Messages 8

08/10/2017 15:37

Bafise umugambi wo gutembagaza Papa Benedicto wa XVI bamukure ku ntebe ya Petero bakoresheje amayeri adasanzwe Ku wa gatandatu Ubutumwa bwahawe Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Igenekerezo rya 26 Rusama 2012 @ 16:00

 

Ndanezerewe ko ugarutse. Birakenewe ko uguma uri hafi yanje mwananje. Igihe ni gito cane kandi ufise igikorwa kinini kikurindiriye. Uno musi Ndasaba abigishwa banje bose ngo basabire Icariho canje Nkunda cane Papa Benedicto wa XVI. Ico cariho canje n’umusuku wanje mweranda ariko arahamwa bidasanzwe mu bigo vy’I vatikano.

Nari narakubwiye mu misi yahera ko wa mugwi w’abamenja bita abamasonike bamaze kwinjira mu butegetsi bw’I Vatikano bashaka kumutembagaza ngo ave ku cicaro ca Petero Mweranda. Nkuko Nari Narabikubwiye azobwirizwa gukiza amagara yiwe kuko nta kundi azoba afise yobigira imbere y’abamubangamiye. Iki gihe rero ni gito cane. Murabwirizwa kumusabira rwose kugira ngo ashobore kurambira ku ntebe ya Petero mweranda umwanya munini ushoboka kuko amaze kuhava Umwangushi, Umuhanuzi w’ibinyoma azoca yihuta gufata icicaro ciwe. Ese ukuntu Amosozi Yanje acuncubuka mur iki gihe kubera Ekleziya Yanje Nkunda cane! Mwebwe mwese mwihebey’Imana mukaba Mwemera Ijambo Ryanje  nkuko ndiko ndaribashikiriza muri iki gihe, ndabasavye muntege ugutwi.

 

Mubwirizwa kuguma muhereza Inkuka y’Imisa nkuko mwahora kandi mugume muhereza Inkuka y’ukwitanga kwanje ku Musalaba imisi yose. Kuko vuba cane mugiye kuzotegekwa kwemera ibinyoma. Inkuka Nyeranda ya Misa mu ntumbero yo gutangaza Ukubambwa Kwanje n’uguhindurwa kw’umuvinyu uhinduka Amaraso Yanje umukate nawo ugahinduka Umubiri Wanje bigiye kuzohindurwa; bakure mwo amajambo atuma ivyo biba bahindure n’insiguro yavyo hakurikijwe amategeko mashasha azotangazwa n’umuhanuzi w’ibinyoma. Ntimugahirahire ngo mwigere mwemera ico cose gitandukanye n’Ukuri. Ntimukemere inyigisho z’ivyaduka zizotangirwa mu Kibanza canje Ceranda. Nimwahirahira mukamera ubwo bugome, muzoba mwitandukanije nanje.

 

Benshi muri mwebwe muzobwirizwa guhereza Inkuka y’Imisa mu mpisho kandi muzokenera kugira ubutwari bwinshi bushoboka mu kuntakambira ngo ndabahe ubukomezi mukeneye. Vyose bizotangura n’amahindagu azogirwa mu bijanye n’Ukaristiya Ntagatifu. Vuba muzobwirwa ko Isangira ry’Aberanda ari ikindi kintu gitandukanye n’ivyo Ekleziya yamye yigisha. Muzobwirwa ko ifise insiguro yindi. Ariko iki kizoba ari ikinyoma kibi cane.

 

Ukaristiya Nyeranda n’Umubiri n’Amaraso vyanje mwahawe ngo mushobore kunkundira ndabuzuze Mutima Wanje Mweranda ngo ndabahe Ingaburo imitima yanyu ikeneye. Igihe nicagera namwe basaseredoti banje mugahabwa iyo nsiguro y’ibihe vya none muzoce mumenya ko ububisha bwamaze gutangura. Hazoba hageze gutegura. Koranira hamwe muhagararire Ukuri kw’Ukubambwa Kwanje. Ntimukaje narwo ngo mwemere ubwo bubeshi, ayo mahindagurika y’insiguro azotegekwa mu Nkuka Nyeranda ya Misa n’Ukaristiya Ntagatifu. Kuko nimwajanarwo, sinzoba nkiri kumwe namwe be n’abana b’Imana bose.

Nimunkurikire. Iki n’ikigeragezo ntengere muzobwirizwa gucamwo ariko nzobaha inema y’inama nziza ngo muzirikane Ukuri mu bashe gutegera ivyiza mu gihe bazobazanira amasakirilego babahatira kuyemera kw’izina Ryanje. Murabwirizwa kunsaba ndabagwaneko mukoresheje Igisabisho c’Ingabo za Kristu(56) kigenewe Abasaseredoti bipfuza Ubutabazi bukomotse kuri Ukaristiya Ntagatifu. Raba ku rupapuro rwa 27.

 

Muramenya neza ko Ngendana n’umwe umwe muri mwebwe mwa ba saseredoti banje mfise ku Mutima imisi yose. Ndabarerura. Nimunyegamire munyishimikize nanje Nzobagumiza hafi y’Umushaha wanje muri ibi bihe vy’umudugararo uteye ubwoba muri Ekleziya Gatolika.

Yezu wanyu.

 

Naho hoba hari yo ubwishime na bukeyi mu mutima, Mutima Mweranda ntazokwigera awinjira. Ubutumwa bwahawe Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi w;Imana Igenekerezo rya 5 Nzero Umwaka w’I 2014 @ 19:34

Mwananje, iyo Urubeya rwa Mutima Mweranda Rwinjiye Umutima inyishu ya mbere n’iya amosozi. Inyishu ya kabiri ni iy’ukugira ubwoba. Inyishu ya gatatu niyo kubona ko hari ikintu kidasanzwe kiriko kirashika  imbere  mu Mutima, ugutegera Ukuri kw’Imana n’ivyo vyose Ishaka bica vyuzura uyo mutima.   Bukwi na bukwi amahoro arawusaga ugaca ugira n’ugutegera ko Imana Ibaho ugaca usagwa n’Urukundo rw’Imana. Ibintu vyose bijanye n’Ijambo ry’Imana bica bitangura kwumvikana. Abo basa bahebeye ugushaka kwabo Imana bakaba bariyambuye ubwishime bw’abantu n’ubwenge bwabo bakabishikanira Imana nibo basa bashobora kugabana Ingabirano ya Mutima Mweranda. Naho hoba hari yo ubwishome na bukeyi mu mutima, Mutima Mweranda ntazokwigera awinjira

 

Ni abo bo nyene bemera vy’Ukuri ko Imana ari Mushoboravyose kandi ko umuntu ataco amaze  mbere atanakwiye guhagarara imbere Yiwe nibo bashobora kumuhebera ugushaka kwabo.  Abo bo nyene bipfuza gukora ico cose basabwa ngo barangure ugushaka kweranda kw’Imana bisunze Ijambo Ryayo nibo bashobora guhabwa Ingabirano yo gutangaza IJambo ry’Imana rigaheza rikashinga imizi.Umuntu wese agira ngo atangaza Ukuri akavuga yuko ayobowe na Mutima Mweranda ntazokwigera na rimwe yiduza ngo yiyerekane ko ahambaye. Ntazokwigera yirekana mu bandi ngo babone ingabirano ziwe, ubuhinga bwiwe, ubumenyi bwiwe, ubweranda bwiwe canke ukwicisha bugufi kwiwe.Kuko umuntu aramutse akoze gutyo, kw’Izina Ryeranda ry’Imana, kuba ari uko aba atahezagiwe n’Umuzirikanyi Mwiza, Mutima w’umuriro, Urubeya rudomeka umutima w’umuntu ngo ashobore kwishurana Urukundo Ijambo ry’Imana.

 

Igihe nari nkiri kw’Isi narabibabwiye neza mwese ko uwo wese yihayagiza imbere yanje azotabwa mu bugaragwa. Uwo wese nawe yicisha bugufi imbere yanje nzomutera iteka.

Yezu Wanyu

 

Umucanwa wa Mutima Mweranda uzokwumvwa mu mitima y’abantu bose. Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 9 Kigarama 2012 @ 19:00

Mwananje nkunda cane, sinshaka gutera ubwoba abangendanira ahubwo nshaka kubereka urukundo n’imbabazi ndabfitiye mu mutima wanje uwo narwo nkaba ndarufitiye umugabo wese, umugore n’umwana wese. Ni kubera urukundo mfitiye umwe umwe wese mu bana b’Imana harimwo n’abadasonera Ijambo Ry’Imana nkaba nshaka kubafukisha Urubeya rw’Ikigongwe Canje.

Nimwitegure mwese kuko vuba mugiye kuzobona Ububasha bw’Imana n’Ubutabazi Bwayo Bweranda kw’isi aho Izohagarika ikiriho cose mu mwanya ungana n’iminota cumi n’itanu. Umucanwa wa Mutima Mweranda uzoheza rero ururumbe mu mutima w’umuntu wese. Kuri abo bazoba bafise inema yeza, bizobatera akanyamuneza, urukundo n’imbabazi bamfitiye, Jewe, Yezu Wanyu. Kuri abo bazoba bafise ibicumro bitoyi, muzobabara ububabare bw’imitima iri mwipurugatori, ariko muzoheza mutyororwe vuba muheze rero mumenye amahoro menshi n’urukundo mu mitima yanyu muzongirira.

Kuri abo bazoba bafise ibicumuro bigoye bazobabara amagorwa n’amaganya y’umutima watawe mu nyenga y’umuriro udahera. Bamwe muri mwebwe bari mu bicumuro bigoye bazontakambira ngo ndabakize ubwo bubabare bwanyu. Nzobumvira niberekana ukwigaya nyakuri mu mitima yanyu mukemera kook o ibicumuro vyanyu bimbabaza biongera bikankomeretsa kubera ko bituka Imana.

Ariko hazoba kandi niyo mitima y’abo bacumuzi nyabworo bazoncira ko amate bakagwana nanje bagaca bampa umugongo. Ubwoba bazogira buzova ku kugene imitima yabo yanyegewe na Shetani. Ntibazoshobora kwihanganira ububabare bazogira nibabona umuco wanje bakazoca biruka bahunga bagana Sekibi kuko umwiza wayo ubaremesha.

Ku rundi ruhande hari abazoca basandaba bukwi na bukwi kubera ukugwa mu gahundwe bazogira. Ndabasavye ngo musabire iyi mitima imisi yose Kuko ibisabisho vyanyu bizobafasha gufata inzira yinjira mu Bwami Bwanje. Iki n’Igitangaro ntagere Imana ihaye abana bayo. Ico ndabamenyesheje nuko muri ico gihe muzokanguka mukamenya ko ivyo nabemereye ko nzogaruka gukiza ubwoko bw’abantu ngo bashobore gutorana Ubuzima buhimbaye bubarindiriye, bizoba biri hafi kuranguka.

Yezu wanyu

 

=====================================================================

Ubutumwa bwahawe Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatandatu Igenekerezo rya 8 Ruhuhuma Umwaka w’I 2014@ 16:00: Data azonyiganyiza isi mu bibakikije n’imitima nyene

 

Mwananje Nkunda Cane, nkuko Mutima mweranda, Ingabirano Itangwa n’Imana, Yururukiye ku Batumwa b’Umwana Wanje niko Azokwururukira kuri abo bose bakunda Umwana Wanje muri iki gihe. 

 

Data Afise imigambi myinshi Agiye kuzoshira mu ngiro ngo Akize umwe umwe mu bana Biwe. Iyi migambi ishimikiye ku bitangaza vyinshi birimwo gushungurura inema nyinshi zidasanzwe, ubuhanuzi buriko buraca kuri wewe muri aya majambo kugira ngo abana b’Imana ntibajane nyabahururu, n’ibindi n’ibindi. Bimwe muri ibi bikorwa bikazoba birimwo ibihano bishimikiye ku bibakikije. Ibi bihano nivyaguma vyiyongera umuntu ntazoba agishobora kwibaza ko inkukura, imituragaro, nyamugigima, bushoro n’imiyaga y’ibihususi bitumwa n’uko abantu batitaho ibibakikije aha kw’isi.

 

Imana yo Nsa niyo Igenzura, Igaba kandi Ikaganza isi kuko niyo Yayiremye. Yo nyene Ubwayo niyo izovumera Ijambo rya nyuma kubiyishikira. Nta wundi abifise mwo ijambo kuko nkuko mubizi Ububasha Bwose n’ubwayo.Data rero azonyiganyiza isi mu bibakikije hanze n’imbere mu mitima ngo agwanye imigambi n’ibikorwa bibi vy’abansi biwe biriko biratema bitongora mu bihugu vyose. Igikorwa cose gityoza Imana gikorwa n’abansi biwe kizokwitabwa n’Ukuboko kwihora kw’Imana kuzokwerekana ukwihora mu bihano bidasanzwe Izorungika kw’isi. 

 

Igicumuro c’umuntu kizogwanywa n’inguvu zidasanzwe za Data vyongeye umuntu ntagahirahire ngo akengere Ububasha bw’Imana.  Kirazira ko umuntu akengera Urukundo rw’Imana. Ntukibaze mu mutima wawe ko Imana yoba ata bushobozi igira mu gihe igitenyenya guhana icaha c’umuntu, kuko Urukundo Ifitiye Abana Bayo ari Igitangaza. Imbabazi ziwe zirakomeye nayo abo bose bayikunda bazotabaruka mu gihe c’amahano azoshikira ubwoko bw’abantu mu gihe Imana yo bayishiburiye iruhande, ngo bihere icubahiro ibigigwamana n’ivy’isi bibakwegakwega bitwara imyanya yabo.

 

Nimusabe, musabe, musabe kuko Ivyo vyose vyabuwe mu nteguro y’ukwitegurira Igaruka ry’Umwana wanje biriko biratangura.  Ibi bintu bigiye kuranguka ubu bwa vuba kandi ingabo za shetani zizogira ibitero kuri Ekleziya y’Umwana Wanje zikoresheje intambwe imwe imwe ku mayeri ku rwenge ku buryo ari bake bazohinyura ivyo bashaka gushikako. Mu nyuma ntibazoba bakigira ico batinya kuko bazoba baramaze kubesha abatari bake ku buryo batazoba bagikeneye guhisha ico bagamije gushikako.

 

Mwebwe rero bane banje nkunda cane murabwirizwa kwitegura, mugume mutekanye, ariko mukore ivyo vyose mwamaze gusabwa gukora kandi musenge. Nimugume muri kumwe. Nimumenyeshe Ukuri iyindi mitima. Nimusabire abo bose batemera Imana nabo bose batuka Umwana Wanje Yezu Kristu bahinduke

 

Nyoko Wanyu mukunda cane

Umugabekazi w’Ubukiriro

 

Inzoka iguma ihereza amajambo mashasha ruziraKristu igihe cose nawe akaguma ayandika  - Ubutumwa bwahawe Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatatu Igenekerezo rya 8 Gitugutu Umwaka w’I 2013@ 23:27

Mwananje Nkunda cane, Ubutatu buhumanye bugizwe n’abansi banje batatu Umuhanuzi w’ibinyoma, ruziraKristu na ca kidragon arico Shetani bugiye kuzohaguruka ubu ngo butyoze Ubutatu Bweranda. Mumenye ko bufise ibihumbi vyinshi vy’abigishwa kandi uko ibihe bitera vyegereza hazoba ibirori vyinshi bitandukanye bisesema Imana bizotegurwa bishimisha iyo nzoka.

 

Iyo nzoka rero iriyorobeka aho iciye hose ngo ntiyiyerekane uwo iri n’ico ishaka gushikako mu migambi yayo ihanamiye umwana w’Imana wese ikaba yiyerekana nk’uko yoba ifise imigambi myiza, ikabwira abantu ko ari umuganwa mwiza ikababesha kandi ikabiyezako ngo ibakwegakwegere mu kabi. Nko mu Buhanuzi Bwanje Mpereza Abahanuzi Banje Nitoreye, Inzoka iraha ruzirakristu ubutumwa bwayo ngo abukwize muri abo bandi baja bakorana kw’isi. Ubwo butumwa bwayo bwuzuye intumbero yo guhumanya Ekleziya Yanje ngo bategurire inzira ruziraKristu izomushikana ku gufata urugori rwiwe  ace atangura kubesha Isi yose ayihuvye gutyo ihave yibaze ko ari we ari Kristu, Umukiza w’Isi.

 

Numwumve mwebwe mwese mwirengagiza iri gabishwa. Vuba benshi mu bigishwa banje bankunda ariko batemera ubu buhanuzi muzobwirizwa guca mu mayoberane akomeye. Integuro yo kubahuvya ngo babantware yaramaze gutangura vyongeye nimutaba maso ngo mwame mugavye muzosanga mwakwegakwegewe mu gishimu c’umwijima. RuziraKristu azokwigana ibiranga Ubumana Bwanje vyose yamenyeshejwe n’inzoka. Iyo Nzoka yararavye ukubambwa kwanje ikaba ari yo yo nyene yagumye yibuka ivyo vyose vyaranze ukwo kwitanga kwanje kwo ku musalaba. Izontyoza mu kwereka abaja bayo ukuntu boremantanya ibirori bisubiramwo ukubabara kwanje mu buryo bucuritse bakazobikina mw’Isengero. Ijambo ryanje rizovanwaho hanyuma bace barisubiriza bene iyo migirwa ya gipagani izoba igamije kunezereza igisizimwe, kandi benshi ntibazotegera intumbero yavyo.

 

Nuhereze ukuboko kwawe shetani uheze wishire mu biganza vyayo uzobe wisutse mu mageragezwa atoroshe. Subira mwo ayo majambo abaja bayo bazobabwira ngo musubiremwo muzobe mwugururiye shetani umuhora wo kwinjira mu mitima yanyu. Senga shetani mugukunda ruziraKristu mu gihe azokwiyemeza imbere yanyu muzobe mumuhaye icicaro mu mitima yanyu aho mwokwimitse Jewe. Ivyo nabigishije vyose bazobigarukana ariko bazobicurikanga babihere inyuma babijane imbere, babihere musi babijana hejuru.

 

Kubera ko benshi cane badategera vy’ukuri Inyigisho Zanje kandi kubera bake cane muri mwebwe ari bo basa banteze amatwi ngo banyumvirize neza mu bisomwa vy’Inkuru Nziza, na cane cane mu bimenetso bizobura amaza yanje ya kabiri, ntimuzoshobora guhinyura ibiriko biraba. Ese ukuntu Umutima Wanje umanyuka mwo ibipande kuko mbwirizwa kubatangariza ibi bintu! Ese ukuntu nokwipfuje ko mutobwirijwe kubabara gutyo kwose! Ariko ndabemereye ko nzocuresha ububabare bwanyu nayo ubwami bwayo nibwashika ntibuzomara igihe kinini. Imitima izogwa muri iyi mitego yayo itumwe n’Ugushaka kw’Imana atari ku bw’amakosa izokwerekwa imbabazi.

 

Abo bose bashize amizero yabo mw’iparadizo bemererwa n’umwangushi bazokwikangura batawe mu kiyaga c’umuriro udahera aho bazototezwa imyaka idahera. Hariya nta butabazi bazoronka kanatsinda bazoba baramiraguye ibinyoma ata handi bizobashikana atari ku gutakara kw’imitima yabo kubera ukwemera guhendwa bagakurikira inyigisho z’ibinyoma.

 

Saba ngo abo bazohendwa n’umwami w’umwijima baze bagirirwe impuhwe!

Yezu Wanyu

 

Bazokurikira nk’intama bajanye ku macuniro mu gihe bazobayobora mu nzira ijana ku buhombo. Ubutumwa bwahawe Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 21 Gitugutu Umwaka w’I 2013@ 10:56

 

Mwananje Nkunda cane hari abantu bagiye kuzohemukira bidasanzwe abigishwa banje bangendanira ni ukuvuga abo batazokwigera bahemukira Ukuri.  Abazobahemukira bakabatanga mbere bakabihakana gushika naho babatanga ku mwansi ni abo bahoze bangendanira muri Ekleziya Yanje mugabo bazohinduka ibihemu bagakurikira ca kinyoma ntangere nabameyesha. 

 

Abantu benshi kubera ubugamburutsi bw’umwijima kandi kubera ko batumvirije impanuro  bazohendwa n’umwangushi azokwicara ku ntebe y’ubutegetsi mw’Ekleziya Yanje kw’isi yose. Naho bazokwumva bacanganyikiwe rimwe na rimwe bumvise amahindagurika azoza aratangazwa mu nsiguro zizotangwa ku bijanye n’Ijambo Ryanje ritazosigurwa hakurikijwe Ukuri, bazokurikira inzira izobashikana ku rupfu rw’imitima yabo nk’intama bajanye ku macuniro.

 

Bazoninanahza umuhanuzi w’ibinyoma bamutangarire nk’umutegetsi w’Intwaro y’igikenye gushika naho bazokwifatanya nawe mu kwinjira mu ngabo ziwe. Ico gisirikare c’umuhanuzi w’ibinyoma kizotuma haba uruhamo ntangere ku Bakristu benewabo. Umuvukanyi azogwana n’umuvukanyi muri iyi ngwano yo guharanira kuzigama Ukuri.

 

Igitigiri cabo bazokurikira ubutatu buhumanye bw’Umuhanuzi w’ibinyoma bugizwe n’Umuhanuzi w’ibinyoma, ruziraKristu na shetani kizoba ari kinini cane kuruta abo bazokomeza bagendera mw’Ijambo Ryeranda ry’Imana nkuko ryari ryaranditswe kuva mu ntago. Mwebwe batoni banje mutigera mutirimuka ngo muve mu kuri muzosanga uru rugendo rutoroshe.

 

Nta na rimwe mu buzima bwanyu mwokwigeze murota mubona ibinyoma bingana ukuraho. Abansi banje bariteguye bikwiye, bafise uburyo bwinshi bwo gukwiza hose ibinyoma vyabo kandi bafise ahantu henshi bakura uburyo bw’amahera bakeneye. Bafise ibiborohereza vyinshi ariko babuze ikintu gihambaye cane ico naco bukaba ari Ububasha bw’Imana. Vyongeye Mana Data abishatse ashobora kubasenyura mu kanya isase. Ikibabaje gusa nuko bazokwegera kure yanje imitima itari mike naco igituma nzobireka ngo bigende uko nuko biri mu ndinganizo ya nyuma yo gutyorora ubwoko bw’abantu.

 

Iki kiringo nico gutandukanya abeza n’ababi kw’isi. Aha none noba nshaka kuvuga iki? Muti none ko umenga abeza bazohendwa bahave batakara bitavuye ku makosa yabo? Mu gihe ibi ari vyo none ni kubera iki abo bavuga ngo ni abakristu b’ukuri bemera inyigisho zitari zo aho kwemera Ijambo Ryanje, bakemera ibitutsi ntukwa n’abampama? Barazi neza Ukuri kandi babwirizwa kwemera ko Ndababurira ngo bagume bazirikana Amajambo Yanje umwanya ku yundi. Benshi muri mwebwe murasinziriye! Benshi muri mwebwe ntimunzi, kuko mutagira Ukwicisha bugufi mu mitima yanyu, bivuye ku kuntu mwishimira ubumenyi mufise mubijanye n’ivy’Ivyanditswe Bitagatifu! Benshi muri mwebwe mwarananiwe no gusoma Injili ntagatifu ngo mutegere ibizoba imbere yuko Ngaruka mu Buninahazwa!

N’ubu ntimuramenya ko Ukuri mwari mwaragushikirijwe muri Bibiliya Ntagatifu.  Ni kuki mukomeza mwirengagiza Ijambo ry’Imana, murigwanya, murihaririza, murita ku w’amazi mugwana n’Ukuboko Kwabaremye?

 

Ntimwibaze ko mwoba muri Incabwenge gusumba bamwe bambamba ku Musalaba!

Ntimufise ubumenyi bwinshi buruta ubw’Abafarizayo bibaza ko insiguro baha Ivyanditswe Bitagatifu yari irengeye iyo Umwana w’Umuntu Yabamenyesha. Kubera ubugaba bwanyu bubatuma mwanka kwemera ubuhanuzi bw’’ibihe vya nyuma, muzonyihakana. Ibikorwa vyose mugira ngo murankorera nta na kimwe bizomara imbere yanje, kuko muzokurikira uwarungitswe na shetani kubabuza kwakira intoranwa nari narabateguriye mw’Iparadizo. Ese ukuntu muntuma nkorora amosozi! Ukuntu muzonyihakana bizogaragarira mu ruhamo muzogirira abo ubu mwita benewanyu na bashikibanyu, mw’Izina Ryanje. Muzonyegerwa n’ibinyoma nkuko abandi bahenzwe imbere yanyu babeshwe n’abakuru babi be n’intwaro z’umukazo zahise.

 

Kuko ata Rukundo rw’Ukuri mumfitiye kuko rusaba Ukwitanga n’ukwiheba gukomeye, muzontera ububabare bwinshi n’amaganya menshi. Mu gihe abansi b’Ekleziya Yanje bazobakwegera mu migozi y’ububeshi, muzohayagiza ibikorwa vyabo, musenge mwongere mukunde abo banyanka nanje nzokwibagirwa. 

 

Mwibuke aya Majambo:Niwashira ibimungumungu wirementanirije imbere Yanje, uzobwirizwa kubona Ishavu ry’Imana.

 

Yezu wanyu

 

================================================================================

Ububasha bw’Ubutatu Bweranda burarangeye rwose ubushobozi bw’Umuntu

Ubutumwa Mana Data yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa gatatu Igenekerezo rya 11 Mukakaro Umwaka w’I 2014@ 12:25

Mwananje Nkunda cane, Icipfuzo canje nuko Umwe umwe wese muri mwebwe yokwitaba umuhamagaro w’Ubutatu Bweranda muri iki gihe. Ububasha bw’Ubutatu Bweranda nta muntu yoshobora kububera intambamyi mu kintu na kimwe vyongeye kubw’inema y’Urukundo Rwanje, Ndashikira Ubwoko bw’abantu ngo ndabushikirize Ukuri. Ntimugatinye So wanyu, kuko Ndi Uwanyu namwe mukaba abanje. Ububasha bwose buri mu Maboko Yanje kandi Ndagira abo nitoreye kugira ngo Nungire isi Ubumwe. Naho bimeze uko imitima myinshi iranyirengagiza, ikampakana igatuka Ubumana Bwanje mukunshira ibigirwamana imbere bigizwe n’inzahabu. Ivyo vyose vyabumbwe n’iminwe y’abantu bizosubirirwa n’ibishasha bizozanana n’isi nshasha. Nta na kimwe kizokwamaho mu vy mufise ubu. Vyose bizohinduka bibe umukungugu.  

Nta kintu na kimwe kiri muri iyi si yanyu kizokwamaho. Nararemye umuntu mu gashusho kanje. Narabahuhiye mwo ubuzima muca mushobora guhema none rero nizo mpemu zigutuma uhema nije nzosubira kuzigutwara. Vyose bitangura kandi bigaherana na Nje nico gituma rero ata muntu n’umwe ashobora kuntegeka ukuntu Nzokwungira ubumwe abana banje kuko ico gikorwa ni icanje si icanyu.  Integuro yanje yo gukiza imitima yaba imitima myiza, imitima mibi n’imitima itanabikwiye na gato nta wuzoshobora kuyisambura.Woshobora kuyononera kumbure ariko ntuzoshobora kuyitsinda kuko ivyo mvuga vyose bizoba navyo ivyo nshaka vyose bizoruhira kuranguka.

Ndazi umwe umwe wese muri mwebwe kuko mwavuye mu rukundo Rwanje. Uko woba waraje hano kw’isi kwose vyavuye mu kuntu Jewe nyene Nabishatse, uko Jewe nyene nabitegekanije mu Migambi yanje y’Imana kandi mumenye ko hari imvo iri mu bintu vyose bishika. Abo muri mwebwe batanzi, namwe muri abanje kuko Narabaremye. Ntimwavuye mu nguge. Kwemera inyigisho ben’izo n’ukwemera guhendwa ivyo navyo bikaba ari urwire umwangushi ariko atera mu mitima yanyu ngo mumpakane.  Nimwampakana Jewe So Wanyu Yamaho, muzoba munyuranywe n’Ubuhirwe Budahera. Naho mukwanka kwemera ko Ndiho, muzoba muriko muritandukanya n’Ubuzima Burangwa n’ubuhirwe bwamaho.Ikigongwe cose nije Ndagitanga.  Ndagisukira kuri abo bafise imitima yera de, abo bafise Urukundo mu mitima yabo kuko bankundiye kwinjira mu mitima yabo.

Intambamyi ya mbere ituma abantu bataronka Ubuhirwe Bwamaho n’ubwishimwe bw’abantu b’iyi si. Ubwishime niyo ntambamyi ya mbere ibaho ibabuza kwiyunga nanje. Ushobora kuba unzi mu Mwana Wanje, ugategera n’Ijambo Ryanje ariko ntushire mu ngiro ivyo Ryigisha. Urukundo Rukomoka Kuri Jewe. Iyo umutima wuzuye mwo ubwishime, Urukundo Rurapfa muri uwo mutima ugaca wuzura urwanko. Ukwishira Hejuru kwose kuva kuri shetani vyongeye kuransesema kukambaza cane. 

 

Nyemerera Ndabakunde mu kwemera Ijambo Ryanje  n’Ingabirano nahaye isi aho Natanga Umwana Wanje ngo Aze kubitangira mu rupfu rwo ku Musalaba.  Nabahaye Ubuzima. Narabihereje Jewe Nyene Ubwanje mu Buzima bw’Umwana Wanje. Narunamye Ndicisha bugufi imbere yanyu kugira ngo ntsinde igicumuro c’Ukwishira hejuru.  Narabigishije nciye ku bahanuzi. Ndabaha Ingabirano y’umwidegemvyo w’abana b’Imana ariko mwarayikoresheje nabi mu kwirondera no mu kuyikoresha mu vyipfuzo bibi vy’umubiri.

 

Ingabirano y’umwidegemvyo w’abana b’Imana ifise intumbero zibiri:

  • Kubaha uburenganzira bwo guhitamwo ata gahato ngo ntimuze iwanje mubitumwe n’ubwoba,
  • Ahubwo muze Iwanje mu bitumwe n’Urukundo kandi kubera Urwo Rukundo Nyene mutsinde ububasha bwa sekibi.

Umwidegemvyo w’abana b’Imana mufise niwo shetani yipfuza rwose ntironke ari naco gituma ikoresha ububeshi bwose ishoboye ngo iwubatware ngo muyiyihebere. Iyo imitima igize gutyo mu buryo bw’icaha co kwishira hejuru, inyifato z’ibihe vya none n’ivyiyumviro vy’ikuzimu, ica iba abaja ba sekibi. Shetani Izoca rero ikorera kandi igaragaza ingeso mbi zayo zose iciye kuri iyo mitima yiziziye kubera ko yayishikaniye umwidegemvyo wayo. Muzobamenyera ku nyifato yabo. Ariko kimwe mu bizobamenyesha koko ko bishikanye kwa Sekibi bakayihebera umwidegemvyo wabo ni uko batazohengeshanya gutyoza Umwana Wanje, Yezu Kristu, na Nyina Wiwe, Uwasamwe ata gicumuro, Nyina w’Abantu bose. Abo babiri, shetani irabanka bompi.

Mu gukoresha Umwidegemvyo Naguhaye ku neza y’umutima wawe no mu gukunda abandi, uzosanga ari uburyo bukomeye bwo kugabanya ububasha bwa shetani. Ariko cane cane iyo mitima impebera umwidegemvyo wabo iciye ku Mwana Wanje, Yezu Kristu niyo ibikora mu buryo bw’umwihariko gusumvya abandi bose. Nzokwifashisha iyi mitima ibikora gutyo ngo ntsinde sekibi mu gukoresha uwo mwidegemvyo wabo bampebeye ngo nkize abo bitandukanije nanje. 

Ndabibemereye. Mubikoze gutyo Nzorokora n’imitima yadadaye bimwe bidasanzwe kubera ukwiheba n’ukwitanga kwabo bampebera ukwo gushaka kwabo, ku bw’Umwana Wanje,Yezu Kristu.

So Wanyu wo mw’Ijuru, Imana Mushoboravyose kandi Yamaho.

 

==================================================================

Abo bose bazokwakira inyabutatu, ikimenyetso c’ubutatu buhumanye bazoba bariko barashigikira ayo mashirahamwe ya Shetani.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kabiri Igenekerezo rya 22 Gitugutu Umwaka w’i 2013@ 00:20

Mwananje Nkunda cane mu mpande zose z’isi Ekleziya Yanje Iriko Irategurwa ngo yakire imigigwa mishasha y’ikinamico, kubera ico rero baratangaza hose ko bikenewe kwicisha bugufi no kubabara abandi kugira bategure inzira y’abagiraneza bashasha bazozanwa na ruziraKristu.  Aba bakozi ba shetani bose bariko barakoranira hamwe bagira imisi mikuru mu mpisho mu mashirahamwe yabo akwiye kw’isi yose ariko aravuka ngo akuruguture abumvishe ko avuye ku Mana ko rero ibikorwa vyayo biva kuri Mutima Mweranda.

 

Abo bose bazokwakira inyabutatu, ikimenyetso c’ubutatu buhumanye bazoba bariko barashigikira ayo mashirahamwe ya Shetani ku buryo kizobashira ahabona mu maso y’abantu bose kw’isi yose. Ata n’akanya kahaciye, umuhari mushasha w’ubutumwa uzotangura kuvugwa nabo abantu bazokwiva inyuma mu gutanga intererano y’amafaranga yabo ngo bafashe gushigikira ako kigoro k’iryo shirahamwe ryo gufasha abakene bo kw’isi. Bose bazojanarwo bibaze ko igikorwa ciza gisumba vyose kiriko kirakorwa nabo abakuru bamwe bamwe bo muri Ekleziya Yanje bazotangarirwa mu bice vyose vyo kw’isi . Ni bake bazohinyura intumbero yabo ariko nimwabona amabanki makuru makuru yo kw’isi avyinjiye mwo muzoce mumenya koko ko ari wa mugambi wabo watangujwe ngo ubahume amaso.

 

Ico Kigatanyi ncuti Zanje gifise amayeri menshi. Ibikorwa vyaco bizoba birimwo uguhuma amaso abantu kudasanzwe ku buryo abo basa bazoba barasizwe amavuta na Mutima Mweranda ari bo bazoshobora kubihinyura.  Ikindi naco nuko mu biganiro vyabo bijanye n’inyungu ya zina muntu wese, bazoshika ku ciyumviro co kuzana no gushira hamwe amadini yose ngo bagire igikorwa kimwe c’ugukorera hamwe ku buryo ivyo bizotuma hasinzikara Inyigisho z’Ijambo Ryanje.

 

Ibihe biranyaruka cane gusumba uko muvyibaza nabo abo bajejwe ayo mashirahamwe baguma bakora ijoro n’umutaga ngo bakwize hose izo nteguro zabo ku buryo ibi bitazoteba kuboneka. Iyo Shetani iriko irakora, haba igipfungu cinshi; amacakubiri akagwira; gusubiranamwo no gucanamwo bikongerekana kandi nta na kimwe usanga kiri mu buryo. Icubahiro nahora mpabwa mu Masengero Yanje Imbere y’Itabernakulo kizotangura kunyika. Ugushengerera Isakaramentu Ryeranda umwanya wose bizozimangana nayo vuba cane bazokura mu Masengero ibishusho vy’Aberanda. 

 

Ibikorwa vyabo vyose bizoshigikirwa bitwaje intumbero yo gusenyura imigirwa myeranda y’Ekleziya ya Kera ngo bayihindure ku buryo ngo idasigara inyuma ahubwo ngo ijana n’ibihe vya none, gutyo ngo ishobore kwakira abantu benshi mbere n’abatemera Imana babonereho kwemererwa kwinjira kandi bisange ata kirinze gusabwa. 

 

Abo bose banzi barabwirizwa gukora uko bashoboye ngo bakwize hose Ijambo Ryanje ryanditze muri Bibiliya kuko ndabibamenyesheje mu bizovurwa nta nyigisho zanje zo muri Bibiliya uzosangamwo. Bazocisha mu kanwa imirongo yo muri Bibiliya bazoba barahindaguye uko bishakiye ngo ishigikire ibinyoma vyabo.

 

Mu gihe bazokwambura Ekleziya agateka kayo, ibihano bizoca bitangura guseseka nk’imvura bivuye mw’Ijuru. Igihe cayoo co guhagarikwa carategekanijwe, ariko aya mageragezwa n’uru ruhamo bibwirizwa kubanza kubaho kwanza nkuko vyari vyarabuwe.

Yezu wanyu

 

Kubabara mu gacerere iyo uriko uratotezwa , bakugirire ububisha bwose baguhame uko bashaka ariko wicecekere, bakuvuge nabi canke bakwararaze kw’Izina Ryanje ugume winumiye. Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa gatanu Igenekerezo rya 14 Ruhuhuma Umwaka w’i 2014@ 22:00

 

Mwananje Nkunda cane iyo umuntu avuze ati ndazi ubwenge bwinshi mu bijanye n’ubushakashatsi bw’ivy’isi tuvuge nk’ibiharuro, azotegerezwa kuvyerekana kugira ngo abantu bemere ivyo ariko aravuga.

Iyo umwigisha avuze ati azi ibintu vyinshi uzomenya ko ari umuhinga koko ashoboye kukwigisha ukamenya. Iyo umuntu w’Imana avuze ati jewe ndazi vyose mu bijanye n’Imana, azobasha kukwigisha nawe ugire ubumenyi bw’Ivy’Imana. Ariko iyo umuntu w’Imana avuze ati Jewe ivyo nkora ndavyoshwa na Mutima Mweranda Ntuzomumenyera ku bumenyi atanga  ahubwo uzomumenyera ku vyamwa yama. 

 

Iyo Mutima Mweranda Ariko Arakora mu muntu, ibi bizotanga ivyamwa vyinshi, bizogaragara muri ubu buryo bukurikira: 

 

Abantu bakoreshwa na Mutima Mweranda bazokwama barondera kuba hafi y’Imana. Bazokunda abandi ku buryo budasanzwe gusumba n’uko bahora. Bazosangira Urukundo rwabo n’abandi. Hanyuma bazoshaka gufata akanya karengeye ako bahora bakoresha mu gusenga, cane cane aho bazosengera imitima y’abandi, aho uko bokwisabiye igihe cose bo nyene.

Urukundo rw’Imana ruzokokwiyongera muri bo kandi bazokwiyumva mwo igisharara cinshi bafitiye Imana. Uko rero bazoguma bakundira Mutima Mweranda kubashwara wese, bazokwumva ko vyihutirwa yuko bitura Imana bayihe bongere bihebere Ugushaka Kwayo. 

 

Abo bose boshwa na Mutima Mweranda ntibazokwigera bagira urwanko mu mitima yabo imbere yabo babanka. Ahubwo bazokwora uko bashoboye mu gisabisho bantakambire ngo nkize uwo mutima. Urukundo rw’Imana rushobora kwinjira mu mutima ku bw’ububasha bwa Mutima Mweranda. Uwo Mutima uzoca wama wiyumva mwo amahoro n’umutekano naho nyene uzobwirizwa kurinda ububabare ata gisivya, uko batera banyegera. Sincanishamwo abantu. Nakura hafi yanje abo nahezagiye-abo bafise urukundo rukwiye, rwavuye ku mwete w’ukwicisha bugufi bafise imbere y’Imana nkabazana ku Mushaha Wanje Mweranda Rwose.

 

Iyo rero bamaze gusanga uburuhukiro bwayo muri Jewe, icipfuzo cabo gikuru usanga ari ukunzanira imitima. Bamaze kuba abanje vy’ukuri bakunga ubumwe nanje, bazokwankwa na benewabo. Urwanko bazogirirwa n’ababanka ariko nta na kimwe ruzobabwira kuko ntibazorota bampeba niba urukundo bamfitiye rukomeye bikwiye. 

 

Bashobora kugwa rimwe na rimwe, kuko Shetani izobagira ko ibitero bitandukanye. Bazokwumva ububabare bujanye n’uguhebwa na bagenzi babo nkuko nanje Ndavyiyumva mwo. Bazobatyekeza, babacire urubanza, mbere babafate nk’abasazi nkuko nanje babingiriye. Bazokwumva uburemere bw’amarushwa kubera ukuntu bazokwanka n’abantu nkuko nanje vyanshikiye. Ubumenyi bwabo n’ubwitonzi bahawe na Mutima Mweranda buzogwanywa n’abantu naho ivyo bavuga kw’Izina Ryanje bizoguma vyiyanditse mu mizirikanye y’abo bahura nabo buri musi. They may fall, from time to time, because they will be a target of oppression.

 

None rero mwa bigishwa banje Nkunda cane, mwame mwiyumvira Jewe nk’Uwugendana namwe. Naho mutambona, ngo munkorakore canke ngo mwihweze umuco w’Amaso Yanje, ariko mumenye ko Ndi kumwe namwe, nkuko vyari igihe nagendagenda kuri kw’Isi n’abigishwa Banje Nkunda cane. Sindondera abazi ubwenge kuruta abandi, abuzuye ubumenyi ntangere canke abakundwa n’abandi kuruta abandi mu mibano yabo naho nabo nyene ndabaha ikaze nkongera nk’abagwa munda, nkuko Ndabigirira Abana b’Imana bose. Sindondera ko mubwirizwa kuba mwemewe nabo basomye bari mu mibano yanyu, abo bashimwa na bose muri mwebwe, canke abarongoye ibihugu vyanyu canke mbere n’amasengero yanyu. Nta gikumu nsaba ko baba bagushiriye ko ngo ndakwemere.

 

Ahubwo Ndondera abitonda, abicisha bugufi, nabo bose bitaho ineza y’abandi gushika naho biyibagira bo nyene ubwabo. Ngiyi imitima yahezagiwe n’Ukuboko Kwanje. Kubera Urukundo bafitiye abandi bameze nk’icirore abandi barabamwo bakabona Urukundo Rwanje nyene. Baremera kubabara nkuko nanje Ndabigira vyongeye ntibabubona mwo ingaruka mbi na gato. Abo nibo UbuKristu buhagaze ko nawe Mutima Mweranda yashinze imizi mu mitima yabo ku neza y’abana b’Imana bose. Ntukigere uterwa n’isoni n’ingabirano ya Mutima Mweranda. Babara mu gacerere niwaturubikwa, emera bakuremeke ko ububisha bwose wongere winumire, bakwararaze, bakumaramaze kw’Izina Ryanje wicecekere, kuko iyo ugumye wiyunamikiye umutwe hasi, shetani n’iyo mitima yiraburaniwe bazonanirwa mu migambi yabo igayitse yo kubantwara. Haguruka mutangaze Icubahiro mumfitiye n’umushaha woroshe be n’Umutima usukuye nanje Nzobahezagira n’Ingabirano y’Amahoro n’Umutekano!

Yezu Wanyu!

 

Umusalaba nyaguhimbazwa niwo uzoba ikimenyetso kizoboneka kw’ijuru imbere y’uko haba rya Burirwa rizogaragaza ibicumuro umuntu yakoze n’amagorwa y’Ipurugatori canke umuriro ajanye n’ivyaha vyiwe!


Turabe uduce tumwe tumwe tw’ubuhanuzi tubura ivyo bintu vyimirije

« Ijuru rizokwuguruka mugabo imbere yaho gatoyi umusalaba wanje uzokwima vy’ukuri imbere yuko ngaruka mu buninahazwa.Umusalaba wanje uninahaye uzoboneka kw’ijuru. Umusalaba wanje uzobereka ivyaha vyanyu. Muzomenya ubwo nyene urubanza rwanyu. (Bivuye mu butumwa bwatanzwe  8 Myandagaro 1998 buhawe Jnsr, urupapuro 93 mu gitabo « Menyesha igaruka ryanje mu buninahazwa).


« Mwananje, Nzokwimenyekanisha nkoresheje umusalaba w’umwakaka(Ikimenyetso c’Umwana w’Umuntu, Umusalaba Mweranda umenyesha ubuninahazwa bw’Umwana w’Imana. Bose banzombona kuri uwo musi Data We nyene yitoreye ngo awugaragaze mu kirere. Umusalaba niwo uzobura ukugaruka kwanje mu buninahazwa.

Uwo musi uzoba kandi ari umusi w’ityororwa ntangere kubw’umusalaba nyaguhimbazwa wa Yezu Kristu, Umukiza wanyu, Umucunguzi wanyu. Umusi umusalaba wagaragaye mw’ijuru, amahanga yose n’abansi banje bose bazotetemera gushika naho intebe z’isi yose zigugumwa  kuko nazo nyene zibwirizwa gutyororwa. Nawe Ekleziya yanje nkunda uzombona ubwa mbere kandi uzoba uwa mbere mu kwikubita ku gikiriza wigaya ibicumuro vyawe!

Ibicumuro vyawe bizogaragara mu maso yawe, amarira azotemba ava mu maso yawe, kuko ubugwaneza wahora ufise n’ubugamburutsi wari waratakaje uzosubira kubugira muri ico gihe nyene. Niho rero uzombwira uti: Mukama Wanje Mana Yanje, giririra imbabazi umusavyi wawe nyabworo! Niho rero Umukama azoheza akakubwira ati: Genda amahoro Umukiza Wawe ari kumwe nawe kandi arakugiriye ikigongwe kuko aragukunda.

Uzosubira ugire ca kibanza cawe c’Umupfasoni wo mu nzu kuko nyene Umugeni yagarutse ngo akwambike Inema yiwe Nyeranda mu myaka n’imyaka. Amen » 

(Bivuye mu butumwa bwatanzwe igenekerezo rya 25 Myandagaro 2003 buhawe Jnsr, impapura za 222 na 223 mu Gitabo « Ehe Raba …akabanga ka Mariya »).

« Umutima wanje urababaye cane: Ijuru ryose riratetemera! Umwijima uri hafi wo kumanauka kw’isi gushika ahoy a misi itatu izotangurira.Isi iri hafi kuronka iburirwa, igabishwa. Yezu azoreka imitima yinjire mu bigeragezo nk’inzahabu igeragezwa n’umuriro. Imryango izoronka muri yo nyene ibikomere vyinshi vyugurutse. Kandi vyinshi bizoba bibabaje cane. Ndipfuza ko iyi si nyabworo inyumviriza!

Ndabahaye Umumalayika Mukuru Rafaheli Mweranda we afise ubutumwa bwo kuburira isi n’abayibako. Ku bijanye n’iryo burirwa, nimusabe kugira ngo kuri uyo musi abantu benshi baze bemere kandi bitegurire ikimenyetso c’urukiza rwabo(Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu, Umusalaba mweranda wikwije ubuninahazwa bw’Imana uzoboneka kw’ijuru). Nimwanka kwitegura, Umukama ntazobagirira imbabazi. Ntimubandanye mutakaze umwanya wanyu n’inguvu zanyu mu bikorwa bidahereza Imana » (Bivuye mu Butumwa bw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 1998 buhawe Debora, impapuro 210 na 211 z’igitabo « Manduria »).

« Mbega none iryo burirwa rizoba rigizwe n’ibiki? Umukama ati ntimuzomenya isaha n’umusi. Ariko ico mubwirizwa kumenya kuko nico gikuru, ni uko nzogaruka ariko imbere yuko ngaruka muzoronka iburirwa naco ikimenyetso c’umusalaba kikaba kizobarongora. . Nimusabe inema yanje, mwigarure, mwigaye ibicumuro vyanyu, mwigire inama yo kuvyirega, kubiheba no kuvyishura neza nkuko bikwiriye, kuko icio kimenyetso c’ukwigaya kizoba ikizobonwa na bose. Ewe wa si yirya ikishira hejuru, ubwishime bwawe bugiye kuzozimangana kuko muri ico gihe uzokwibona n’ijisho ry’Imana maze uce wicira urubanza wewe nyene ukoresheje intahe y’Imana nyene izoba iri muri wewe kuko Imana imuri wewe ariho nyene yibera ! […].

Muzobona amakosa yanyu kandi muzokomeza muvyibuka maze gutyo ntimuzosubira kwinjira mu nyonsha mbi. Muzokwikubita agashi. Muzoheba ivyaha vyose mwahora mukora, ntimuzosubira kubabaza Imana. Muzoheba n’ivyo vyose vyabatandukanije n’amaso y’Imana nabo abo babatandukanije nay o muzobarekurira mw’Izina ry’Umukama. , Se w’imababazi zose. Ikimenyetso c’uguhinduka kwanyu muzokibona mudashobora kugikora ko […]. Ico Kiyaga kiri hafi rwose kando gifise inzira zine. Niho rero nzobereka ikimenyetso c’ubukiriro bwanyu. (Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu, Umusalaba mweranda wikwije ubuninahazwa bw’Imana uzoboneka kw’ijuru).

Isi Nshasha mwemerewe yaramaze kumenyeshwa kuko Umukama Umwami w’abami azobereka vuba cane ikimenyetso gikuru c’intsinzi yiwe. Ikimenyetso c’ubukiriro bwanyu. Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu, Umusalaba mweranda wikwije ubuninahazwa bw’Imana uzoboneka kw’ijuru).  Isi yanje nzoyigwa mu nda kubw’urukundo izohabwa ivuye mw’ijuru urubeya rw’Urukundo rw’Imana, narwo rukaba ari ubuzima nyene kandi rukaba rutazokwigera ruzima na rimwe , kuko uwo muco warwo, uwo mutwenzi uzozimanganya umwijima wose . Uwo uzoba ari umusi wa munani w’ubuninanahazwa..


=================================================

Umusalaba nyaguhimbazwa niwo uzoba ikimenyetso kizoboneka kw’ijuru imbere y’uko haba rya Burirwa rozogaragaza ibicumuro umuntu yakoze n’amagorwa y’ipurugatori canke umuriro ajanye n’ivyaha vyiwe!


Turabe uduce tumwe tumwe tw’ubuhanuzi tubura ivyo bintu vyimirije

« Ijuru rizokwuguruka mugabo imbere yaho gatoyi umusalaba wanje uzokwima vy’ukuri imbere yuko ngaruka mu buninahazwa.Umusalaba wanje uninahaye uzoboneka kw’ijuru. Umusalaba wanje uzobereka ivyaha vyanyu. Muzomenya ubwo nyene urubanza rwanyu. (Bivuye mu butumwa bwatanzwe  8 Myandagaro 1998 buhawe Jnsr, urupapuro 93 mu gitabo « Menyesha igaruka ryanje mu buninahazwa).

« Mwananje, Nzokwimenyekanisha nkoresheje umusalaba w’umwakaka(Ikimenyetso c’Umwana w’Umuntu, Umusalaba mweranda umenyesha ubuninahazwa bw’Umwana w’Imana. Bose banzombona muri wo umusi Data we nyene yitoreye ngo awugaragaze mu kirere. Umusalaba niwo uzobura ukugaruka kwanje mu buninahazwa.

Uwo musi uzoba kandi ari umusi w’ityororwa ntangere kubw’umusalaba nyaguhimbazwa wa Yezu Kristu, Umukiza wanyu, Umucunguzi wanyu. Umusi umusalaba wagaragaye mw’ijuru, amahanga yose n’abansi banje bose bazotetemera gushika naho intebe z’isi yose zigugumwa  kuko nazo nyene zibwirizwa gutyororwa. Nawe Ekleziya yanje nkunda uzombona ubwa mbere kandi uzoba uwa mbere mu kwikubita ku gikiriza wigaya ibicumuro vyawe!

Ibicumuro vyawe bizogaragara mu maso yawe, amarira azotemba ava mu maso yawe, kuko ubugwaneza wahora ufise n’ubugamburutsi wari waratakaje uzosubira ku bugira muri ico gihe nyene. Niho rero uzombwira uti: Mukama wanje Mana yanje, giririra imbabazi umusavyi wawe nyabworo! Niho rero Umukama azoheza akakubwira ati: Genda amahoro Umukiza wawe ari kumwe nawe kandi arakugiriye ikigongwe kuko aragukunda.

Uzosubira ugire ca kibanza cawe c’umupfasoni wo mu nzu kuko nyene Umugeni yagarutse ngo akwambike inema yiwe nyeranda mu myaka n’imyaka. Amen » 
(Bivuye mu butumwa bwatanzwe igenekerezo rya 25 Myandagaro 2003 buhawe Jnsr, impapura za 222 na 223 mu Gitabo « Ehe Raba …akabanga ka Mariya »).

« Umutima wanje urababaye cane: ijuru ryose riratetemera! Umwijima uri hafi wo kumanauka kw’isi gushika ahoy a misi itatu izotangurira.Isi iri hafi kuronka iburirwa, igabishwa. Yezu azoreka imitima yinjire mu bigeragezo nk’inzahabu igeragezwa n’umuriro. Imryango izoronka muri yo nyene ibikomere vyinshi vyugurutse. Kandi vyinshi bizoba bibabaje cane. Ndipfuza ko iyi si nyabworo inyumviriza!

Ndabahaye Umumalayika Mukuru Rafaheli Mweranda we afise ubutumwa bwo kuburira isi n’abayibako. Ku bijanye n’iryo burirwa, , nimusabe kugira ngo kuri uyo musi abantu benshi baze bemere kandi bitegurire ikimenyetso c’urukiza rwabo(Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu, Umusalaba mweranda wikwije ubuninahazwa bw’Imana uzoboneka kw’ijuru). Nimwanka kwitegura, Umukama ntazobagirira imbabazi. Ntimubandanye mutakaze umwanya wanyu n’inguvu zanyu mu bikorwa bidahereza Imana » (Bivuye mu Butumwa bw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 1998 buhawe Debora, impapuro 210 na 211 z’igitabo « Manduria »).

« Mbega none iryo burirwa rizoba rigizwe n’ibiki? Umukama ati ntimuzomenya isaha n’umusi. Ariko ico mubwirizwa kumenya kuko nico gikuru, ni uko nzogaruka ariko imbere yuko ngaruka muzoronka iburirwa naco ikimenyetso c’umusalaba kikaba kizobarongora. . Nimusabe inema yanje, mwigarure, mwigaye ibicumuro vyanyu, mwigire inama yo kuvyirega, kubiheba no kuvyishura neza nkuko bikwiriye, kuko icio kimenyetso c’ukwigaya kizoba ikizobonwa na bose. Ewe wa si yirya ikishira hejuru, ubwishime bwawe bugiye kuzozimangana kuko muri ico gihe uzokwibona n’ijisho ry’Imana maze uce wicira urubanza wewe nyene ukoresheje intahe y’Imana nyene izoba iri muri wewe kuko Imana imuri wewe ariho nyene yibera ! […].

Muzobona amakosa yanyu kandi muzokomeza muvyibuka maze gutyo ntimuzosubira kwinjira mu nyonsha mbi. Muzokwikubita agashi. Muzoheba ivyaha vyose mwahora mukora, ntimuzosubira kubabaza Imana. Muzoheba n’ivyo vyose vyabatandukanije n’amaso y’Imana nabo abo babatandukanije nay o muzobarekurira mw’Izina ry’Umukama. , Se w’imababazi zose. Ikimenyetso c’uguhinduka kwanyu muzokibona mudashobora kugikora ko […]. Ico Kiyaga kiri hafi rwose kando gifise inzira zine. Niho rero nzobereka ikimenyetso c’ubukiriro bwanyu. (Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu, Umusalaba mweranda wikwije ubuninahazwa bw’Imana uzoboneka kw’ijuru).

Isi Nshasha mwemerewe yaramaze kumenyeshwa kuko Umukama Umwami w’abami azobereka vuba cane ikimenyetso gikuru c’intsinzi yiwe. Ikimenyetso c’ubukiriro bwanyu. Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu, Umusalaba mweranda wikwije ubuninahazwa bw’Imana uzoboneka kw’ijuru).  Isi yanje nzoyigwa mu nda kubw’urukundo izohabwa ivuye mw’ijuru urubeya rw’Urukundo rw’Imana, narwo rukaba ari ubuzima nyene kandi rukaba rutazokwigera ruzima na rimwe , kuko uwo muco warwo, uwo mutwenzi uzozimanganya umwijima wose . Uwo uzoba ari umusi wa munani w’ubuninanahazwa.

Nguyu umusalaba w’Umukama, wikwije ubuninahazwa, uriko uriyubaka ufafatanya isi n’ijuru, ubufukisha umutama mweranda w’urukundo rw’Imana kuva mu buseruko gushika mu burengero. Nzokwugurura rero imiringoti yose y’urukundo rubatyorore; Umutima wanje mweranda uzoba isoko ryuguruye, ntimuzokwanka amazi afise ububasha bwo kubatyorora: NI ikimenyamenya c’ibatisimu y’isi yose mu Rukundo rutagira ingero rwa Data, Mwana na Mutima Mweranda
(Ubutumwa bwatanzwe igenekerezo rya  29 Ndamukiza 1997 buhawe Jnsr, impapuro 263 na 264 mu gitabo « Nimubane nanje musangire nanje ibitangaza vy’isi Nshasha Data yaremye. ».

« […] Narababwiye ngo mwunamure amaso murabe hejuru kuko ikimenyetso c’agatangaza kizoboneka mu kirere . Izoba ari umusalaba uninahaye w’Umwana wanje kandi abantu bose bazowubona. Kizoba ari ikimenyetso co kubaburira ngo mwitegurire imurikirwa ry’imishaha , izoza ivuye mu buseruko  ngo ikangure abantu bose.  Ikibabaje ni uko Atari abantu bose bakwemera , abanyabwenge bazotanga insiguro zabo z’ubujuju. Kubera ivyo benshi bazokwaka kwemera ico kimenyetso, ariko mweho muzomenya ko ari ikimenyetso kigamije kubaburira ngo mwitegure kwinjira mw’imurikirwa ry’imishaha

 

Igihe ca Shetani kiriko kirarangira none rero ibintu bibiri bizobwirizwa kuranguka.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kane Igenekerezo rya 26 Mukakaro, Umwaka w’i 2012@ 23:55

 

Mwananje Nkunda cane, abantu benshi ntibategera Ikinyegezwa c’amaza yanje ya kabiri. Igaruka Ryanje mu bUninahazwa n’Iranguka ry’Isezerano Rishasha.  Hazoba Irema ry’Iparadizo Rriza Cane ryari ryagenewe Adamu na Eva na Dawe Wanje Nyagukundwa.

Muri Ico Gihe ibintu vyose vyari Kw’Isi vyari mu butore bw’akatabonetse nkuko Imana Ibishaka.  Umwanya wo kuva igihe nabambwa ku Musalaba kw’isi wabaye umwanya w’akababaro ku bantu baba kw’isi kubera intwaro ya Shetani yiganje kw’isi muri ico kiringo.  Isezerano na Shetani ririko rirarangira none ibintu bibiri birabwirizwa kuranguka:

 

Ukwigarurira Urukiza rw’ubwoko bw’abantu kuzoranguka mu gihe c’Igabishwa. Kuva ico gihe abantu harimwo n’abo ari ibitazi ku bijanye n’ukubaho kw’Imana bazosanganira Ukuri. Abandi nabo bazokwishura buhoro buhoro ku vyo babonye mu kiringo c’ico gitangaro, mu gihe icemezo c’ukw’Imana iriho bazoba baramaze kukironka, bazohinduka haciye akanya.

Nabo nyene bazorondera gusaba Imbabazi z’Imana ku buzima bwabo bw’igicumuro.  Hanyuma hazoza intambwe yanyuma, gutagatifuzwa- ugutyororwa kwa nyuma kugira ngo abantu bo kw’isi yose bazobe bari maso kwinjira mw’Iparadizo yikwije Ubutore Ntangere. Iri ni rya Paradizo Adamu na Eva babamwo mu ntango. Ni muri ico gihe rero Ugushaka Kweranda kwa Data Imana Yamaho kuzoranguka aho abantu bose bazokunda kandi bakubaha Igushaka kwa Data.

 

Imbere yuko ibi biranguka hazoba inguvu z’umwijima zizogerageza kugwanya Ukuranguka Kw’Uku Gushaka kwa Mana Data ngo ntigushike. Kubera ico Abana B’Imana bazokwegerwa ku mpande zose. Naho Mutima Mweranda Azosukirwa kw’Isi nzima mu gihe c’Imurikirwa ry’imitima, ntako shetani itazogira ngo ihagarike ukwo kwihana n’ukwirega ibicumuro kuzoba kw’isi yose. Shetani n’abayikorera nabo bariko baritegurira igabishwa. Bafise umugambi wo guhaririza umuntu wose ko iryo gabishwa ritabaye. Kubera ico abantu benshi bazosanga bibagora kugaragaza ukwemera kw’urwo Rukundo rw’Imana n’uko Iparadizo rishasha ribaho. Mu gihe shetani izoba icigendera kw’isi. Umwidegemvyo uzoboneka igihe yatawe mu mvuto.  Ikibabaje nuko abo bazonanirwa no kubona Ukuri  bakazokwanka n’ibigirankana kwemera Imana ntibazokwigera babona Iparadizo.

 

Nimuhereze Iki Gisabisho c’Ingabo za Kristu (69) ngo mwemere ugushaka kweranda kwa Mana Data. (Raba urupapuro rwa 31)

 

Yezu Wanyu

 

Mutima Wanje Mweranda Ariko Aruruka vuba cane ku bwoko bw’abantu muri iki gihe ngo abategurire gusanganira umuco w’Ikigongwe canje

 

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa gatatu Igenekerezo rya 19 Nyakanga, Umwaka w’i 2012@ 20:45

 

Mwananje Nkunda cane, amahindagurika adasanzwe ariko araba muri iki gihe kw’Isi yose nayo itara ry’Imbabazi Zanje ririko riregereza. Ntihagire umuntu n’umwe yibaza ko ivyo Mvuga ko bizoshika bitazoba. Mvuga Ukuri gusa nico gituma mubwirizwa kunyizera. Mutima Wanje Mweranda Ariko Aruruka vuba cane ku bwoko bw’abantu muri iki gihe ngo abategurire gusanganira umuco w’Ikigongwe canje. Ntihagire umuntu n’umwe ananirwa n’ukwitegura no gukwiza hose Ijambo Ryanje kugira ngo imitima ishobore kurokoka. Vyose biratunganye ubu mwananje kubera vyose birateguye kugira ngo Ijambo Ryanje rikwire hose nk’Ishurwe ryo mw’Ishamba rizoshinga imizi mu bihugu vyose.

 

Akamotera gahimbaye k’Ingabirano Yanje y’Urukundo kariko karamotera n’abo nyene bafise ukwemera guke. Kuko barabona nabo nyene ko hari ibintu biriko birahinduka kw’isi naho badategera ikiriko kirabituma. Babwire ko Umukama Imana, Umwami w’Imbabazi, Ariko aritegura ngo agaruke mu buniniahazwa bwiwe kugira ngo abakize. Isezerano Ryanje rigeze ku ntambwe yaho uguhinduka kuzobanza gushika. Hanyuma hace hakurikira uruhamo. Hanyuma hace haza Ubukiriro. Ni muri urwo rutonde vyategekanijwe.

 

Nimunyizere muheze mwitegure kuko umwanya wo guhinduka kw’Ikivunga c’abantu baba kw’si uri hafi.  Hari intambamyi nyinshi ziriko zirashigwa imbere yanyu bakunzi banje. Ngiki ico mubwirizwa gukora. Tambuka mutumbereye. Nimuze mu nzira igana Jewe vyongeye mukomeze mwiyumva mwo agateka kanyu kose mutaravye ibitutsi mutukwa uko bingana.  Mukuvyifata mwo gutyo mudahanganye n’igisizimwe kigendera mu bandi ngo gishire ugukekereza mu Kwemera kwanyu muzotsinda. 

 

Nico gituma nagumye ninicecekeye hanyuma nkishura gake cane iyo bibaye ngombwa gusa, barya bandemeka amabi barya bariko baranyica rubi. Kuko iyo nguma ndabishura vyari guhava vyongerereza inguvu Shetani. Urupfu Rwanje Rwasambuye ububasha shetani yari ifise ku bana b’Imana. Shetani iraheza ica itakaza ububasha bwo kwiba imitima yose. Ubu naho mu gihe ndiko ndagaruka vuba cane, izotakaza ububasha bwose yari isigaranye. Ariko kugeza ico gihe, izobandanya yiba imitima. Ni mukomere. Ni mutekane. Nimwihangane mube intwari. Ndi kumwe namwe! Nimwampebera ugushaka kwanyu mukanyizera rwose ataco mwisigarije, ntaco muzoba.

Yezu Wanyu!

 

Bazovuga ngo Nari mfise umugore. Bazovuga ngo Nari Umuhanuzi nk’abandi Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa gatatu Igenekerezo rya 20 Nyakanga, Umwaka w’i 2012@ 15:16

 

Ni Jewe Umunega w’imitima yanyu kandi nkuko bimeze gutyo muzokomeza kubabara ngo mukize imitima.  Mwananje, igihe c’uko ibinyoma ku binyerekeye bikwiza kw’isi yose caramaze gutangura. Nkuko nari narabikumenyesheje ubwa mbere yuko bazokwiza hose ububeshi bakarementanya ibinyoma vyose kuri Jewe Yezu Kristu mu ntumbero yo guhakana ko ndi Imana.

 

Ubumana Bwanje bushoboye vyose. Naje mu mubiri nigira muto mu buryo abantu batari biteze na gato

Sinaje nambaye nk’Umwami.

Sinaje mpogora canke nishira hejuru nk’Umwami ku buryo abantu bakubita ibipfukamiro imbere yanje.

Sinigeze ntumako abantu ngo nibaze kunsanganira.

Ahubwo naje ndi umusuku. Naje kubinginga ngo mwemere ndabakize. Mu gushika kuri ibi nabwirizwa kwicisha bugufi mukwigira umuntu afise itanguriro riciye bugufi. Naho naje nk’Umuntu ntibisigura na gato yuko Ubumama Bwanje bwavuye ko n’akamanyu. Navutse ata gicumuro. Vyari ibidashoboka kuri Jewe gucumura. Nshobora kuba naragize ivyipfuzo vy’umubiri nk’umuntu asanzwe ariko sinigeze nkora icaha kuko ibi ntivyokunda. Nari Mweranda mu bwenge, mu mubiri no mu muzirikanyi. Nari meze nk’umuntu mu buryo bwinshi. Ariko narazutse Mva mu bapfuye.

Ububeshi buzokwaduka aho bazokwanka kwemeza Ukuri kw’Ukubaho Kwanje baciye ku ngazi y’ububeshi bugiye gutangura gukwira kw’Isi. Bazobabwira ko Umubiri Wanje n’ubu bosubira kuwutora. Bazohuguza bavuge ko nari nararongoye. Mbere bazovuga ko nari Umuhanuzi Asanzwe. Bazoca rero bagerageza kwemeza abantu ko vyashika nkavuga ibitari vyo. Bazovuga ngo naranatutse Imana. Bazotyekeza Amajambo Yanje uko Ashikirizwa isi muri iki gihe bace banyiyamiriza banyihakane. Bazogira ibi bintu babitumwe n’imvo zibiri:

  • Ubwa mbere n’ukugira batyoze Ubumana Bwanje gutyo babwire abantu ko ndi umuntu asanzwe.
  • Ubwa kabiri ni ukugira batume abantu bakekereza ku ruhara Rwanje rwo ku bacungura.

Ese ukuntu batuka Izina Ryanje! Ese Ukuntu bajuragiza abagendanyi banje!

Ntimukumvirize ubwo bubeshi. Ntimubatege amatwi nibagerageza kubasigurira ko Imana Itaremye Ijuru n’Isi.Kuko ibi binyoma vyo kubasamaza vyose vyateguwe ngo bisinzikaze ukwemera kwanyu ngo babonereho gusahura imitima yanyu. Zibira amatwi Nibatangura kubabwira ubwo bugome. Nimupfuke amaso yanyu ntiyihweze ubwo bubeshi kuko ntako batazogira ngo babasigurire ko ntari Mesiya, Umukiza n’Umutabazi w’Ubwoko bw’abantu. Ese ukuntu ari impumyi. Ese ukuntu ataco bigeze batahura.

Yezu Wanyu