munkundire ndabayobore muri iri shamba rinini ryuzuye mwo amahwa ndabashikane mu muco w’Ubwami bwanje bushasha bwaha kw’isi.  Ntimukigere mutinya ukuboko kwanje kuko ubu ndiko ndabayobora ata bwoba ngo mubashe kugwanya no gutsinda ruziraKristu.

Nimwibuke ko iyi Ngwano izotsindwa n’Ingabo zanje Ekleziya yanje yasigaye ngaha kw’isi. Kandi mwame mwibuka ko igitigiri c’imitima gishobora kurokorwa kizovana n’inguvu z’ukwemera kwanyu, ukwitanga mutiziganya kwanyu n’ukwihebera abandi n’ugushaka kwanyu kwo kwemera kubabara kw’Izina Ryanje Ritagatifu.

 

Ndabakunda

Ndabahezagiye

Ndabahaye inema zose mukeneye ubu ngo mubashe gufata Inkota zanyu ngo mutambuke mugana ubuhirwe budahera.

Yezu Wanyu Mukundwa

 

==================================================

Amajuru azokwuguruka  nkuko womengo ibigara vy’inzu bihejeje kwugururwa.

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 16th Ruheshi, 2012 @ 19:40

Mwananje Ijambo ryanje ririko rirumvwa n’amamiliyoni Kw’isi nzima mu gihe nkomeza ntegura abana b’Imana bose ngo babe maso kwakira Ikigongwe c’Imana.  Hari abo bahezagiwe na Mutima Mweranda bazoca bamenya ubwo nyene yuko ubu butumwa bukomoka kuri Jewe bakibusoma.

Hari n’abo bavuga ngo baranzi ariko bikabananira kumenya naho baguma nyene basoma Ijambo Ryanje mbere bagakomeza kungwanya. Barampakana ariko bakaguma basoma ubutumwa bwanje. Ubwo ntibabona ko ari Mutima Mweranda ari mu mitima yabo aguma abazana kuri izi nyigisho naho imitima yabo isinziriye?

 

Ndababwiye rero nti igihe cashitse kuko vuba cane izo mpari mufise mu mitima yanyu zizogaragara mu maso yanyu mu gihe c’Imurikirwa ry’Imishaha. Muzohishurirwa Urwanko n’inzigo mufitiye Ijambo Ryanje muce mumenya Ukuri. Ivyo nivyashika murabwirizwa guca mwihuta kuja hamwe na benewanyu na bashikibanyu mugwanire uburenganzira bwo kubera ivyabona Ekleziya Yanje iri kw’Isi. Ijuru rizotamanzura nkuko vyoba ari ibisakazo bivuye ku nzu mu ntumbero yo kugaragaza umucanwa n’urubeya rw’Ikigongwe c’Ubumana Bwanje. Isi izonyiganyiga n’inguvu zidasanzwe zizotuma ata muntu n’umwe azonanirwa no kubona Amaso Yanje, Mutima wanje canke Ingabirano yanje. Benshi bazogugumwa batewe ubwoba n’ibiriko biraba kuko ari muri ico gihe nyene benshi bazomenya vy’ukuri ingene imitima yabo imeze ubwa mbere mu buzima bwabo.

 

Bazoheza rero bamenye ko urukundo rw’imibiri yabo n’ingingo zawo badahengeshanya kwitwararika ataco bimaze na gato. Bazobona impande zose z’imitima yabo naho batazobirabisha amaso yabo y’umubiri. Bazobona imitima yabo nkuko Jewe nyene ndayibona n’Amaso yanje. Bazorwara bongere basesemwe nkuko na Jewe nyene ubwanje mbona ububi bw’ibikorwa vyabo bibi.

Bazobona ingene inyifato yabo mu migenderanire yabo n’abandi zisesema imbere yanje.  Bazoca mbere babona ukuntu ukwirondera, ukwibona, ubwirye, ubwishime n’ukwishira hejuru, uguhiganwa mu vy’isi n’ibigirwamana bimbabaza. Abo imitima yabo yiraburanijwe n’igicumuro bazokwumva bagwaye bameneke umutwe bamere nk’abarurumba kandi ntibazoshobora kwihanganira iterabwoba ry’ivyo bazohabwa kubona. Bazokenera rero inkomezi zose ngo bashobore kurokoka iryo tyororwa rikenewe ngo babashe gusubira kubaho bace batangura kugendera mu nzira y’Ukuri. Birahambaye rwose gutegera ko Imurikirwa ry’imishaha ari ico risigura. Nje kugabisha abana b’Imana rero ndabamenyesha ko ibicumuro vyabo bishobora kandi ko bizorekurirwa. Nzanywe no kubereka uko ku musi w’Urubanza bizogenda. Ico bisigura nuko abazokwigaya bakantakambira ngo ndabatabare ndabagirire Ikigongwe muri ico gihe bazorokoka.

 

Abazobandanya kunyihaka inyuma yaho bazohabwa akanya ko kwigarura ariko ntikazoba ari kanini. Nibabandanya bakomantaza imitima bagakomeza kwirengagiza Ukuboko kwanje kw’Ikigongwe nta kundi bizogenda nzosanga mbwirizwa gusokora. Niho rero nzoheza ngatandukanya abeza n’ababi. Aka rero ni akandi kanya muhawe ko kurondera Urukiza ariko abo bazokwanka Ukuboko Kwanje kw’Ikigongwe bazotabwa mu Muriro udahera. Ubu buhanuzi bwaravuzwe kuva mu ntango. Nimutege amatwi iri gabishwa muheze mukize imitima yanyu mu gihe bikibashobokera.

Yezu wanyu