Igisabisho c'ingabo za Kristu (1-100)

04/09/2017 18:01

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (1) Kwihereza Yezu ngo nkize Imitima

 

Yezu Wanje Wewe Udukunda cane ni Unkundire ndagufashe gukiza imitima Ukunda cane nicishije bugufi. Girira Ikigongwe abacumuzi bose n'aboba baragutuntuje umutima nyene. N'unshoboze mu masabamana no mu mibabaro yanje ngo mfashe iyo mitima itazoshobora kurinda ca gihe c’iburirwa cimirije aho hazoba imurikirwa ry'umutima w'umwe umwe wese. Ese boshobora nabo nyene kuronka ikibanza ciza hafi Yawe mu Bwami Bwawe. Kunda Wumve igisabisho canje,Yezu Mwiza maze ndagufashe kugarukana mu ruhongore Rwawe iyo mitima Ukunda cane. Yezu nkunda rwose ndakwemereye ko nzokwama nkugaburukira mu kudahengeshanya kurangura Ishaka Ryawe! Amen.

 

Bikira Mariya : Nimwakirane urukundo Ingabirano y’inema y’Ugukingirwa amahano atumwa n’akabi mwakoze, bane banje! Nimuyibumbatire kuko n’ingabirano idakunze gutangwa rwose n’ijuru.
Ku wa Gatandatu Igenekerezo rya 25 Myandagaro 2012 @ 12h00

Mwananje, Ijuru rirahimbawe cane. Imigwi y’abamalayika barashimagiza Imana bagaterera mu gahogo baririmba ubuninahazwa Bwayo Ntangere. Imbabazi zayo Zeranda Data Asukira ku bana biwe kubw’ iyi ngabirano y’ugukingirwa amahano akomoka ku bicumuro vy’abantu zirashimagizwa n’Urukundo rwinshi be n’akanyamuneza ntangere n’abamalayika n’aberanda bose bo mw’Ijuru.

Abana Banje ntibarategera neza ububasha bw’iyo Ngabirano Nkuru itanzwe n’Ikigongwe ca Data, Imana Isumba Vyose. Bane banje, ubu mufise ububasha bwo gukiza abandi, imitima yatakaye. Ivyo bisigura ko ububasha bwa Sekibi bushobora gitsindwa mu buryo butahora bushoboka gushika uno musi. Ububeshi, ubwiyorobetsi n’inzigo Sekibi ikomeza guteragira mu mitima y’abana b’Imana birashobora kugirwa ubusa igihe ibisabisho vyahahwe abakunzi b’Umwana Wanje  biherejwe imbere y’Inganji ya Mana Data.

 

Nimusanganire Ingabirano y’Ugukingirwa ibihano bikomoka ku bicumuro mwakoze bane banje. Iyi Ngabirano irabereka Urukundo rwa Data ku bana biwe bose akunda cane. Ni kimwe mu bitangaro bikuru vyahawe abana b’Imana bose muri ibi bihe vya nyuma.
Murakoze kuba mwitavye aka kamo kanje


Bikira Mariya, Umugabekazi w’Ijuru, Nyina w’Ubukiriro.

______________________________________________________________________

 

Igisabisho C’Ugutazira Imana(2): Gusaba Induljensiya ya Rwose

Mana Uhangamye mw'Ijuru Wewe Dawe Wa twese

 Ndagukunda

 Ndaguhaye icubahiro

 Mukama Gira Imbabazi se Muvyeyi Wacu

 Mukama ni Uturekurire ivyaha vyacu.

 Mana Yanje ndagusenga

 Ndakuninahaza

 Ndagukengurukiye ku Nema zose Wampaye

 Ndagushimira rwose ku Ngabirano y'Urukiza kandi ndayisabiye abo wampaye bose(ongorera Imana abo wipfuza gusabira)

 Ndakwihaye ngo umenye ko ndi uwawe bwite kandi nzokwama ndakugamburukira imisi yose y'ubuzima bwanje

 Ndakwihereje ubutacisubirako

 Wewe Dawe Mana Mushoboravyose

 Waremye vyose

 Muremyi W'abantu bose

 Uri itanguriro rya vyose.

 Uri inkomoko y'Urukundo nyarwo

 Mbere Uri Rukundo Nyene

Ndagukunda

Ndaguhaye icubahiro.

 Nishize mu biganza vyawe Mwami

 Ndasabiye imbabazi imishaha yose itakuzi,

 Imitima itakwubaha

 bamwe bakengera Ukuboko Kwawe

Ndakwihereje rwose ntiziganya umutima n'umubiri

 Maze Unyakire mu Maboko Yawe Nyagusengwa aho ataco nzokwinona kuko Uguma Unzigamye

 Ndagusavye ngo Wugurure imiryango y'Iparadizo ngo abana bawe bose bashobore kwunga ubumwe, bakoraniye mw'iragi Wari Waraturemeye twese. Amen.

 

Igisabisho C’Ingabo za Kristu (3)Ugutazira Imana : Duhagararire Ijambo ry’Imana

Ewe Yezu Mwiza dukingire ibinyoma bityoza Imana.

Dukingire ububisha bwa shetani n’ingabo zayo

Dufashe kurushirizaho kugukunda kuruta uko twahora.

Twongerereze Inkomezi mu Ngwano zacu za misi yose.

Tugwanire mu kwemera kwacu.

Tuyobore utujane mu buhungiro aho umwansi atazoshobora kudusanga

Dushoboze guhaguruka ngo duhagararire Ijambo Ryawe.

Dukomeze mu ngingo twafashe yo kuba abigishwa bawe babushitse.

Dutabaze ubutwari dukeneye.

Duhe kwama tukwizeye.

Tuyobore mu nzira y’Ukuri nyakwo.

Tugwanire Umwansi mubi.

Dutabaze Inema zizodukingira kugwa mu mitego ya Shetani.

Udufashe twirinde inyosha mbi.

Tuzane hafi y’Umushaha Wawe Mweranda Rwose.

Udufashe twame tukugamburukira ubudahengeshanya. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (4): Kugira ngo tugabanye Ishavu rya Mana Data

Mukama Mana Usumba Vyose

Turagusavye imbabazi ku vyaha vy’abana bawe

Turagushimiye ku ngabirano y’isi

Turagushemeza kubw’Ingabirano y’ubuzima bw’abantu

Turakenguruka Ingabirano y’ubuzima

Turanezerwa cane n’iyo Ngabirano y’ubuzima

Turagushima kubera Ingabirano y’Umwana Wawe Yezu Kristu.

Turagushimiye rwose ku Ngabirano y’Urukiza Rwacu

Turashemeza Ubumana Bwawe

Turakwituye rwose burundu kugira ngo Ugushaka Kwawe kuranguke, kw’isi nko mw’Ijuru

Turagushimira ku Ngabirano y’Imurikirwa ry’ubwenge bw’imitima yacu

Turashima ko Watwemereye ubuzima budahera.

Turarindiranye igishika Ubuninahazwa bw’isi nshasha
Turagutakambiye ngo Ukize imitima yose harimwo n’iyo igutuntuza Umutima n’iyatakaye nyene.

Turakuninahaza kubw’Urukundo Wereka abana Bawe bose.

Turashima Ingabirano y’Ubuhanuzi.
Turagushimira ku Ngabirano yo Gusenga.

Turagusavye ngo Udutabaze Amahoro n’Ubukiriro.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (5): Dusabire abari mu gicumuro kigoye

Mukama Yezu, kiza abacumuzi bose boye kugwa mu Mbeya z’umuriro udahera

Rekurira imitima yiraburaniwe
Bafashe bashobore kukubona. 
Baterure ubakure mu mwijima. 
Ugurura amaso yabo. 
Ugurura imitima yabo. 
Bereke Ukuri. 
Barokore. 
Bafashe bumvirize. 
Bakize ubwishime bwose, umwina w’ivy’isi n’ivyipfuzo bibi vy’umubiri
Bakingire akabi kose. 
Wumve amaborogo yabo ubatabare. 
Bafate ukuboko. 
Bakure ubakwegere kuri Wewe. 
Batabare ubakize amayeri ya Shetani. Amen.

Amen.

 

Igisabisho c'ingabo za Kristu(6) Dusabe Imana ngo ihagarike ruziraKristu

 Ewe Yezu, ndagusenga kandi ndagusaba ngo Imana kubw'Imbabazi zayo ikunde kubuza ruziraKristu n'ingabo ziwe boye kubandanya gutera ubwoba abana bawe. Turakwingize Uhagarike uwo mubisha vyongeye Ukuboko Kwawe Kweranda Kudukize amarushwa aduhanamiye ahubwo Ugire ko imitima ya benshi yohinduka muri ca gihe c'Ityororwa twimirije. Amen.”

 

Igisabisho c’Ugutakambira Imana (6)

Ewe Yezu Mwiza, Mukiza wanje Nkunda rwose

Nyuzuza urukundo rwawe

Nyuzuza Inguvu zawe

Nyuzuza Ubwitonzi bwawe

Nyuzuza ubukomezi bwawe

Nyuzuza ukwicisha bugufi kwawe

Nyuzuza ubutwari bwawe

Nyuzuza ukwitanga ntiziganya kwawe. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (7) Dusabire abo bose banka Ikigongwe: Ku wa kabiri, Munyonyo 22, 2011 @ 08:00 pm

Yezu, Ndakuzamvye ngo Ugirire Ikigongwe abo bacumuzi biraburaniwe imitima gushika naho bazotora kwanka umuco w’Ikigongwe cawe. Bagirire Ikigongwe Yezu ubarokore maze ubakure mu mvuto z’ibicumuro  vyabo bibagora kwihana. Shungururira ku mitima yabo imishwarara y’Ikigongwe Cawe Ubahe akaryo ko kugaruka mu ruhongore. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (8): Gutakambira Imbabazi z’Imana ngo itugirire Ikigongwe


Ewe Yezu Mwiza, ndagusavye Ungirire Ikigongwe ku bicumuro vyanje vyose no kuri aho hose nakubababaje canke nakomerekeje benewacu. Ndakuzamvye nicishije bugufi ngo Ushire Inema Yawe mu mutima wanje maze sinze nsubire kukubabaza ahubwo nigire inama yo kwisubirako mu kwitandukanya n’igicumuro hamwe n’ingeso mbi zose kugira ngo name na ntaryo ngendera mu nzira Zawe. Ndakwinginze ngo Uze Wongere Umbabarire igihe vyosubira gushika ngasubira gucumura nkongera gutsindwa n'icaha ngasubira kukubabaza, nkagusubiza ku musalaba. Urantabara Umfate ukuboko, Unterure, Unjane hamwe nawe mu bihe vyiza vy’amahoro yawe twimirije, maze nibere mu kanyamuneza k’umuryango Wawe, imyaka idashira. Ndagukunda Yezu Wanje, Ndagukeneye. Ndaguteye iteka kandi ndagushemeza, ndaguhaye icubahiro hamwe n’ivyo vyose bikuranga. Mfasha Yezu Mwiza maze nze mberwe no kwinjira mu kanyamuneza k’Ubwami Bwawe. Amen.


Igisabisho c'Ingabo za Kristu (9) Guhereza Yezu ububababare bwacu nk'ishikanwa rimushika ku nyota

Mushaha wa Yezu Mweranda Rwose, nunyigishe kwemera ibitutsi bantuka kubw'izina ryawe iyo ndiko ndamenyesha Ijambo ryawe ngo ndangukurire ubwatsi. Nyigisha mbashe gutegera ukuntu ububabare ntegwa n'abamfata nabi n'imibabaro nyene birushirizaho kunyegereza Umushaha Wawe Mweranda rwose.

 Ese wontabara nkavyakirana urukundo n'umutima mwiza ngo mbashe kubiguhereza nk'ishikanwa rikubereye ryo gukiza imitima. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (10) Dufashe kwamana urubeya rw’Urukundo: Ku wa kabiri, Munyonyo 29, 2011 @ 03:35 zo ku muhingamo

Dufashe,Yezu Mwiza ngo duhaguruke ata bwoba, kubw’Izina Ryawe dutwaye Urubeya rw’Urukundo Rwawe mu bihugu vyose. Duhe twebwe abana Bawe Ingonga zo kurinda agakengerwe tuzogirirwa nabo bose atari abaKristu nyabo kubera ko batemera vy’Ukuri Ikigongwe Cawe! Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (11) Hagarika ishari isi ifitiye ababonekewe

Mushaha wa Yezu Mweranda rwose, kunda uhagarike urwanko n'ishari biboneka mu bagukurikira bafitiye ababonekewe wahaye ubutumwa bwo gukebura abana bawe muri iki gihe. Ndakwinginze ngo wumvirize igisabisho canje maze uhe abahanuzi bawe n'abatumwa bawe babonekewe inguvu bakeneye ngo batangaze hose Ijambo ryawe ryeranda muri iyi si yuzuye ubuhakanyi. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (12)

Igisabisho co kwirinda icaha c'ukwishira hejuru 
Ewe Yezu Wanje n'Umfashe ngo nirinde ubwishime bwose iyo ndiko ndavuga kw'Izina Ryawe. Urangirir'imbabazi nivyashika ngakengera uwundi muntu kw'Izina Ryawe. Mfasha kukwumviriza Yezu Mwiza igihe Uriko Uranganirira. Ntabaza Mutima Wawe Mweranda ngo mbashe kuzirikana Ukuri kw'Ijambo Ryawe iyo Uriko Urayagira abantu Waremye. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (13)Dusabe inema y’Induljensiya ya rwose

Mana Data wo mw’Ijuru, kubw’Urukundo rw’Umwana Wawe Ukunda cane, Yezu We Yadukijije igicumuro mu kudupfira ku Musalaba, ni Ukunde gukiza abo bose baguma banka kwakira Ukuboko Kwawe kw’Ikigongwe. Shungururira ku mitima yabo Dawe Mwiza ikimenyetso c’Urukundo Ubafitiye. Ndakwinginze, Dawe Wo mw’Ijuru, Wumvirize igisabisho canje Ukize iyo mitima yoye kugwa mu nyenga y’amagorwa y’imyaka yose. Kubw’Ikigongwe Cawe Ntangere, bakundire babe mu ba mbere bazokwinjira muri ca gihe c’Amahoro Yawe twimirije ngaha kw’isi. Amen. 
* Inema zidasanzwe zizohabwa uwo wese azohereza iki gisabisho ukwezi kwose asabira benewacu.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (14)/Ngo Imana idukingire ingwano y’ibigwanisho Ruhonyanganda be n’ivyuka bihonya ubuzima

 Mana Mushoboravyose, Mana yo mw’Ijuru, Girira Ikigongwe abacumuzi bose. Ugurura imitima yabo ngo bemere ubukiriro kandi baronke umusesekara w’inema zawe. Kunda Wumvirize ibisabisho vyanje mperereje umuryango wanje maze Ukunde Ugire umwe wese muri twebwe umwishikira mu Mushaha Wawe wuzuye urukundo. Mana Dawe wo mw’Ijuru Kingira abana bawe bose bari ngaha kw’isi ingwano y’ibigwanisho ruhonyanganda n’iyindi migambi igayitse yategekanijwe ngo ihonye abana bawe. Dukingire inabi yose Wongere Utugwanire imisi yose. Tuboneshereze ngo tubashe kwugurura amaso yacu n’amatwi yacu ngo twemere Ukuri kw’urukiza rwacu ata bwoba mu mitima yacu. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (15) Ugukengurukira Imana Ku Kigongwe cayo ceranda:

“EWe Dawe wo mw'ijuru, turagushemeza n'icubahiro cinshi mu kwibuka akigoro kadasanzwe wagize aho warungika Umukiza kw'isi. Turaguhereje mu kanyamuneza no mu gukenguruka, igisabisho cacu ngo tugukurire ubwatsi.

Tuboneyeho no gukenguruka ku ngabirano y'ikigongwe c'Imana uriko urasukira ku bana bawe. Mana Mushoboravyose dufashe tuberwe n'ukwakirana urweze iyo Ngabirano y'Imbabazi zawe ntagere. Amen.

yanyu.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (16) ngo twemere Inema Yezu azosaga imitima yacu mu gihe c'Imurikirwa ry'Imishaha twimirije

Ewe Yezu Wanje, Ntabaza ubukomezi nzoba nkeneye muri ca  kiringo c'Imbabazi Zawe ntangere igihe hazoba imurikirwa ry'umushaha w'umuntu wese maze akibona nkuko Imana Imubona. Ntabaza inema nkeneye ngo nze mbashe kwifata ruto mu Maso Yawe. Ugurura amaso yanje abone ukuri kw'ingwati y'Ubuzima Budahera Watwemereye. Ngirira Ikigongwe Uhanagure ibicumuro vyanje mbashe kubona Ubwiza Bwawe, Ukuboko Kwawe Kunyobore mu Bunywanyi Bwawe. Ngwa munda Unyengenge Uheze Unterurure mu Maboko Yawe Meranda Unyengenge kandi Unjane iwawe mu mu Muryango Wawe Mweranda maze twese dusubire tube umwe nka mbere. Ndagukunda Yezu Mwiza kandi ndakwemereye kuva uno musi ko nzokwama ntangaza hose Inkuru Nziza y'Urukiza rwawe n'umutima mwiza ata bwoba mu mutima wanje. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (17) Dusabire imitima iri mu mwijima: Ku w’Imana, Igenekerezo rya 1 Nzero, 2012 @ 03:00 zo ku muhingamo

"Ewe, Mushaha Utatyoye ya Bikira Mariya, Muvyeyi w’Ubukiriro n’Umushikiriza w’Inema zose, Wewe Ufasha Yezu gukiza ubwoko bw’abantu ngo Ubakize ububisha bwa shetani, Dusabire. Mugabekazi w’Ubukiriro, Saba ngo imitima yose irokoke kandi ngo yemere Urukundo n’Ikigongwe Umwana wawe Yezu Kristu Abagirira, We Agarutse ngo Akize ubwoko bw’abantu kandi ngo aduhe akaryo ko kwinjira mu Buhirwe Budahera.. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (18) Guhagarika RuziraKristu n'umurwi wiwe!

Ewe Yezu mwiza, kiza isi uyitabare ngo RuziraKristu yoye kuyiganzira. Dukingire imitego ya Shetani. Bandanya Ukiza akabi kose Ekleziya Yawe n'abana bawe bagifise Ukwemera ngo bagumye ibanga ry’ubukristu! Tabaza amasengero yawe yose inema akeneye Ubonereho kudutabara mu ngwano n'uruhamo vyateguwe na Shetani ifatanije n'ingabo zayo z'abagizi ba nabi. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu  (19) Dusabire Urwaruka

Mugabekazi w'Ubukiriro, Ndagusavye usabire imbabazi imitima y'urwaruka ruri mu mwijima ntangere maze amaso yabo yuguruke ngo babone kandi bamenye Umwana Wawe Ukunda cane aho Azogarukira gutabara ubwoko bw'abantu. Gira ko ata n'umutima numwe wosigara inyuma. Gira ko ata mutima numwe womwirengagiza canke ngo wanke kumutakambira ngo Awutabare Awukize. Ndakuzamvye Mawe ngo bose barokoke kandi ndakwinginga ngo Ukunde Ufukishe iyo mitima nyabworo Umutamana Wawe Mweranda Uyikingire umwansi Sekibi. Amen

 

Ku wa Gatanu, Nzero 13th, 2012 @ 08:00- Bikira Mariya: Dusabire Urwaruka rutazi ico rukora.

Mwananje, ndababaye cane uyu musi kubera mbabazwa cane iyo nibutse imitima y'abacumuzi nyabworo bazogwa igihumura bagapfa mu gihe c'ibonesherezwa ry'imishaha. Ndasavye ngo bamenye ko vyihutirwa ko batangura gusenga ngo basabire iyi mishaha ibabaza cane Mana Data. Inyifato yabo irasesema cane amaso yiwe. Basha nimusabe, nimusabire uru rwaruka rwabaye abana b'umwijima benshi muri bo bakaba batazi ico bakora.

Ububisha bwabo butuma Umwana Wanje arira amosozi Inguma Ziwe nazo zigakomeza kwaguka. Birihutirwa rwose ko imitima myinshi ishoboka yinjira mu Mushaha wa Yezu ikabumbatirwa mu maboko yiwe n'Imbabazi Z'Imana zimukomokako zikababumbatira. Iki Gisabisho c'Ingabo za Kristu murakinshikanira, Jewe Umugabekazi w'Ubukiriro Bwamaho ngo iyi mitima y'abo bacumuzi nyabworo ibashe kurokoka. .

 

Igisabisho c'Ingabo za Yezu(20)

Hagarika ruziraKristu areke gusenyura isi:

“Mana Dawe Wacu, kw'Izina ry'Umwana Wawe Ukunda cane, Umukama Wacu Yezu Kristu ndagutakambiye ngo Ubuze ruziraKristu, areke gutega imitego imitima y'abana Bawe. Ndakuzamvye nicishije bugufi, Dawe Mana Mushoboravyose Uhagarike uwo mubisha areke kubandanya ibitero vy'iterabwoba ku bana Bawe Ukunda cane. Ndakwinginze ngo Wumve amaborogo yanje maze Umwankire gusubira kwanduza ibiremwa vyawe Wiremeye. Vyongeye ndagusavye Ugirir'imbabazi imitima y'abacumuzi nyabworo izobura inguvu zikwiye z'ukumwivuna. Kunda Wumvire Igisabisho canje Dawe Mwiza, maze Ukize abana Bawe bose ako kabi kabishe.  Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Yezu(21): Dushimire Mana Data we yaturungikiye Umwana wayo ngo Adukize igicumuro!Nimusabe rero mugushimira Imana kuri iyi Ngabirano y'Imurikirwa ry'imishaha iriko irahabwa zina Muntu wese na Mana Data muri iki Gisabisho c'Ingabo za Kristu 21:

Turagushima kandi turagushemeza Mana Nyeranda Rwose, Rudasumbwa Mana Muremyi w'abantu bose. Turagushimiye kubera Ingabirano y'ubukiriro usaga abana Bawe nyabworo. Turakuzamvye dushimitse Mukama ngo Urokore kandi Ukure mu menyo y'ingwe abo bose bakurikira Sekibi maze imitima yabo Uyikure mu mwijima kandi Uyugurure ngo ibone Ukuri kw'Ubuzima Budahera Wari Warabahamagariye. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Yezu (22) ku Basaseredoti: Abasaseredoti  kugira ngo bashingire Intahe Inyigisho Ngendegwako z’Ekleziya.

Ewe Yezu Nkunda Cane, Guma Unyuzuza Ubukomezi Bwawe narwo Urubeya rw’Urukundo ndagufitiye ntiruhengeshanye kuba nk’umuriro waka imisi yose y’ubuzima bwanje.

Ntuze Wigere Ureka Urwo Rubeya rw’Urukundo ndagufitiye ngo Rugabanuke canke ngo Ruzimangane. Vyongeye Ntuze Wigere Undeka ngo mbe nta ntege imbere y’ibigeragezo. Impa Inema nkeneye ngo ntere iteka Umuhamagaro wanje, Ubwihevyi Bwanje n’UbuKristu Bwanje ngo ngume nshingira intahe Ukuri kw’Inyigisho Ngenderwako z’Ekleziya Gatolika y’Ukuri. Ndakwemereye kwama ndakugendanira ibihe vyose.

Ndasubiye kukwemerera ko nzokwama ngwana mu Ngabo Zawe maze Ekleziya Gatolika irushirizeho kwikwiza ubutore ikeneye ngo ize igusanganire mu kanyamuneza, Yezu Mwiza aho Uzogarukira mu buninahazwa Bwawe. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Yezu(23): Dusabire Amahoro n’umutekano Papa Benedicto wa XVI-

Iki Gisabisho cari cahawe Mariya W’Ikigongwe c’Imana na Bikira Mariya, Umugabekazi w’Ubukiriro ku Musi w’Imana Igenekerezo rya 28 Nzero, Umwaka wa 2012 @ 21:00

 

 Dawe Wamaho kubw’Umwana Wawe Ukunda cane, Umukama Wacu Yezu Kristu n’amagorwa Yarinze ngo Akize Isi igicumuro, ndakwambaje ngo Ushime gukingira Icariho Cawe ceranda, Papa Benedigito wa XVI, umutwe w’Ekleziya Katolika ngaha kw’isi, ngo nawe nyene abashe gufasha kurokora Abana Bawe n’Abakwihebeye bose gutyo Ubatabare Ubakize ibitero vya Shetani n’inyosha mbi zayo, ari bo ba bamalayika bagarariza Inganji yawe baguma bayerera kw’isi bosha nabi imitima ngo bayikwibe.

 

Ewe Dawe, Kunda Ukingire umupapa Wawe maze abana bawe babashe kuyoborwa mu Nzira y’Ukuri izobashikana kuri ya Paradizo Nshasha Wasezeraniye Abana bawe ngaha Kw’isi. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (24) Induljensiya ya rwose 
(Guhereza iki gisabisho kibwirizwa kuvugwa imisi indwi ikurikirana)

Ewe Yezu wanje nkunda rwose, uri umuco w'isi. Uri urubeya rukora ku mitima yose. Ikigongwe cawe n'urukundo rwawe nta mbibe bigira. Nti twari tubikwiye ko utwigorera gushika naho udupfira ku musalaba. Mbere turazi neza ko urukundo udufitiye rusumba kure niyo urwo tugukunda. Dutabaze rero se Muhanyi mwiza ingabirano y’ukwicisha bugufi gutyo tuberwe no kwinjira mu bwami bwawe.

Twuzuze Mutima Wawe Mweranda ngo tubashe gutera imbere nk'umuzinga tuyoboye ingabo zawe zisemerera hose ukuri kw’ijambo ryawe kandi ngo dutegure benewacu baberwe n'ukuzokwakirana akanyamuza aho uzogarukira mu buninahazwa bwawe.

Turakuninahaza kandi turagukuriye ubwatsi. Turakwihereje uko turi, tuguhaye amarira n’amaganya yacu nk'ituro ryo gukiza imitima.

Turagukunda Yezu Mwiza. Girir'imbabazi abana bawe bose iyo bava bakagera aho bari kw'isi yose. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (25) Dusabire Ababonekewe bo kw’Isi yose. Ku wa Gatandatu Igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2012 @ 10:09

Mana Mushoboravyose ndakwinginze ngo Ukingire intumwa Zawe zeranda zikwiye kw’isi  yose. Ndagusavye ngo Uzikingire urwanko rwa benewabo. Ndakuzamvye ahubwo Ugire ko Ijambo Ryawe Ryeranda Rwose ryokwihuta gukwira mu bantu bo kw’isi yose. Bakingire rero inzigo ya benewabo yotuma babacafuza mu kubavuga ukutariko, Barinde ababafata nabi n’ababakengera, Ushime kubakiza ikinyoma cose hamwe n’ico cose coza kibagirira nabi. Kunda Kandi Wame hafi y’imiryango yabo Wongere Ubafukishe Mutima Wawe Mweranda ibihe vyose gutyo ubutumwa bashikiriza isi bubashe gushikira mu mitima yigaye kandi iciye bugufi. Amen.

 

Mwananje, ubwishime n’ingeso ishisha rwose mu maso ya Mana Data. Biramubabaza rwose igihe igicumuro c’ukwishira hejuru gisagirije imitima y’abayoboke biwe n’abamusenga iyo banse kwakira Ukuri kw’Ijambo Ryiwe Ryeranda Ashikiriza isi uyu musi aciye ku ntumwa ziwe.  Babwirizwa gusaba ingabirano y’inama nziza n’ugutegera Ivyiza Itangwa kubw’Ububasha bwa Mutima Mweranda nawe Akaba Ayihereza gusa imitima yicisha bugufi, imitima izira ubwirye n’ukwiyemeza.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (26): Igisabisho imbere yo guhereza Irozari

Kuvuga Irozari ngo dufashe gukiza igihugu cacu ! Umugabekazi wacu aradusaba kuvuga Irozari ngo dufashe gukiza ibihugu

Mugabekazi wa Rozari Ntagatifu, warashatse kuza i Fatima , ngo umenyeshe utwana dutatu tw’utwungere intabonwa y’inema zinyegeje mw’Irozari Nyeranda. Uzuza umutima wanje urukundo ntangere rw’iki Gisabisho, maze nzirikane ivyibukiro vy’urukiza rwacu ngo mberwe n’ukugabana ivyamwa  bibikomokako, ndonkere amahoro isi yose, uguhinduka kw’imitima n’Uburusiya n’inema ndagusavye(…........) .

Ndagusavye ngo undonse ivyo ndagusavye kubw’ubuninanahazwa bw’Imana , kubw’iteka ryawe nyene n’ineza y’imitima, na cane cane umutima wanje nyabworo, Amen !

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu 27 Gusaba amahoro kw’isi yose

Ewe Yezu Mwiza, ndagusavye inema n’imbabazi kuri abo bose batuntujwe imitima n’ingwano ziteye ubwoba. Ndagusavye ngo uzanire amahoro ivyo bihugu vyazibiwe amaso na Shetani ku buryo batakiyoboka inganji yawe. Kunda usage ivyo bihugu n’ububasha bwa Mutima Mweranda maze abategetsi bavyo basigeho gupfukama munda abanyagihugu bari bajejwe kubungabunga no gutuntuza imitima y’abana bawe ataco bazira. Girira imbabazi ibihugu vyose bikiri mu bukene kandi bidashoboye kwivuna abo bamenja maze ubikingire amashirahamwe ya Shetani arondera gukwiza ubumara bwayo kw’isi nzima. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu 28: Dusabe Ubumwe bw’Amashengero yose y’Abakristu

Mana Mushoboravyose turakubise ibipfukamiro imbere Yawe tugutakambira ngo Utwungire ubumwe bw’abana bawe bose mu rugamba rwo kuzigama Amasengero yose yawe y’AbaKristu agukorera hano kw’isi. Ntureke ngo ibidutandukanya bikomeze biduteranya muri ibi bihe vy’ubuhakanyi budasanzwe bukomeza bwigaragaza ngaha Kw’isi. Mu Rukundo tugufitiye ni Udutabare Uduhe inema dukeneye ngo dukundane hagati yacu kw’Izina ry’Umwana Wawe Ukunda cane, Umukiza Wacu, Yezu Kristu. Turagusenga. Turagukunda. Turishize hamwe tugwanire ubushobozi bwo kugumya ama Ekleziya  ari ngaha kw’isi mu bigeragezo tuzocamwo mu myaka iri imbere. Amen!
 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu 29:  Ngo Imana ikingire Imigirwa Myeranda y’Abakristu

Ewe Yezu Kristu Mukama Wanje, ndakuzamvye ngo Urungike Mutima Mweranda ku bana bawe bose. Ndakwinginze ngo Ugirire Ikigongwe abo bose bafise inzigo mu mitima yabo ibatuma bakwanka. Ndagusavye ngo abahakanyi bugurure imitima yabo yazivye muri ca gihe c’imbabazi zawe ntagere twimirije. Vyongeye kugira ngo abana Bawe bagukunda babashe kugutera iteka mu buzima bwabo bubahirijwe mu gateka kabo ni Ukunde kudutabaza amahoro Yawe maze Udushoboze gushikira ubuzima butagira inkomanzi. Kunda rero Wuzuze abana bawe ingabirano ya Mutima Mweranda ngo tubashe guhaguruka n’ubutwari ntangere gutyo tuyobore Ingabo Zawe mu ngwano rukokoma igamije gutsinda Shetani n’abamalayika bakugararije dutsinde n’iyo mitima Shetani yamaze kugira abaja bayo hano kw’isi mu kubemerera ivyo idafise kandi itagaba. Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (30) Mana Data : Igisabisho co kubuza ingwano, inzara n’uruhamo rw’abemera.

Ewe Dawe Wamaho, Mana Muremyi w’Ijuru n’Isi, kubw’Umwana Wawe Ukunda cane, ndagusavye ngo Ukomeze urukundo tugufutiye. Dufashe twigire inama yo guhinduka vy’ukuri, twuzuze ubutwari n’ubukomezi Bwawe ngo dutsinde abansi bacu. Niwemere utwigoro twacu, imibabaro yacu n’ibigeragezo ducamwo nk’ishikanwa ryacu imbere y’Inganji Yawe Nyeranda ngo Ukize abana Bawe bo kw’isi yose iyo iva ikagera. Dutabare Uhumanure imitima yahumanye kandi Uremeshe abihibuye. Ugurura amaso yabo ngo babone Ukuri kw’Urukundo Rwawe maze bashobore guhamvya abandi bana Bawe bose mw’Isi Nshasha Waturemeye twese kubw’Urukundo Ntagere Udufitiye hakurikijwe Ugushaka Kwawe Kweranda. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (31)Igisabisho co gukora umurongo w’ubugwanizi(ugukingirwa)

 Ewe Yezu mwiza, igisabisho canje n’ikiduge mw’Ijuru maze Wumve amajwi yanje uheze urungike Mutima Mweranda Yururukire kuri abo bategetsi barangwa n’umwina w’ivy’isi, ukwigungira k’ubutegetsi no gucinyiza abandi, ubwishime n’ukwishira hejuru, ugukubagura abo bajejwe n’ukubarenganya maze uhagarike uruhamo rw’abana bawe ataco bazira. Ndagutakambiye ngo uhagarike ikigoyi n’ingwano z’urutavanako ziguma zihohotera abantu gutyo mu Burundi bwacu higanze ukuri n’urukundo rwawe. Amen !

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (32) Igisabisho co kugwanya Ingeso yo Gukorora Inda. ku wa gatanu, Ruhuhuma 17, 2012 @ 15:30

 Ewe Mawe Mugabekazi w’Ubukiriro, Sabira abana bawe b’I Burundi Ubakingire icaha giteye isoni c’ugukorora inda ngo coye kurekurwa mu mategeko aranga igihugu cacu. Kingira iki gihugu cawe ceranda ngo ntigikomeze cibira mu mwijima w’ukwihebura. Dukize Sekibi akomeza arondera kugandagura abana bawe bataranavuka. Saba ngo abategetsi bacu bagire ubutwari bwo kwumviriza abakunda Umwana Wawe bakurikire Inyigisho z’Umukama Wacu Yezu Kristu.

Amen.”

 

Nimuvuge Iki Gisabisho C'ingabo Za Kristu(33) Ngo Mwemere Igikumu Ca Mana Data kandi Mucakirane Urukundo, Akanyamuneza n'Ugukenguruka

Mukama Mana Yanje, Dawe Nkunda Cane, ndemeranye Urukundo n'Ugukenguruka iki Gikumu c'Ubumana Bwawe Ugiye gukoresha mu kunkingira Umwansi Sekibi. Ubumana Bwawe Burambumbatira umubiri n'umutima ibihe vyose. Ndakubise ibipfukamiro imbere Yawe ngo ndaguhereze icubahiro ukwiye, nkure ubwatsi nongere ndagushikanire Urukundo Rwanje. Mboneyeho no gusubira kukwemerera kugukorera ntabangikanije imisi yose y'ubuzima bwanje Wewe Musa Dawe Nyagukundwa. Ndakwinginze ngo Unkingire umwansi Sekibi jewe nabo Wampaye bose Ukoresheje iki Gikumu c'Ubumana Bwawe. Vyongeye ndakwemereye kwama ndagukorera imyaka yose y'ubuzima bwanje. Ndagukunda rwose Dawe Mwiza, kandi ndaguhojeje muri ibi bihe bibi turimwo. Ndaguhereje Umubiri n'Amaraso, Umutima n'Ubumana vy'Umwana Wawe Ukunda cane kugira ngo nishure ibicumuro vyanje n’ivy'isi yose nongere ndonkere ubukiriro abana Bawe bose bo kw’Isi yose iyo iva ikagera, Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (34) : Ishikanwa ryanje kwa Yezu : Kwisonzesha ngo nsabire Uburundi

Ewe Yezu Wanje

Mfasha mu nzira zanje zibayabaye

Ngo nigane Ubuzima Bwawe bw’ukwihebera abandi ngo ngufashe gukiza benewacu.

Mfasha ngo ndagushikirize ishikanwa ryanje ry’ukwisonzesha umusi umwe mu ndwi

Muri iki gihe Uburundi buriko burondera inzira nyayo yobushikana ku ntwaro rusangi nyakuri kandi hakaba hari ibiganiro bigamije kwiyamiriziza ubutegetsi bw’igitugu ngo Abarundi bose tugire ingendo ibereye maze dushobore kwinjira mw’Isi Nshasha Watwemereye hano kw’isi.

Ndaguhaye Yezu Mwiza utwigoro twanje n’ukwibabaza kwanje n’urukundo rwinshi be n’ukwizigira kwinshi mu mutima ngo ndakwereke urwo ndagukunda.

Nkoresheje uku kwibabaza, ndagutakambiye ngo Utabaze ubukiriro imitima yoba yaratakaje inema. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (35): Gusabira imitima  ngo yinjire mw’Iparadizo


Ewe Yezu Mwiza, Mfasha kukwunganira gukiza imitima y’abana bawe bakiri hano kw’isi bagumije ibanga ry’ukwemera. Kubw’Imbabazi Zawe ntangere ndagusavye ngo Ukunde gukiza imitima Uyikure mu mwijima. Kunda Wemere ibigeragezo vyanje, ububabare bwanje n’amagorwa yanje ncamwo muri ubu buzima ngo nkize imitima yoye kugwa mu nyenga y’umuriro udahera. Nyuzuza inema nkeneye ngo ndaguhereze iyi mibabaro n’urukundo n’akanyamuneza mu mutima, maze twese tuze twunge ubumwe mu rukundo dufitiye Ubutatu Bweranda gutyo tuze tubane nawe turi umuryango mutagatifu umwe rudende mu bwami bw’iparadizo bwimirije. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (36) Kuri abo bakeneye inema ngo babashe guha icubahiro Imana Imwe Rudende y’Ukuri!

Ewe Yezu Mwiza, mfasha kuko naratakaye kandi ndi mu madidane. Sinzi ukuri kujanye n’ubuzima bukurikira urupfu. Mbabarira ungiririre Ikigongwe aho nakubabaje mu guha icubahiro ibigirwamana, ibimungumungu bitari Imana. Nkiza kandi umfashe mbone Ukuri mfashijwe n’Umuco wawe, unkize umwijima wose wiziziye umutima wanje. Mfasha kuza mu muco w’Imbabazi zawe! Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(37): Dusabe ubumwe bw'abana b'Imana bose!

Ewe Yezu Mwiza Kunda Wungire ubumwe abasavyi bawe bose mu Rukundo maze tubashe kumenyesha mu bantu bo kw'isi yose ukuri kw'ubuhirwe budahera Watwemereye! Turakuzamvye ngo Ufashe imitima y'akazuyazi itinya kukwihereza mu bwenge, umubiri n'umutima ngo ibashe kwiyambura ubwishime bwose gutyo iberwe kwiyugururira urukundo rwawe iheze ishobore kwinjira mu muryango Wawe mweranda wo kw'isi.

Turagusavye ngo Ugwe munda Wongere Wugumbire iyo mitima yatakaye Yezu Mwiza Wongere Ukundire urukundo rwacu, twebwe bene wabo na bashiki babo ngo tubakure mu bugaragwa barimwo kandi tubajane mu karangamutima k’umuco n'urumuri rw'Ubutatu Bweranda.  Dushize umwizero wacu, ukwizigira kwacu n'urukundo rwacu mu minwe yawe myeranda. Dutabare Utwongerereze urukundo tugufitiye gutyo turushirizeho gukiza imitima uko bukeye uko bwije! Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(38): Dusabe ubukiriro b’Ekleziya Mawe Wacu

Ewe Bikira Mariya Muhimbazwa, Mugabekazi w’Ubukiriro, ndakwinginze ngo Usabire Ekleziya Gatolika muri ibi bihe bigoye n’umupapa wacu dukunda cane Benedicto wa XVI ngo ucureshe ububabare bwiwe. Turagusavye Mugabekazi w’Ubukiriro ngo upfukishe Abihebye Imana bose Umutamana Wawe Mweranda ngo bahabwe inema n’ubukomezi bakeneye, kugira ngo bayobokere Umwana Wawe vyongeye babe intwari mu bigeragezo bibashikira. 

Ni Usabe kandi ngo baze bagume baragira ubusho bashinzwe bisunze Inyigisho Nyakuri z’Ekleziya Gatolika. Ewe Mawe Nyina Mweranda w’Imana Dutabaze twebwe Ekleziya Yawe Yasigaye ikiri ku rugendo hano kw’isi ingabirano y’Ubutwari nyabwo ngo tubashe gufasha kurongora imitima gutyo tuyerekeze Ubwami bw’Umwana Wawe. Turagusavye Mugabekazi w’ubukiriro ngo wigize umwangushi mubi kure y’abakurikira Umwana Wawe mu ntumbero yabo yo kuzigama imitima yabo ngo iberwe n’ukwinjira mu Marembo y’Iparadizo Rishasha kw’Isi.  
Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (39): Gufasha Yezu gutegura imitima  ngo yinjire mw’Iparadizo

Ewe Yezu Mukiza wanje nkunda cane, ndagusavye Unshungururireko Mutima Wawe Mweranda, maze mbashe gutangaza Ijambo ryawe ryeranda rwose n’ubukuru ntangere, ngo ntegure abana b’Imana bose  kukwakira aho uzogarukira mu buninahazwa. Ndagutakambiye nicishije bugufi, Mukama Yezu, ngo undonse inema zose nkeneye, maze nshobore gushikira amadini yose, amashengero yose n’amoko yose, aho nzoshobora gushika hose. Mfasha kuvuga n’ururimi rwawe, ndemeshe imitima y’abacumuzi nyabworo n’iminwa yawe kandi nkunde imitima y’abantu bose n’urukundo ntangere rw’Imana rukomoka ku Mushaha wawe Mweranda rwose. Mfasha gukiza imitima ukunda cane n’umutima wawe mweranda vyongeye unkundire ndaguhoze Yezu Mwiza, iyo mbonye imitima yatakaye ikomeza kwirengagiza ikigongwe cawe. Ewe Yezu tutari kumwe nawe ntaco twokwishoboza ariko niwamfasha nzokugwanira gutyo ndagufashe gukiza imitima y’isi yose. Amen!

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (40) Igisabisho c’abasaseredoti ngo bategure Imitima kwakira Yezu aho Azogarukira

Ewe Yezu Wanje, Ndi Umusuku wawe Nyabworo none ndakeneye ko wonyobora ngo mbashe gutegura imitima ngo iberwe no kugusanganira aho uzogarukira mu Buninahazwa. 

Mfasha guhindura imitima ndabategure nisunze Ugushaka Kwawe ngo baberwe no kwinjira mw’Ijuru Rishasha n’Isi Nshasha Wemereye abantu bose kubw’urupfu Rwawe rwo ku Musalaba.

Ntabaza inema nkeneye ngo mbashe gutangaza Ijambo Ryawe rishikire imitima ikunyotewe vyongeye sinze nigere ndebukirwa mu kurangura igikorwa wantumye , Yezu Wanje, wewe nemereye kwama nkorera igihe nagira indagano zanje z’Ubwihevyi! 
Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (41)  Dusabire abahakanyi n’abandi bose batemera Imana

Yezu Wanje, Tabara abana bawe nyabworo bameze nk’impumyi ku bijanye n’Isezerano Ryawe ry’Ubuhirwe Budahera. Ndakuzamvye  ngo Ugire ko Ufashijwe n’ibisabisho vyanje n’imibabaro yanje Wohimbarwa no kwugurura amaso y’abatemera, ngo  babone Urukundo Rwawe gutyo bahungire mu Maboko Yawe Meranda, Nawe Ubonereho kubakingira umwansi Sekibi.  Bafashe se Mana babone Ukuri bace bihuta gutakambira Imbabazi Zawe ngo Ubagirire Ikigongwe  ku bicumuro vyabo vyose, bace baba aba mbere mu kwinjira mu Miryango Myeranda y’Iparadizo.  Ndasabiye iyo mitima nyabworo, abagabo, abagore n’abana  ndagutakambira ngo ubarekurire ibicumuro vyabo vyose, Ubazane Iwawe. Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (42) – Igisabisho co guhereza ukwisonzesha ngo duhagarike imigambi y’ifaranga rimwe ryo kw’isi yose

Mana Usumba vyose,

Ndaguhereje ishikanwa ryanje ry’ukwisonzesha.

Kugirango Uhagarike ubumara bw’akabi kiganje kw’isi yose;

Kateguwe n’abashaka kwicisha inzara Uburundi n’Abarundi ngo ntibaronke ico bafungura harimwo n’ukutubuza guhabwa Umukate w’Ubuzima.

Kunda Wemere ishikanwa ryanje vyongeye Wumve n’amasengesho yanje nsabira n’ibindi bihugu ngo mbuze amagorwa yategekanijwe na ruziraKristu.

Dukize Yezu Mwiza ubwo bubisha vyongeye Ukingire Ukwemera kwacu ngo tubashe kuguha Icubahiro Ukwiye turi mu mwidegemvyo nyawo gutyo tugukunde kandi tugusenge mu mutekano ntangere ubu n’imisi yose na hose, Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (43) Kiza Imitima mu gihe c’Imurikirwa ry’Imishaha

Mana Data Mushoboravyose, kubw’Umwana Wawe Ukunda cane, Yezu Kristu, no mu kwibuka ugupfa kwiwe ku musalaba ngo adukize ibicumuro vyacu, ndakwinginze ngo Urokore imitima idashobora kurokoka ivyifashije yo nyene ishobora no gupfa mu gihe c’imurikirwa ry’Imishaha.

Kubw’Ikigongwe Umwana Wawe Ukunda cane yaturonkeye twese niyo mitima irimwo, ndagutakambiye ngo Ugirire ikigongwe abo badashoboye kurondera urukiza rwabo kuko batazoshobora kuba ho umwanya ukwiye ngo babashe gusaba Yezu, Umwana Wawe, Ikigongwe ngo abatabare abakize igicumuro. Amen. 

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (44) Inguvu zo gukingira ukwemera kwanje ngo ntigutosekazwe n'inyigisho z'amahopa zitangwa n'umuhanuzi w'ibinyoma ngo yoye kuyovya Ukwemera Kwanje

Ku wa kabiri, Ndamukiza igenekerezo rya 12 umwaka w'i 2012 @ 11:27

Yezu Mwiza ntabaza inguvu n'ubukomezi bwo kwama na ntaryo nzirikana inyigisho z'Ijambo Ryawe kandi ntanganze Inkuru Nziza Yawe igihe cose. Ntuze Wigere Undeka ngo mpave mfata umuhanuzi w'ibinyoma nk'ikigirwamana mu gihe azogerageza kwiyerekana imbere y'abantu nkuko yoba ari Wewe. Ngumiza mwo ubukomezi bwawe.

Ntabaza Ingabirano y'ubwitonzi ngo mbashe gutegera ivyiza vyawe gutyo sinze nigere mpakana Ukuri Watumenyesheje muri Bibiliya Ntagatifu. Naho bogerageza kundyoshadyosha gute! Ndakwinginze sinze nigere ntakaza  ukwemera ukuri  kw’Ijambo Ryawe watumenyesheje. Amen

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (45) Ngo dutsinde Ivyiyumviro bibi: Ku wa kabiri, Igenekerezo rya 17 Ndamukiza, Umwaka w’2012  isaha 06:30 zo ku mugoroba

Ewe Yezu Mwiza nzi ibintu bike cane ku bikwerekeye. Yamara ndagusavye ngo mbashe kwugurura umutima wanje ngo ndagukundire Winjire mu mutima wanje ngo Ushobore kunkiza,Undemeshe kandi Unyuzuze Amahoro Yawe. Mfasha kwumva akanyamuneza, ntsinde ivyiyumviro bibi vyose Wongere Unyigishe uburyo noshobora gutegera ukugene nogushimisha ngo nshobore kuzokwinjira mw’Iparadizo Yawe Nshasha, aho nzoshobora kubaho ubuzima bwuzuye urukundo akanyamuneza, n’ubuhirwe bwamaho imyaka yose. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu((46) Tubohore udukure mu migozi ya Shetani: Ku wa Gatanu, Igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2012 @ 03:45 

Ewe Yezu Wanje narazimiye, ndi mu madidane kandi numva meze nk’umunyororo ari mu gasho ntashoboye kwikura mwo. Ndizeye Yezu yuko Uza kuntabara Uheze undokore mu kuvutagura imigozi ya Shetani n’amadayimoni yayo imboshe. Ntabare undwaneko kuko ndi mu nyenga. Ndipfuza rwose Urukundo Rwawe ngo runyuzuze ingoga mbashe kukwemera, ndakwizigire rwose  gutyo mbashe kurokoka aka kabi kabishe. Nyereka umuco Wawe mbashe kugira amahoro, urukundo n’akanyamuneza bigukomokako. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(47)

Mugabekazi w'ubukiriro bw'isi yose, Nsanbira ku Mana maze ngo urukundo nkunda Yezu rusubire rumere muri jewe nk'umuriro waka. Mfasha ngo numve urubeya rw'urukundo rwiwe rwuzure umutima wanje. Gira ko norushirizaho gukunda Yezu maze ukwemera kwanje, urukundo rwanje n'igishika ndamufitiye birushirizeho kunkomeza.

 Nkiza ugukekereza kwose kungeramiye umurikire ngo mbone neza umuco w'ukuri kw'Imana gukwira hose guhanutse ku Mwana Wawe Ukunda cane Yezu Kristu Umukiza wacu n'uw'isi yose! Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(48) Dusabe Inema yo Gutangaza Amaza ya Kabiri ya Kristu: Ku musi w’Imana, Igenekerezo rya 22 Ndamukiza, 2012 @ 03:30 pm

Ewe Yezu Wanje, Mfashisha Inema nkeneye ngo ntangaze Ijambo Ryawe ku bantu bose ngo imitima ibashe kurokoka. Sukira Mutima Wawe Mweranda Kuri jewe, umusuku wawe mutoto, ngo Ijambo Ryawe Rishobore kwumvwa kandi Ryemerwe cane cane kuri iyo mitima ikeneye Ikigongwe cawe kuruta iyindi. Mfasha gutera iteka Ijambo Ryawe igihe cose vyongeye sinze nigere ntuka canke ncira urubanza abo banse kwakira Ukuboko Kwawe kw’Ikigongwe!  Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(49) Ku Basaseredoti: Kwihereza Yezu ngo unagure Indagano zo kumuyobokera no kumugamburukira

Ewe Yezu, Ndi umusuku Wawe mutomuto none nje kugutura urukundo rwanje n’ubugamburutsi bwanje kugira umenye ko ndi uwawe. Ndakwinginze ngo untabaze ikimenyetso c’umuhamagaro wanje.Mfasha ngo nugurure amaso yanje ngo ntangarire umuhango Wawe.Mpezagira Unyuzuze wa Mutabazi Wawe Mweranda watwemera, Mutima Wawe Mweranda ku buryo ntazojana nyabahururu mpenzwe nabo bigira ngo baje kw’Izina Ryawe kandi batavuga Ukuri.Nyereka Ukuri. Nkundira ngo niyumve mwo urukundo rwawe ngo mbashe kurangura Ugushaka Kwawe Kweranda. Ndagusavye n’umutima uciye bugufi ngo ushime kunyereka inzira nocamwo ngo ndagufashe kurokora imitima y’abantu. Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (50) Yezu, Mfasha ngo menye uwo Uri!

Ewe Yezu Mwiza,  Mfasha ngo menye Uwo Uri. Mbabarira kuba ntigeze ndakuvugisha gushika uno musi. Mfasha ngire amahoro muri ubu buzima kandi Umpishurire Ukuri kw’Ubuzima budahera. 

Tekanya umutima Wanje. Nkuramwo imyitwarariko yanje yose. Ntbaza Amahoro. Ugurura umutima wanje ubu nyene uce wuzura umuzirikanyi wanje n’Urukundo Rwawe. 
Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (51) -Gusaba Ingabirano ya Mutima Mweranda

 Ingo Mutima Mweranda. Sukira ingabirano yawe y‘urukundo, ubwitonzi n’ubumenyi ku mutima wanje ukuronderana ukwicisha bugufi. Nyuzuza umuco w’Ukuri kwawe kugira ngo mbashe kuzirikana Ukuri kw’Imana no guhinyura ibinyoma bikwizwa hose na Shetani n’abamalayika bayo. Numfashe ngo nakire Urumuri Rwawe maze mbashe gukwiza hose umuco w’ugutegera Ukuri Kwawe muri abo bose duhura. Kubwa Kristu, Umukama wacu. Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (52) Dusabe Mana Data.

Dawe Mwiza, kw’Izina ry’Umwana Wawe Ukunda Cane, na cane cane muri iki gihe twibuka Ukubabara kwiwe n’urupfu Rwiwe rwo ku Musalaba ndakwambaje. Mana Usumba vyose, Muremyi W’isi n’Ivyo vyose biriho Gumya ubukiriro bwacu mu maboko Yawe Meranda. Gwa mu nda abana Bawe bose Ubugumbire harimwo n’abo batakuzi n’abo bakuzi ariko bakirabira hirya. Tugirire Ikigongwe ku bicumuro vyacu kandi Udukize uruhamo rwa shetani n’ingabo zayo. Twakire mu minwe Yawe Utwuzuze umwizero dukeneye ngo tubone inzira y’Ukuri!
Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (53) Dusabire Abasaseredoti

Mana Dawe Wacu, mw’Izina ry’Umwana Wawe Ukunda Cane, ndakwinginze ngo Ushungururire inkomezi n’Inema zikenewe ku basaseredoti bose ngo Ubafashe kuzibukira uruhamo bariko baracamwo.

Bafashe bagume bagendera mu Kuri kw’Inyigisho Z’Umwana Wawe, Yezu Kristu no kutigera bamuhemukira na rimwe canke ngo badebukirwe canke ngo bahave bajana nyabahururu mu kwemera, bemere ibintazi mu bijanye n’Ikinyegezwa c’Ukaristiya Ntagatifu. 
Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (54) Igisabisho co kugwanya ingwano ya gatatu y'isi yose.

Dawe wo mw'Ijuru, Kubw'Umwana Wawe Ukunda cane Umukama wacu Yezu Kristu We Yababaye cane Azira ibicumuro Vy' abantu, Dutabare mu iri ibi bihe bigoye turimwo. Dutabare ngo turokoke uruhamo rwateguwe n'abategetsi babi hamwe nabo bose ata kindi barota atari ugutoteza Ekleziya Yawe n'abana Bawe.

Turagutakambiye Dawe Wamaho ngo Ubandanye kudufasha kugaburira imiryango waduhaye kandi ukize ubuzima bwabo bazobwirizwa kuja kugwana ingwano ku nguvu. Dukize imitego ya RuziraKristu. Dufashe ngo tuzibukire ikimenyetso ciwe, ikimenyetso c'igisizimwe, mu kwanka kucakira.

Fasha abagukunda bose ngo bagumane nawe mu kuzigama Amabwirizwa Yawe ntibigere baguhemukira kandi bame bagendera Ijambo Ryawe Ryeranda ibihe vyose nawe Ubafashishe Inema bakeneye gutyo babeho umutima n'umubiri. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (55) co kwitegurira Iburirwa/Igabishwa/Imurikirwa ry’Imishaha: Ku wa mbere 21 Rusama, Umwaka wa 2012 @ 08:15 z’Ijoro

Ewe Yezu Wanje Nkunda cane, kunda Wugurure imitima y’Abana B’Imana Bose ngo bakirane akanyamuneza Ingabirano Y’Ikingongwe Cawe Ntangere. Bafashe kwakira Ingabirano Yawe y’Ikigongwe c’Imana bayemerane umutima w’urukundo n’Ugukenguruka.

Bafashe ngo bashime guca bugufi imbere Yawe kandi bagutabaze ngo Ubarekurire ibicumuro vyabo gutyo bashobore kuzokwakirwa mu buninahazwa bw’Ubwami Bwawe . Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu  (56) Ku Basaseredoti bipfuza Ubutabazi bukomoka kuri Yezu Mw’Isakaramentu Ryeranda ry’UKaristiya

Ewe Dawe Mwiza Nyagukundwa Rwose, Ku bw’Umwana Wawe, yitanze ku Musalaba ngo Acungure Abantu bose Mfasha ngo ngume ngendera mu Kuri. Mfukisha Amaraso Meranda y’Umwana Wawe kandi Umpe n’inema nkeneye ngo mbandanye kugukorera n’Ukwemera, Ukwizigira be n’icubahiro Ukwiye mu gihe cose nsigaje mu butumwa bwawe.

Ntuze wigere Undeka ngo nyerere canke ngo ngwe mu kwirengagiza Insiguro y’Ukuri y’Inkuka Nyeranda y’Imisa no mu gushikiriza Isakaramentu Ryeranda ry’Ukaristiya abana Bawe. 

Mfashisha Ingoga nkeneye ngo ndakubere mu kibanza kandi ngo ngaburire ubusho bwawe, mu buryo nyene babwirizwa kugaburirwa Umubiri, Amaraso, Umutima n’Ubumana bw’Umwana Wawe Yezu Kristu, Umukiza w’Abantu bose. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu   (57) Ku Basaseredoti: Yezu nkundira numve Umuhamagaro Wawe

Ewe Yezu Wanje Nkunda Cane Ugurura amatwi yanje yumve akamo k’Ijwi Ryawe. Ugurura umutima wanje ngo wumve umuhamagaro Wawe Nyagukundwa.Uzuza Mutima Mweranda mu mutima wanje ngo muri iki gihe nshobore kumenya uwo uri. Ndaguhaye Indagano zo kwama ndagukorera, ndakwubaha kandi ndakugamburukira mu kudahengeshanya kurangura Ugushaka Kwawe. Mfasha ngo nzirikane Ukuri, mpaguruke nitabe nongere nkurikire Ijwi Ryawe ngo mbashe kugufasha gukiza imitima y’abantu bose bo kw’isi. Ugushaka Kwawe niyo mahoro yanje. Ntabaza ubutwari nkeneye ngo ndagukundire unyobore mu nzira zawe gutyo mbashe gufata inkinzo nkeneye ngo nyobore Ekleziya Yawe ndayerekeza ku Bwami Bwawe Bushasha. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (58) Igisabisho co gusabira abacumuzi ingabirano yo Guhinduka

Ewe Yezu Mwiza Ndaguhamagaye ndakwambaza mu kibanza c'Abana b'Imana bose ngo Ubagwe munda, Ubugumbire kandi ngo Ubafukishe Amaraso Yawe y'Igiciro Ntangere!

Ni Ukunde ngo Ima Ryose ry'Amaraso Yawe Riseseka Rifuke umutima wose maze Ubonereho kubakingira Sekibi. Ugurura umutima wa zina muntu wese cane cane imitima yadadaye n'iyabo bakuzi ariko biziziwe n'igicumuro c'ubwishime, ngo bemere bakubite inkoro hasi bagutakambire bakuzamba ngo imishwarara y'Urukundo Rwawe Ishware imitima yabo.

Ugurura amaso yabo babone Ukuri maze umutwenzi w'Imbabazi z'Imana Ubashungurukireko nk'imvura yo mu rushana gutyo Imishwarara y'Urukundo Rwawe Ibafuke igihe cose. Hindura iyo mitima yose Ukoresheje Inema ndagusavye muri iki gihe, Yezu Mwiza (---)

Ndakuzamvye ngo Ugire impuhwe kandi ndaguhereje ishikanwa ryanje ryo kwisonzesha umusi umwe mu ndwi(muri uku kwezi kwa Ruheshi), ngo ntange iciru c'ibicumuro vyose. Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (59) – Ukwihebera Ugushaka Kw’Imana

 Mana Mushoboravyose, Dawe wo mw’Ijuru,

 Ndakwihereje ntiziganya ngo ndakwemerere ko nzokwama ndagusonera, ndakwubaha kandi ndakugamburukira muri vyose na hose maze Ishaka Ryawe Riranguke ngaha kw’isi. Kubw’Amaraso Meranda y'Umwana Wawe Ukunda cane Umukiza Nyakuri w’Abantu, ndaguhaye umutima n’umubiri wanje mu kibanza c’imitima y’abantu bose kugira ngo twese tube umwe mu Bwami Bwawe Bwimirije mbere n’Ugushaka kw’Imana Kuranguke hano kw’isi nkuko kuranguka no mw’Ijuru. Amen

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (60)  Dusabe ko imiryango y'abubatse yohinduka bivuye ku nema Imana izoyisaga mu gihe c'imurikirwa ry'imishaha

Ewe Yezu Mwiza, ndasabiye imbabazi imitima y'umuryango wanje(Vuga amazina yabo ngaha). Ndagutuye ububabare bwanje n'ibisabisho vyanje ngo ndagufashe gukiza imitima yabo gutyo ubakure mu mwijima. Ntubareke ngo hagire mwo numwe muri abo bana bawe akwihakana canke ngo yirengagize Ukuboko Kwawe kw'Ikigongwe. Ugurura imitima yabo ngo Ubanywanishe n'Umushaha Wawe Mweranda rwose maze babashe kurondera imbabazi bakeneye ngo Ubakize inyenga y'umuriro udahera. Batabaze imihezagiro Yawe maze  bashobore kwigaya ibicumuro vyabo vyose, bavyishure neza nkuko bikwiriye babashe gutyororwa n'imishawarara y'imbabazi zawe Mana. Amen!

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (61) Tugwanye akagwi K'abamenja barondera gutegeka isi yose ngo bayijane mu kabi!

Dawe Mwiza Uvyagiye mw'Ijuru, Niwibuke ukubambwa kw'Umwana wawe ukunda cane, Umukama Wacu Yezu Kristu, maze Ushime kudutabara twebwe abana Bawe mu kudukiza abashaka kutubamba batugirira nabi abo nabo akaba ari ruziraKristu n'abakozi biwe. Dutabaze Inema dukeneye ngo twanke kwakira ikimenyetso ca Shetani. Turagusavye Utugwaneko mu kudufashisha Inema dukeneye ngo tugwanye akabi kimonogoje muri iyi si gakwizwa hose n'abakurikira Shetani. Turakuzamvye Mana Dawe wacu dukunda cane ngo Utabare abana bawe bose muri ibi bihe bigoye. Duhe Inguvu dukeneye, Utwuzuze Ubukomezi Nyabwo maze ntidutinye guhaguruka ngo tumenyeshe hose Ijambo Ryawe Ryeranda ibihe vyose. Amen.

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (62)ku batakaye n’abacumuzi batazi ico bakora

Ewe Yezu, mfasha kuko ndi umucumuzi yatakaye, ataco nimariye kandi ndi mu mwijima. Ndi ntantege kandi nkaba ata ni umwete mfise wo kukurondera. Ntabaza inguvu zo kuguhamagara ubu maze nshobore kuva muri uyu mwijima uri mu mutima wanje. Ntwara Unjane mu muco Wawe Yezu Mwiza.

Ngirira Ikigongwe. Mfasha nsubire mbe muzima wongere Unyobore Unshikane ku rukundo rwawe, amahoro n’ubuzima budahera. Ndakwizigiye rwose kandi ndagusavye ngo Unyakire wese umuzirikanyi, umubiri n’umutima mu gihe nishikanye wese ntiziganya ngo Undonse Ikigongwe c’Ubumana Bwawe. Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (63) Ntunga umburane muri uru Rugendo

Mawe Mwiza Mugabekazi w’Ubukiriro Ndagusavye Unsabire ngo mpabwe Imfungurwa y’ubuzima ngo intunge noye kunanuka muri uru rugendo ndimwo gutyo mbashe gufasha kurokora abana b’Imana bose.

Ndagusavye Ufashe abo bose bariko barahendwa n’ibigirwamana ngo bugurure amaso babone Ukuri kw’Urupfu rw’Umwana Wawe yitanze ku Musalaba ngo Akize umwana w’Imana wese kandi ngo Aronse umwe umwe wese ubuzima budahera. 
Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (64) Kiza abo tuvukana

Ewe Yezu Kristu MukizaWanje, Kunda wakire igisabisho canje ndagushikaniye n’utwigoro twanje ngo mfashe gukiza benewacu na bashikanje ngo bave mu munyororo n’umwijima  barimwo.  Nkundira ndagufashe gukiza imitima yabo. 

Ndagusavye ngo Ubarekuririre ivyaha vyabo kandi Usage imitima yabo ingabirano ya Mutima Mweranda ngo bahungire mu maboko yawe nk’ubuhungiro bakeneye bataratakara burundu. Ndaguhaye ingabirano yanje yo kukwihebera mu kibanza c’iyo mitima nicishije bugufi be n’ugukenguruka nyene. 
Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (65): Dusabire abari mu bicumuro bigoye

Ewe Yezu Mwiza, Mukiza w’abantu bose, kubw’imbabazi Zawe Mana, ndasabiye imbabazi iyo mitima y’abacumuzi nyabworo bari mu vyaha bashobora gukurwa kuri iyi si umwanya uwo ari wo wose mu gihe c’imurikirwa ry’imitima.

Bagirire ikigongwe uhanagure ivyaha vyabo. Kubw’Ukubabara Kwawe, ndakwinginze ngo ubigirire jewe umusavyi wawe ubaronse ikigongwe c’ibicumuro vyabo.Ndakwihereje wese umutima n’umubiri ubwenge n'Ugushaka. Akira ukwibabaza kwanje ngo Ukize imitima yabo Wongere Ubatabaze ubuhirwe budahera.
Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (66) Ku basaseredoti: Mfasha ngo ngume ntangaza Ijambo Ryawe Ryeranda Cane.

Ewe Yezu Mwiza Mfasha ngo ngume ntangaza Ukuri kw’Ijambo Ryawe Ryeranda igihe cose. Ntabaza inguvu ngo ngume nigisha Ukuri kw’Ekleziya Yawe imbere yabo bakugwanya. Nyuzuza inema ngo nkomeze kugaburira Amasakaramentu Meranda abana Bawe mu buryo wewe nyene Watwigishije.

Mfasha kugaburira Ekleziya Yawe Umukate w’Ubuzima kandi ngume ndabikora nkuko Ubishaka naho bizoshika bakambuza kubandanya ndabigira gutyo. Nkura mu migozi y’ububeshi nshobora guhura nabwo gutyo mbandanye ntangaza Ijambo ry’Imana mu Kuri.

Fukisha abasaseredoti bawe bose Amaraso Yawe y’Igiciro ntangere muri iki gihe maze tuze tugumane ubwira, umwete n’ubugamburutsi nyabwo mu ntumbero yacu yokukubera abasuku beza Wewe  Yezu Kristu Mukiza wacu Nyagukundwa rwose. Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (67) Kingira abana banje wigize umwami w’ibinyoma kure yabo!

Ndagutakambiye Yezu Mwiza ngo Ube hafi abana banje kugira ngo Wame Wigiza kure yabo umwami w’ikinyoma cose! Ndagutuye aba bana(bavuge amazina) kandi ndabashikaniye Umushaha Wawe Mweranda Rwose ndakuzamba ngo Ubafukishe Amaraso Yawe y’Igiciro ntangere, umurikire imitima yabo na Mutima Wawe Mweranda mu gihe c’imurikirwa ry’imizirikanyi babashe gutyororwa ububisha bwabo bwose. Amen.

 

Igisabisho C'Ingabo za Kristu (68) Nkingira gutwagwa n’amayeri ya shetani

Muvyeyi Mweranda Nyina w’Imana, Mfukisha Umutamana Wawe Mweranda Rwose kandi Utabare umuryango wanje woye kugwa mu binyoma vya Shetani n’abamalayika bagararije Imana bagatabwa hanze no mu nyenga y’umuriro udahera kumwe nayo. 

Mfasha kwama nizera Ikigongwe c’Imana mpabwa n’Umwana Wawe Yezu Kristu.
Nshigikira ngume mu Rukundo Rwiwe kandi sinze nigere ntakaza Ukuri kw’Inyigisho z’Ijambo Ryiwe naho noterwa n’inyosha mbi zingana gute. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (69) Igisabisho kuri Mana Data ngo twemere Ugushaka kwiwe.

Mana Dawe Wacu, Fasha abana Bawe ngo bakirane urweze Ugushaka Kwawe. 
Ankira Shetani kubuza abana bawe kwakira Iragi Ryawe Watwemereye Dawe Wacu. Ntuze Wigere Utureka ngo duhave duhagarika kugwanira rya Ragi ry'Iparadizo Wari Waraturemeye twese. Wumve amaborogo yacu maze Utsinde Shetani n'inyosha mbi zayo. Kunda Dawe Mwiza Utyorore isi Waremye Ukoresheje Ikigongwe Cawe kandi Udutwikire n'Ububasha bwa Mutima Mweranda. N'utuyobore mu nzira Zawe maze twubake Ingabo Zawe Zeranda, zikoreye Ububasha bwo kuboha ca gisizimwe ubutakigaruka, Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (70) Dusabire Abasaseredoti n’Abihebeye Imana: Kugira ngo bame na Ntaryo bashingira Intahe Ijambo Ryeranda ry’Imana. Ku wa kabiri, Igenekerezo rya 30 Mukakaro 2012 @ 01:00

 

Ewe Yezu Nkunda Cane, Fasha Abaseredoti Bawe n’Abakwihebeye bose kubona ukuntu Ekleziya iriko irigabura mwo impande zibiri. Fasha abo bashimye kukwihebera kutigera badohoka kw’Ijambo Ryawe Ryeranda. Ntiwigere Ubareka ngo batwagwe n’umwina w’ivyisi  canke ngo Urukundo rwabo rutimbe. Baronse ahubwo inema yo kugumana inema yeza bame ari intore zawe zibushitse. Batabaze inema bakeneye ngo bagume ari beranda kandi bamane ukwicisha bugufi imbere yawe vyongeye bakomeze kuguha Icubahiro aho Uri Wese mu Karistiya Nyeranda.

 

Tabara Wongere Wiyoborere Wewe nyene abo basaseredoti urukundo rw’imitima yabo rwoba rwarabaye akazuyazi. Ni Ushime gusubira kuyisusurutsa maze Urukundo rwabo rube muribo nk’Umuriro waka kubw’Ububasha Bwa Mutima Mweranda. Bereke babone neza Ikigeragezo cashizwe imbere yabo ngo kibahume amaso mu buryo bwo kubasamaza. Ugurura amaso y’imitima yabo ngo bagume babona Ukuri igihe cose. Bahezagire Yezu Mwiza  muri iki gihe Wongere Ubafukishe Amaraso Yawe y’Igiciro Ntangere ngo Ubashe kubarinda ico cose coza kibagirira nabi. Batabaze inguvu zawe babashe kuzibukira amayeri ya Shetani iriko irabaryosharyosha mu ntumbero yo kuzohava ibashikana ku kinyoma cayo c’uko igicumuro kitabaho.

Amen.”

 

Abanyihebeye nibo bari imbere y’abandi mw’Ekleziya Yanje. Nico gituma ari bo shetani izoherako mu gitero izogirira Ekleziya Yanje. Nimumfashe kubayobora ngo babashe kunyunganira gukiza imitima y’Abasigaye mw’Ekleziya Yanje mu gihe igiye kwigabura mwo impande zibiri bivuye ku muhanuzi w’ibinyoma. Nimukoranire hamwe musenge kugira ngo habe ubumwe bw’ abanyihebeye kuko ubwo bumwe bwabo burakenewe kugira Ekleziya Yanje Igume Ikomeye mu misi iri imbere.

Yezu Wanyu

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (71): Igisabisho co Kudukiza Uruhamo

Ewe Yezu Mwiza, kiza abana b’Imana uruhamo rwa RuziraKristu. Dutabare udukingire imigambi mibi yo kugenzura isi yose. Mukama dukize uruhamo. Kiza imitima iri mu mw’ijima ntigwe mu mitego ya RuziraKristu ahubwo bamenye kwicisha bugufi bagukundire ubarokore nabo nyene. Dufashe mu ntege nke zacu. Duhe inkomezi z’umutima maze duhaguruke tubere intwari benewacu ngo dutambuke tugororotse mu Ngabo zawe tugana amarembo y’Iparadizo. Ndagukeneye Yezu Mwiza. Ngagukunda Yezu Wanje. Ndaguhaye icubahiro nkuninahaza kuko washatse kwibanira natwe ngaha kw’isi. Ndavuye mu mwijima. Ndagusenga kandi ndakwihereje wese ntiziganya, umutima n’umubiri maze ubonereho kumenyesha ukuri kw’ukwibanira natwe nanje nze name nizera Ikigongwe cawe igihe cose ubutagisubira inyuma. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (72) Igisabisho c’umwigishwa

Ku wa kabiri, Myandagaro  7, 2012 @ 18:34

Ewe Yezu wanje, Ndemeye gukwiza hose Ijambo Ryawe Ryeranda

Ntabaza ubutwari, Inguvu n’ubumenyi nkeneye ngo ntangaze Ukuri  gutyo imitima myinshi ishoboka ibashe kuza iwawe. Njana mu Mushasha Wawe Mweranda Rwose Umfukishe Amaraso Yawe y’Igiciro Ntangere ngo mbashe kwuzura inema zo gukwiza hose uguhinduka kw’imitima kugira ngo abana b’Imana bose bashikire ubukiriro aho boba bari hose kw’isi yose tutaravye idini barimwo. Ndakwizigiye rwose igihe cose. Umwigishwa wawe Ukunda cane. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (73) Dusabire imitima y’abana bakiri bato

Ku wa kane, Myandagaro 16, 2012 @ 03:15

Ewe Yezu Wanje, Mfasha mbashe gukiza imitima y’abana batoyi kw’isi yose iyo iva ikagera. Kubw’inema zawe, bafashe bamenye ko Uba ho. Bazane ku Mushaha Wawe Mweranda Rwose kandi Wugurure amaso yabo babone Urukundo rwawe n’Imbabazi Ubafitiye. Bakingire umuriro udahera kandi ukoresheje ibisabisho vyanje Ushungururire Ikigongwe cawe ku mitima yabo. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu 74: Ingabirano yo gutegera ivyiza no kubirangura:

Ewe Mariya Mugabekazi nyina w'Imana mfasha gutegura umutima wanje uberwe no kwakira Ingabirano ya Mutima Mweranda!

Mfata ukuboko nk'umwana muto Unyobore mu nzira izonshikana ku Ngabirano yo gutegera ivyiza no kubirangura kubw'ububasha bwa Mutima Mweranda!

Ugurura umutima wanje Uheze Umfashe kwitanga wese umubiri umutima n'umushaha. Nkiza igicumuro c'ubwishime kandi Unsabire ngo nzobabarirwe ivyaha nakoze kera gutyo umutima wanje utyororwe akabi kose ngo mbashe kuba intore ibereye kwakira Ingabirano ya Mutima Mweranda.

Ndagushimiye Mawe Mugabekazi w'ubukiriro ku gisabisho cawe kandi ndarindiriye mu rukundo rwinshi mu mutima iyo Ngabirano nipfuza rwose kuronswa n’ akanyamuneza kenshi ku mutima. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (75) Yezu ndagutuye Ububabare bwanje.

Yezu ndagutuye ububabare bwanje n’amagorwa yanje ngo nifatanye nawe mu mibabaro wiyumvisemwo igihe wariko wicwa n’irungu n’amaganya mu nzira y’Ikaluvariyo. Ibitutsi vyose ntukwa ndabiguhereje nk’ishikanwa. Agasuzuguro kose n’amajambo y’agakengerwe bambwira ndabigutuye ngo nibukane icubahiro urugori rwawe rw’amahwa.

Igihe cose mvuzwe nabi ataco bivuyeko, ndabigutuye ngo nifatanye nawe kandi ndaguhe icubahiro mu kwibuka agakengerwe wagiriwe igihe bakujana imbere ya Pirato. Igihe cose bankubaguye ku mubiri ndabiguhereje ngo nibuke ububabare warinze igihe wakubitwa. Igihe cose ntotejwe n’abampama ndabiguhereje mu gukenguruka aho bagutoteza bakakwambika urugori rw’amahwa ndetse bagafata ihwa ry’urugori rwawe bakarikuzibuza mu jisho.

Igihe cose ndakwiganye, komeza inyigisho zawe muri jewe vyongeye Unkomeze ngo mbonereho kubandanya nsabira abampama kw’Izina Ryawe: Nkundira ngo nkoreshe urwo ruhamo bangirira ndaguhe icubahiro mu kwibuka ububababare wagize mu nzira ija ku kaluvariyo. Mfasha ngo nkire ubwishime bwose kandi sinigere ntinya kuvuga ko ndagukunda Yezu Mwiza. Hanyuma mu gihe vyoshika bikamera nkuko umenga isi igira yubame ingweko, Urandwanako ngumane ubwira n’ishaka ryo kugukorera mu kwibukana icubahiro ubugome be n’ubushirasoni butagira ukwo bwovugwa warinze igihe watubambirwa ku musalaba n’ukugene wemeye ayo magorwa yose kuko Uvyishakiye.

Mfasha ngo mpaguruke maze mparugwe mu mugwi w’abakristu b’ukuri, umusirikare nyawe mu ngabo zawe, ndabigirane umutima wigaya ngo nkuninahaze mu kwibuka urukundo werekanye igihe witanga utiziganya ngo urokore umutima wanje.

Mfata ukuboko Yezu Mwiza, Unyereke ukugene ububabare bwanje bwoshobora gufasha abandi kwinjira mu ngabo zawe kugira ngo bafashanye igikorwa co gukiza isi n’imishaha ya benewabo basangiye urukundo rwawe. Mfasha ngo nemere ububabare gutyo ndabuguhereze nk’ishikanwa ryo gukiza imishaha ya benewacu mu rugamba simusiga rugamije kuzotsinda ububisha bwa Sekibi. Amen!

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (76) Igisabisho c’Umuhakanyi

Ku wa kabiri, Igenekerezo rya 10 Nyakanga 2012 @ 18:00

 

Ewe Yezu Mfasha nemere Urukundo rw’Imana nkuko Ibandanya Irunyereka. Nyugurura amaso, ubwenge, umutima n’umuzirikanyi nyene ngo Ubonereho Kundonkora. Mfasha Ndakwemere mu kwuzuza Urukundo Rwawe mu Mutima wanje. None rero numfate ukuboko Ushime Kunkiza amagorwa y’ugukekereza kwose mfise muri jewe. Amen

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (77) Igisabisho c’Ugusabira Uburundi

 Ku wa mbere, Igenekerezo rya 17 Nyakanga 2012 @ 21:15 ahari Ubwongereza twahashize Uburundi

 

 “Ewe Dawe wo mw’Ijuru, Mana Waremye zina muntu wese, ndakuzamvye Wumve igisabisho canje. Ndakwinginze Ukize Uburundi ububasha bwose bwa sekibi wongere udutsindire intwaro z’umukazo. Nushime kutwungira ubumwe twese Abarundi mu kuturinda amacakubiri ashimikiye ku madini, ku migambwe, ku ntara no kumoko nyene kuko turi umuryango umwe mu maso yawe. Twuzuze inema zawe Uheze Utwungire ubumwe tubashe kwanka itegeko ryose ryova ku badutwara ariko ritandukanye n’Inyigisho zawe.

 

Twuzuze Inguvu n’ubutwari dukeneye maze ntitwigere dutandukana nawe na rimwe ahubwo tuberwe no kugufasha gukiza abana bawe bose mu bisabisho vyacu. Zana bene wacu na bashiki bacu bose mu bumwe bwawe gutyo dushobore kugutera impundu turi kumwe twongere twakire umuhango w’ubuzima budahera mu kwinjira mw’Iparadizo Yawe. Amen.”

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (78) Nkiza akabi kose. Ku wa Kabiri, Igenekerezo rya 25 Nyakanga, 2012 @ 12:50

“Ewe Yezu, Nkingira ububasha bwose bwa Shetani. Njana mu Mushaha Wawe Mweranda Rwose jewe nihakanye shetani n'inzira zayo zose be n'ibikorwa vyayo vyose n'inyosha mbi zayo zose. Ndaguhebeye ugushaka kwanje kwose. Raba Yezu ndaje ndi imbere yawe, mpfukamye ntakamba n'umutima wigaya kubera ibicumuro vyanje. Nshize ubuzima bwanje mu Maboko Yawe Meranda. Nkiza akabi kose. Mbohora imigozi naboshwe Uheze Umfate ukuboko Unterure unyijanire mw'ijuru iwawe aho nzokwama mw'itekane ritagira inkomanzi ubu no mu myaka yose. Amen.”

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (79) Dusabire Imiliyaridi zibiri z’imitima yatakaye.
Ewe Yezu Mwiza ndakwinginze ngo Usukire Ikigongwe Cawe ku mitima yatakaye. Bagirire Ikigongwe kukwanka kukwakira mu mitima yabo Wongere Ukoreshe Igisabisho canje n’ububabare bwanje ngo Ubone gusukira kuri bo inema bakeneye ku bw’Imbabazi Zawe gutyo imitima yabo ibashe kwezwa mu Maso Yawe. Ndagusavye Ingabirano y’Imbabazi zawe Uyisukire ku mitima yabo. Kunda Wugurure imitima yabo bashobore kukwirukira bagutabaze nawe Ubonereho kubahunda Mutima Wawe Mweranda ngo babashe kwemera Ukuri kw’Urukundo Rwawe, babane nawe n’umuryango w’Imana wose Imyaka yose.
Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (80)  Dusabire abari mu gicumuro c'ubwicanyi

Ewe Yezu Mwiza Ndakuzamvye ngo ugirire ikigongwe abo bose baguye mu gicumuro c'ubwicanyi. Ndagutakambiye ngo Uronse imbabazi abo bose bari mu gicumuro kigoye. Ndaguhereje amagorwa yanje n'ingorane zose ncamwo ngo ndagusabe Wugurure imitima yabo kandi ngo Ubababarire ivyaha vyabo. Ndakwinginze ngo Ufukishe Amaraso Yawe Meranda abo bose bafise ivyiyumviro bigayitse vy'ubwicanyi n'ibindi mu mitima yabo  maze Utuze wongere Ubakize ububisha bwabo. Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (81) Ingabirano y'Ukwakira Yezu mw'Isakaramentu ry'Ukaristiya

Hostiya y'Ubukiriro, Wa Mukate Wavuye mw'Ijuru, ndagusavye ngo Uhembuze umubiri wanje Imfungurwa y'Ubuzima Budahera. Uzuza umutima wanje Ubumana bwa Yezu Kristu ngo mbashe kurangura Ugushaka Kweranda kw'Imana. Nyuzuza Amahoro n'Umutekano bigukomokako.

Ntabaza Inema Wanzaniye maze Uzisage umutima wanje nyabworo. Ese womfasha sinze nigere nkekereza ko Uri Wese muri iyi Hostiya Ntagatifu. Mfasha ndakwemere ko uri Umutima n’Umubiri muri iyi Mfungurwa Nyeranda maze kubw'iyi Mfungurwa nyene, Inema nahawe n’Imana zimfashe kurushirizaho gutangaza Ubuninahazwa bw'Umukama Wacu Yezu Kristu.

Tyorora umutima wanje, Unyugururire umushaha Ushime kuntagatifuza ubu n’igihe cose nakiriye iyi Ngabirano Idasanzwe y'Umubiri n'Amaraso Yawe Meranda. Ni Ugireko rero Umpe Inema n'Ivyiza vyose Uzanira abana bawe bose kandi Ugireko Undonse hamwe n'izo Nema ngo imbeya z'umuriro w'Ipurugatori ntizize  zigere zinturira. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (82) Dusabe Intsinzi y'abakristu bagumije Ibanga ry'ukwemera

Yezu Kristu Mwami n'Umukiza w'isi, ni Wewe Musa twizeye kandi duhereje ubuzima bwacu bwose, ubuyoboke bwacu n' ibikorwa vyacu vyiza ngo tumenyeshe abantu bose Ubuninahazwa Bwawe Ntangere. Dufashishe Inguvu n'Ukwizera dukeneye maze duhaguruke dutangaze hose Ukuri Kwawe ubudahengeshanya. Ntutureke ngo dukekereze canke ngo ducererwe mu rugendo ruzodushikana ku Ntsinzi Yawe no mu ntumbero yacu yo gukiza imitima.

Turakwituye uko turi imitima n'imibiri, imiryango yacu n'abacu nyene hamwe nivyo dutunze vyose ngo ntihagire na kimwe kitubera intambamyi muri uru rugendo rwacu, no muri iyi nzira yuzuye amahwa ari nayo izodushikana mw'Iparadizo Rishasha. Turagukunda Yezu Mwiza, Wewe Mukiza Wacu n'Umutabazi Wacu Nyagusengwa.

Turifatanije n'Umushaha Wawe, umubiri, n'umutima tuguhereza n'agateka kacu nyene kugira ngo Umenye ko turi abawe. Ni Ukunde rero gusukira ku basavyi bawe inema y'ukudukingira umwansi Sekibi.

Vyongeye Nufukishe abakunzi Bawe bose Amaraso Yawe y'Igiciro Ntangere ngo twuzure Ubwira n'Urukundo dukeneye kugira ngo tubashe guhaguruka n’ubwira bwinshi maze dutangaze hose Ukuri kw'Ubwami Bwawe.

Amen

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (83) – Ngo Imana Idukize amarushwa aduhanamiye

Dawe Wamaho, Mana Mushoboravyose, twebwe abana bawe turakubise inkoro hasi, imbere y’Inganji yawe Ihimbaye rwose yo mw’Ijuru. Turagutakambiye ngo Ukize isi akabi kose.

Turasabiye imbabazi Zawe imitima y’abagizi ba nabi baguma batera amagorwa adasanzwe abana bawe baba ngaha kw’isi. Bagirire Ikigongwe. Turagusavye ngo Utembagaze RuziraKristu umwanya nyene azokwimenyekanisha.

Turagusavye Mukama Mwiza ngo Uheshe Ukuboko Kwawe Kugamije kurungika amahano kuri iyi si Waremye. Turakuzamvye ngo ahubwo Wemere ibisabisho vyacu. Wemere n’amagorwa yacu ngo Ugabanure amarushwa y’abana bawe muri iki gihe. Turakwizeye Mukama.Turaguhaye Icubahiro.

Turashima ku Kigoro kadasanzwe Wagize mu kurungika Umwana Wawe W'Ikinege Yezu kw’Isi ngo Adukize igicumuro. Turakiriye Umwana Wawe nk’Umukiza w’abantu bose.

Dutabare Udukingire abansi bacu Udukize amarushwa aduhanamiye. Fasha imiryango yacu.

Tugirire imbabazi. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (84) –Ngo Imana ishime kumurikira imitima y'abarongoye isi

Ewe Yezu mwiza, ndakwinginze ngo ushime kumurikira imitima y'abarongoye isi.

Bereke ikimenyetso c'Imbabazi zawe. Bafashe bugurure imitima yabo kandi berekane ukwicisha bugufi nyako kubw'ububabare wagize igihe wadupfira ku musalaba no kubw'ibicumuro vyabo nyene.

Bafashe ngo bategere kuri Umukama wabo, ubafashe gutegera uwabaremye, kandi ubatabaze inema yo kubona ukuri.

Ni ukunde kubuza imigambi yabo izogirira nabi ama milliyoni y'abantu bakoresheje incandago, kwicisha abantu inzara, gutwara ibibondo abavyeyi ataco bazira no gusambura ingo z'abubatse.

Bakize. Bafukishe umuco wawe kandi ubazane mu karangabwami k'umushaha wawe ngo ubakize imitego ya Shetani!  Amen

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (85): Ngo Imana Ikize Uburundi Ibukure mu menyo y’Ingwe

Ewe Yezu Mwiza, Kiza Uburundi bwacu Ukoresheje Amaraso Yawe y’Igiciro ntagere, Ubukure mu minwe y’Umwansi Sekibi. Tugir’Ikigongwe ku bicumuro vyacu kuko twararenze amabwirizwa y’Imana. Fasha Abarundi bose bagaruke ku Mana. Ugurura ubwenge bw’Abarundi bose maze babone inzira yobagarukana ku Mana!

Mukama Kunda Wugurure kandi Ukonye imitima yadadaye gutyo baguhe ikaze mu mitima yabo bemere ubakoreko n’ukuboko kwawe kw’Ikigongwe. Kiza iki gihugu c’Uburundi ngo gihaguruke kigwanye inyigisho z’ibinyoma zose zishobora gutegekwa ziduhatira guhakana ko Uri Wese mu Karistiya no mu yandi Masakaramentu Meranda. Turakuzamvye dushimitse Yezu ngo Udukize kandi Udukingire mu kudukiza ubwo bugizi bwa nabi ahubwo Ugwe munda kandi Wugumbire abana bawe bose b’Abarundi aho bakoraniye mu Burundi no kw’isi yose iyo iva ikagera Ubazane kandi Ubakize ubanyegeze mu Mushaha Wawe Mweranda Rwose. Amen!

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (86): Mana Yanje Nkiza Gukekereza mu Mutima no Kutemera Ijambo Ryawe

Nje imbere yawe, ntabona iyo mva niyo nja, nuzuye amaganya no gukekereza kuko ntegwa amakenga n'ukuri utangaza mu butumwa uyagira isi.

Ngirira Ikigongwe niba narakubabaje. Ngirira ikigongwe niba ntashoboye kukwumva. Ugurura amaso yanje kugira ashobore kubona neza ico ushaka ko mbona ngo nsobanukirwe ico ushaka ko ntegera. Ndagusavye ngo untabaze ububasha bwa Mutima Mweranda maze nshobore kubona Ukuri.

Ndagukunda Yezu Mwiza kandi ndakuzamvye ngo untabare unkize umwijima wo gukekereza no kutemera Ijambo uyagira isi muri ibi bihe. Ese womfasha nkitaba Ijwi Ryawe rimpamagara rivuga riti ngwino unkurikire. Ngiririra Ikigongwe aho hose nagucumuyeko vyongeye wihute kunzana hafi yawe nibere hafi y'Umutima wawe.

Nyobora Unshikane mu Bwami Bwawe bwimirije wongere Ukunde kungabira maze mu bisabisho vyanje no mu magorwa nyene ncamwo mbashe kukwunganira mu gikorwa co gukiza imitima ukunda cane kandi wamana ku mutima wawe Mweranda rwose! Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(87) – Kiza Uburundi Bwacu Akabi kose

Dawe Mweranda kubw’Umwana Wawe Yezu Kristu Umukama Wacu Dutabare Udukize aba communiste. Dutsindire intwaro z’umukazo, Kingira Uburundi bwacu bwoye kugwa mu minwe y’abapagani, Kiza abana bacu akabi kose, dufashe ngo tubone Umuco w’Imana, Ugurura imitima yacu ngo igendere mu nyigisho z’Umwana Wawe Yezu Kristu. Fasha amasengero yawe yose ngo agume agendera mw’Ijambo ry’Imana. Turakuzamvye ngo Ukize Uburundi bwacu uruhamo rwose. Mukama Mana Yacu, Turabishe ya Maso Yawe y’Ikigongwe naho twakubabaje. Yezu Mwana w’Umuntu Dufukishe Amaraso yawe y’igiciro ntangere. Dutabare Udukize imitego ya Shetani. Turakuzamvye Mana dukunda ngo Wihute kudufasha no kudutabara maze ngo Ubuze ikibi kwiganza muri ubu Burundi Waremye. Amen

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(88)  Dusabire imitima inyuma y’Iburirwa ry’imitima

Mushaha wa Yezu Mweranda Rwose, twereke imbabazi zawe twebwe twese bacumuzi nyabworo. Murikira iyo mitima yakomantaye nk’amabuye ikaba yihebuye mu gihe ikomeza yibaza ibibazo ariko ntibironkere inyishu. Bagirire Ikigongwe mu bubegito bwabo. Batabare kubw’Urukundo Rwawe n’Imbabazi Zawe ngo babone mu mitima yabo ukugene bocakamira Ingabirano Yawe y’Urukiza. 

Ndakuzamvye ngo Ukunde kurekurira iyo mitima yose yanka kwakira Ukuri kw’Imana. Bafukishe umuco Wawe, Yezu Wanje maze ubahwikire bareke kwishinga ibihenda amaso bibasuka mu bumenja n’imitego ya shetani izogerageza kubatandukanya n’Ubuhirwe Bwawe Budahera. Ndakwinginze ngo Uhe abana b’Imana bose inguvu ngo bagukurire ubwatsi kubera Ikigongwe Cawe Ntagere. 

Kunda Wugurure imiryango yinjira mu Bwami Bwawe imitima yose yatakaye iguma iyerera kw’isi itagira ikiyifasha kandi yuzuye umwiheburo. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(89) Kuri abo biraburaniwe umutima bagakongatarira mu gicumuro

Ewe Yezu Nyagukundwa rwose, ntabara undwaneko jewe umucumuzi nyabworo nakongatariye mu kabi umfashe ngo mbashe kuza imbere yawe n’ukwigaya mu mutima!

Ntyorora Wongere Unkize ibicumuro vyanje vyasinzikaje ubuzima bwanje. Ngabira Ubuzima Bushasha buzira icaha unkure mu migozi y’igicumuro Uheze unshire mu mwidegemvyo w’abana b’Imana ivyaha vyanje vyari vyarambujije. Subira Ungire ikiremwa gishasha kubw’umuco w’imbabazi zawe.

Ngwamunda Unyugumbire mu Mutima wawe. Ese nokwiyumva mwo Urukundo Rwawe gutyo nshobore kwibera hafi yawe uheze Unyongerereze Urukundo ndagufitiye. Ngirira Imbabazi Yezu Mwiza Untabaze umwidegemvyo w’ubuzima buzira igicumuro. Mfasha nshobore kuberwa no kuzokwinjira mu kanyamuneza k’Iparadizo Rishasha. Amen!

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu(90):  Gushimira Umukama Wacu Yezu Kristu kw’igaruka ryiwe mu Buninahazwa.

Ewe Yezu Wanje, Ndaguhaye Icubahiro nongera ndanagukengurukira bimwe bivuye ku mutima kw’Igaruka ryawe mu buninahazwa. Waravutse Mukiza Wanje nkunda cane ngo Untabaze Ubuzima Budahera kandi ngo Unkize igicumuro. Ndaguhaye Urukundo rwanje, ugukenguruka kwanje n’amashimwe yanje mu gihe ndiko nkora uko nshoboye ngo ntegure umutima wanje ku gusanganira mu kanyamuneza ntangere aho Uzogarukira mu Buninahazwa Bwawe.  Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (91) Mfasha ngo Ngumane Ukwemera!

Mawe Nyaguhimbazwa Mugabekazi w’Ubukiriro, nkingira kuri ya saha nzoba ndagukeneye cane igihe nzoba nsagirijwe n’akabi.

Mfasha ngo nserukire Ijambo ry’Imana n’inguvu n’ubutwari ata bwoba mu mutima wanje.  Saba ngo ngume ndi intahemuka ku nyigisho za Kristu ahubwo name ndamuhebera ubwoba bwanje, imyitwarariko yanje yose n’ivyo vyose bintuntuza umutima. Mfasha ngo mbashe gutambuka ata bwoba muri iyi nzira yuzuye irungu gutyo ntangaze Ukuri kw’Ijambo Ryeranda ry’Imana no mu gihe nyene abansi b’Imana bazokora uko bashoboye ngo iki gikorwa ntikibe kigishobora kuranguka.

Ewe Muvyeyi Nyaguhimbazwa, ndagusavye ko kubw’Ubutabazi Bwawe, Ukwemera kw’Abakristu bose kwoguma na ntaryo gukomeye no mu bihe vy’uruhamo nyene. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (92) Dusabe inema yo Kuzigama ibanga ry’Ukwemera
Mukama Yezu ndagusavye ingabirano yo kuzigama ibanga ry'ubukristu! Ndakuzamvye ngo Untabaze inema nkeneye ngo ntangaze Ijambo Ryawe Ryeranda rwose.  Ndakwinginze ngo Unkize amakenga yose n’ugukekereza kwose noba ngisigaranye.

 

Ndagutakambiye ngo Usage umutima wanje  ubugwaneza, kumenya kurindira ko ivyo watwemereye biranguka igihe kigeze, no gukomera ku muheto gushika aho Uzogarukira. Mfasha ngo ngume nifashe rugabo no mu gihe nyene ndiko ndahamwa kw’Izina Ryawe.

 

Nkomeza rwose kandi Umfukishe inema zawe ngo ngume ku rugendo, niyo ndushe, nkumva ndebukiwe canke iyo ndemerewe n’amagorwa yose ayubu n’ayazonshikira hanyuma mu gikorwa wanshinze co gukora ntiziganya ngo ndagufashe gukiza isi. Amen.

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (93) Amosozi y’Uguhinduka

Ewe Yezu nkunda Cane, Uri hafi y’umutima wanje. Ndi Umwe kumwe nawe.  Ndagukunda. Ndakwipfuza. Nkundira niyumve mwo Urukundo Rwawe. Numpe niyumve mwo ububabare Bwawe. Ntabara numve ko Uri kumwe nanje. Unyuzuze inema y’ukwicisha bugufi ngo mberwe no kwinjira mu Bwami Bwawe kw’Isi no mw’Ijuru. Nshira mwo amosozi y’uguhinduka ngo mbashe kwitanga ntiziganya ndakwihereze nk’umwigishwa w’Ukuri ndagufashe mu gikorwa Cawe  co gukiza umutima wose uri kw’isi  imbere yuko Ugaruka gukiza Abazima n’abapfuye. Amen

 

Igisabisho C'ingabo za Kristu 94) Kugira ngo Ukize ubwenge bwanje, umubiri n'umutima wanje!

Ewe Yezu Mwiza, Ndaba aho ndyamye, mu bubabare bw'ingwara zanje no mu misonga ntegwa nizo ngwara nyene Uheze Wakire icipfuzo canje co kwunva Ijwi Ryawe! Kunda Uze Unkoreko, Uze iwanje Unkirishe Ubumana Bwawe nayo imishwarara y'umuco Wawe imurikire gutyo Ukize Ubwenge bwanje, umubiri n'umutima wanje

Ndizeye Imbabazi zawe. Ndaguhereje ububababare bwanje n'ingwara yanje burundu kandi nsavye ko wontabaza inema yo kukwizera gutyo Ntutebe kuza kunkiza imisonga n'umwijima ntegwa niyi ngwara maze nsubire kugira amagara meza ngire ubukomezi nkire rwose ngo nshobore gukurikira inzira y'Ukuri ngo ndagukundire Undongore maze Unshikane mw'Iparadizo Rishasha!
Amen

 

 Igisabisho c'Ingabo (95): Kugirango Imana Idufashe kuronka Umwanya wo Gusenga

Mugabekazi w'ubukiriro, ingo untabare kuko ndagorwa no kuronka umwanya wo gusenga. Numfashe guha Umwana wawe ukunda cane Yezu Kristu umwanya akwiye kugira ngo ndamwereke urukundo ndamufitiye. Ndagusavye rero Mugabekazi w'ubukiriro, ko womfashisha inema nkeneye kandi unsabire ku Mwana wawe Nyagusengwa inema n'ingabirano nkeneye ngo ambumbatire mu maboko yiwe aheze anjane mu Mushaha wiwe mweranda rwose! Amen

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (96): Ngo Imana Ihezagire kandi Ikomeze  umugwi wacu w’Igisabisho C’Ingabo za Kristu

Ewe Yezu Mwiza, duhezagire kandi udukingire twebwe umugwi wawe w’Ingabo za Kristu  maze uducandage ngo ibitero vya Shetani  n’imitima yatakaye ishobora kudukubagura muri iyi nzira nyeranda yo gukiza imitima. Ese twoguma turi intahemuka kandi dufise ubukomezi nyabwo  ngo tubandanye tuninahaza Izina Ryawe Ryeranda muri iyi si kandi ngo ntituze twigere dusubiza umugongo inyuma muri ntambara yo gukwiza hose Ukuri kw’ijambo Ryawe.

 Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (97) Ungira ubumwe Imigwi y’Ingabo za Kristu yo kw’isi yose.
\Ku wa kabiri, Ruhuhuma Igenekerezo rya 5, 2013 @ 19:45

Mawe Mwiza Mugabekazi w’ubukiriro, ndakwinginze ngo Wungire ubumwe imigwi yose yo gusenga y’Ingabo za Kristu ku bw’Ubutabazi Bwawe Bweranda, maze abasoda b’Umukama basigaye kw’isi yose babe umwe. Fukisha inema y’Ubukiriro imigwi yose y’Ibisabisho vy’Ingabo za Kristu maze inema y’Umwana Wawe Yezu Kristu Idushungurukireko twese kubw’Imbabazi ziwe Ntangere.

Rungika rero abamalayika bawe ngo bazigame umwe umwe wese muri twebwe cane cane abasaseredoti bayoboye imigwi yo gusenga y’Ingabo za Kristu. Dufashe kwirinda ibidusamaza ata kindi bigamije atari ukuduca mwo imigwi no kudusambura.

Ni udukingire ibitero vya shetani tubwirizwa kuzibukira bitumwe n’Urukundo dufitiye Yezu Kristu hamwe n’igikorwa ciwe ceranda co gukiza imitima. Amen.”

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (98): Ngo Imana Itabaze inema Yayo yongere izigame abarongoye ibihugu n’Intara
Ku wa gatatu, ibenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2013 @ 14:55

Ewe Mawe Mugabekazi w’Ubukiriro, Ndakwinginze ngo Usabe Umwana Wawe Ashungururire inema ziwe n’Urukundo Rwiwe ku bategetsi bagenzura iyi si. Ese umuco wa Kristu Wobakiza uruhumyi rw’imitima gutyo bahumuke babone, nayo imitima yabo yadadaye nk’amabuye ishobore kwugurukira Ijambo ry’Imana.

Bateshe bareke gutoteza abantu batobato ataco bagirizwa no kugirira nabi abantu ataco babahora. Ese Yezu Yobayobora kandi Akabahagarika mu kubankira kubandanya babuza Ukuri kw’Ijambo Ryiwe n’Inyigisho ziwe gukwira kw’isi yose. Amen.

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (99) Dusabire Uburundi
Ku wa Mungu, igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2013 @ 2:18

Mana Data Mushobora Vyose, kw’izina ry’Umwana Wawe Ukunda cane, Yezu Kristu, Girira Imbabazi abana bawe bose b’I Burundi. Tugirire Ikigongwe aho twashiburiye kure Ijambo Ryawe Ryeranda. Tugirire Ikigongwe ku gicumuro co kwigira ba sindabibazwa no kwiyobagiza ivyo dutegerezwa.

Randurana n’imizi imigenzo yacu ya gipagani Utwuzuze inema dukeneye ngo duteragire imbuto z’Ukwemera, Ukwizigira n’Urukundo muri benewacu bose na bashiki bacu. Turakuzamvye Utwuzuze Ingabirano yo gutegera ivyiza kandi Udutabaze twese imihezagiro Yawe kugira ngo Ukuri kw’Ijambo Ryawe kwo gusa kube ariko kwumvikana hose gutyo imitima yose ibone kuronswa imfunguruzo z’Ubuzima Budahera.
Amen.

MN! Ahari Australia na Zelande nshasha twahashize Uburundi!

 

Igisabisho c’Ingabo za Kristu (100):  Kugira ngo Ubukristu butere buja imbere. \Ku wa gatatu, Ruhuhuma 13, 2013 @ 11:20

Ewe Yezu Nyagukundwa rwose, turakuzamvye ngo Utwuzuze ingabirano zizodufasha kuzibukira no kurinda amarushwa n'amageragezwa adasanzwe tuzobwirizwa gucamwo mu gihe umupapa wa nyuma yarangije ubutumwa bwiwe Wari Wamushinze. Dufashe kuzoshobora kurinda no kuzibukira agakengerwe tuzobwirizwa gucamwo kubera isamburwa ry'Ekleziya itazoba ikimeze nkuko twahora tuyizi. Dutabare ntitwigere twemera ububeshi buduhamagarira guca kubiri n'ukuri kuri mu Nkuru Nziza Watwigishije. Turakwinginze ngo Uze Udufashe tugume twinumiye nibaduhatira gusubiramwo amajambo atandukanye n'Ukwemera Watwigishije be n'Amasakaramentu Wahaye Ekleziya Yawe. Fukisha Ingabo zawe Urukundo Rukomeye cane gutyo Utunyegeze mu mababa Yawe. Dutabare Udukingire umuhanuzi w'ibinyoma na RuziraKristu. Ni Urwanire Ekleziya Yawe yo ngaha kw'isi Uyishigikire ikomere mu kwemera kandi itere ija imbere igwire kandi yame igendera mu kuri. Komeza Ekleziya Yawe igufashe kuyobora benewacu na bashikacu mu nzira y'ukuri ngo tubashe kwitegurira bimwe vy'umwihariko igaruka Ryawe mu buninahazwa. Amen

 

 

 

Saint Michael Archangel prayer